Ingabirano yawe y’ubuzima nuyihe agaciro nk’uko bikwiriye
Ingabirano yawe y’ubuzima nuyihe agaciro nk’uko bikwiriye
“Amaraso ya Kristo, [azo]humanura imitima yanyu ngw ibikorwa vy’impfagusa biyivemwo, kugira ngo mubone ingene mukorera Imana nzima”.—Abaheburayo 9:14.
1. Ni ikimenyamenya ikihe cerekana ko duha agaciro kanini ubuzima?
HAMWE bokubaza agaciro ubuzima bwawe bufise, wokwishura iki? Turaha agaciro kanini rwose ubuzima, bwaba ubwacu bwite canke ubw’abandi. N’ikivyerekana ni uko dushobora kugenda kwivuza ku muganga iyo turwaye canke kugira gusa aze aradusuzuma uko igihe kihaciye. Dushaka kubandanya kubaho no kuguma dufise amagara meza. Mbere n’abantu benshi bashaje canke bafise ubumuga ntibipfuza gupfa; bashaka kubandanya kubaho.
2, 3. (a) Mu Migani 23:22 hashimika ku rihe banga? (b) Ni gute Imana na yo nyene irimwo muri iryo banga rivugwa mu Migani 23:22?
2 Ukuntu uha agaciro ubuzima biragira ico bikoze ku bucuti ufitaniye n’abandi. Nk’akarorero, Ijambo ry’Imana ridutegeka riti: “Wumvire so yakuvyaye, kandi ntugakēngēre nyoko ashitse mu butāmakazi” (Imigani 23:22). ‘Kwumvira’ ntibisigura gusa kwumva amajambo; uwo mugani usobanura kwumva hanyuma ugaca ugamburuka (Kuvayo 15:26; Gusubira mu vyagezwe 7:12; 13:18; 15:5; Yosuwa 22:2; Zaburi 81:13). Ijambo ry’Imana rivuga ko twobumvira kubera iki? Ntukwiye kwumvira so na nyoko ngo ni uko gusa bakuruta canke bazi utuntu n’utundi kukurusha. Imvo itangwa ni uko ‘bakuvyaye’. Impinduro zimwezimwe zihindura uwo murongo ngo: “Umviriza so yaguhaye ubuzima”. Birumvikana ko, nimba uha agaciro ubuzima bwawe, wumva ko hari ibanga ujejwe ku waguhaye ubwo buzima.
3 Mugabo ntiwumve, niba uri umukirisu w’ukuri, uremera icese yuko Yehova ari we Sôko ruheta ry’ubuzima bwawe. Ni we ‘akubeshejeho’; urashobora ‘kugenda’, ugakora uri ikiremwa gifise inyiyumvo; vyongeye ubu ‘uri n’ubuzima’ kandi urashobora kwiyumvira no gutegekanya kazoza, harimwo n’ubuzima budahera (Ivyakozwe 17:28; Zaburi 36:9; Umusiguzi 3:11). Mu buryo buhuye n’Imigani 23:22, birabereye ko ‘wumvira’ Imana, ufise icipfuzo co gutahura ingene ibona ubuzima no gukora uhuza n’ukwo kuntu ibubona, aho kwihitiramwo ubundi buryo ubwo ari bwo bwose ubuzima bubonwa.
Niwubahe ubuzima
4. Mu ntango z’ukubaho kw’abantu, ni gute kwubaha ubuzima vyabaye ikibazo gihambaye?
4 Mu ntango z’ukubaho kw’abantu, Yehova yaratomoye yuko atarekuriye abantu gukoresha (canke gufata nabi) ubuzima ku bw’imvo iyo ari yo yose. Igihe Kayini yari yuzuye uburake n’ishari, yarakuyeho ubuzima ata co buzira, ari bwo bwa murumunawe Abeli. Wibaza ko Kayini yari afise uburenganzira bwo gufata ingingo nk’iyo yerekeye ubuzima? Imana si uko yabibona. Yarahamagaye Kayini kugira ngo imubaze ivyo yakoze, ivuga iti: “Ico wakoze ico n’igiki? Ijwi ry’amaraso ya murumunawe ririko rirantakambirira kw isi” (Itanguriro 4:10). Urabona ko amaraso ya Abeli kw’isi yagereranya ubuzima bwiwe, ubwari bwakuweho runyamaswa butari bwagere gupfa, kandi bwarataka ku Mana busaba guhorwa.—Abaheburayo 12:24.
