Ugutungana kwawe gutuma umutima wa Yehova unezerwa
Ugutungana kwawe gutuma umutima wa Yehova unezerwa
“Mwana wanje, uce ubgenge, unezereze umutima wanje, kugira ngo ngire ico nishura uwontuka.”—IMIG. 27:11.
1, 2. (a) Igitabu ca Yobu gishira ahabona gute ikirego Shetani yavyuye? (b) Ni ibiki vyerekana yuko n’inyuma yaho Yobu apfiriye Shetani yabandanije gucokora Yehova?
YEHOVA yararetse Shetani aragerageza ugutungana kw’umusavyi w’Imana w’intahemuka Yobu. Ivyo vyatumye Yobu abura ibitungwa vyiwe be n’abana biwe, amagara yiwe na yo arahasinzikarira. Ariko igihe Shetani yavyura ibihari ku bijanye n’ugutungana kwa Yobu, ntiyari afise gusa mu bwenge uwo mugabo Yobu. Shetani yivugishije ati: “Amagara akābga ayandi! Mber’ivy’umuntu atunze vyose yobitanga ku magara yiwe.” Ivyo bihari vyavyuye ikibazo kitagarukiye kuri Yobu gusa ariko cabandanije n’inyuma y’urupfu rwiwe.—Yobu 2:4.
2 Haciye imyaka nka 600 inyuma y’ibigeragezo vyashikiye Yobu, Salomo yarahumekewe kwandika ati: “Mwana wanje, uce ubgenge, unezereze umutima wanje, kugira ngo ngire ico nishura uwontuka.” (Imig. 27:11) Biragaragara ko no muri ico gihe Shetani yari agihaririza Yehova. Vyongeye, mu vyo intumwa Yohani yeretswe, Shetani yari akibandanya kwagiriza ibinyoma abasavyi b’Imana imbere y’uko yirukanwa mw’ijuru, hakaba hari haciye igihe gitoya Ubwami bw’Imana bushinzwe mu 1914. Emwe, no muri iki gihe, aho tugeze kure mu misi ya nyuma y’ivy’iyi si mbi, Shetani aracabandanya kuvyura ibihari ku bijanye n’ugutungana kw’abasavyi b’Imana!—Ivyah. 12:10.
3. Ni ivyigwa ibihe bihambaye dushobora gukura mu gitabu ca Yobu?
3 Reka rero turimbure ivyigwa bitatu bihambaye dukura mu gitabu ca Yobu. Ica mbere, ibigeragezo vyashikiye Yobu birashira ahabona umwansi nyezina w’abantu bose uwo ari we be n’uwutuma abasavyi b’Imana barwanywa. Uwo mwansi, ni Shetani wa Mubesheranyi. Ica kabiri, kuba dufitaniye n’Imana ubucuti bwiza birashobora kudufasha kugumana ugutungana kwacu naho twoshikirwa n’ibigeragezo bimeze gute. Ica gatatu, igihe ibigeragezo vyadutse maze tukageragezwa mu buryo bunaka, Imana iradushigikira nk’uko nyene yabigiriye Yobu. Muri iki gihe, Yehova adushigikira abicishije kw’Ijambo ryiwe, kw’ishirahamwe ryiwe no ku mpwemu yiwe nyeranda.
Nugume wibuka umwansi nyezina uwo ari we
4. Ni nde yobazwa ibiriko biraba kw’isi muri iki gihe?
4 Abantu benshi ntibemera ko Shetani abaho koko. Ni co gituma, naho bashobora kuba barizwa n’ibintu biba mw’isi, badatahura yuko Shetani wa Mubesheranyi ari we vy’ukuri abitera. Ego ni ko, abantu ubwabo ni bo bobazwa amakuba menshi ashikira umuryango w’abantu. Abavyeyi bacu ba mbere, ari bo Adamu na Eva, barahisemwo kutisunga Umuremyi wabo. Kandi kuva ico gihe, abarutse inyuma y’abo bagumye bakora ibintu mu buryo butaranga ubukerebutsi namba. Ariko rero, wa Mubesheranyi ni we yahenze Eva kugira ngo agararize Imana. Ni we yatsimbataje mu muryango w’abantu munyagasembwa kandi uri ku mpfiro ivy’iy’isi iganzwa na we. Kubera ko Shetani ari “imana y’iki gihe,” ikibano c’abantu kigaragaza zirya kamere mbi nyene nyamukuru agaragaza, na zo akaba ari ubwishime, agatima k’amahane, ishari, umwina, ububeshi n’ubugarariji. (2 Kor. 4:4; 1 Tim. 2:14; 3:6; soma Yakobo 3:14, 15.) Izo kamere mbi zaratumye haba amatati mu vya politike no mu vy’idini, urwanko, ukurya ibiturire n’umuvurungano, bino bikaba ari vyo vyateye amarushwa menshi abantu barimwo.
