Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nuyoborwe na ya Mana nzima

Nuyoborwe na ya Mana nzima

Nuyoborwe na ya Mana nzima

“Muhindukirire Imana nzima, yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose”.—IVYAKOZWE 14:15.

1, 2. Ni kubera iki bibereye ko twemera icese yuko Yehova ari “Imana nzima”?

INTUMWA Paulo na Barunaba bamaze gukiza umugabo umwe, Paulo yakuye amazinda abantu b’i Lusitira bari bahejeje kuvyitegereza ati: “Natwe tur’abantu buntu, tumeze nkamwe, kandi tubabgira ubutumwa bgiza, ngo mureke ivyo bitagira ikimazi, muhindukirire Imana nzima, yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose”.—Ivyakozwe 14:15.

2 Ese ukuntu ari ukuri ntaseswa kw’uko Yehova atari ikigirwamana kitagira ubuzima, mugabo ko ari “Imana nzima” (Yeremiya 10:10; 1 Ab’i Tesalonike 1:9, 10)! Turetse ivy’uko Yehova ari muzima, ni we Sôko ry’ubuzima bwacu. ‘Ni we aha bose ubuzima, no guhumeka, n’ibindi vyose’ (Ivyakozwe 17:25). Ashaka ko twinovora ubuzima, ubw’ubu n’ubwo muri kazoza. Paulo yongeyeko yuko Imana “[it]abirekeye ngaho, itagira ico kuyishingira intahe, kuko yama ibagirira neza, ibaha imvura iva mw ijuru, n’ibihe vy’ivyimburo vyiza, ibahāza ivyo kurya, yuzuza imitima yanyu umunezero”.—Ivyakozwe 14:17.

3. Ni kubera iki dushobora kwizigira ubuyobozi Imana itanga?

3 Kuba Imana yitaho ubuzima bwacu bituma twizigira ubuyobozi bwayo (Zaburi 147:8; Matayo 5:45). Hari aboca bicishiriza ahabo babonye itegeko ryo muri Bibiliya badatahura canke risa n’iribabuza umwidegemvyo. Yamara, kwizigira ubuyobozi Yehova atanga vyaragaragaye ko ari ikintu kiranga ubukerebutsi. Tubitangire akarorero: Naho Umwisirayeli yaba adatahura itegeko ryabuza gukora ku muvyimba, kurigamburuka vyaramugirira akamaro. Ubwa mbere, kurigamburuka vyotumye arushiriza kwiyegereza ya Mana nzima; ubugira kabiri, vyomufashije kwirinda kwandura indwara.—Abalewi 5:2; 11:24.

4, 5. (a) Imbere y’igihe c’ubukirisu, ni ubuyobozi ubuhe Yehova yatanze ku vyerekeye amaraso? (b) Tuzi gute ko ubuyobozi bw’Imana bwerekeye amaraso buraba n’abakirisu?

4 Ni na ko bimeze no ku bijanye n’ubuyobozi Imana yatanze ku vyerekeye amaraso. Yabwiye Nowa yuko abantu botegerejwe kutarya amaraso. Maze, Imana yarahishuye mu Vyagezwe yuko amaraso yari yemerewe gukoreshwa gusa ku gicaniro ku bwo guharirwa ivyaha. Muri izo nyobozo, Imana yariko ishiraho umushinge w’uburyo buhambaye kuruta ubundi bwose bw’ukuntu amaraso akwiye gukora, na bwo bukaba ari ukurokora ubuzima biciye ku ncungu ya Yezu (Abaheburayo 9:14). Ego cane, Imana yashizeho izo nyobozo ifise mu muzirikanyi ubuzima bwacu be n’ukumererwa neza kwacu. Igihe incabwenge mu vya Bibiliya yitwa Adam Clarke yo mu kinjana ca 19 yariko ica irya n’ino Itanguriro 9:4, yanditse iti: “Iryo bwirizwa [ryahawe Nowa] n’ubu riracakurikizwa n’abakirisu bo mu Buseruko ata guca iruhande. . . . Nta maraso yaribwa igihe abantu bagengwa n’Ivyagezwe, kubera ko yerekeza ku maraso yobwirijwe guseswa ku bw’igicumuro c’abo mw’isi; no mu gihe abantu bobaye bagengwa n’Injili yobwirijwe kutaribwa, kubera ko yobaye akwiye kwama abonwa ko agereranya amaraso yasheshwe ku bwo kurekurirwa ibicumuro”.

