Turakeneye isi nziza!
António Guterres, umunyamabanga mukuru wa ONU, yavuze ati: “Tubaye mw’isi yugarijwe n’ingorane.” Woba nawe uvyibonera?
Amakuru usanga yuzuyemwo ibintu bibabaje:
Indwara n’ibiza
Ivyago vy’ivyaduka
Ubukene n’inzara
Ukwononekara kw’ibidukikije n’ubushuhe bw’isi
Ubukozi bw’ikibi, ububisha, n’igiturire
Intambara
Mu vy’ukuri, turakeneye isi nziza. Isi irangwamwo
Amagara meza
Umutekano kuri bose
Ibifungurwa bikwiye
Ibidukikije bimeze neza
Ubutungane kuri bose
Amahoro mu mihingo yose
None iyo tuvuze isi nziza tuba dushatse kuvuga iki?
Ni ibiki bizoshikira iyi si tubayemwo?
Twokora iki ngo tuzobe mw’isi nziza?
Uwu Munara w’Inderetsi urerekana inyishu zihumuriza Bibiliya itanga kuri ivyo bibazo be no ku bindi bisa n’ivyo.