“Umuntu wese azokwiyikorerera uwiwe mutwaro”
“Umuntu wese azokwiyikorerera uwiwe mutwaro”
“Umuntu wese muri twebge azobazwa n’Imana ivyo yakoze”.—ABAROMA 14:12.
1. Ni ibanga irihe Abaheburayo batatu babwirijwe kwikorera?
ABASORE batatu b’Abaheburayo baba i Babiloni babwirizwa gufata ingingo irimwo ugupfa n’ugukira. Boba baza kwunamira igishushanyo amahero cahagaritswe, nk’uko bisabwa n’itegeko ry’ico gihugu? Canke boba baza kwanka kugisenga maze bagatererwa mw’itanure ry’umuriro uhinda? Shaduraka na Meshaki na Abedunego nta mwanya bafise wo guhanuza umuntu n’umwe, eka mbere nta n’ivyo bakeneye kugira. Ata kwirirwa barijijanya imitima, bavuga bati: “Umenye mugenzi, ko tutosaba imana zawe, canke ngo dusenge ico gishushanyo c’izahabu wahagaritse” (Daniyeli 3:1-18). Abo Baheburayo batatu bariyikorereye umutwaro wabo w’ibanga bajejwe.
2. Twovuga ko ari nde yafatiye Pilato ingingo ku vyerekeye Yezu Kirisitu, yamara ivyo vyoba vyaciye bituma uwo buramatari w’Umuroma atagira ico abazwa?
2 Ibinjana nka bitandatu birahaciye. Buramatari yamaze kwumva ivyo umugabo umwe aregwa. Amaze kwihweza ivy’uwo nyene kuregwa, arajijuka yuko yera. Ariko rero, isinzi ry’abantu riri ng’aho rirasaba ko yicwa. Uwo buramatari amaze kumera nk’uwunana, aragonanwa kwikorera umutwaro wiwe w’ibanga ajejwe yamara amaherezo akagondozwa. Arakaraba ibiganza akavuga ati: “Jeho ndacuna kubg’amaraso y’uyu mugororotsi”. Maze, aca atanga uwo mugabo ngo amanikwe. Ni vyo, Ponsiyo Pilato, aho kwikorera ibanga ryiwe ryo gufata ingingo ku vyerekeye Yezu Kirisitu, arareka abandi bakaba ari bo bamufatira ingingo. Ashake akarabe amazi angana gute, ntibishobora kubuza ko agira ico abazwa ku rubanza rw’akarenganyo aciriye Yezu.—Matayo 27:11-26; Luka 23:13-25.
3. Ni kubera iki tudakwiye kureka ngo abandi babe ari bo badufatira ingingo?
3 Weho bite? Igihe hari ingingo zinaka ubwirizwa gufata, woba umera nka ba Baheburayo batatu, canke urareka abandi bakaba ari bo bagufatira ingingo? Gufata ingingo si icoroshe. Kugira ngo umuntu agire amahitamwo abereye, bisaba ko aba ahumuye mu vyiyumviro. Nk’akarorero, abavyeyi barakeneye gufatira ingingo nziza abana babo bataragera mu bigero. Ego ni ko, gufata ingingo biragora rwose igihe biba ari ibintu Ab’i Galatiya 6:1, 2). Ahubwo riho, ni umutwaro ‘umuntu wese muri twebwe azogira ico awubazwako n’Imana’ (Abaroma 14:12). Bibiliya ivuga iti: “Umuntu wese azokwiyikorerera uwiwe mutwaro” (Ab’i Galatiya 6:5). Dushobora gute none gufata ingingo ziranga ubukerebutsi mu buzima? Ubwa mbere, dutegerezwa kubona ko hari ivyo tudashoboye, maze tukamenya ikintu gikenewe codufasha muri ivyo tudashoboye.
