Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 28

Ubwami bw’Imana buraganza

Ubwami bw’Imana buraganza

“Ubwami bw’isi bucitse ubwami bw’Umukama wacu n’ubwa Kristu wiwe.”​—IVYAH. 11:15.

URURIRIMBO RWA 22 Bwa Bwami ubu bwaravutse​—Nibuze!

INCAMAKE *

1. Ni igiki tuzi tudakeka, kandi kubera iki?

 IYO uravye uko ibintu vyifashe kw’isi, vyoba bikugora kuguma ubona ibintu mu buryo bwiza? Abagize imiryango ntibagikundana. Abantu muri rusangi barushiriza kuba inkazi n’abikunzi. Benshi birabagora kwizigira abategetsi. Ariko ivyo bintu nyene biriko biraba birashobora gutuma ugira icizigiro. Uti kubera iki? Kubera ko abantu bameze neza na neza nk’uko Bibiliya yari yarabivuze mu buhanuzi budasanzwe bwerekeye “imisi ya nyuma.” (2 Tim. 3:1-5) Nta muntu yiyumvira neza yohakana ko ubwo buhanuzi buriko buraranguka, kandi iranguka ry’ubwo buhanuzi rirerekana ko Kristu Yezu yatanguye kuganza, akaba ari Umwami w’Ubwami bw’Imana. Ariko ubwo ni bumwe gusa mu buhanuzi bwinshi bwerekeye Ubwami bw’Imana. Gusubira kwihweza ubundi buhanuzi bwarangutse muri iyi myaka iheze biraza gukomeza ukwizera kwacu.

Nka kurya kw’umutayeri afatanya ibitambara bikavamwo impuzu, ni ko ubuhanuzi bwo muri Daniyeli n’ubwo mu Vyahishuwe tubufatiye hamwe budufasha kubona neza aho tugeze mu biringo Yehova yashinze (Raba ingingo ya 2)

2. Turimbura iki muri iki kiganiro, kandi kubera iki? (Gira ico uvuze kw’ishusho yo ku gipfukisho.)

2 Muri iki kiganiro, turaza kurimbura (1) ubuhanuzi budufasha gutahura igihe Ubwami bw’Imana bwatanguriyeko kuganza, (2) ubuhanuzi budufasha gutahura ko Yezu yabaye Umwami w’Ubwami bw’Imana mw’ijuru, (3) n’ubuhanuzi bwerekana ingene abansi b’Ubwami bw’Imana bazokurwaho. Nka kurya kw’umutayeri afatanya ibitambara bikavamwo impuzu, ni ko ubwo buhanuzi tubufatiye hamwe budufasha kubona neza aho tugeze mu biringo Yehova yashinze.

UKUNTU TWOMENYA IGIHE UBWAMI BW’IMANA BWATANGURIYEKO KUGANZA

3. Ubuhanuzi bwo muri Daniyeli 7:13, 14 budukura amazinda ku biki?

3 Ubuhanuzi bwo muri Daniyeli 7:13, 14 buradukura amazinda ko Kristu Yezu azoba Umutware mwiza w’Ubwami bw’Imana. Abantu bo mu mahanga yose ‘bazomukorera’ bahimbawe, kandi nta wuzokwigera amukura ku ngoma. Hari ubundi buhanuzi bwo mu gitabu ca Daniyeli bwavuze ko Yezu yotanguye kuganza ikiringo citwa ibihe indwi kirangiye. None vyoba bishoboka ko tumenya igihe Yezu yatanguriyeko kuganza?

4. Sigura ingene ibivugwa muri Daniyeli 4:10-17 bidufasha gutahura umwaka Kristu yotanguriyeko kuganza. (Raba n’akajambo k’epfo.)

4 Soma Daniyeli 4:10-17. Ivyo “bihe indwi” bingana n’ikiringo c’imyaka 2.520. Ico kiringo catanguye mu 607 imbere ya Kristu, igihe Abanyababiloni bakura ku ngoma umwami wa nyuma yimitswe na Yehova i Yeruzalemu. Carangiye mu 1914 inyuma ya Kristu igihe Yehova yimika Yezu, “uwubifitiye uburenganzira ahabwa n’amategeko,” ngo abe Umwami w’Ubwami bw’Imana. *​—Ezk. 21:25-27.