5. Ubumenyi bw’agaciro dufise dukwiye kubukoresha iki?
5 Ese ukuntu twebwe abasavyi ba Yehova twifitiye ubumenyi bw’agaciro! Emwe, turazi neza uwutuma ibintu kw’isi bigenda birononekara. Ntitwumva none dufise umutima ukunze wo kugira uruhara mu busuku bwo ndimiro kugira ngo tumenyeshe abantu uwo mwansi mukuru atera umudurumbanyo uwo ari we? Vyongeye, ntitwumva duhimbawe no kuba turi ku ruhande rwa ya Mana y’ukuri, Yehova, be no kuba dusigurira abandi ukuntu azokuraho Shetani n’amarushwa abantu barimwo?
6, 7. (a) Ni nde atuma abasavyi b’ukuri bahamwa? (b) Dushobora gute kwigana akarorero ka Elihu wo mu gihe ca kera?
6 Shetani ntatera gusa imibabaro myinshi ishikira abantu ng’aha kw’isi, ariko kandi aratuma abasavyi b’Imana barwanywa. Yiyemeje kutugerageza. Yezu Kristu yabwiye intumwa Petero ati: “Simoni, Simoni, ehe Shetani yabasavye ngo abagosore nk’ingano.” (Luka 22:31) Muri ubwo buryo, umwe wese muri twebwe agera ikirenge mu ca Yezu azoshikirwa n’ibigeragezo mu buryo butandukanye. Petero yagereranije wa Mubesheranyi n’“intambwe yivuga, arondera kurotsa umuntu.” Paulo na we yavuze ati: “Abo bose bipfuza kubaho mu kwihebera Imana bifatanije na Kristu Yezu na bo nyene bazohamwa.”—1 Pet. 5:8; 2 Tim. 3:12.
7 Dushobora gute kwerekana ko tuguma twibuka umwansi nyezina uwo ari we igihe uwo dusangiye ukwizera ashikiwe n’icago? Aho guca tureka kwiyegereza uwo muvukanyi, dukwiye nyabuna gukora nka Elihu wo mu gihe ca kera, uwayagishije Yobu mu buryo buranga ko yari umugenzi wiwe w’ukuri. Turifatanya n’uwo muvukanyi wacu mu rugamba aba arimwo rwo kurwanya umwansi wacu, ari we Shetani. (Imig. 3:27; 1 Tes. 5:25) Intumbero yacu ikwiye kuba iyo gufasha uwo musavyi mugenzi wacu kugumana ugutungana kwiwe, naho vyodusaba iki, maze anezereze umutima wa Yehova.
8. Ni kubera iki Shetani ata co yashitseko igihe yarondera ko Yobu yoreka gutera iteka Yehova?
8 Ikintu ca mbere Yobu yari atunze Shetani yatumye atakaza ni ibitungwa vyiwe. Ivyo bitungwa vyari ivy’agaciro kuri we, bigasa nk’aho ari vyo vyari bimubeshejeho. Ariko kandi Yobu yaravyikorako mu bijanye n’ugusenga. Yobu amaze kweza abana biwe, “[yar]avyuka kare mu gatondo, agatanga ibimazi vyoswa bihwanye n’igitigiri ca bose: kuko . . . yavuga, ati kumbure abahungu banje bācumuye, barogota ku Mana mu mitima yabo. Uko ni ko Yobu yahora agenza ubudasība.” (Yobu 1:4, 5) Ku bw’ivyo, Yobu yama ashikanira Yehova ibimazi vy’ibitungwa ubudasiba. Igihe yatangura gushikirwa na vya bigeragezo, gutanga ibimazi vy’ibitungwa ntivyari bigishoboka na gato. Yobu nta ‘bintu vy’agaciro’ yari agifise yokoresheje mu gutera iteka Yehova. (Imig. 3:9, NW) Mugabo yari ashoboye gutera iteka Yehova akoresheje iminwa yiwe, kandi ivyo ni vyo yakoze.