vy’urusobangane kandi hakaba hari ibintu bitandukanye umuntu abwirizwa gushira ku munzane. Ariko rero, ibanga ryo gufata ingingo si iriremereye cane ku buryo ryoshirwa mu ‘mizigo’ canke mu bintu bitesha umutwe abakwije “kamere zisabwa mu vy’impwemu” (NW) boshobora kutwikorerera (Ikintu nyamukuru gikenewe
4. Ni icigwa gihambaye ikihe kijanye no gufata ingingo dukwiye kwigira ku kugambarara kwa wa mugabo n’umugore ba mbere?
4 Mu ntango z’ukubaho kw’abantu, wa mugabo n’umugore ba mbere barafashe ingingo yagize inkurikizi z’agahomerabunwa. Bahisemwo kurya ku vyamwa vyari vyamye ku giti kimenyekanisha iciza n’ikibi (Itanguriro 2:16, 17). None iyo ngingo bafashe yari ishingiye ku ki? Bibiliya ivuga iti: “Uwo mugore abonye ico giti yukw ar’ikibereye kuribga, kandi ko gihimbaye mu jisho, ar’igiti co kwifuzwa kimenyesha ubgenge, yamura ku vyo camye, arabirya, ahako n’umugabo wiwe bāri kumwe, na we ararya” (Itanguriro 3:6). Ihitamwo Eva yagize ryari rishingiye ku cipfuzo c’ubwikunzi. Ivyo yakoze vyatumye Adamu yifatanya na we. Ivyo vyatumye icaha n’urupfu “[b]ishika ku bantu bose” (Abaroma 5:12). Ukugambarara kwa Adamu na Eva kurakwiye kutwigisha icigwa gihambaye cane ku biraba ivy’uko ubushobozi bw’abantu buri n’aho bugarukira, na co kikaba ari iki: Igihe umuntu atisunga ubuyobozi bw’Imana, usanga akunda gufata ingingo zitabereye.
5. Ni ubuyobozi ubuhe Yehova yaduhaye, kandi ni igiki dutegerezwa gukora kugira ngo tubwungukireko?
5 Ese ukuntu tunezerwa kubona Yehova Imana ataturetse tutagira ubuyobozi! Ivyanditswe bitubwira biti: “Ni mwakikamira i buryo cank’i bumoso, amatwi yanyu azokwumva ijambo ribaturutse inyuma rivuga, rit’Iyi ni yo nzira, mube ari yo mujana” (Yesaya 30:21). Yehova avugana natwe biciye kw’Ijambo ryiwe ryahumetswe ari ryo Bibiliya. Dutegerezwa kwiga Ivyanditswe maze tukaronka ubumenyi ntagakosa bwo muri vyo. Kugira ngo tugire amahitamwo abereye, dukwiye gufungura “ivyo kurya bigumye . . . vy’abakuze”. N’ikindi kandi, ‘[‘ububasha bwacu bwo gutegera’, NW], ku bwo kwama tubukoresha, buramenyerezwa gutandukanya ikibi n’iciza’ (Abaheburayo 5:14). Turashobora kumenyereza ububasha bwacu bwo gutegera mu gushira mu ngiro ivyo twiga mw’Ijambo ry’Imana.
6. Hakenewe iki kugira ngo ijwi ryacu ryo mu mutima rikore neza?
6 Ikintu gihambaye cane mu vyo gufata ingingo, ni ijwi ryo mu mutima twarazwe. Iryo jwi ryo mu mutima rirafise ubushobozi bwo gushira ibintu ku munzane, kandi turashobora ‘kuregwa canke kuregurwa’ na ryo (Abaroma 2:14, 15). Ariko rero, kugira ngo ijwi ryacu ryo mu mutima rikore neza, ritegerezwa kumurikirwa n’ubumenyi ntagakosa bwo mw’Ijambo ry’Imana, kandi biciye ku gushira mu ngiro iryo jambo, rikamenyerezwa kuba irigabirije kugira ico ritubwiye. Ijwi ryo mu mutima ritamenyerejwe usanga ryoshwa bitagoranye n’imigenzo be n’ingeso vy’aho tuba. Ibintu bidukikije be n’ivyiyumviro vy’abandi bantu na vyo nyene birashobora kuduhuvya. Bigendera gute ijwi ryacu ryo mu mutima igihe tuguma twirengagiza ivyo ritubwira twongera turenga ku ngingo mfatirwako z’Imana? Amaherezo, rirashobora kumera nk’iryokejwe n’“icuma c’umwotso”, rigacika nk’‘inkovu y’ubushe. Riratimba ntihagire n’ico riba rigikora (1 Timoteyo 4:2, NW). Ariko ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe n’Ijambo ry’Imana ryoryo riratuyobora neza ata nkomanzi.
