Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 34

‘Nubandanye kugendera mu kuri’

‘Nubandanye kugendera mu kuri’

‘Nubandanye kugendera mu kuri.’​—3 YOH. 4.

URURIRIMBO RWA 111 Imvo zituma tunezerwa

INCAMAKE *

1. Kuyaga n’abandi ingene twamenye “ukuri” bidufasha gute?

 “WAMENYE ukuri gute?” Nta nkeka ko ico kibazo umaze kucishura incuro zitari nke. Ni kimwe mu bibazo dutangura kubaza uwo dusangiye ukwemera igihe twipfuza kumenyana. Turaryoherwa no kumenya ingene abavukanyi na bashiki bacu bamenye Yehova bakongera bakamukunda, tugahimbarwa no kubabwira igituma dukunda ukuri. (Rom. 1:11) Ibiyago nk’ivyo, biratwibutsa ingene ukuri ari ukw’agaciro. Biratuma kandi turushiriza kwiyemeza “kugendera mu kuri,” ni ukuvuga kuguma tubaho mu buryo butuma Yehova adushima akongera akaduhezagira.​—3 Yoh. 4.

2. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

2 Muri iki kiganiro, tugiye gusuzuma imvo zimwezimwe zituma dukunda ukuri. Mu nyuma, turaza kubona ingene twobandanya kwerekana ko dukunda iyo ngabire y’agaciro. Nta nkeka ko ivyo biza gutuma turushiriza gukenguruka kubona Yehova yaradukwegereye mu kuri. (Yoh. 6:44) Biraza no gukomeza icipfuzo dufise co kubwira abandi ukuri.

IGITUMA DUKUNDA “UKURI”

3. Ni imvo nyamukuru iyihe ituma dukunda ukuri?

3 Hari imvo nyinshi zituma dukunda ukuri. Imvo nyamukuru, ni uko dukunda Yehova Imana we Soko ry’ukuri. Biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya, twaramenye ko atari Umuremyi w’ijuru n’isi gusa w’umunyabubasha, ariko kandi ko ari Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda kandi atwitwararikana ikibabarwe. (1 Pet. 5:7) Turazi ko Imana yacu ari “inyembabazi n’inyempuhwe, iteba gushavura kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri.” (Kuv. 34:6) Yehova arakunda ubutungane. (Yes. 61:8) Arababazwa n’imibabaro idushikira, kandi uretse ko igihe nicagera yiteguriye kuzokuraho imibabaro yose, aranashashaye kuzobigira. (Yer. 29:11) Emwe, si twe tuzobona ico gihe kirashitse! Ntibitangaje rero kubona dukunda Yehova cane!

Ukuri kwo muri Bibiliya kumeze . . . nk’inanga

Nka kurya nyene inanga ituma ubwato butanyiganyiga, ni ko n’icizigiro cacu gishingiye kuri Bibiliya gishobora gutuma tutanyiganyiga igihe turi mu bigeragezo. Vyongeye, ukuri kwo muri Bibiliya kuratuvyurira umutima wo kubwira abandi ibijanye n’icizigiro cacu ca kazoza (Raba ingingo ya 4-7)

4-5. Kubera iki intumwa Paulo yagereranije icizigiro cacu n’inanga?

4 Ni iyindi mvo iyihe ituma dukunda ukuri? Ukuri kuratugirira akamaro cane. Raba akarorero. Ukuri kwo muri Bibiliya kurimwo icizigiro dufise ku bijanye na kazoza. Mu kwerekana agaciro k’ico cizigiro, intumwa Paulo yanditse ati: “Ico cizigiro tugifise nk’inanga y’ubwato y’ubuzima, kikaba ari ntakekeranywa n’ikitanyiganyiga.” (Heb. 6:19) Nka kurya nyene inanga ituma ubwato butanyiganyiga, ni ko n’icizigiro cacu gishingiye kuri Bibiliya gishobora gutuma tutanyiganyiga igihe turi mu bigeragezo.