5. Ubuhanuzi bwerekeye “ibihe indwi” butugirira akamaro akahe?

5 Ubwo buhanuzi butugirira akamaro gute? Kumenya ibijanye n’“ibihe indwi” biratuma twizigira ko Yehova ashitsa ivyo asezeranye ku gihe nyene yashinze. Nka kurya nyene yashinze igihe Ubwami bwiwe bwotanguriyeko kuganza, ni na ko azokwiyemeza neza ko ubundi buhanuzi bwose buzoranguka ku gihe yashinze. Emwe, umusi wa Yehova ‘ntuzocererwa.’​—Hab. 2:3.

UKUNTU TWOMENYA KO KRISTU YABAYE UMWAMI W’UBWAMI BW’IMANA

6. (a) Ni ibiki tubona kw’isi vyerekana ko Kristu ariko araganza mw’ijuru? (b) Ivyo bintu vyemezwa gute n’ubuhanuzi buri mu Vyahishuwe 6:2-8?

6 Mu mpera y’igikorwa ciwe ng’aha kw’isi, Yezu yaravuze ibintu bimwebimwe vyobaye kw’isi vyofashije abayoboke biwe kumenya ko yatanguye kuganza mw’ijuru. Mu vyo yavuze harimwo intambara, inzara na vya nyamugigima. Yaravuze kandi ko hobayeho ibiza, canke indwara, “[vyovuye] hamwe bija ahandi.” Akarorero k’ivyo ni ikiza ca Korona. Ivyo biri mu vyo Bibiliya yita “ikimenyetso” c’ukuhaba kwa Kristu. (Mat. 24:3, 7; Luka 21:7, 10, 11) Haheze imyaka irenga 60 Yezu apfuye agasubira mw’ijuru, yareretse intumwa Yohani ibindi bimenyamenya vyemeza ko ivyo bintu vyobaye. (Soma Ivyahishuwe 6:2-8.) Ivyo bintu vyose vyatanguye kuba igihe Yezu yaba Umwami mu 1914.

7. Kubera iki kw’isi haciye haba amagorwa igihe Yezu yatangura kuganza?

7 Kubera iki ibintu vyaciye birushiriza kumera nabi kw’isi kuva Yezu atanguye kuganza? Mu Vyahishuwe 6:2 haratubwira ikintu gihambaye. Ikintu ca mbere Yezu yahereyeko gukora akimara kwimikwa, kwabaye ukurwana intambara. None yarwana na nde? Yarwana na Shetani n’amadayimoni yiwe. Ikigabane ca 12 c’Ivyahishuwe cerekana ko Shetani yatsinzwe maze we n’amadayimoni yiwe bararirizwa kw’isi. Kubera ko Shetani yari afise ishavu ryinshi, yaciye atangura kurisuka ku bantu, bituma haba amagorwa kw’isi.​—Ivyah. 12:7-12.

Ntiduhimbarwa n’ibintu bibi biba kw’isi, ariko kwibonera ukuntu ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buranguka biratuma twemera ko Ubwami bw’Imana buriko buraganza (Raba ingingo ya 8)

8. Twungukira gute ku kubona iranguka ry’ubuhanuzi bwerekeye Ubwami?

8 Ubwo buhanuzi butugirira akamaro gute? Ibiba kw’isi be n’amahinduka yokwigaragaje mu nyifato y’abantu vyodufashije kumenya ko Yezu yatanguye kuganza. Aho kubabazwa rero no kuba abantu bikunda kandi bankana, twokwibuka ko ivyo bakora biriko birashitsa ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Ubwami bw’Imana buraganza. (Zab. 37:1) Kandi twokwitega ko ingorane zizongerekana kw’isi uko Harumagedoni irushiriza kwegereza. (Mrk. 13:8; 2 Tim. 3:13) Ntukenguruka none kubona Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adufasha gutahura igituma kw’isi hari ingorane nyinshi?

INGENE ABANSI B’UBWAMI BW’IMANA BAZOKURWAHO

9. Ubuhanuzi buri muri Daniyeli 2:28, 31-35 budondora gute intwaro nganzasi ya nyuma, kandi yabayeho ryari?

9 Soma Daniyeli 2:28, 31-35. Turiko turibonera iranguka ry’ubwo buhanuzi muri iki gihe. Indoto ya Nebukadinezari yarerekanye ivyobaye “mu kiringo ca nyuma c’imisi,” Kristu amaze gutangura kuganza. Mu bansi ba Yezu bo kw’isi hobaye harimwo intwaro nganzasi ya nyuma yavuzwe muri Bibiliya, iyigereranywa n’“ibirenge . . . vy’icuma n’ibumba.” Iyo ntwaro nganzasi iriko iraganza. Yabayeho mu Ntambara ya mbere y’isi yose igihe Ubwongereza na Leta Zunze Ubumwe za Amerika vyunga urunani rudasanzwe. Igishusho Nebukadinezari yabonye kirerekana kandi n’imiburiburi ibintu bibiri vyerekeye iyo ntwaro nganzasi vyoyitandukanije n’izindi zarenganye.

