UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Nzero 2016

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 29 Ruhuhuma gushika ku wa 3 Ndamukiza 2016.

Baritanze babikunze​—Muri Oseyaniya

Ivyabona vya Yehova bakorera aho bikenewe kuruta muri Oseyaniya batorera umuti gute ingorane zibashikira?

Twiyemeze kureka ‘urukundo rwacu rwa kivukanyi rubandanye’!

Icanditswe c’umwaka wa 2016 kirashobora kudufasha kwitegurira ibintu biraririye kudushikira.

Tugoberwe n’‘ingabirano ya gusa itagira uko yovugwa’ Imana yatanze

Ni gute urukundo rw’Imana rutuma dukurikira neza intambuko za Yezu, tugaragariza urukundo abavukanyi bacu kandi tukababarira abandi?

Impwemu irashinga intahe hamwe n’impwemu yacu

Iyo umuntu arobanuwe bisobanura iki? Umuntu arobanurwa gute?

“Turajana”

Ni ibiki dukwiye kwibuka ku bijanye na bamwe 144.000?

Gukorana n’Imana bituma tugira agahimbare

Ni gute gukorana n’Imana bituma tugira agahimbare kandi bikadukingira mu vy’impwemu?