5. (a) Ni itegeko irihe Imana yashizeho mu gihe ca Nowa, kandi ryaraba bande? (b) Ni mu buhe buryo iryo tegeko ryari intambwe ihambaye?
5 Inyuma y’Umwuzure, umuryango w’abantu warasubiye gutangura ugizwe n’ubugingo umunani gusa. Mu majambo Imana yavuze araba abantu bose, yarahishuye n’ibindi bintu ku bijanye Itanguriro 9:3, 4). Abayuda bamwebamwe basigura yuko ivyo vyashaka kuvuga ko abantu batari kurya inyama canke amaraso y’igikoko kikiri kizima. Mugabo igihe cohaciye, cogaragaje mu buryo butomoye yuko ico Imana yariko ibuza ngaha kwari ukwihereza amaraso bwa mfungurwa. Vyongeye, itegeko Imana yatanze ibicishije kuri Nowa ryari intambwe ihambaye mu bijanye n’ishitswa ry’umugambi wayo uri hejuru ujanye n’amaraso, ukaba wari umugambi wotumye abantu bashobora kuronka ubuzima budahera.
n’ukuntu ibona agaciro k’ubuzima n’amaraso. Yavuze ko abantu bemererwa kurya inyama z’ibikoko, mugabo ibabuza iki kintu: “Kand’ibigenda vyose bifise ubu[zima] bizoba ivyo kurya vyanyu, mbibahaye vyose, nk’uko nabahaye ibimera bitotahaye. Ariko ntimukarye inyama zikirimw’ubugingo bgazo, ni bgo maraso yazo” (6. Imana ibicishije kuri Nowa yashimitse gute ku kuntu ibona agaciro k’ubuzima?
6 Imana yabandanije iti: “Amaraso yanyu, ari bgo bugingo bganyu, sinzobura kuyahōra: ar’igikōko cose, ar’umuntu, nzoyabihōra: ubugingo bg’umuntu nzobuhōra mugenzi we wese yabikoze. Ūzovisha amaraso y’umuntu, n’ayiwe azovishwa n’abandi: kuk’umuntu namuremye mw ishusho yanje, jewe Imana” (Itanguriro 9:5, 6). Muri ayo majambo Imana yabwiye umuryango wose w’abantu, urabona yuko ibona amaraso y’umuntu ko agereranya ubuzima bwiwe. Umuremyi ni we aha umuntu ubuzima, kandi nta n’umwe akwiye gukuraho ubwo buzima bugereranywa n’amaraso. Nimba umuntu akoze nka kumwe kwa Kayini, akica mugenziwe, Umuremyi arafise uburenganzira bwo ‘guhōra’ uwishwe mu kubibaza nyene kumwica.
7. Ni kubera iki dukwiye kwitwararika amajambo Imana yabwiye Nowa ku vyerekeye amaraso?
7 Muri ayo majambo, Imana yariko itegeka abantu kudakoresha amaraso mu buryo butabereye. Woba urigera wibaza igituma? Ni igiki catumye Imana ibona amaraso muri mwene ubwo buryo? Ku bwa ngingo, inyishu kuri ivyo bibazo irafitaniye isano n’imwe mu nyigisho zihambaye rwose zo muri Bibiliya. Iri mu bigize intimatima y’ubutumwa bwa gikirisu, naho amadini menshi ahitamwo kuyirengagiza. Iyo nyigisho ni iyihe, kandi yerekeye gute ubuzima bwawe, ingingo ufata be n’ivyo ukora?