10. (a) Ni ibiki tubona mu ntwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika vyari vyaravuzwe mu buhanuzi bwa Daniyeli? (b) Ni akaga akahe dukwiye kwirinda? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Uraba maso kw’ibumba!”)

10 Ica mbere, mu buryo butandukanye n’izindi ntwaro nganzasi z’imbere yayo zivugwa muri iyo ndoto, intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika igereranywa n’uruvange rw’icuma n’ibumba, ntigereranywa n’ubutare bukomeye nk’inzahabu canke ifeza. Ibumba rigereranya “uruvyaro rw’abantu,” ni ukuvuga abanyagihugu basanzwe. (Dan. 2:43) Nk’uko vyigaragaza muri iki gihe, uruhara bagira mu matora, mu masekeza yo guharanira agateka kabo, mu myiyerekano no mu masendika y’abakozi biratuma iyo ntwaro nganzasi itagira ububasha bukwiye bwo gukora ivyo yipfuza.

11. Kuba intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika ari yo itwara, ni gute bituma turushiriza kwemera tudakeka ko turi mu misi ya nyuma?

11 Ica kabiri, kubera ko intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika igereranywa n’ibirenge vya ca gishusho amahero, ni yo ntwaro nganzasi ya nyuma ivugwa muri Bibiliya. Nta yindi ntwaro nganzasi izoyikurikira. Ahubwo riho, Ubwami bw’Imana buzoyikuraho kuri Harumagedoni, igihe buzokuraho n’izindi ntwaro zose z’abantu. *​—Ivyah. 16:13, 14, 16; 19:19, 20.

12. Ni ikindi kimenyamenya ikihe ubuhanuzi bwa Daniyeli butanga gituma tugira icizigiro n’uruhoza?

12 Ubwo buhanuzi butugirira akamaro gute? Ubuhanuzi bwa Daniyeli buraduha ikindi kimenyamenya cerekana ko turi mu misi y’iherezo. Ubu haraciye imyaka irenga 2.500 Daniyeli avuze ko inyuma ya Babiloni hari izindi ntwaro nganzasi zine zogize ikintu kinini zikoze ku basavyi b’Imana. N’ikindi kandi, yarahishuye ko iyo nganji nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika yobaye ari iya nyuma. Ivyo biraduhumuriza bikongera bigatuma twizigira ko vuba Ubwami bw’Imana bugiye gukuraho intwaro zose z’abantu maze buganze isi yose.​—Dan. 2:44.

13. “Umwami agira umunani” n’“abami cumi” bivugwa mu Vyahishuwe 17:9-12 bigereranya iki, kandi ubwo buhanuzi bwarangutse gute?

13 Soma Ivyahishuwe 17:9-12. Intambara ya mbere y’isi yose yarateje agatikizo gakomeye, bituma haranguka ubundi buhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekeye imisi ya nyuma. Abategetsi b’isi bararondeye ingene bogarukana amahoro kw’isi. Ivyo vyatumye muri Nzero 1920 bashinga Umuhari w’amahanga wahavuye usubirirwa n’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Gitugutu 1945. Iryo shirahamwe ryitwa “umwami agira umunani.” Ariko si intwaro nganzasi. Rihabwa ububasha n’amaleta arishigikiye. Ayo maleta Bibiliya iyita “abami cumi.”

14-15. (a) Mu Vyahishuwe 17:3-5 herekana iki ku vyerekeye “Babiloni Akomeye”? (b) Ni ibiki biriko biraba ku banywanyi b’idini ry’ikinyoma?

14 Soma Ivyahishuwe 17:3-5. Intumwa Yohani ahumekewe n’Imana yarabonye mw’iyerekwa umumaraya, ari we “Babiloni Akomeye,” uwugereranya inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. None iryo yerekwa ryarangutse gute? Amadini y’ikinyoma aramaze igihe akorana cane n’intwaro z’ino si yongera azishigikira. Ariko vuba, Yehova agiye gushira icipfuzo mu mitima y’abo bategetsi co “gushitsa iciyumviro [ciwe].” None hazovamwo iki? Izo ntwaro, ari bo “bami cumi,” zizohindukirira amadini y’ikinyoma ziyaherengeteze.​—Ivyah. 17:1, 2, 16, 17.