5 Iyo ncabwenge ishobora kuba yariko yerekeza ku njili y’ishimikiro ari yo nkuru nziza ishingiye kuri Yezu. Iyo njili irimwo ivy’uko Imana yarungitse Umwana wayo kudupfira, ni ukuvuga gusesa amaraso yiwe kugira ngo dushobore kuzoronka ubuzima budahera (Matayo 20:28; Yohana 3:16; Abaroma 5:8, 9). Ayo majambo y’iyo ncabwenge yarimwo kandi itegeko abayoboke ba Kirisitu baronse mu nyuma ryo kwirinda amaraso.

6. Ni inyobozo izihe zerekeye amaraso abakirisu bahawe, kandi kubera iki?

6 Urazi ko Imana yahaye Abisirayeli amategeko amajana n’amajana. Yezu amaze gupfa, abigishwa biwe ntibabaye bagihatirwa kugamburuka ayo mategeko yose (Abaroma 7:4, 6; Ab’i Kolosayi 2:13, 14, 17; Abaheburayo 8:6, 13). Ariko rero, mu nyuma haravyutse ikibazo ku bijanye n’ikintu nyamukuru casabwa, na co kikaba cari ugukebwa kwa zina muhungu. Abatari Abayuda bipfuza kwungukira ku maraso ya Kirisitu, boba bobwirijwe gukebwa, gutyo bakaba berekanye yuko bakiganzwa n’Ivyagezwe? Mu 49 G.C., inama nyobozi y’abakirisu yaricariye ico kibazo (Ivyakozwe, ikigabane ca 15). Intumwa be n’abagabo b’inararibonye babifashijwemwo n’impwemu y’Imana, barashitse ku ciyumviro c’uko ugukebwa kwasabwa kwari kwarangiranye n’Ivyagezwe. Mugabo ntiwumve, hari ibintu bimwebimwe Imana yasaba vyagumyeho ku bakirisu. Mw’ikete iyo nama nyobozi yarungikiye amashengero, yanditse iti: “[Impwemu yera] bi[yi]bereye vyiza, natwe n’uko, kutabīkoreza uwundi mutwaro urenze ibi bikwiye: mureke kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, n’amaraso, n’ibinizwe, mureke no gusambana; ivyo ni mwavyirinda, muzomera neza”.—Ivyakozwe 15:28, 29.

7. ‘Kwirinda amaraso’ bihambaye ku rugero rungana iki ku bakirisu?

7 Biratomoye yuko inama nyobozi yabona ko ‘kwirinda amaraso’ ari ikintu kijanye n’inyifato runtu gihambaye cokimwe n’ukwirinda ubushegabo canke ugusenga ibigirwamana. Ivyo biragaragaza yuko ukwo kubuzwa amaraso gukwiye gufatanwa uburemere. Abakirisu basenga ibigirwamana canke bakora ubushegabo ntibigaye, ntibashobora ‘kuragwa ubwami bw’Imana’; “umugabane wabo uzoba . . . urupfu rwa kabiri” (1 Ab’i Korinto 6:9, 10; Ivyahishuriwe 21:8; 22:15). Raba iki gihushane: Kwirengagiza ubuyobozi bw’Imana bwerekeye ubweranda bw’amaraso bishobora gushikana ku rupfu rw’akagirire, mu gihe kwubaha inkuka ya Yezu vyo bishobora gushikana ku buzima budahera.