Amaraso yokoreshejwe gute?
8. Muri vya Vyagezwe, Yehova yavuze ko amaraso yokoreshwa gusa hehe?
8 Yehova yaratanze n’ayandi makuru yerekeye ubuzima n’amaraso igihe yaha Isirayeli vya Vyagezwe vya Musa. Igihe yariko abitanga, yarateye iyindi ntambwe mu bijanye n’ishitswa ry’umugambi wiwe. Kumbure urazi yuko Ivyagezwe vyasaba gushikanira Imana amashikanwa, nk’ifu, amavuta be na vino (Abalewi 2:1-4; 23:13; Guharūra 15:1-5). Hariho kandi n’ibimazi vy’ibitungwa. Ku bijanye n’ivyo bimazi, Imana yavuze iti: “Ubugingo bg’umubiri buba mu maraso, nanje [na]shinze k[o] aba ku gicaniro kubganyu, ngw abe impongano y’ubugingo bganyu: kukw amaraso ar’impongano, kubg’ubugingo buri muri yo. Ni co catumye nihanikiriza Abisirayeli, nti Ntihaze hagire umuntu azokwigera ageza mu kanwa icitwa amaraso”. Yehova yongeyeko yuko umuntu, nk’akarorero umuhigi canke umurimyi, aramutse yishe igikoko co gufungura, yotegerejwe kureka amaraso agaseseka hasi hanyuma akayarenzako ivu. Isi ni indava y’ibirenge vy’Imana, ari co gituma uwo muntu aretse amaraso agaseseka hasi, yaba yemeye icese yuko ubuzima busubijwe kuri wa Mutanzi w’ubuzima.—Abalewi 17:11-13; Yesaya 66:1.
9. Ni ikoreshwa rimwe rudende irihe ry’amaraso ryavuzwe mu Vyagezwe, kandi ivyo vyari bifise iyihe ntumbero?
9 Iryo tegeko ntiryari gusa umugenzo ujanye n’ivy’ugusenga ata co uvuze kuri twebwe. Woba wabonye igituma Abisirayeli bategerezwa kutarya amaraso? Imana yavuze iti: “Ni co catumye nihanikiriza Abisirayeli, nti Ntihaze hagire umuntu azokwigera ageza mu kanwa icitwa amaraso”. Kubera iki? Inyishu ni iyi: “[Na]shinze k[o amaraso] aba ku gicaniro kubganyu, ngw abe impongano y’ubugingo bganyu”. Woba ubona ko ivyo bituma dutegera igituma Imana yabwiye Nowa yuko abantu botegerejwe kutarya amaraso? Umuremyi yahisemwo kubona amaraso ko afise ikintu gihambaye cane avuze, ayategekaniriza gusa ikoreshwa ridasanzwe rimwe rudende ryoshoboye kurokora ubuzima bw’abantu benshi. Ayo maraso yogize uruhara ruhambaye cane mu vy’ugupfuka (guhongera) ivyaha. Ni co gituma mu gihe c’Ivyagezwe, Imana yarekuye ko amaraso akoreshwa gusa ku gicaniro kugira ngo ahongere
ubuzima bw’Abisirayeli barondera guharirwa na Yehova.10. Ni kubera iki amaraso y’ibitungwa atari gushobora gutuma umuntu aharirwa ivyaha bimwe bishitse, mugabo ibimazi vyatangwa mu gihe c’Ivyagezwe vyibutsa iki?