Dutsimbataze ubucuti bwa hafi na Yehova
9. Ni ikintu c’agaciro kanini cane ikihe dufise?
9 Twaba dutunze canke dukenye, twaba tukiri bato canke dushaje, twaba dufise amagara meza canke make, turashobora gutsimbataza ubucuti bwa hafi na Yehova. Naho twoshikirwa n’ibigeragezo bimeze gute, kugiranira ubucuti bwa hafi n’Imana bizotuma tugumana ugutungana kwacu vyongere bitume tunezereza umutima wa Yehova. Hari mbere n’abantu bafise ubumenyi bubayabaye bwerekeye ukuri bagize impagararo iranga uburindutsi maze bagumana ugutungana kwabo.
10, 11. (a) Umwe mu bavukanyikazi bacu yavyifashemwo gute igihe ugutungana kwiwe kwageragezwa? (b) Ni inyishu ikomeye iyihe uwo muvukanyikazi yahaye Shetani?
10 Rimbura akarorero k’ivyashikiye umuvukanyikazi Valentina Garnovskaya, umwe mu Vyabona vya Yehova benshi bo mu Burusiya bagumanye ugutungana kwabo nka wa mwizigirwa Yobu naho bari mu bigeragezo bikaze. Mu 1945, igihe yari afise nk’imyaka 20, hari umuvukanyi yamubwiye inkuru nziza. Uwo muvukanyi yaragarutse incuro zibiri kugira ngo bayage ivyerekeye Bibiliya, ariko kuva ico gihe ntiyigeze asubira kumukubita n’iryahumye. Naho vyagenze ukwo, Valentina yaratanguye kubwira ababanyi biwe inkuru nziza. Ivyo vyatumye atabwa muri yompi maze acirwa igihano co kumara imyaka umunani mw’ikambi. Mu 1953 yararekuwe maze ubwo nyene aca asubira gukora igikorwa ciwe co kwamamaza. Yarasubiye gutabwa muri yompi maze ico gihe hoho acirwa umunyororo w’imyaka cumi. Amaze imyaka itari mike mw’ikambi rimwe, yarimuriwe mu rindi. Muri iryo kambi, harimwo abavukanyikazi bari bafise Bibiliya. Umusi umwe, hari umuvukanyikazi yeretse Valentina Bibiliya. Ese ukuntu cari igihe giteye umunezero! Iyumvire nawe, Bibiliya yonyene Valentina yaheruka gukubita ijisho ni imwe yari ifiswe na wa muvukanyi yamubwira inkuru nziza mu 1945!
11 Mu 1967, Valentina yararekuwe maze amaherezo aragaragaza ko yiyeguriye Yehova mu kubatizwa mu mazi. Yarakoresheje n’umwete mwinshi uwo mwidegemvyo yari afise mu kugira uruhara mu busuku gushika mu 1969. Ariko rero muri uwo mwaka, yarasubiye gutabwa muri yompi, maze ico gihe acirwa igihano co kumara imyaka itatu akora ibikorwa vyo mw’ibohero. Naho vyagenze ukwo, Valentina yagumye yamamaza. Yapfuye mu 2001 amaze gufasha abantu 44 kwiga ukuri. Mu mabohero no mu makambi yahamaze imyaka 21. Yari afise umutima ukunze wo gutanga ibintu vyose, harimwo n’umwidegemvyo yari afise, kugira ngo agumane ugutungana kwiwe. Imbere y’uko asandaba, Valentina yavuze ati: “Sinigeze ngira i muhira iwanje bwite. Ibintu vyose nari ntuze vyari mw’ivalisi imwe itarenga ntirenguke, ariko nari mpimbawe kandi narumva ko ata co mbuze mu murimo narangurira Yehova.” Ese ukuntu iyo ari inyishu ikomeye Valentina yahaye Shetani, uwushaka kuvuga yuko abantu badashobora kuguma ari intahemuka ku Mana mu gihe bashikiwe n’ibigeragezo! (Yobu 1:9-11) Turashobora kwemera tudakeka ko yanezereje umutima wa Yehova kandi ko Yehova atari we azobona igihe kirageze c’uko azura Valentina be n’abandi bose bapfuye ari abizigirwa.—Yobu 14:15.