8. Ni igiki cerekena yuko abakirisu bo mu ntango bafatana uburemere ubuyobozi bw’Imana bwerekeye amaraso?

8 Abakirisu bo mu ntango batahura gute kandi bagakurikiza gute ubuyobozi bw’Imana bwerekeye amaraso? Ibuka ya majambo ya Clarke: “Mu gihe abantu bobaye bagengwa n’Injili [amaraso] yobwirijwe kutaribwa, kubera ko yobaye akwiye kwama abonwa ko agereranya amaraso yasheshwe ku bwo kurekurirwa ibicumuro”. Inkuru za kahise ziremeza ko abakirisu bo mu ntango ico kintu bagifatana uburemere. Terituliyano yanditse ati: “Rimbura ivya ba bandi bo mu bibuga vy’inkino vy’i Roma banunuza n’inyota n’akantu amaraso y’inkozi z’ikibi . . . hanyuma bakayamira kugira ngo bivure intandara”. Mu gihe abapagani bo wasanga barya amaraso, Terituliyano yavuze yuko abakirisu bobo “mu vyo bashira ku meza ngo bafungure ata maraso y’ibikoko [y]ajamwo . . . Ushaka kugerageza abakirisu, bazanire amasosisi yuzuye amaraso. Uba usanzwe uzi neza yuko [amaraso] ari ikizira kuri bo”. Egome, naho abakirisu baba bari ku manga y’urupfu, ntibǎgeza kurya amaraso. Ubuyobozi bw’Imana bwari buhambaye cane kuri bo.

9. Kwirinda amaraso harimwo n’iki turetse ukutayarya?

9 Hari abokwiyumvira yuko inama nyobozi yashaka gusa kuvuga yuko abakirisu botegerejwe kutarya canke kutanywa amaraso ubwayo, eka mbere ko botegerejwe kutarya inyama zirimwo amaraso canke imfungurwa zashizwemwo amaraso. Ego ni ko, ico ni co kintu ca mbere na mbere rya tegeko Imana yaha Nowa ryashaka kuvuga. Vyongeye, ya ngingo intumwa zafata, yasaba koko abakirisu ‘kwirinda ibinizwe’, ni ukuvuga inyama zitakuwemwo amaraso (Itanguriro 9:3, 4; Ivyakozwe 21:25). Ariko rero, abakirisu bo mu ntango bari bazi ko iyo ngingo yarimwo n’ibindi. Rimwe na rimwe, amaraso wasanga aribwa ku mvo zijanye n’ubuvuzi. Terituliyano yavuze yuko mu kugerageza kwivura intandara, abapagani bamwebamwe wasanga banywa amaraso agishushe. Kandi amaraso ashobora kuba yarakoreshwa no mu bundi buryo mu kuvura indwara canke mu kugira icafatwa ko ari ugutuma umuntu agira amagara meza. Ku bw’ivyo, ku bakirisu, kwirinda amaraso vyarimwo n’ukutayihereza ku mvo z’ivyitwa ngo ni ubuvuzi. Bagumye bafise iyo mpagararo naho yari gushira ubuzima bwabo mu kaga.

Amaraso abakoreshejwe bwa muti

10. Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe amaraso ariko akoreshwa muri iki gihe mu vy’ukuvura kandi bica bivyura ikihe kibazo?