5 Muri uwo murongo, Paulo yariko avuga ibijanye n’icizigiro c’ijuru abakirisu barobanuwe bafise. Ariko kandi, ivyo yavuze biraraba n’abakirisu bafise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera mw’Iparadizo ng’aha kw’isi. (Yoh. 3:16) Nta nkeka ko kumenya ibijanye n’ico cizigiro vyatumye ubuzima bwacu bugira intumbero.

6-7. Kumenya ukuri ku bijanye na kazoza vyafashije gute Yvonne?

6 Rimbura ivyashikiye mushiki wacu umwe yitwa Yvonne. Ntiyakuriye mu kuri, kandi akiri umwana yaratinya urupfu. Aribuka amajambo yasomye atigeze amuva mu bwenge agira ati: “Umusi umwe buzokwira ntibuce.” Avuga ati: “Ayo majambo yaratuma ndara ntasinziriye, niyumvira ibijanye na kazoza. Naribaza nti: ‘Kubera iki umuntu abaho igihe gitoyi gusa?’ Sinipfuza gupfa!”

7 Mu nyuma, Yvonne ageze mu buyabaga yaraganiriye n’Ivyabona vya Yehova. Avuga ati: “Naratanguye kwemera ko nshobora kugira icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera mw’Iparadizo ng’aha kw’isi.” None kumenya ukwo kuri vyamufashije gute? Yongerako ati: “Sinkirara ntasinziriye niyumvira ibijanye na kazoza canke urupfu.” Yvonne araha agaciro cane ukuri, kandi arahimbarwa cane no kubwira abandi ico cizigiro afise ca kazoza.​—1 Tim. 4:16.

Ukuri kwo muri Bibiliya kumeze . . . nk’itunga

Gukorera Yehova ubu kandi dufise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera igihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza, bimeze nk’itunga. Turakwiye kugira ivyo duhevye kugira turizigame (Raba ingingo ya 8-11)

8-9. (a) Mu mugani umwe Yezu yaciye, umuntu umwe yerekanye gute ko aha agaciro itunga yubutseko? (b) Wewe ukuri uguha agaciro kangana iki?

8 Ukuri kwo muri Bibiliya kurimwo kandi inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana. Ukuri kwerekeye Ubwami, Yezu yakugereranije n’itunga rinyegejwe. Muri Matayo 13:44, Yezu yavuze ati: “Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’itunga ryanyegejwe mw’itongo, iryo umuntu yubutseko akarinyegeza; maze kubera akanyamuneza agize, aragenda agurisha ivyo afise vyose hanyuma agura iryo tongo.” Urabona ko uwo muntu atariko ararondera iryo tunga. Mugabo amaze kuryubukako, yarahevye ibintu vyinshi cane kugira arironke. Nkako, yaragurishije ivyo yari atunze vyose. Kubera iki? Yari azi ko iryo tunga ari iry’agaciro kanini. Ryaruta agaciro ikintu ico ari co cose yari guheba.

9 Woba nawe ari ko ubona ukuri? Nta nkeka ko ari ko ukubona. Turazi ko ata kintu na kimwe isi itanga cogereranywa n’umunezero twironkera ubu mu gukorera Yehova dufise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera, igihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza. Agateka twatewe ko kugiranira na Yehova ubucuti somambike kararuta kure n’iyo ikintu ico ari co cose twoheba. Nta coza kidutera umunezero kuruta kubaho ‘tumushimisha bimwe bishitse.’​—Kol. 1:10.

10-11. Ni igiki catumye Michael agira amahinduka akomeye mu buzima bwiwe?