10 Ico nticari ikintu gishasha ku bakirisu. Intumwa Paulo mukirisu, mu kwerekeza kuri uwo muce w’Ivyagezwe waringanijwe n’Imana, yanditse ati: “Nk’ukw ivyagezwe biri, ibintu ni nka vyose vyozwa n’amaraso, kandi hatavuye amaraso ntihaba guharirwa ivyaha” (Abaheburayo 9:22). Paulo yaratomoye yuko ibimazi vyasabwa gutangwa bitatuma Abisirayeli baba abantu batunganye, badacumura. Yanditse ati: “Mur’ivyo bimazi har’icibukiriza ivyaha uk’umwaka utashe. Kuko bidashoboka kw amaraso y’amapfizi n’ay’impene akūrah’ivyaha” (Abaheburayo 10:1-4). Mugabo ntiwumve, ivyo bimazi vyari ngirakamaro. Vyibutsa Abisirayeli ko ari abacumuzi be n’uko bari bakeneye ikindi kintu kugira ngo baharirwe ivyaha bimwe bishitse. Ariko none, niba ayo maraso yagereranya ubuzima bw’ibitungwa atashobora gupfuka ivyaha vy’abantu mu buryo bushitse, hoba hari amaraso yoshoboye kubigira?
Umuti uva kuri nyene gutanga ubuzima
11. Tuzi gute ko ibimazi vy’ibitungwa vyerekeza ku kintu kanaka?
11 Ivyagezwe mu vy’ukuri vyariko vyerekeza ku kintu c’ingirakamaro cane rwose mu bijanye n’ishitswa ry’ivyo Imana igomba. Paulo yabajije ati: “Nukw ivyagezwe n’ibiki?”. Yishuye ati: “Vyageretsweko kubg’ibicumuro, ngo bigumeho kugeza ah’uruvyaro ruzozira rwasezeranywe ivy’isezerano: kandi vyahawe abamarayika kubigera, na bo babiha umushikirwa w’amajambo [ari we Musa]” (Ab’i Galatiya 3:19). Mu buryo nk’ubwo nyene, Paulo yanditse ati: “Ivyagezwe . . . bifise igitūtu c’ivyiza bizoza, [mugabo ntibi]fise ishusho bgite y’ivyo vyiza”.—Abaheburayo 10:1.
12. Ku biraba amaraso, ni gute umugambi w’Imana wagiye urahishurwa?
12 Mu ncamake rero, ibuka yuko mu gihe ca Nowa, Imana yavumereye yuko abantu bemererwa kurya inyama z’ibikoko kugira ngo babeho, mugabo ko batoriye amaraso. Hashize igihe, Imana yaravuze yuko “ubugingo bg’umubiri buba mu maraso”. Vyemere, yahisemwo kubona ko amaraso agereranya ubuzima, maze ivuga iti: “[Na]shinze k[o amaraso] aba ku gicaniro kubganyu, ngw abe impongano y’ubugingo bganyu”. Ariko rero, hobayeho irindi hishurwa ryiza igitangaza ry’umugambi w’Imana. Ivyagezwe vyari igitutu c’ivyiza vyoje. Ibihe vyiza?
13. Ni kubera iki urupfu rwa Yezu rwari ngirakamaro?
13 Ivyo bintu ubwavyo vyari bishingiye ku rupfu rwa Yezu Kirisitu. Urazi ko Yezu yakorewe amabi hanyuma akamanikwa. Yapfuye nk’inkozi y’ikibi. Paulo yanditse ati: “Tugifise intege nke, mu gihe gikwiye Kristo yapfiriye abatubaha Imana. . . . Imana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukir’abanyavyaha” (Abaroma 5:6, 8). Mu kudupfira, Kirisitu yaratanze incungu yo gupfuka ivyaha vyacu. Iyo ncungu iri mu bigize intimatima y’ubutumwa bwa gikirisu (Matayo 20:28; Yohana 3:16; 1 Ab’i Korinto 15:3; 1 Timoteyo 2:6). Ivyo bifitaniye isano gute n’amaraso be n’ubuzima, kandi ni gute biraba n’ubuzima bwawe?
14, 15. (a) Ni gute impinduro zimwezimwe zishimika ku rupfu rwa Yezu mu kuntu zihindura Abanyefeso 1:7? (b) Ni igiki umuntu yohava yirengagiza ku Banyefeso 1:7?