10 Gukoresha amaraso ku bw’imvo zijanye n’ubuvuzi bireze muri iki gihe. Mu ntango batera amaraso uko yakabaye, ni ukuvuga amaraso yaba yakuwe muri nyene kuyatanga, akabikwa, hanyuma agaterwa umurwayi, kumbure uwaba yakomerekeye mu ntambara. Hashize igihe, abashakashatsi baramenye gutandukanya ibihimba nyamukuru bigize amaraso. Mu gutera abantu ibihimba bigize amaraso, abaganga barashobora guhako n’abandi barwayi kuri ayo maraso yaba yatanzwe, kumbure umuntu yakomeretse bakamutera igihimba c’amaraso kigizwe n’amazi ari co plasma, uwundi na we bakamutera utugingo ngengabuzima dutukura. Ubushakashatsi bwabandanije kugirwa bwarerekanye ko kimwe mu bihimba nyamukuru bigize amaraso, nk’akarorero kimwe citwa plasma, coshoboye gukurwamwo n’utundi duhimba dutoduto tutari duke dushobora guhabwa abarwayi benshi kuruta. Barabandanya gutera n’izindi ntambwe muri ivyo, ubu bikaba bivugwa yuko hari uduhimba dushasha dukoreshwa. Umukirisu akwiye kuvyifatamwo gute ku bijanye n’uguterwa mwene utwo duhimba? Asanzwe afise umwiyemezo ushikamye wo kutemera guterwa amaraso, mugabo muganga wiwe amusavye ashimitse kwemera guterwa kimwe mu bihimba nyamukuru bigize amaraso, kumbure nk’utugingo twayo dutukura twashizwe hamwe. Canke kumbure ashaka kumuvura akoresheje agahimba gatoya kakuwe muri kimwe mu bihimba nyamukuru bigize amaraso. Umusavyi w’Imana yofata iyihe ngingo kuri mwene ivyo bibazo, afise ku muzirikanyi ivy’uko amaraso ari meranda be n’uko amaraso ya Kirisitu ari yo arokora ubuzima mu buryo buhambaye kuruta ubundi bwose?

11. Ni impagararo iyihe Ivyabona bamye bafise kuva kera ku bijanye n’ukuvurwa?

11 Haraciye imyaka mirongo Ivyabona vya Yehova batomoye impagararo yabo. Nk’akarorero, baranditse ikiganiro casohowe mu kinyamakuru kimwe (The Journal of the American Medical Association [27 Munyonyo 1981; kikaba carasubiye gucapurwa mu gatabu Comment le sang peut-il vous sauver la vie?, ku rupapuro rwa 27-29]) *. Ico kiganiro casubiramwo amajambo yo mw’⁠Itanguriro, mu Balewi no mu Vyakozwe. Cavuga giti: “Naho iyo mirongo itasubiwemwo mu mvugo y’ivy’ubuvuzi, Ivyabona babona yuko ibuza ivyo guterwa amaraso, yaba ari uko yakabaye, yaba ari utugingo ngengabuzima dutukura twashizwe hamwe, igihimba c’amaraso kigizwe n’amazi ari co plasma, utugingo ngengabuzima twera be n’ivyitwa plaquettes ”. Igitabu kimwe casohowe mu 2001 (Emergency Care), munsi y’agatwe kavuga ngo “Ibigize amaraso”, cavuze giti: “Amaraso agizwe n’ibintu vyinshi: hari plasma, hari utugingo ngengabuzima twera n’udutukura, be n’ivyitwa plaquettes ”. Ku bw’ivyo, mu bijanye n’ubuvuzi, Ivyabona ntibemera guterwa amaraso uko yakabaye canke ico ari co cose mu bihimba nyamukuru bine biyagize.

12. (a) Ni impagararo iyihe yashikirijwe ku biraba uduhimba tuba twakuwe muri vya bihimba nyamukuru bigize amaraso? (b) Ayandi makuru ku bijanye n’ivyo dushobora kuyasanga hehe?