7. Ni ikintu nyamukuru ikihe gikenewe kugira dufate ingingo ziranga ubukerebutsi?
7 Ikintu nyamukuru rero gikenewe kugira ngo twikorere ibanga ryo gufata ingingo ziranga ubukerebutsi, ni ubumenyi ntagakosa bw’Ivyanditswe hamwe n’ugushobora kubushira mu ngiro. Aho guca dusimbira ku gufata ingingo gihutihuti igihe dufise amahitamwo imbere yacu, dukwiye gufata umwanya wo kurondera ingingo ngenderwako zo mw’Ijambo ry’Imana tukongera tugakoresha ububasha bwacu bwo kwiyumvira mu kuzishira mu ngiro. N’igihe nyene bibaye ngombwa ko dufata ingingo ubwo nyene nka kumwe kwa Shaduraka na Meshaki na Abedunego, tuba dufise ibikenewe mu gihe dufise ubumenyi ntagakosa bwo mw’Ijambo ry’Imana kandi ijwi ryacu ryo mu mutima rikaba ryaramenyerejwe na bwo. Kugira tubone ukuntu gutera imbere tugana ku buhumure bishobora gukarisha ubushobozi bwacu bwo gufata ingingo, nimuze turimbure imice ibiri y’ubuzima.
Tuzokwifatanya na bande?
8, 9. (a) Ni ingingo ngenderwako izihe zerekana ko dukeneye kwirinda abagenzi babi? (b) Kwifatanya n’abagenzi babi vyoba bisobanura gusa kuba uri kumwe imbonankubone n’abantu ataco bibanga? Sigura.
8 Intumwa Paulo yanditse ati: “Ntimuzimire: kubana n’ababi kwonona ingeso nziza” (1 Ab’i Korinto 15:33). Yezu Kirisitu yabwiye abigishwa biwe ati: ‘Ntimuri ab’isi’ (Yohana 15:19). Tumaze kumenya izo ngingo ngenderwako, ntiduteba guca tubona igituma bikenewe ko twirinda kwifatanya n’abasambanyi, abarenga ibigo, ibisuma, imborerwa, be n’abandi mwene abo (1 Ab’i Korinto 6:9, 10). Ariko rero, uko dutera imbere mu bumenyi bwerekeye ukuri kwo muri Bibiliya, ni ko tugenda turabona yuko kumarana umwanya n’abantu nk’abo biciye ku kubarorera mu masenema, kuri televiziyo, kuri orodinateri canke biciye ku gusoma ibiberekeye mu bitabu, vyonona cokimwe n’igihe twoba turi kumwe na bo. Ivyo ni ko bimeze no ku bijanye n’ukwifatanya n’“indyarya”, ari bo bantu bahisha ico bari, biciye muri ya mihora yo kuri Internet yo kuganirirako.—Zaburi 26:4.
9 Tuvuge iki ku bijanye no kugiranira imigenderanire ya hafi n’abantu boshobora kuba badahumanye mu vy’inyifato runtu mugabo bakaba batizera Imana y’ukuri? Ivyanditswe bitubwira biti: “Isi yose iri muri wa Mubi” (1 Yohana 5:19). Turatahura yuko abagenzi babi atari gusa abantu barekerana ibintu canke bononekaye mu vy’inyifato runtu. Ku bw’ivyo, vyoba biranga ubukerebutsi tugiraniye ubugenzi bwa hafi n’abantu bakunda Yehova bonyene.