14 Amadini amwamwe arashimika ku rupfu rwa Yezu, abayoboke bayo bakavuga amajambo nk’aya ngo “Yezu yarampfiriye”. Raba ukuntu impinduro za Bibiliya zimwezimwe zihindura Abanyefeso 1:7: “Muri we kandi biciye ku rupfu rwiwe ni ho twakijijwe, ni ukuvuga, ugukurwako ibicumuro vyacu” (The American Bible, yahinduwe na Frank Scheil Ballentine, 1902). “Biciye ku rupfu rwa Kirisitu, turabohorwa, ivyaha vyacu na vyo bigaharirwa” (Today’s English Version, 1966). “Muri Kirisitu kandi biciye kuri [Kirisitu] no ku nkuka y’ubuzima bwiwe ni ho twabohowe, ukubohorwa gusobanura uguharirwa ivyaha” (The New Testament, yahinduwe na William Barclay, 1969). “Biciye ku rupfu rwa Kirisitu ni ho ivyaha vyacu biharirwa, tukaronka n’umwidegemvyo” (The Translator’s New Testament, 1973). Urabona ko izo mpinduro zishimika ku rupfu rwa Yezu. Hari abovuga ngo: ‘Mugabo, urupfu rwa Yezu vy’ukuri rurahambaye. None ni igiki izo mpinduro zihajije?’.
15 Mu vy’ukuri, hamwe woba ufise izo mpinduro za Bibiliya gusa, wohava wirengagiza iciyumviro gihambaye cane, kandi ivyo vyotuma udatahura neza ubutumwa bwo muri Bibiliya. Izo mpinduro zirahisha ivy’uko igisomwa co mu ntango c’Abanyefeso 1:7 kirimwo ijambo ry’ikigiriki risobanura “amaraso”. Ku bw’ivyo, Bibiliya nyinshi, nk’imwe yitwa Traduction du monde nouveau, zirarushiriza kwegereza cane igisomwa co mu ntango. Iyo Bibiliya ihahindura uku: “Biciye kuri we, turabohorwa n’incungu kubera amaraso y’uwo, egome, turaharirwa ibicumuro vyacu, nk’uko ubutunzi bw’ubuntu tutabereye bwiwe buri”.
16. Amajambo ahinduwe ngo “amaraso y’uwo” akwiye gutuma tuzirikana ku biki?
16 Aya majambo ahinduwe ngo “amaraso y’uwo” arafise ikintu kinini avuze kandi akwiye gutuma tuzirikana ku bintu vyinshi. Hari hakenewe n’ibindi turetse ugupfa kw’umuntu kanaka, eka mbere n’ugupfa kwa wa muntu atagira agasembwa Yezu. Yarashikije ca kigereranyo c’ivyo mu Vyagezwe, canecane ico ivyagirwa ku Musi w’Impongano vyagereranya. Kuri uwo musi udasanzwe, ibitungwa vyasabwa gutangwa vyarashikanwa. Maze umuherezi yaca yabira makeyi ku maraso yavyo akayajana Ahera Cane h’ihema canke h’urusengero, agaca ayashikana imbere y’Imana nk’aho yoba ari imbere yayo.—Kuvayo 25:22; Abalewi 16:2-19.