12 Nya kiganiro kijanye n’ivy’ubuvuzi cabandanije giti: “Ubutahuzi Ivyabona bafise bushingiye ku vy’idini, ntibubuza rwose ivy’ugukoresha [uduhimba tw’ibigize amaraso], nk’utwitwa albumine, immunoglobulines be n’ibihingurwa muri yo vyo kurinda umuntu ukuvirirana; Icabona wese ategerezwa kwihitiramwo ubwiwe niba yokwemera ivyo”. Kuva mu 1981, uduhimba twinshi (ni ukuvuga ivyavuye muri kimwe muri vya bihimba nyamukuru bine bigize amaraso) twarakuwemwo kugira ngo dukoreshwe mu vy’ukuvura. Ku bw’ivyo, Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 2000 waratanze amakuru ngirakamaro kuri ico kintu mu kiganiro kivuga ngo “Ibibazo vy’Abasomyi”. Kugira ngo abantu amamiliyoni basoma iki kinyamakuru bacungukireko, inyishu yatanzwe yarasubiye gucapurwa ku rupapuro rwa 29-31 rw’iki kinyamakuru. Iravuga vyinshi kuri ivyo ikanatanga n’ivyiyumviro vyumvikana, mugabo uzobona yuko ibivugwa bihuye n’ibintu vy’ishimikiro vyashikirijwe mu 1981.

Uruhara rw’ijwi ryawe ryo mu mutima

13, 14. (a) Ijwi ryo mu mutima ni iki, kandi ni mu buryo ubuhe rigira uruhara ku biraba amaraso? (b) Ni ubuyobozi ubuhe Imana yahaye Isirayeli ku vyerekeye ukurya inyama, mugabo ni ibibazo ibihe bishobora kuba vyaravyuka?

13 Ayo makuru asaba ko umuntu akoresha ijwi ryiwe ryo mu mutima. Kubera iki? Abakirisu baremera yuko umuntu akeneye gukurikira ubuyobozi bw’Imana, yamara mu bihe bimwebimwe umuntu ategerezwa kwifatira ingingo, hagaca hakora ijwi ryo mu mutima. Ijwi ryo mu mutima ni ubushobozi mvukanwa bwo gushira ibintu ku munzane, maze ugafata ingingo ku bintu kanaka, akenshi bikaba ari ibintu bijanye n’ikibereye (Abaroma 2:14, 15). Ariko rero, urazi ko abantu badafise ijwi ryo mu mutima rimeze kumwe *. Bibiliya ivuga ko bamwe bafise ‘imitima idakomeye’ canke ijwi ryo mu mutima ridakomeye, ishaka kuvuga ko ijwi ryo mu mutima ry’abandi rikomeye (1 Ab’i Korinto 8:12). Abakirisu usanga batandukanye uravye ukuntu bateye imbere mu vy’ukumenya ivyo Imana igomba, mu vy’ukwitaho ivyiyumviro vyayo no mu kwisunga ivyo vyiyumviro vy’Imana igihe bafata ingingo. Ivyo turashobora kubitangira akarorero ku Bayuda no ku kurya inyama.

14 Bibiliya iratomora yuko umuntu yagamburukira Imana atoriye inyama zirimwo amaraso. Ico kintu cari gihambaye cane ku buryo mbere no mu gihe ibintu vyari bikomeye abasoda b’Abisirayeli bakarya inyama zirimwo amaraso, bagīriwe n’ikosa rikomeye canke icaha (Gusubira mu vyagezwe 12:15, 16; 1 Samweli 14:31-35). Yamara, hashobora kuba haravyutse ibibazo. Igihe Umwisirayeli yaba yishe intama, yabwirizwa kurindira umwanya ungana iki kugira ngo ayikuremwo amaraso? Yoba yategerezwa kuyikerera kugira ngo amaraso ayivemwo? Vyoba vyari bikenewe gusungaza nya ntama ku maguru y’inyuma ayicuritse? Umwanya ungana iki? Yokoze iki hoho aramutse akereye inka amahero? Mbere n’iyo amaraso ahejeje guseseka, hari ayashobora gusigara mu nyama. Mbega izo nyama yoziriye? Ni nde yofashe ingingo?