10. Ni igiki kidufasha gufata ingingo ziranga ubuhumure mu bijanye n’ivyo dukorana n’abantu bo mw’isi?
10 Kwirinda rwose kugira ivyo dukorana n’abantu bo mw’isi ntibishoboka, eka mbere si na vyo dusabwa (Yohana 17:15). Kuja mu busuku bwa gikirisu, kuja kw’ishure, kuja ku kazi, ivyo vyose bituma tubonana n’abantu badasenga Yehova. Hari aho umukirisu yubakanye n’uwutari Icabona yobwirizwa kubonana n’ab’isi cane kuruta uko abandi babigira. Ariko rero, kubera ko twamenyereje ububasha bwacu bwo gutegera, turatahura yuko kugiranira n’isi imigenderanire ikenewe iri n’aho igarukira ata ho bisa bisana no gucudika na yo (Yakobo 4:4). Gutyo, turashobora gufata ingingo ziranga ubuhumure ku bijanye n’uko twoja canke tutoja mu bintu bigirwa kw’ishure bitajanye n’ivyigwa, nk’ivy’inkino n’intambo, no kuja mu biteramo be no kuja gusangira n’abakozi bagenzi bacu imfungurwa zidasanzwe.
Guhitamwo akazi
11. Ikintu twobanza kurimbura igihe dufata ingingo yerekeye akazi ni ikihe?
11 Gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu buryo bwerekana ko duhumuye mu vyiyumviro, biradufasha mu vy’ugufata ingingo ku bijanye n’ukuntu turangura ibanga tujejwe ryo ‘gutunga abo mu nzu yacu’ (1 Timoteyo 5:8). Ikintu twobanza kurimbura ni akazi ubwako ako ari ko, ni ukuvuga ico kadusaba gukora. Guhitamwo akazi karemesha ibintu vyiyamirizwa mu buryo butomoye muri Bibiliya si vyiza na gato. Ku bw’ivyo, abakirisu b’ukuri ntibemera ubuzi bwoba burimwo ivy’ugusenga ibigirwamana, ivy’ukwiba, ivy’ugukoresha nabi amaraso, canke bukaba burimwo izindi ngeso ziteye kubiri n’Ivyanditswe. N’ikindi kandi, ntitwobesha canke ngo dukoreshe uruyeri, n’igihe nyene umukoresha adusavye kubigira.—Ivyakozwe n’intumwa 15:29; Ivyahishuriwe 21:8.
12, 13. Uretse akazi ubwako, ni ibintu bimwebimwe ibihe usanga bihambaye mu vyo gufata ingingo zijanye n’akazi?
12 Bite ho nka hamwe nya kazi ubwako katoba karenga mu buryo butomoye ku kintu kinaka mu vyo Imana isaba? Uko dukura mu bumenyi bwerekeye ukuri tukongera tukaryohora ububasha bwacu bwo gutegera, turahava tukabona ibindi bintu bitegerezwa kurimburwa. Tuvuge iki nka hamwe nya kazi koba kotuma dukora ikintu giteye kubiri n’Ivyanditswe, nk’igihe ari akazi ko kwitaba telefone ahantu hakorerwa ivy’akamari? Na ho nyene hari ivyo dukwiye kurimbura: aho amahera duhembwa ava be n’aho dukorera ako kazi. Nk’akarorero, umukirisu akora ibiraka yoba yokwemera akazi ko gusiga irangi urusengero rw’abiyita abakirisu, gutyo akaba agize uruhara mu vyo guteza imbere idini ry’ikinyoma?—2 Ab’i Korinto 6:14-16.
