UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Munyonyo 2013

Twokwerekana gute ko dukenguruka ukwihangana kw’Imana uko turindira ko Yehova akuraho ivy’iyi si mbi? Yehova na Yezu baragira gute ubusho bwabo bwo kw’isi muri iki gihe?

“Mugume murikanuye ku bw’amasengesho”

Ni kubera iki abakirisu b’ukuri bakwiye kuguma basenga? Ni bande bahungukira igihe usabira abandi?

Ingene twofasha mu vyo kuronsa abandi ivyo bakeneye

Numenye ukuntu igikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose gifasha mu bijanye no kuronsa abandi ivyo bakeneye mu vy’umubiri no mu vy’impwemu.

Dushobora gute kuguma ‘turindiriye’?

Ni ibintu ibihe bizokwerekana ko ikiringo cacu co kurindira ko Yehova akuraho iyi si mbi kiri mu kurangira? THS.15wokwerekana gute ko dukenguruka ukwihangana kw’Imana?

INKURU Y’UBUZIMA

Gukorera Imana ni wo muti wiwe!

Onesmus yavukanye ubumuga bwitwa ostéogenèse imparfaite, ikaba ari indwara ituma amagufa avunagurika. Imihango Imana yatanze yanditse muri Bibiliya yamuremesheje gute?

Abungere indwi, abatware umunani: Ico basobanura kuri twebwe

Hezekiya, Yesaya, Mika n’abaganwa ba Yeruzalemu babaye gute abungere beza? Ni bande muri iki gihe bagereranya ba bungere indwi n’abatware umunani?

Tugamburukire abungere ba Yehova

Abacungezi bagenywe n’impwemu nyeranda kugira ngo baragire ishengero ry’Imana. Kubera iki izo ntama zikwiye kubumviriza?

Bungere, nimwigane ba Bungere bakuru

Igihe uwo mw’ishengero akeneye gufashwa mu vy’impwemu, abakurambere bomufasha gute? Abakurambere bashobora gute kwigana “wa mwungere mukuru” Yezu Kristu?

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

“Nari meze nk’ikinyamasyo mu nzu yaco”

Amaja mu mpera z’umwaka wa 1929, harabaye ingorane zikomeye zatumye ivy’ubutunzi bishika ahatemba kw’isi yose mu myaka ya 1930. None abamamaji b’igihe cose bavyifashemwo gute muri ico kiringo kigoye?