15. Abayuda bamwebamwe bagize inyifato izihe ku bijanye n’ukurya inyama, mugabo ni igiki Imana yategetse?

15 Niwihe ishusho Umuyuda w’umunyamwete ahanganye n’ivyo bibazo. Yari gushobora kwiyumvira ko yoba yikingiye rwose aramutse yirinze inyama zo mw’isoko, nk’uko hari n’uwundi yokwirinze inyama nimba bishoboka ko zoba zari zabanje gushikanirwa ikigirwamana. Abandi Bayuda na bo, inyama bashobora kuba bâzirya igihe gusa bahejeje umugenzo wo kuzikuramwo amaraso * (Matayo 23:23, 24). Wewe wiyumvira iki kuri izo nyifato zitandukanye? Vyongeye, kubera ko Imana itasaba ko bavyifatamwo gutyo, ntivyoba vyari kuba vyiza Abayuda barungikiye inama nkuru y’abarabi ibibazo umuyoro kugira ngo ifate ingingo ku kibazo kimwekimwe cose? Naho uwo mugenzo watsimbataye mw’idini y’Abayuda, turahiriwe kuba Yehova atategetse abambaji b’ukuri kurondera kudadanuza ibibazo vyerekeye amaraso muri mwene ubwo buryo. Imana yaratanze ubuyobozi bw’ishimikiro ku bijanye n’ugukerera ibitungwa bidahumanye be n’ukureka amaraso yavyo agaseseka hasi, mugabo nta bindi yongeyeko.—Yohana 8:32.

16. Ni kubera iki vyoshika abakirisu ntibabone kumwe ivy’ukwemera guterwa agahimba kanaka kakuwe muri kimwe mu bihimba bigize amaraso?

16 Nk’uko vyamaze kuvugwa mu ngingo ya 11 n’iya 12, Ivyabona vya Yehova ntibemera guterwa amaraso uko yakabaye canke ibihimba nyamukuru bine biyagize, ari vyo plasma, utugingo ngengabuzima dutukura, utugingo ngengabuzima twera be n’ivyitwa plaquettes. Tuvuge iki ku duhimba dutoduto tuba twakuwe muri kimwe muri ivyo bihimba nyamukuru, nk’akarorero, serumu zirimwo abasoda b’umubiri bo kurwanya indwara kanaka canke kuzibira ubumara bw’inzoka (Raba urupapuro rwa 30, ingingo ya 4.)? Bamwe barashitse ku ciyumviro c’uko utwo duhimba dutoduto cane ku bwa ngingo tutaba tukiri amaraso. Ngo rero ntiturimwo muri rya tegeko ryo ‘kwirinda amaraso’ (Ivyakozwe 15:29; 21:25; urupapuro rwa 31, ingingo ya 1). Ivyo ni bo biraba. Ku bandi, ijwi ryabo ryo mu mutima rirabasunikira ku kwiyamiriza ikintu cose cavuye mu maraso (yaba ay’ibikoko canke ay’abantu), eka mbere naho koba ari agace gatoyi cane kavuye muri kimwe gusa muri vya bihimba nyamukuru vy’amaraso *. Abandi na bo boshobora kwemera guterwa uduce dutoduto twitwa protéines twakuwe muri plasma kugira ngo barwanye indwara canke bice ubumara bw’inzoka, yamara bakaba bokwanka utundi duce. Vyongeye, ibintu bimwebimwe vyahinguwe bikuwe muri kimwe mu bihimba nyamukuru bigize amaraso, vyoshobora kuba bikora cokimwe n’ico gihimba nyamukuru vyakuwemwo, maze ivyo bintu bikarangura uruhara rwo kubungabunga ubuzima mu mubiri ku buryo abakirisu benshi bosanga bitemewe.

17. (a) Ijwi ryacu ryo mu mutima rishobora gute kudufasha igihe duhanganye n’ibibazo bijanye n’uduhimba dutoduto dukomoka mu maraso? (b) Ni kubera iki gufata ingingo kuri ico kintu bikwiye gufatanwa uburemere cane?

