Akanyamuneza—Kamere dukura ku Mana
ABANTU muri rusangi baripfuza kubaho banezerewe. Ariko muri ino misi ya nyuma, twese turashikirwa n’ibigeragezo “bigoye kwihanganira.” (2 Tim. 3:1) Akarenganyo, ingorane z’amagara, ubushomeri, intuntu, canke ibindi bintu bitera amaganya n’agahinda, vyoshobora gutuma bamwebamwe batakaza umunezero. Mbere n’abasavyi b’Imana boshobora gucika intege bigatuma umunezero wabo ugenda uragabanuka. Nimba vyaragushikiye, ni ibiki vyogufasha gusubira kugira umunezero?
Imbere yo kwishura ico kibazo, turakeneye gutahura ico ari co umunezero nyakuri be n’ukuntu abandi bagumye banezerewe n’igihe bari mu bigeragezo. Ubukurikira turaza kuraba ico twokora kugira ngo tugumane umunezero canke mbere tuwongereze.
UMUNEZERO NI IKI?
Kunezerwa biratandukanye no kumwenyura canke gutwengatwenga. Tubitangire akarorero: Umuntu amaze kunywa akaborerwa, yoshobora kuguma atwenga. Ariko rero zimaze kumuvako, ntasubira gutwenga. Yoshobora guca asubira kwuzura agahinda n’amaganya. Ukwo kuryoherwa kw’akanya gato, ntiwari umunezero nyakuri.—Imig. 14:13.
Umunezero nyakuri ni kamere yo mu mutima. Hari abasiguye ko ari “akanyengetera kavyurwa no kuronka canke kwitega ikintu ciza.” Umunezero ni akanyamuneza canke agahimbare umuntu agumana, haba mu mahirwe canke mu makuba. (1 Tes. 1:6) Nkako, umuntu arashobora gushikirwa n’ikintu kimubabaza mugabo akagumana umunezero mu mutima. Nk’akarorero, intumwa zarakubiswe zihorwa ko zavuga ivyerekeye Kristu. Naho ari ukwo, Bibiliya ivuga iti: “Baragenda bava imbere y’Inama Nkuru, banezerewe kubera ko bari babonywe ko babereye guteterezwa ku bw’iryo zina.” (Ivyak. 5:41) Birumvikana ko batari banezerejwe n’uko bakubiswe. Mugabo kubera ko bari abasavyi b’Imana, banezerejwe n’uko bagumye ari abizigirwa kuri yo.
Umunezero si ikintu mvukanwa kandi ntupfa kwizana. Uti kuki? Kubera ko umunezero nyakuri ari kimwe mu bigize icamwa c’impwemu nyeranda y’Imana. Tubifashijwemwo n’impwemu nyeranda y’Imana, turashobora gutsimbataza “wa muntu mushasha.” Mu bigize uwo muntu mushasha harimwo akanyamuneza canke umunezero. (Ef. 4:24; Gal. 5:22) Igihe rero dufise umunezero, tuba dushoboye kuvyifatamwo neza mu bintu bitesha umutwe mu buzima.
UBURORERO TWOKWIGANA
Yehova yari afise umugambi w’uko isi ibako ibintu vyiza, atari ibibi twama tubona muri iki gihe. Naho ari ukwo, ibikorwa bibi abantu bakora ntibituma atakaza umunezero. Bibiliya ivuga iti: “Inkomezi n’akanyamuneza biri ahantu hiwe.” (1 Ngo. 16:27) N’ikindi kandi, ibintu vyiza abasavyi biwe bariko bararangura biratuma ‘umutima wiwe unezerwa.’—Imig. 27:11.
Turashobora kwigana Yehova mu kutiganyira birenze igihe ibintu bitagenze nk’uko twari tuvyiteze. Aho gutakaza umunezero, turashobora kwibanda ku bintu vyiza dufise ubu maze *
tukarindira twihanganye ibintu vyiza igitangaza tuzoronka muri kazoza.Turashobora kandi kuronka uburorero bwinshi bwo muri Bibiliya bw’abantu bagumanye umunezero bari mu bigeragezo bikomeye. Nk’akarorero, Aburahamu yagumye afise umunezero n’igihe ubuzima bwiwe bwari mu kaga be n’igihe abandi bantu bamuteza ingorane. (Ita. 12:10-20; 14:8-16; 16:4, 5; 20:1-18; 21:8, 9). None ni igiki catumye agumana umunezero? Yagumiza ku muzirikanyi icizigiro co kuba mw’isi nshasha izoba irongowe na Mesiya. (Ita. 22:15-18; Heb. 11:10) Yezu yavuze ati: “Aburahamu so yaranezererwa cane icizigiro co kubona umusi wanje.” (Yoh. 8:56) Turashobora kwigana Aburahamu mu kuzirikana ku bintu biteye umunezero turindiriye.—Rom. 8:21.