15 Ni igiki kitwemeza ko Babiloni Akomeye agiye gukurwaho? Kugira ico kibazo cishurwe, vyoba vyiza twibutse ko uruhande rutari ruto rw’igisagara ca Babiloni ya kera rwari rukingiwe n’amazi y’uruzi runini rwa Efurate. Abantu amamiliyoni bashigikiye Babiloni Akomeye igitabu c’Ivyahishuwe kibagereranya n’“amazi” ayikingiye. (Ivyah. 17:15) Ariko kandi ico gitabu cerekana ko ayo mazi ‘yokamye,’ ivyo bikaba vyerekana ko inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma yotakaje abanywanyi benshi. (Ivyah. 16:12) Mw’iranguka ry’ubwo buhanuzi, muri iki gihe abantu batari bake barahevye idini ry’ikinyoma, batangura kuronderera ahandi inyishu z’ibibazo bafise.

16. Twungukira gute ku gutahura ubuhanuzi bwerekeye ishingwa ry’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’ikurwaho rya Babiloni Akomeye?

16 Ubwo buhanuzi butugirira akamaro gute? Kuba harashinzwe Ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’abantu benshi bakaba bariko barareka gushigikira idini ry’ikinyoma na vyo nyene birerekana ko turi mu misi ya nyuma. Naho amazi y’ikigereranyo ya Babiloni Akomeye ariko arakama, ico si co kizotuma inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma izimangana. Nk’uko twamaze kubivuga, Yehova azoshira mu mitima ya ba “bami cumi,” ni ukuvuga intwaro zishigikiye Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, icipfuzo co “gushitsa iciyumviro [ciwe].” Izo ntwaro zizokuraho idini ry’ikinyoma bukwi na bukwi, bitume isi yose itangara. * (Ivyah. 18:8-10) Ugusangangurwa kwa Babiloni Akomeye kuzogira ingaruka kw’isi yose kandi kurashobora kuzotuma haduka ingorane, ariko abasavyi b’Imana bazoba bafise n’imiburiburi imvo zibiri zo kunezerwa. Uwo mwansi wa Yehova wo kuva kera azoba yakuweho buhere, kandi bidatevye tuzoca turokoka tuve muri ino si mbi.​—Luka 21:28.

NUHANGE AMASO KAZOZA UBIGIRANYE ICIZIGIRO

17-18. (a) Twobandanya gute gukomeza ukwizera kwacu? (b) Tuzokwihweza iki mu kiganiro gikurikira?

17 Daniyeli yavuze ko “ubumenyi nyakuri [bwogwiriye],” kandi bwaragwiriye koko. Ubu turatahura ubuhanuzi bwerekeye iki gihe tubayemwo. (Dan. 12:4, 9, 10) Kuba ubwo buhanuzi ari ubw’ukuri biratuma turushiriza kwubaha Yehova n’Ijambo ryiwe ryahumetswe. (Yes. 46:10; 55:11) Nubandanye rero gukomeza ukwizera kwawe mu kwiyigisha Bibiliya ubigiranye umwete no mu gufasha abandi kugiranira ubucuti bwiza na Yehova. Azozigama abamwizigira baherejeko yongere abahe “amahoro arama.”​—Yes. 26:3.

18 Mu kiganiro gikurikira, tuzoraba ubuhanuzi bwerekeye ishengero rya gikirisu mu gihe c’iherezo. Nk’uko tuzobibona, ubwo buhanuzi na bwo nyene burerekana neza ko tubayeho mu misi ya nyuma. Tuzobona ibindi bimenyamenya vyerekana ko Yezu, Umwami wacu aganza, ariko arayobora abayoboke biwe b’intahemuka.

URURIRIMBO RWA 61 Tera muja imbere, yemwe Vyabona!

^ Tubayeho mu gihe giteye umunezero muri kahise k’abantu. Ubwami bw’Imana bwarashinzwe nk’uko ubuhanuzi butari buke bwo muri Bibiliya bwari bwarabivuze. Muri iki kiganiro, turarimbura bumwebumwe muri ubwo buhanuzi. Ivyo biraza gutuma turushiriza kwizera Yehova, bidufashe kuguma dutekanye no kuguma tumwizigiye ubu no muri kazoza.

^ Raba icigwa ca 32 iciyumviro ca 4 mu gitabu Kwiberaho ibihe bidahera, n’ividewo iri kuri jw.org, ivuga ngo Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza mu 1914.

^ Kugira umenye ayandi makuru ku bijanye n’ubuhanuzi bwa Daniyeli, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 2012, rup. 14-19.

^ Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’ico kazoza katubikiye, raba ikigabane ca 21 c’igitabu Ubwami bw’Imana buraganza!