Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Tugamburukire abungere ba Yehova

Tugamburukire abungere ba Yehova

“Mugamburukire ababaja imbere kandi muyoboke, kuko baguma barinze ubuzima bwanyu.” —HEB. 13:17.

1, 2. Ni kubera iki biri n’ico bivuze kuba Yehova yigereranya n’umwungere?

YEHOVA yigereranya n’umwungere. (Ezk. 34:11-14) Ivyo biri n’ico bivuze kubera ko bidufasha gutahura ukuntu Yehova ameze. Umwungere munyarukundo aritwararika bimwe bishitse gukingira ubusho bw’intama ajejwe no gutuma bumererwa neza. Araziyobora ku maragiriro no ku masôko y’amazi (Zab. 23:1, 2); araziteramira umurango n’ijoro (Luka 2:8); arazikingira ibikoko vy’ibiryanyi (1 Sam. 17:34, 35); araterura izikivuka (Yes. 40:11); ararondera izazimiye akongera akitwararika neza intama zavunitse.—Ezk. 34:16.

2 Kubera ko abasavyi ba Yehova bo mu bihe vya kera baba mu kibano cabamwo abarimyi n’aborozi benshi, baca batahura ico kuba Yehova Imana agereranywa n’umwungere munyarukundo vyasobanura. Bari bazi ko intama zikeneye kwitwararikwa kugira ngo zimererwe neza. Ukwo nyene ni ko biri ku bijanye n’abantu mu buryo bw’impwemu. (Mrk. 6:34) Igihe abantu batitwararitswe neza mu buryo bw’impwemu kandi ngo bayoborwe neza, baramererwa nabi. Biroroha ko bashikirwa n’ingorane maze bagata umurongo mu vy’inyifato runtu, nka kurya nyene “intama zitagira umwungere” zisanzara. (1 Abm. 22:17) Ariko rero, Yehova abigiranye urukundo araronsa abasavyi biwe ivyo bakeneye.

3. Ni ibiki twihweza muri iki kiganiro?

3 Kuba Yehova agereranywa n’umwungere biri n’ico bisobanura mbere no muri iki gihe. Yehova aracaronsa abasavyi biwe bameze nk’intama ivyo bakeneye. Nimuze twihweze ukuntu ayobora intama ziwe akongera akazironsa ivyo zikeneye muri iki gihe. Turaza kandi kwihweza ingene izo ntama zikwiye kwitabira ukwo kuntu Yehova azitwararikana urukundo.

WA MWUNGERE W’AGAHEBUZA ARATANGA ABUNGERE BATOBATO

4. Ni uruhara uruhe Yezu arangura mu kuronsa intama za Yehova ivyo zikeneye?

4 Yehova yaragenye Yezu ngo abe Umutwe w’ishengero rya gikirisu. (Ef. 1:22, 23) Kubera ko Yezu ari “umwungere  w’agahebuza,” aragaragaza ubwitwararitsi bwa Se, ukugomba kwiwe be na kamere ziwe. Yezu mbere ‘yariguze intama.’ (Yoh. 10:11, 15) Ese ukuntu inkuka y’incungu ya Kristu ari umuhezagiro ku bantu! (Mat. 20:28) Nkako, Yehova agomba ko ‘umuntu wese amwizera atarandurwa ahubwo aronka ubuzima budahera’!—Yoh. 3:16.

5, 6. (a) Ni bande Yezu yagenye ngo bitwararike intama ziwe, kandi izo ntama zisabwa iki kugira ngo zungukire kuri iyo ntunganyo? (b) Imvo ihambaye kuruta izindi yotuma twipfuza kugamburukira abakurambere b’ishengero ikwiye kuba iyihe?

5 None intama zitabira gute uwo Mwungere w’agahebuza Yezu Kristu? Yezu yavuze ati: “Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje, nanje ndazizi kandi zirankurikira.” (Yoh. 10:27) Kwumviriza ijwi ry’uwo Mwungere w’agahebuza bisobanura kumuyobokera muri vyose. Aho harimwo gusenyera ku mugozi umwe n’abungere batobato bo mu buryo bw’impwemu yagenye. Yezu yarerekanye ko intumwa n’abigishwa biwe babwirizwa kubandanya igikorwa yari yaratanguye. Babwirizwa ‘kwigisha’ no ‘kugaburira intama ntonto za Yezu.’ (Mat. 28:20; soma Yohani 21:15-17.) Uko inkuru nziza yakwiragira, igitigiri c’abigishwa na co kikongerekana, Yezu yaratunganije ivy’uko abakirisu bahumuye baragira amashengero.—Ef. 4:11, 12.