Nk’ukwo kwa Aburahamu, intumwa Paulo be na mugenziwe Silasi bagumiza ku mutima ivyo Imana yasezeranye. Bari bafise ukwizera gukomeye kandi bagumanye umunezero naho bashikiwe n’ibintu bibabaje. Nk’akarorero, bamaze gukubitwa no gutabwa mw’ibohero, “mu gicugu . . . bariko barasenga bongera bashemeza Imana mu kuririmba.” (Ivyak. 16:23-25) Uretse ko Paulo na Silasi bakomezwa n’icizigiro bari bafise, baranezerewe kubera ko bariko barababazwa bahorwa izina rya Kristu. Turashobora kubigana mu kugumiza ku muzirikanyi ivyiza biva ku kuba dukorera Imana tudahemuka.—Flp. 1:12-14.
Muri iki gihe, hari uburorero bwinshi bw’abavukanyi na bashiki bacu bagumanye umunezero naho bashikiwe n’ibigeragezo. Nk’akarorero, igihuhusi gikomeye bise Haiyan carateye muri Filipine muri Munyonyo 2013 gihitana inzu zirenga 1.000 z’imiryango y’Ivyabona. Uwitwa George, akaba yaba mu gisagara ca Tacloban, inzu yiwe yarasambutse yose. Avuga ati: “Abavukanyi barafise umunezero naho bashikiwe n’ivyo vyago. Sinumva ingene nobabwira umunezero dufise.” Igihe cose tuzoba turi mu ngorane zikomeye, nitwaguma tuzirikana kandi dukenguruka ivyo Yehova yadukoreye tuzogumana umunezero. None ni ibindi bintu ibihe dukesha Yehova bituma tugira umunezero?
IMVO ZITUMA TUNEZERWA
Hari ikindi kintu coza kidutera umunezero kuruta ubucuti dufitaniye n’Imana? Zirikana iki kintu: Turazi Segaba w’ibiriho vyose. Ni Umuvyeyi wacu, Imana yacu akaba n’Umugenzi!—Zab. 71:17, 18.
Vyongeye, turaha agaciro ingabire y’ubuzima be n’ibituma buturyohera. (Umus. 3:12, 13) Kubera ko turi ibiremwa bifise ubwenge Yehova yakwegereye, turatahura umugambi adufitiye. (Kol. 1:9, 10) Turatandukanye rero n’abantu benshi usanga badatahura intumbero y’ubuzima. Mu gushimika kuri iryo tandukaniro, Paulo yanditse ati: “‘Ijisho ntiryabonye, n’ugutwi ntikwumvise, eka n’ibintu Imana yateguriye abayikunda ntivyiyumviriwe mu mutima w’umuntu.’ Kuko ari twebwe Imana yabihishuriye biciye ku mpwemu yayo.” (1 Kor. 2:9, 10) None kuba dutahura ivyo Imana igomba be n’umugambi wayo ntibituma tunezerwa?
Rimbura ikindi kintu Yehova yakoreye abasavyi biwe. Turahimbarwa n’ukuba dushobora kubabarirwa ibicumuro vyacu. (1 Yoh. 2:12) Biciye ku mbabazi z’Imana, turafise icizigiro ntakekeranywa c’uko vuba isi nshasha igiye kuza. (Rom. 12:12) Mbere no muri kino gihe, Yehova araturonsa umuryango w’abavukanyi bameze neza. (Zab. 133:1) Vyongeye, Ijambo ry’Imana riradukura amazinda yuko Yehova adukingira Shetani n’amadayimoni yiwe. (Zab. 91:11) Nitwazirikana kuri iyo mihezagiro yose iva ku Mana, umunezero wacu uzorushiriza kuba mwinshi.—Flp. 4:4.