17 Ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ijwi ryo mu mutima kirafasha igihe dufata mwene izo ngingo. Intambwe ya mbere ni ukumenya ico Ijambo ry’Imana rivuga, hanyuma ukihatira kureka ijwi ryawe ryo mu mutima rikayoborwa na ryo. Ivyo bizotuma uba umuntu ashoboye gufata ingingo ihuye n’ubuyobozi bw’Imana, aho gusaba uwundi muntu ngo abe ari we agufatira ingingo (Zaburi 25:4, 5). Ku bijanye n’ukwemera uduhimba dukomoka mu maraso, hari abiyumviriye ngo: ‘Iki ni ikibazo kiraba ijwi ryo mu mutima, ku bw’ivyo rero, nta co bitwaye’. Ukwo ni ukwiyumvira kutari kwo. Kuba ikintu ari ikibazo kijanye n’ijwi ryo mu mutima ntibisobanura ko ata co gitwaye. Kirashobora kuba igikomeye cane. Imvo imwe ni iy’uko gishobora kugira ico gikoze ku bantu bafise ijwi ryo mu mutima ritandukanye n’iryacu. Ivyo turabibonera mu mpanuro Paulo yatanze ku vyerekeye inyama zishobora kuba zari zashikaniwe ikigirwamana hanyuma zikadandazwa mw’isoko. Umukirisu arakwiye kwitwararika ‘kudakomeretsa imitima idakomeye’. Aramutse atsitaje abandi, yoba ‘agiriye nabi mwene Data, uwo Kirisitu yapfiriye’, akaba akoreye icaha Kirisitu. Ku bw’ivyo, naho ibibazo vyerekeye uduhimba dutoduto cane dukomoka mu maraso ari ikintu umuntu yifatirako ingingo, izo ngingo zikwiye gufatanwa uburemere.—1 Ab’i Korinto 8:8, 11-13; 10:25-31.

18. Umukirisu ashobora gute kwirinda gutuma ijwi ryiwe ryo mu mutima riba nk’igiti ku biraba ingingo zijanye n’amaraso?

18 Hari uwundi muce ushimika ku vy’uko gufata ingingo zijanye n’amaraso bikwiye gufatanwa uburemere, uwo na wo ukaba ari ingaruka izo ngingo zishobora kugira kuri wewe. Niba guterwa agahimba k’amaraso vyobuza amahoro ijwi ryawe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya, ukwiye kutaryirengagiza. Eka mbere ntukwiye kwirengagiza ico ijwi ryawe ryo mu mutima rikubwira ngo ni uko kanaka akubwiye ngo “Nta ngorane birimwo umuntu acemeye; n’abandi benshi baracemeye”. Ibuka yuko abantu amamiliyoni muri iki gihe birengagiza ijwi ryabo ryo mu mutima, maze rigacika nk’igiti, rikabarekurira kubesha canke gukora ibindi bintu bibi ntihagire ico biyagiriza. Abakirisu bakwiye koko kwirinda ingendo nk’iyo.—2 Samweli 24:10; 1 Timoteyo 4:1, 2.

