Ivyo wokora kugira ngo uzobe mw’isi nshasha
Mu biganiro vy’imbere y’iki, twabonye ko Imana igiye kuzokuraho ababisha n’ingorane zose bateza. Turemera tudakeka ko ivyo bizoshika. Uti kubera iki? Kubera ko Ijambo ry’Imana Bibiliya rivuga riti:
“Isi iriko irahita.”—1 YOHANI 2:17.
Turemera tudakeka ko hariho abazorokoka, kubera ko uwo murongo wo muri Bibiliya uca wongerako uti:
“Uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose.”
Kugira rero tuzorokoke, dutegerezwa gukora ivyo Imana igomba. Kugira dukore ivyo Imana igomba na ho, dutegerezwa kubanza kuyimenya.
NURONDERE ‘KUMENYA’ IMANA KUGIRA UZOROKOKE UMUHERO
Yezu yavuze ati: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri.” (Yohani 17:3) Kugira tuzorokoke umuhero maze tuzobeho ibihe bidahera, turakwiye kurondera ‘kumenya’ Imana. Ivyo ntibisobanura kwemera gusa ko Imana ibaho canke kumenya ibintu kanaka ku biyerekeye. Turakeneye no kuba abagenzi bayo. Kugira ngo ubugenzi dufitaniye n’uwundi muntu bukomere, dutegerezwa kuza turamarana umwanya na we. Ni ko bimeze no ku bugenzi tugiranira n’Imana. Raba ibintu bimwebimwe bihambaye Bibiliya ivuga vyodufasha kugiranira ubugenzi n’Imana no kubukomeza.
NUSOME IJAMBO RY’IMANA BIBILIYA BURI MUSI
Twama dufungura kugira ngo tubandanye kubaho. Ariko Yezu yavuze ati: “Umuntu ntakabeshweho n’umukate gusa, mugabo azobeshwaho n’ijambo ryose rizanana mu kanwa ka Yehova.”—Matayo 4:4.
Muri iki gihe, amajambo Yehova yavuze tuyasanga muri Bibiliya. Niwiga ico gitabu ceranda, uzomenya ivyo Imana yakoreye abantu muri kahise, ivyo iriko irabakorera muri iki gihe, n’ivyo izobakorera muri kazoza.
NUSENGE IMANA UYISABA NGO IGUFASHE
Wokora iki hamwe woba wipfuza gukurikiza amabwirizwa y’Imana, mugabo bikakugora guheba ibintu ivuga ko ari bibi? Igihe bimeze gutyo, kurondera kumenya Imana vyogufasha cane.
Zirikana ivyashikiye umugore umwe twise Sakura, yari abayeho akora ubusambanyi. Igihe yatangura kwiga Bibiliya yaramenye itegeko ry’Imana risaba ‘guhunga ubusambanyi.’ (1 Abakorinto 6:18) Sakura yarasenze Imana ayisaba inkomezi, maze araheba iyo ngeso mbi. Mugabo n’ubu aguma arwana n’inyosha mbi. Avuga ati: “Iyo ivyiyumviro bibi binjemwo, nca nsenga Yehova ndabikuye ku mutima, kuko nzi ko ntashobora kubitsinda n’inkomezi zanje bwite. Ububasha bw’isengesho bwaratumye ndushiriza kwiyegereza Yehova.” Cokimwe na Sakura, abantu amamiliyoni bariko baramenya Imana. Na yo iriko irabaha inkomezi bakeneye kugira bagire ivyo bahinduye mu buzima, maze babeho mu buryo buyishimisha.—Abafilipi 4:13.
Niwarushiriza kumenya Imana, na yo izorushiriza ‘kukumenya’ nk’umugenzi ikunda cane. (Abagalatiya 4:9; Zaburi 25:14) Ivyo bizotuma ushobora kurokoka, maze wibere mw’isi nshasha y’Imana. None iyo si nshasha izoba imeze gute? Ikiganiro gikurikira kirabidusigurira.
a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana nk’uko riboneka muri Bibiliya.