17. Yezu yashikije gute ico wa Musi w’Impongano wagereranya?
17 Yezu yarashikije ico wa Musi w’Impongano wagereranya, nk’uko Paulo yabisiguye. Ubwa mbere, yavuze yuko umuherezi mukuru wo muri Isirayeli yinjira Ahera Cane rimwe gusa mu mwaka afise amaraso yo “kwitangirira no gutangirira ubuzimuzimu bg’abantu” (Abaheburayo 9:6, 7). Mu buryo buhuye n’ivyo vyagirwa kuri uwo musi, Yezu amaze kuzurwa ari umuntu w’impwemu, yaragiye mw’ijuru ubwaho. Kubera ko yari umuntu w’impwemu adafise umubiri w’inyama n’amaraso, yoshoboye kuduserukira imbere y’“inyonga z’Imana”. Ni igiki yashikaniye Imana? Ntiyashikanye ikintu gifadika n’iminwe, ariko yashikanye ikintu gifise insobanuro igera kure. Paulo yabandanije ati: ‘Kirisitu amaze kuza nk’umuherezi mukuru . . . , yarinjiye rimwe rizima mu ngoro, atayinjiranyemwo amaraso y’amasuguru n’ay’ibimasa, yinjiranamwo riho amaraso yiwe bwite, adutangira incungu idahera. Kukaba nkako, ni yaba amaraso y’amasuguru n’ay’impfizi . . . abatyorora ku mubiri akabagira beranda, amaraso ya Kirisitu atagira amahinyu, wenyene yihereje Imana ku bw’impwemu yamaho, azorushirizaho gutyorora imitima yanyu ayikuremwo ibikorwa vy’urupfu, mubone kuyobokera Imana nzima’. Vyemere, Yezu yashikaniye Imana agaciro k’amaraso yiwe.—Abahebreyi 9:11-14, 24, 28; 10:11-14, UB; 1 Petero 3:18.
18. Ni kubera iki ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye amaraso bikwiye kuba ibihambaye ku bakirisu muri iki gihe?
18 Ukwo kuri kuva ku Mana gutuma dutahura imice myinshi itangaje y’ivyo Bibiliya ivuga Abaroma 3:25, ni twe tubihiritse.). Dushobora guharirwa no kugiranira amahoro n’Imana ‘biciye gusa ku maraso Yezu yasheshe’ (Ab’i Kolosayi 1:20). Ivyo ni ko biri koko ku bo Yezu yagiranye na bo isezerano ridasanzwe ryo kuzoganza hamwe na we mw’ijuru (Luka 22:20, 28-30; 1 Ab’i Korinto 11:25; Abaheburayo 13:20). Ni na ko kandi biri ku bagize “ishengero ryinshi” ryo muri iki gihe bazorokoka wa “mubabaro mwinshi” wimirije hanyuma bakinovora ubuzima budahera mw’isi izoba yahindutse iparadizo. Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, ‘baramesura impuzu zabo mu maraso ya wa Mwagazi’.—Ivyahishuriwe 7:9, 14.
ku vyerekeye amaraso, ni ukuvuga igituma Imana iyabona kurya iyabona, uko natwe dukwiye kuyabona be n’igituma dukwiye kwubaha amategeko Imana yashinze ku bijanye n’ikoreshwa ry’amaraso. Niwasoma ibitabu vyo mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, uzobona ahantu henshi herekeza ku maraso ya Kirisitu (Raba uruzitiro.). Ivyo birerekana mu buryo butomoye yuko zina mukirisu wese akwiye kwizera “amaraso yiwe [ni ukuvuga ya Yezu]” (19, 20. (a) Ni kubera iki Imana yahisemwo gushinga akarimbi ku bijanye n’ikoreshwa ry’amaraso, kandi dukwiye kubibona gute? (b) Ni igiki dukwiye kwitwararika kumenya?
19 Biratomoye yuko amaraso afise insobanuro idasanzwe mu nyonga z’Imana. No kuri twebwe ni ko bikwiye kumera. Umuremyi yitwararika ubuzima arafise uburenganzira bwo gushiraho uturimbi ku vyo abantu bakoresha amaraso. Kubera yuko yitaho cane n’ubuzima bwacu, yafashe ingingo yuko amaraso akoreshwa mu buryo bumwe buhambaye rwose, uburyo bwonyene rudende butuma abantu bashobora kuronka ubuzima budahera. Ubwo buryo bwerekeye amaraso y’agaciro ya Yezu. Ese ukuntu dukwiye gukenguruka kubona Yehova Imana yaratugiriye neza mu gukoresha amaraso ya Yezu muri ubwo buryo burokora Ivyahishuriwe 1:5, 6.