19. Igihe dufata ingingo z’ivy’ubuvuzi zerekeye amaraso, ni igiki dukwiye kwamiza ku muzirikanyi imbere y’ibindi vyose?

19 Amaja mu nsozero, nya nyishu yasubiye gucapurwa ku rupapuro rwa 29-31 ivuga uku: “Ivy’uko ivyiyumviro n’ingingo zifatwa zitondewe bishobora kuba bitandukanye, vyoba bisobanura yuko ico kibazo kidahambaye? Oyaye. Kirahambaye cane”. Kirahambaye cane kubera yuko hajamwo n’ubucuti ufitaniye na ya “Mana nzima”. Ubwo bucuti ni bwo bwonyene bushobora gushikana umuntu mu buzima budahera, bukaba bushingiye ku bubasha bwo kurokora buri mu maraso ya Yezu yasesetse. Nuhe amaraso agaciro gashika kure kubera ivyo Imana iriko irarangura biciye kuri yo, ni ukuvuga kurokora ubuzima. Paulo yavuze bikwiriye ati: “[N]ta co [mwari] mwizigiye ku bizoba, mwari mw isi mutagira Imana Rurema. Ariko noneho, kuko muri muri Kristo Yesu, mwebge abāri kure kera mwigijwe hafi n’amaraso ya Kristo”.Abanyefeso 2:12, 13, ni twe tubihiritise.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 11 Kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

^ ing. 13 Igihe kimwe, Paulo be n’abandi bakirisu bane baragiye ku rusengero kwihumanura nk’uko wari usanzwe ari umugenzo. Ivyagezwe ntivyari bigikora, yamara Paulo yakoze nk’uko abagabo b’inararibonye b’i Yeruzalemu bari bamuhanuye (Ivyakozwe 21:23-25). Ariko rero, abakirisu bamwebamwe bashobora kuba biyumvisemwo ko batoja mu rusengero canke ngo bagire uwo mugenzo. Ico gihe abantu ntibari bafise ijwi ryo mu mutima rimeze kumwe, kandi no muri iki gihe ni ko bimeze.

^ ing. 15 Inkoranyabumenyi imwe (Encyclopaedia Judaica) iratanga urutonde rw’amategeko “y’urusobangane kandi yinjira mu kantu kose ido n’ido” yagenga inyama “zibereye kuribwa”. Iravuga iminuta inyama zitegerezwa kumara mu mazi, ukuntu babwirizwa kuzikamura ziri ku rubaho, uko umunyu bazisigako waba umeze, be n’incuro zategerezwa kurongwa mu mazi akanye.

^ ing. 16 Ibintu nyamukuru bishirwa mu miti imwimwe batera abantu bigenda birushiriza kuba ikivange kidahinguwe mu maraso. Mugabo, mu bihe bimwebimwe, harashobora gushirwamwo urugero runaka rw’uduhimba tw’amaraso, nk’akarorero albumine.—Raba “Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Gitugutu 1994.

Woba uvyibuka?

• Ni ubuyobozi ubuhe Imana yahaye Nowa, Abisirayeli be n’abakirisu ku bijanye n’amaraso?

• Ku biraba amaraso, ni igiki Ivyabona vya Yehova banka bivuye inyuma?

• Ni mu buryo ubuhe ivy’uguterwa uduhimba dutoduto twavuye muri kimwe mu bihimba nyamukuru bigize amaraso ari ikintu umuntu yifatirako ingingo yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima, mugabo ni igiki ivyo bidasobanura?

• Mu gufata ingingo, ni kubera iki dukwiye kugumiza ku muzirikanyi ubucuti dufitaniye n’Imana imbere y’ibindi vyose?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Igicapo ku rup. 22]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

IMPAGARARO Y’ISHIMIKIRO KU BIJANYE N’AMARASO

AMARASO UKO YAKABAYE

NTIVYEMEWE

Utugingo ngengabuzima dutukura

Utugingo ngengabuzima twera

Utugingo bita plaquettes

Ivyitwa plasma

IVYO UMUKIRISU YIFATIRAKO INGINGO

Uduhimba dukurwa mu tugingo ngengabuzima dutukura

Uduhimba dukurwa mu tugingo ngengabuzima twera

Uduhimba dukurwa muri plaquettes

Uduhimba dukurwa muri plasma

[Ifoto ku rup. 20]

Inama nyobozi yashitse ku ciyumviro c’uko abakirisu botegerejwe ‘kwirinda amaraso’

[Ifoto ku rup. 23]

Ntiwirengagize ijwi ryawe ryo mu mutima nimba uhanganye n’ugufata ingingo ku vyerekeye agahimba kanaka gakomoka mu maraso