12. Urukundo rurangura uruhara uruhe mu bijanye n’ubucuti dufitaniye na Yehova?
12 Ubucuti dufitaniye na Yehova bushingiye ku rukundo tumukunda. Turashima cane kamere z’Imana maze tugakora ivyo dushoboye vyose kugira ngo tubeho duhuza n’imigambi yiwe. Igitandukanye n’ivyo wa Mubesheranyi yashatse kuvuga, dukunda Yehova tubikuye ku mutima kandi ata co turinze gusaba. Urwo rukundo ruvuye ku mutima ruradukomeza kugira ngo tugumane ugutungana kwacu igihe tugeragejwe. Yehova na we “[azozigama] urugendo rw’abayoboke biwe.”—Imig. 2:8; Zab. 97:10.
13. Yehova yabona gute ivyo tumukorera?
13 Urukundo ruratuvyurira umutima wo gutera iteka izina rya Yehova, naho twoba twumva ko ata vyinshi dushoboye. Arabona imvo nziza dukorana ibintu kandi ntaducira urubanza iyo bishitse tukananirwa gukora ivyo twashaka gukora vyose. Ivyo dukora si vyo bihambaye gusa, n’imvo tubikorana irahambaye. Naho Yobu yari yishwe n’umubabaro kandi akaba yarihanganiye ibintu vyinshi, yarabwiye abamwagiriza ibinyoma ibijanye n’urukundo yakunda inzira za Yehova. (Soma Yobu 10:12; 28:28.) Mu kigabane ca nyuma c’igitabu ca Yobu, Imana yaraseruye ishavu yagiriye Elifazi, Biludadi na Zofari kubera ko batavuze ukuri. Muri ico gihe nyene, Yehova yarerekanye ko yashimye Yobu mu kumwita ‘umusavyi wiwe’ incuro zine zose no mu kumusaba ngo asabire nya nkozi z’ikibi. (Yobu 42:7-9) Ese natwe twokora ibintu muri mwene ubwo buryo kugira ngo Yehova adushime!
Yehova arafata mu mugongo abasavyi biwe b’abizigirwa
14. Yehova yafashije gute Yobu kubogora ivyiyumviro vyiwe?
14 Yobu yaragumanye ugutungana kwiwe naho mbere yari umunyagasembwa. Vyarashika ari mu mikazo ikomeye cane akabona ibintu mu buryo butari bwo. Nk’akarorero, yarabwiye Yehova ati: “Ndagutakambira, ntunyishura . . . [“Ukoresheje ubushobozi bwose bw’ukuboko kwawe, umbikira akazikira,” NW].” N’ikindi kandi, Yobu yaritwararitse cane ivyo kwisigura igihe yavuga ko ‘atariko igicumuro’ be n’uko ‘ata muryano wari mu maboko yiwe, kandi ugusenga kwiwe kukaba kwari gutunganye.’ (Yobu 10:7; 16:17; 30:20, 21) Yamara rero, Yehova yarafashije Yobu abigiranye ubuntu mu kumubaza ibibazo indiri vyatumye ataguma yitwararika ibimwerekeye gusa. Ariko kandi vyaratumye Yobu arushiriza kubona neza ukuntu Imana ihambaye be n’ukuntu umuntu buntu ata co amaze. Yobu yaremeye ubwo buyobozi maze arikosokora.—Soma Yobu 40:8; 42:2, 6.
15, 16. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova aronsa imfashanyo abasavyi biwe muri iki gihe?