ubuzima! Vyongeye, ese ukuntu dukwiye gukengurukira Yezu kubona yaratanze inkuka mu gusesa amaraso yiwe ku bwacu! Vy’ukuri, turashobora gutahura izi nyiyumvo zaseruwe n’intumwa Yohani: “Umwe adukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe, akaduhindura ubgami, no kuba abaherezi b’Imana yiwe, ni yo Se: icubahiro n’inganji bibe ivyiwe ibihe bitazoshira. Amen”.—20 Imana yacu y’ubukerebutsi bwose ikaba na yo Mutanzi w’ubuzima, kuva kera yamye ifise mu muzirikanyi ico gikorwa ndokorabuzima. Dushobora rero guca twibaza duti: ‘Ivyo bikwiye kugira ico bikoze gute ku ngingo dufata no ku vyo dukora?’. Ikiganiro gikurikira kirishura ico kibazo.
Wokwishura gute?
• Ni igiki dushobora kwiga ku bijanye n’ingene Imana yabona amaraso dufatiye ku nkuru yerekeye Abeli n’iyerekeye Nowa?
• Mu Vyagezwe, Imana yavuze ko amaraso yokoreshejwe gusa hehe, kandi kubera iki?
• Yezu yashikije gute ico wa Musi w’Impongano wagereranya?
• Ni mu buhe buryo amaraso ya Yezu ashobora gukiza ubuzima bwacu?
[Ibibazo vy’icigwa]
[Uruzitiro ku rup. 18]
NI AMARASO YA NDE AROKORA UBUZIMA?
“Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose [im]pwemu [y]era yabashizemwo, ngo mube abo kubuzēzwa, kugira ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso [“y’Umwana wayo bwite”, NW]”.—Ivyakozwe 20:28.
“Nuko none tumaze gutsindanishirizwa n’amaraso yiwe, tuzorushiriza guheshwa na we gukizwa uburake bg’Imana”.—Abaroma 5:9.
“[N]ta co [mwari] mwizigiye ku bizoba, mwari mw isi mutagira Imana Rurema. Ariko noneho, kuko muri muri Kristo Yesu, mwebge abāri kure kera mwigijwe hafi n’amaraso ya Kristo”.—Abanyefeso 2:12, 13.
“Imana yahimbawe n’ukunengesera kwayo kwose kuba muri we: kandi yahimbawe no kumuha kwuzuza vyose na yo, ar’ivyo mw isi, ar’ivyo mw ijuru, izanishije impore amaraso yo ku [“giti co kubabarizwako”, NW]”.—Ab’i Kolosayi 1:19, 20.
“Nuko bene Data, . . . turi n’ubushizi bg’ubgoba bgo gushikanwa ahēra cane n’amaraso ya Yesu”.—Abaheburayo 10:19.
“Ivyo mwacungujwe ngo muve mu ngeso zanyu z’imburakimazi mwatojwe na ba sogokuruza [si] ibishira . . . , ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini, nk’ay’umwagazi w’intama utagira agasembga cank’ibara, ni yo ya Kristo”.—1 Petero 1:18, 19.
“[Nimba] tugende[ra] mu muco, nk’uko na yo iri mu muco, tuba dufatanije ubgacu, kand’amaraso ya Yesu Umwana wayo atwoza icaha cose”.—1 Yohana 1:7.
“Birakubereye kwābīra igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe”.—Ivyahishuriwe 5:9.
“Umurezi wa bene Data akororewe hasi. . . . Na bo bamuneshesheje amaraso y’Umwagazi w’Intama n’ijambo ryo gushinga intahe kwabo”.—Ivyahishuriwe 12:10, 11.
[Ifoto ku rup. 16]
Biciye ku Vyagezwe, Imana yaratomoye yuko amaraso hari uruhara yogize mu vy’uguharira ivyaha
[Ifoto ku rup. 17]
Biciye ku maraso ya Yezu, ubuzima bw’abantu benshi bwoshoboye gukizwa