13 Bite ho nka hamwe vyoshika umukoresha wacu agapatana akazi ko gusiga irangi ikibanza kigirirwamwo ugusenga kw’ikinyoma? Muri ico gihe, hari ibintu twokenera kurimbura. Nk’akarorero, tworaba ububasha dufise ku biriko bikorwa be n’uruhara tubigiramwo uko rungana. Tuvuge iki ku bijanye n’ugukora igikorwa kidateye kubiri n’Ivyanditswe, nk’ukugenda umuntu atanga amakete hirya no hino mu kibano, ushizemwo no mu bibanza biremesha ibintu bitabereye? Ubwo none ya ngingo ngenderwako ivugwa muri Matayo 5:45 ntiyogira ico ifashije? Naho ari ukwo, ico tutokwirengagiza ni ukuntu gukora ico gikorwa ku musi ku musi vyohava bigira ico bikoze kw’ijwi ryacu ryo mu mutima (Abaheburayo 13:18). Vy’ukuri, kwikorera umutwaro wacu w’ibanga tujejwe mu vyo gufata ingingo ziranga ubuhumure ku bijanye n’akazi, bidusaba gukarisha ububasha bwacu bwo gutegera no kumenyereza ijwi ryacu ryo mu mutima twahawe n’Imana.
“Umumenye mu ngendo zawe zose”
14. Igihe dufata ingingo, ni ibiki dukwiye kugira?
14 Tuvuge iki ku bijanye n’ingingo dufata ku biraba ibindi bibazo, nk’ivy’ukwiga amashure be n’ivy’ukwemera canke kwanka uburyo bumwebumwe bwo kuvurwa? Igihe tubwirizwa gufata ingingo iyo ari yo yose, dutegerezwa kuraba ko hoba hari ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zijanye n’iyo ngingo, maze tugaca dukoresha ububasha bwacu bwo kwiyumvira mu kuzishira mu ngiro. Wa mwami w’inkerebutsi Salomo wa Isirayeli ya kera yavuze ati: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe”.—Imigani 3:5, 6.
15. Ku bijanye no gufata ingingo, ni igiki twigira ku bakirisu bo mu kinjana ca mbere?
15 Akenshi, amahitamwo tugira aragira ico akoze ku bandi, kandi turakeneye kwitwararika ico kintu. Nk’akarorero, abakirisu bo mu kinjana ca mbere ntibari bakibuzwa gufungura vyinshi mu vyo Ivyagezwe vya Musa vyabuza. Ibifungurwa bimwebimwe vyahora bibonwa ko bihumanye mu gihe c’Ivyagezwe, akaba ata kibi cari mu kubifungura, barashobora guhitamwo kubifungura. Ariko rero, intumwa Paulo yanditse ku vyerekeye inyama z’igikoko cashobora kuba gifitaniye isano rinaka n’urusengero rw’ikigirwamana ati: “Namb’ivyo kurya bigwisha mwene Data, sinzopfa 1 Ab’i Korinto 8:11-13). Abakirisu bo mu ntango baremeshejwe kwitwararika ijwi ryo mu mutima ry’abandi kugira ngo ntibabatsitaze. Ingingo dufata ntizikwiye gutuma tubera abandi “igitsitaza”.—1 Ab’i Korinto 10:29, 32.
nongeye kurya inyama kugira ngo singwishe mwene Data” (Rondera ubukerebutsi buva ku Mana
16. Isengesho ridufasha gute mu bijanye no gufata ingingo?
16 Ikintu c’ingirakamaro cane kidufasha mu vyo gufata ingingo ni isengesho. Wa mwigishwa Yakobo avuga ati: “Asangwa har’uwo muri mwebge akennye ubgenge, n’abusabe Imana, igabira bose ata kinūbge, idaterana imirarwe, azobuhabga” (Yakobo 1:5). Turashobora kwitura Yehova mw’isengesho tubigiranye ukwizigira tukamusaba ubukerebutsi bukenewe kugira dufate ingingo zibereye. Igihe tuyagiye ya Mana y’ukuri ibituraje ishinga tukongera tukarondera kuyoborwa na yo, impwemu yera yoshobora kudufasha kurushiriza gutahura neza ivyanditswe turiko turarimbura no kwibuka ivyo twoshobora kuba tutazirikanyeko.
