Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene woba umugenzi nyakuri

Ingene woba umugenzi nyakuri

VYOBA birashika ukumva umenga uriko urirwanako wenyene mu ngorane? Tubayeho mu «bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira», bishobora gutuma ducika intege canke tukumva ko turi inyakamwe. (2 Tim. 3:1) Ariko rero, si ngombwa ngo twirwaneko mu ngorane zacu. Bibiliya irerekana akamaro ko kugira abagenzi nyakuri «mu gihe c’ivyago.»—Imig. 17:17.

INGENE ABAGENZI NYAKURI BASHOBORA KUDUFASHA

Naho Pawulo yari apfunzwe, yarashoboye kubandanya igikorwa c’Umukama kubera ko yari ashigikiwe n’abagenzi biwe b’intahemuka

Intumwa Pawulo yari afise abagenzi bagendana bamubereye kirumara. (Kol. 4:​7-11) Igihe yari apfungiwe i Roma, abagenzi biwe baramufashije ibikorwa atari kwishoboza. Nk’akarorero, Epafurodito yarazaniye Pawulo ibintu abavukanyi b’i Filipi bari bamurungikiye. (Flp. 4:18) Tikiko na we, Pawulo yaramurungikanye amakete mu mashengero atandukanye. (Kol. 4:7) Pawulo afashijwe n’abagenzi biwe, yagumye akora igikorwa c’Umukama igihe yari acungiwe aha wenyene canke igihe yari mw’ibohero. None weho wobera gute abandi umugenzi nyakuri muri iki gihe?

No muri kino gihe, hariho uburorero bwerekana ko kugira umugenzi nyakuri ari ngirakamaro. Raba ingene mushiki wacu umwe yafashije mugenziwe yitwa Elisabet w’umutsimvyi asanzwe wo muri Espanye. Igihe nyina wa Elisabet yatorwa kanseri idakira, uwo mushiki wacu yararungikiye Elisabet mesaje nyinshi ziremesha zishingiye ku Vyanditswe. Elisabet avuga ati: «Izo mesaje zarampaye inkomezi zo kwihangana buri musi, ndumva ko nshigikiwe.»—Imig. 18:24.

Turashobora gukomeza ubucuti dufitaniye n’abo dusangiye ukwemera mu kugira ico tubafashije mu bikorwa bijanye n’ugusenga kwacu. Nk’akarorero, woshobora gusaba umuvukanyi canke mushiki wacu yitereye mu myaka ko woza uramwunguruza umujana kw’ikoraniro canke mu ndimiro. Ivyo vyoshobora gutuma muza muraremeshanya. (Rom. 1:12) Ariko rero usanga hariho n’abatagishobora kuva i muhira. None bobo twobabera gute abagenzi nyakuri?

NUBERE UMUGENZI NYAKURI ABATAKIVA MUHIRA

Hariho abo dusangiye ukwemera bafise ingorane z’amagara canke ibindi bibazo ku buryo badashobora kwitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami. Raba nk’akarorero ivyashikiye umuvukanyi yitwa David batoye indwara ya kanseri. Yaramaze amezi arenga atandatu avurwa mu buryo bubabaza cane bwitwa chimiothérapie. Muri ico kiringo cose, we n’umukenyezi wiwe Lidia bakurikira amakoraniro biciye ku buhinga bwa none.

None abagize ishengero babitwararitse gute? Buri gihe ikoraniro riheze, bamwe mu baba bari ku Ngoro barayagisha David na Lidia biciye ku buhinga bwa none (vidéoconference). Igihe David na Lidia baba batanze inyishu na ho, abavukanyi barabarungikira mesaje zo kubaremesha. None ivyo vyabafashije gute? Vyatumye bumva ko bagikundwa.

Nugerageze gukorana indimiro n’abatakiva muhira

Tuvuge iki hoho ku bijanye no gukorana indimiro n’abavukanyi bacu batakiva muhira? Tugize ivyo duhinduye, twoshobora kubereka ko tutabibagiye. (Imig. 3:27) Ubona gute utegekanije akanya ko kwifatanya na bo mu kwamamaza biciye ku makete canke kuri terefone? Abatakiva muhira boshobora kwitaba ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro biciye ku buhinga bwa none. David na Lidia barashimye cane iyo ntunganyo. David avuga ati: «Kuba gusa twari kumwe n’abagize umugwi wacu mu kiganiro kigufi co gusohoka mu ndimiro, tugakurikira n’isengesho, vyaraturemesheje cane.» Ikindi na co, nka hamwe vyoba bishoboka kandi akaba ata kibazo vyotera, woshobora kuza urazana uwo mwigana Bibiliya ku muhana w’umwamamaji atakiva muhira kugira ngo mwigireho.

Dukoranye n’abavukanyi bacu batakiva muhira maze tukibonera kamere nziza bafise, turarushiriza kubakunda. Nk’akarorero, igihe mukoranye indimiro maze ukibonera ingene bakoresha Ijambo ry’Imana babigiranye ubuhanga kugira ngo bakore umuntu ku mutima, uca wumva urushirije kubiyumvamwo cane. Gufasha abo musangiye ukwizera kugira uruhara mu bikorwa bijanye no gusenga, vyoshobora gutuma uronka abandi bagenzi.—2 Kor. 6:13.

Pawulo yararemeshejwe no kuba yari kumwe n’umugenzi wiwe Tito. (2 Kor. 7:​5-7) Iyo nkuru iratwibutsa ko dushobora gushigikira abavukanyi bacu bari mu ngorane, atari mu kubabwira gusa amajambo aremesha, mugabo kandi mu kwifatanya na bo no mu gukora ivyo dushoboye vyose kugira ngo tubabe hafi.—1 Yoh. 3:18.

NUBERE ABANDI UMUGENZI NYAKURI MU BIHE VY’URUHAMO

Abavukanyi na bashiki bacu bo mu Burusiya baratubera akarorero keza mu bijanye no gushigikirana. Raba nk’akarorero ivyashikiye Sergey n’umukenyezi wiwe Tatyana. Abapolisi bamaze gusaka inzu yabo, baciye babajana gusambishwa. Tatyana ni we babanje kurekura, aca asubira muhira. Sergey avuga ati: «[Tatyana] agishika muhira, hari mushiki wacu w’umutima rugabo yaciye aza kumuraba. Mu nyuma, haraje n’abandi bavukanyi kudufasha gusubiza ibintu vyo mu nzu ku rutonde.»

Sergey yongerako ati: «Namye nkunda ibivugwa mu Migani 17:​17, ahagira hati: ‘Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’ivyago.’ Nararushirije kwibonera ko ayo majambo ari ay’ukuri muri iki gihe turi mu ruhamo, aho ntashobora kwirwanako jenyene. Yehova yarandonkeje abagenzi b’umutima rugabo bambaye hafi.» a

Kubera ko tuguma turushiriza gushikirwa n’ingorane zikomeye, turakeneye abagenzi bodufasha. Muri ya makuba akomeye hoho, tuzorushiriza kubakenera. Guhera ubu rero, nimuze twihatire kubera abandi abagenzi nyakuri.—1 Pet. 4:​7, 8.

a Raba ikiganiro kiri kuri jw.org kivuga ngo «Yehova yarandonkeje abagenzi b’umutima rugabo bambaye hafi.»