UKO TWOKWONGEREZA UMUNEZERO
None umukirisu asanzwe afise umunezero, yoba yowongereza? Yezu yavuze ati: “Ivyo Yoh. 15:11) Ico none si icerekana ko dushobora kwongereza umunezero? Akigoro ugira ngo wongereza umunezero twokagereranya no gucana umuriro. Kugira umuriro urushirize kuba mwinshi, dutegerezwa kwongereza inkwi. Muri ubwo buryo nyene dutegerezwa kwigaburira mu buryo bw’impwemu kugira ngo umunezero wacu wongerekane. Niwibuke iki kintu: Impwemu nyeranda ni yo ituma tugira umunezero. Ku bw’ivyo, nitwaguma dusaba Yehova ngo aturonse impwemu yiwe kandi tukazirikana kw’Ijambo ryiwe ryahumetswe tubijanishije n’isengesho, umunezero wacu uzorushiriza kuba mwinshi.—Zab. 1:1, 2; Luka 11:13.
ndabibabwiye, kugira ngo akanyamuneza kanje kabe muri mwebwe kandi ngo akanyamuneza kanyu kabe akuzuye.” (Turongereza kandi umunezero mu kugira umwete mu bikorwa bihimbara Yehova. (Zab. 35:27; 112:1) Uti kubera iki? Kubera ko twaremwe kugira ‘dutinye Imana y’ukuri kandi tugumye amabwirizwa yayo. Kuko ivyo umuntu ategerezwa vyose ari ivyo.’ (Umus. 12:13) Mu yandi majambo, twaremwe ngo dukore ivyo Imana igomba. Iyo rero dukoreye Yehova, turagira agahimbare kenshi mu buzima. *
IVYIZA BIVA KU KUGIRA UMUNEZERO
Nitwarushiriza kugira umunezero, tuzokwironkera n’ibindi vyiza. Nk’akarorero, tuzorushiriza guhimbara Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, kubera ko tuzoguma tumukorera naho twoba turi mu ngorane. (Gus. 16:15; 1 Tes. 5:16-18) N’ikindi kandi, kugira umunezero nyakuri bizotuma twirinda gushira umutima ku bintu vy’umubiri, gutyo turushirize kwitanga mu bikorwa vyungura Ubwami. (Mat. 13:44) Nitwibonera ivyiza bivamwo, umunezero wacu uzokwongerekana, turushirize kumererwa neza mu buzima, kandi dutume n’abandi bagira agahimbare.—Ivyak. 20:35; Flp. 1:3-5.
“Nimba ubayeho uhimbawe muri iki gihe, birashoboka rwose ko uzorushiriza kugira amagara meza muri kazoza.” Ivyo ni vyo umushakashatsi umwe wo kuri kaminuza y’i Nebraska muri Amerika yanditse, amaze kugira ivyigwa bitari bike ku bijanye n’amagara y’abantu. Ivyo birashigikira ivyo Bibiliya ivuga, iti: “Umutima unezerewe ugira neza nk’umuti uvūra.” (Imig. 17:22) Ego cane, niwarushiriza kugira umunezero, birashoboka ko uzogira amagara meza kuruta.
Naho rero tubayeho mu bihe bitesha umutwe, turashobora kwongereza umunezero kandi tukawugumana. Ivyo twobishikako mu gusenga dusaba impwemu nyeranda, mu kwiyigisha, no mu kuzirikana kw’Ijambo rya Yehova. Turarushiriza kandi kugira umunezero igihe tuzirikana ku vyiza twironkera ubu, tukigana ukwizera kw’abandi kandi tugakora ivyo Imana igomba. Nitwakora ivyo vyose, tuzoshobora kwemeranya n’amajambo ari muri Zaburi 64:10, agira ati: “Umugororotsi azonezerwa muri Yehova kandi azohungira koko muri we.”
^ ing. 10 Mu kiganiro gikurikira, tuzorimbura kamere y’ukwihangana, muri uru rukurikirane rw’ibiganiro bishingiye ku “camwa c’impwemu.”
^ ing. 20 Wipfuza kumenya ibindi bintu vyogufasha kugira umunezero mwinshi, raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ibindi vyotuma turushiriza kugira umunezero.”