15 Muri iki gihe, Yehova kandi araha abasavyi biwe ubuyobozi be n’impanuro abigiranye ubuntu. Bitayeko turavyungukirako bimwe bidasanzwe. Nk’akarorero, Yezu Kristu yaratanze inkuka y’incungu gutyo aba ashizeho umushinge ku bw’uguharirwa ibicumuro. Twishimikije iyo nkuka, turashobora kugiranira ubucuti bwa hafi n’Imana naho turi abanyagasembwa. (Yak. 4:8; 1 Yoh. 2:1) Vyongeye, igihe duhanganye n’ibigeragezo, turasenga dusaba impwemu nyeranda y’Imana ngo idushigikire yongere ituronse imfashanyo ikomeza. N’ikindi kandi, turafise Bibiliya ikwiye, kandi igihe tuyisoma tukongera tukazirikana ku vyo ivuga, tuba turiko turitegurira ibigerageza ukwizera. Kwiyigisha biradufasha gutahura ca kibazo cerekeye uwukwiye kuba segaba w’ibiriho vyose be n’icerekeye ugutungana kw’umwumwe wese ku giti ciwe.
16 Ikigeretseko, turungukira cane ku kuba turi mu bagize umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose, uwo Yehova aronsa ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu abicishije k’“umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Mat. 24:45-47) Muri rimwerimwe ryose mu mashengero ashika 100.000 y’Ivyabona vya Yehova, haragirwa amakoraniro atwigisha akongera akadukomeza kugira ngo twihanganire ibishobora kugerageza ukwizera kwacu. Ivyo biragaragarira ku vyashikiye uwitwa Sheila, Icabona w’umuyabaga aba mu Budagi.
17. Tanga akarorero kerekana ko kwumira ku vyo twigishwa mw’ishirahamwe rya Yehova muri iki gihe, biranga ubukerebutsi.
17 Umusi umwe Sheila ari kw’ishure, hari haciye umwanya ata wucungereye isomero uwo mwigeme yigamwo. Abanyeshure bigana bafashe ingingo yo kugerageza kuragura bakoresheje utubaho twitwa Ouija. Sheila yaciye ubwo nyene asohoka ava muri iryo shure, kandi ivyo yumvise mu nyuma vyatumye anezerezwa no kuba yabigenjeje gutyo. Igihe ba banyeshure bariko bakoresha twa tubaho, hari abiyumvisemwo ko amadayimoni yari amaze kubashwaramwo maze baca barahunga bishwe n’ubwoba. Ni igiki none cafashije Sheila gufata ingingo yo gusohoka muri iryo shure adatebaganye? Sheila asigura ati: “Imisi mikeyi imbere y’uko ico kintu kiba, kw’ikoraniro rimwe ryabereye ku Ngoro y’Ubwami twari twaciye irya n’ino ingeramizi ziri mu kuragura hakoreshejwe nya tubaho twitwa Ouija. Nari nzi rero ico nokoze. Nipfuza kunezereza Yehova, nk’uko Bibiliya ibivuga mu Migani 27:11.” Ese ukuntu vyabaye vyiza kuba Sheila ariho yari ari kuri iryo koraniro kandi akumviriza yitonze ivyahavugiwe!
18. Ni igiki wewe ubwawe wiyemeje gukora?
18 Ese umwe wese muri twebwe yokwiyemeza kuguma yumiye ku nyigisho turonswa n’ishirahamwe ry’Imana! Biciye ku kwitaba amakoraniro, gusoma Bibiliya, kwiyigisha ibitabu bishingiye kuri Bibiliya, gusenga no kwifatanya n’abakirisu bahumuye, turaronka ubuyobozi be n’ugushigikirwa dukeneye. Yehova yipfuza ko dutahukana intsinzi, kandi arizigiye adakeka ko tuzoguma turi intahemuka. Ese ukuntu ari agateka twatewe ko gushira hejuru izina rya Yehova, kugumana ugutungana kwacu be no kunezereza umutima wa Yehova!
Woba uvyibuka?
• Ni ibiki Shetani ariko aratuma biba kandi n’ibigeragezo ibihe ateza?
• Ikintu c’agaciro kanini cane dutunze ni ikihe?
• Ubucuti dufitaniye na Yehova bushingiye ku ki?
• Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe Yehova adufata mu mugongo muri iki gihe?
[Ibibazo vy’icigwa]
[Ifoto ku rup. 8]
Wumva ufise umutima ukunze wo gusangira n’abandi ubumenyi bw’agaciro ufise?
[Ifoto ku rup. 9]
Turashobora gufasha abo dusangiye ugusenga kugumana ugutungana kwabo
[Ifoto ku rup. 10]
Valentina yari afise umutima ukunze wo guheba ibintu vyose kugira ngo agumane ugutungana kwiwe