17. Abandi bashobora gute kudufasha mu bijanye no gufata ingingo?
17 Abandi boba boshobora kudufasha mu vyo gufata ingingo? Cane nyene, Yehova yaratanze abantu bahumuye mu vy’impwemu mw’ishengero (Abanyefeso 4:11, 12). Turashobora kubahanuza, na canecane igihe ingingo tugomba gufata ari ingingo ihambaye. Abantu babona kure mu vy’impwemu kandi bamaze kubona utuntu n’utundi mu buzima barashobora kutwereka izindi ngingo ngenderwako z’Imana zoshobora kuba zijanye n’ingingo tugomba gufata, bagashobora no kudufasha kurondera ‘kumenya neza ibintu bihambaye kuruta’ (Ab’i Filipi 1:9, 10, NW). Ariko rero, hari ikintu dukwiye kwiyubarako: Dutegerezwa kwiyubara ntitureke ngo abandi babe ari bo badufatira ingingo. Umutwaro wacu w’ibanga tujejwe ni twe tubwirizwa kuwikorera.
Zoba zama zivamwo ingaruka nziza?
18. Twovuga iki ku bijanye n’ingaruka ziva mu gufata ingingo ibereye?
18 Ingingo zishingiye rwose ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya kandi zifashwe zitondewe, zoba imisi yose zama zigira ingaruka nziza? Ego cane, impera n’imperuka ziravamwo ingaruka nziza. Yamara rero, rimwe na rimwe mu ntango zoshobora kuvamwo ikintu kibabaza. Shaduraka na Meshaki na Abedunego bari bazi ko ingingo bari bafashe yo kudasenga ca gishushanyo amahero yovuyemwo urupfu (Daniyeli 3:16-19). Intumwa na zo nyene, zimaze kubwira Ikombe ry’Abayuda yuko zitegerezwa kwumvira Imana kuyirutisha abantu, zaratonaguwe imbere y’uko zirekurwa (Ivyakozwe n’intumwa 5:27-29, 40). Vyongeye,“ibihe n’ibiza ku muntu” atari avyiteze vyoshobora gutuma ingingo iyo ari yo yose dufata ikwega ibintu bibabaza (Umusiguzi 9:11). Bishitse tugacumukura mu buryo bunaka kandi twafashe ingingo ibereye, turashobora kwizigira tudakeka yuko Yehova azodufasha kwihangana be n’uko impera n’imperuka azoduhezagira.—2 Ab’i Korinto 4:7.
19. Dushobora gute kwikorera umutwaro wacu w’ibanga tujejwe tubigiranye uburindutsi mu gufata ingingo?
19 Rero, igihe dufata ingingo, dutegerezwa kurondera ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe twokwisunga tukongera tugakoresha ubushobozi bwacu bwo kwiyumvira mu kuzishira mu ngiro. Ese ukuntu dukenguruka kubona Yehova yaraturonkeje imfashanyo abicishije ku mpwemu yera yiwe no ku bantu bahumuye bo mw’ishengero! Ko dufise ubwo buyobozi n’izo ntunganyo, nimuze twikorere umutwaro wacu bwite w’ibanga tujejwe tubigiranye uburindutsi mu gufata ingingo ziranga ubukerebutsi.
Wize iki?
• Ni ikintu nyamukuru ikihe gikenewe kugira umuntu afate ingingo nziza?
• Ugutera imbere tugana ku buhumure bigira ico bikoze gute mu vy’uguhitamwo abo twifatanya?
• Ni ibintu bimwebimwe bihambaye ibihe dukwiye kurimbura igihe dufata ingingo ku bijanye n’akazi?
• Ni imfashanyo iyihe ihari dushobora kwikorako mu gufata ingingo?
[Ibibazo vy’icigwa]
[Ifoto ku rup. 22]
Ukugambarara kwa Adamu na Eva kuratwigisha icigwa gihambaye rwose
[Ifoto ku rup. 24]
Nurondere ingingo ngenderwako z’Imana imbere y’uko ufata ingingo ihambaye