10 Abenshi muri twebwe barahevye ibintu vyinshi kugira ngo bashimwe na Yehova. Bamwebamwe barahevye ubuzi bwizabwiza bwo muri iyi si. Abandi bahevye kwiruka inyuma y’itunga. Abandi na bo, igihe bamenya ivyerekeye Yehova barahinduye burundu uburyo bari babayeho. Ivyo nyene ni vyo Michael yakoze. Ntiyakuriye mu kuri. Igihe yari umuyabaga, yarigishijwe ibijanye na karate. Avuga ati: “Narakora ibishoboka kugira ngume ndi umusore yugaye. Rimwe na rimwe numva ko ata conkonya.” Ariko igihe Michael yatangura kwiga Bibiliya, yarabonye ko Yehova yanka ubukazi. (Zab. 11:5) Ku bijanye n’umugabo n’umugore bamwigishije Bibiliya, Michael avuga ati: “Ntibigeze bambwira ko nkwiye guheba karate. Bagumye banyigisha gusa ukuri kwo muri Bibiliya.”

11 Uko Michael yarushiriza kumenya Yehova, ni ko yarushiriza kumukunda. Yarakozwe canecane ku mutima n’ingene Yehova agaragariza impuhwe abasavyi biwe. Michael yahavuye atahura ko yari akwiye gufata ingingo yari guhindura ubuzima bwiwe. Avuga ati: “Nari nzi ko guheba karate yari ingingo igoye kuruta izindi zose nari maze gufata mu buzima. Ariko kandi nari nzi ko gufata iyo ngingo vyohimbaye Yehova, kandi nari narajijutse ko hari ibintu nari nkwiye guheba kugira ndamukorere.” Michael yaraha agaciro cane ukuri yari yarubuye akaba ari vyo vyatumye yemera kugira amahinduka akomeye mu buzima bwiwe.​—Yak. 1:25.

Ukuri kwo muri Bibiliya kumeze . . . nk’itara

Itara ryaka neza riradufasha kubona aho duca mu mwiza. Ijambo ry’Imana na ryo nyene, riradufasha kubona aho duca muri iyi si ya Shetani iri mu mwiza (Raba ingingo ya 12-13)

12-13. Ukuri kwo muri Bibiliya kwamurikiye gute Mayli?

12 Mu kwerekana agaciro k’ukuri, Bibiliya ikugereranya n’itara ryakira mu mwiza. (Zab. 119:105; Ef. 5:8) Umugore umwe yitwa Mayli wo muri Azerbayijani, arakenguruka cane ingene Ijambo ry’Imana ryamumurikiye. Yakuriye mu muryango w’abavyeyi badasangiye idini. Se yari Umwisilamu, nyina na we agasengera mw’idini ry’Abayahudi. Avuga ati: “Naho ntigera mpakana ko Imana ibaho, naribaza ibibazo vyinshi. Naribaza nti: ‘Kubera iki Imana yaremye abantu, kandi ni kubera iki umuntu yomara ubuzima bwiwe bwose ari mu miruho, mu nyuma na ho akazobabarizwa mu muriro udahera?’ Kubera yuko abantu bavuga ko ibiba vyose aba ari integuro y’Imana, naribaza nti: ‘Imana iryoherwa no kubona abantu bariko barababara, ni Imana bwoko ki?’”

13 Mayli yarabandanije kurondera inyishu z’ibibazo yari afise. Mu nyuma, yaremeye kwiga Bibiliya maze aramenya ukuri. Avuga ati: “Ivyiyumviro bijijura kandi vyumvikana nize muri Bibiliya, vyaratumye ndushiriza kubona neza ubuzima. Aho numviye insiguro zumvikana Ijambo ry’Imana ritanga kuri ivyo bibazo, naragize amahoro yo mu mutima.” Cokimwe na Mayli, twese turashemeza Yehova, ‘Umwe yaduhamagara adukuye mu mwiza akatwinjiza mu muco wiwe w’agatangaza.’​—1 Pet. 2:9.

14. Twokora iki kugira turushirize gukunda ukuri? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Ibindi bigereranywa n’ukuri.”)

14 Ubwo ni uburorero bukeyi gusa bwerekana ingene ukuri ari ukw’agaciro. Nta nkeka ko ushobora kwiyumvira n’ubundi bwinshi. Mu kwiyigisha kwawe, ubona gute wishingiye umugambi wo kumenya n’izindi mvo zikwiye gutuma dukunda ukuri? Uko turushiriza gukunda ukuri, ni ko turushiriza kurondera uturyo two kuvyerekana.

INGENE TWEREKANA KO DUKUNDA UKURI

15. Uburyo bumwe twokwerekana ko dukunda ukuri ni ubuhe?

15 Turerekana ko dukunda ukuri mu kwama twiyigisha Bibiliya be n’ibitabu bishingiye kuri yo. Kanatsinda, naho twoba tumaze imyaka ingana gute mu kuri, tuguma dufise vyinshi vyo kwiga. Inomero ya mbere y’Umunara w’Inderetsi yavuze iti: “Ukuri kumeze nk’agashurwe kari mu kigunda c’ivyatsi bisa n’ivyakanyoshe. Kugira ukaronke utegerezwa kukarondera uvyitondeye. . . . Kugira ukahe na ho bisaba ko wunama ukagashikira. Washe agashurwe kamwe k’ukuri ntuce wiraramira. . . . Guma urondera n’utundi, wahe twinshi.” Naho kwiga bisaba akigoro, birabereye ko tukagira.

16. Ni uburyo ubuhe bwo kwiyigisha ubona ko bukubera kirumara? (Imigani 2:4-6)

16 Si twese usanga dukunda gusoma no kwiga. Naho ari ukwo, Yehova adusaba ‘kuguma turondera’ kugira ngo turushirize gutahura ukuri. (Soma Imigani 2:4-6.) Igihe tubigize vyama bitugirira akamaro. Umuvukanyi umwe yitwa Corey, avuga ko igihe aba ariko arasoma Bibiliya yitunira ku murongo umwumwe. Avuga ati: “Ndasoma buri kajambo k’epfo kose, ngasoma buri canditswe batanze mu marabiro yo mu nkingi, nkongera nkagira ubushakashatsi bwiyongereye. . . . Ubwo buryo nkoresha ndiko ndasoma buratuma ndahungukira ibintu vyinshi.” Twaba dukoresha ubwo buryo canke ubundi, iyo tugize akigoro tugafata umwanya wo kwiyigisha Bibiliya, tuba twerekanye ko duha agaciro ukuri.​—Zab 1:1-3.

17. Kubaho twisunga ukuri bisobanura iki? (Yakobo 1:25)

17 Ariko ntiwumve, turazi ko kwiga ukuri gusa bidahagije. Kugira kutugirire akamaro, dutegerezwa kubaho tukwisunga, ni ukuvuga dushira mu ngiro ivyo twiga. Aho ni ho gusa ukuri gutuma tugira agahimbare nyakuri. (Soma Yakobo 1:25.) None twokwerekana gute ko tubaho twisunga ukuri? Umuvukanyi umwe avuga ko dukwiye kwisuzuma kugira tumenye aho ivyacu bigenda neza be n’aho twogira ivyo turyohoye. Intumwa Paulo yabivuze muri aya majambo agira ati: “Ku rugero tugezeko mu gutera imbere, tubandanye kugendera ku rutonde muri iyo nzira nyene.”​—Flp. 3:16.

18. Kubera iki tugira akigoro ko ‘kubandanya tugendera mu kuri’?

18 Iyumvire ivyiza twironkera iyo tugize akigoro ko ‘kubandanya tugendera mu kuri.’ Uretse ko turushiriza kumererwa neza mu buzima, turatuma kandi Yehova anezerwa be n’abavukanyi bacu. (Imig. 27:11; 3 Yoh. 4) Ego cane, turi n’imvo zumvikana zotuma dukunda ukuri tukongera tukabaho tukwisunga.

URURIRIMBO RWA 144 Guma uraba ku gashimwe!

^ Akenshi turakoresha ijambo “ukuri” dushaka kuvuga ivyo twemera n’ukuntu tubayeho. Twaba turi bashasha mu kuri canke tukumazemwo imyaka myinshi cane, gusuzuma igituma dukunda ukuri birashobora kudufasha cane. Biraza gukomeza umwiyemezo dufise wo kubaho duhimbara Yehova.