6 Igihe intumwa Paulo yariko arabwira abacungezi b’ishengero ry’i Efeso ryo mu kinjana ca mbere, yarerekanye ko impwemu nyeranda yari yarabagenye kuba abacungezi “ngo [ba]ragire ishengero ry’Imana.” (Ivyak. 20:28) Ukwo ni ko biri ku bacungezi bakirisu muri iki gihe, kubera ko na bo nyene bagenywe hishimikijwe ibisabwa vyo mu Vyanditswe vyahumetswe n’impwemu nyeranda. Tugamburukiye rero abacungezi bakirisu tuba twerekanye ko twubaha Yehova na Yezu, bo bungere babiri bahambaye kuruta abandi bose. (Luka 10:16) Nta gukeka ko ivyo bikwiye kuba yo mvo ihambaye kuruta yotuma twipfuza kuyobokera abakurambere. Ariko rero, hariho n’ibindi bintu bituma ukwo kubayobokera biba ibiranga ubukerebutsi.

7. Abakurambere bagufasha gute kuguma ufitaniye ubucuti bwiza na Yehova?

7 Mu kuyobora abo basangiye ukwemera, abakurambere baratanga indemesho n’impanuro bishingiye ku Vyanditswe ubwavyo canke ku ngingo ngenderwako zo mu Vyanditswe. Intumbero baba bafise mu gutanga ubwo buyobozi si iyo gutegeka abavukanyi babo ukuntu bakwiye kubaho. (2 Kor. 1:24) Ahubwo nyabuna, ni iyo guha abakirisu bagenzi babo ubuyobozi bushingiye ku Vyanditswe kugira ngo bubafashe gufata ingingo nziza bwongere butume mw’ishengero haba urutonde n’amahoro. (1 Kor. 14:33, 40) Abakurambere ‘bararinda ubuzima’ mu buryo bw’uko bipfuza gufasha umwumwe wese mu bagize ishengero kuguma afitaniye ubucuti bwiza na Yehova. Ni co gituma bihutira gutanga imfashanyo igihe babonye ko umuvukanyi canke mushiki wacu agira ‘atirimuke’ canke yamaze ‘gutirimuka.’ (Gal. 6:1, 2; Yuda 22) Izo none si imvo zumvikana zotuma ‘tugamburukira abatuja imbere’?—Soma Abaheburayo 13:17.

8. Abakurambere bakingira gute ubusho bw’Imana?

8 Intumwa Paulo, ubwiwe akaba yari umwungere wo mu buryo bw’impwemu, yandikiye abavukanyi biwe b’i Kolosayi ati: “Mwiyubare: hari aho hogira uwubigarurira nk’isahu ryiwe biciye kuri filozofiya no ku ruhendo rugaragara bishingiye ku migenzo y’abantu, bishingiye ku bintu vy’intango vyo mw’isi, bidashingiye kuri Kristu.” (Kol. 2:8) Iyo ngabisho irerekana iyindi mvo ituma twitwararika impanuro zishingiye ku Vyanditswe duhabwa n’abakurambere. Barakingira ubusho mu kugabisha abavukanyi babo ku bijanye n’umuntu uwo ari we wese yogerageza kwonona ukwizera kwabo. Intumwa Petero yaragabishije ku bijanye n’ “abahanuzi b’ikinyoma” be n’ “abigisha b’ikinyoma” bogerageje ‘kuryosharyosha abantu b’imitima idashikamye’ kugira ngo bakore ibibi. (2 Pet.  2:1, 14) Abakurambere bo muri iki gihe bategerezwa gutanga ingabisho nk’izo igihe bikenewe. Kubera ko ari abagabo bakirisu bahumuye, barazi utuntu n’utundi. N’ikindi kandi, imbere y’uko bagenwa, baba barerekanye ko batahura neza Ivyanditswe be n’uko bakwije ibisabwa vyo kwigisha ibintu ngirakamaro. (1 Tim. 3:2; Tito 1:9) Ubuhumure bwabo, uburimbane bwabo be n’ubukerebutsi bwabo bushingiye kuri Bibiliya biratuma bashobora guha ubusho ubuyobozi bw’ubuhanga.

Nka kurya umwungere akingira ubusho bwiwe, abakurambere barakingira intama bajejwe (Raba ingingo ya 8)

WA MWUNGERE W’AGAHEBUZA ARAGABURIRA KANDI AGAKINGIRA INTAMA

9. Ni gute Yezu ayobora akongera akagaburira ishengero rya gikirisu muri iki gihe?

9 Yehova abicishije kw’ishirahamwe ryiwe, araha ku bwinshi ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu umuryango wose w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose. Impanuro nyinshi zo mu Vyanditswe zitangwa biciye ku bisohokayandikiro vyacu. Vyongeye, rimwe na rimwe ishirahamwe ririhera ubuyobozi abakurambere b’ishengero, biciye ku makete canke ku nyobozo zitangwa n’abacungezi b’ingenzi. Muri ubwo buryo butandukanye, intama ziraronka ubuyobozi butomoye.

10. Ni ibanga irihe abungere bo mu buryo bw’impwemu bafise ku bijanye n’abazimiye bakava mu busho?

10 Mu buryo bw’impwemu, abacungezi barafise ibanga ryo gukingira, kubungabunga no kwitwararika amagara y’abagize ishengero, na canecane ababa bigiriye nabi canke ababa barwaye mu vy’impwemu. (Soma Yakobo 5:14, 15.) Bamwebamwe muri  abo bantu boshobora kuba barazimiye bakava mu busho maze bagahagarika kugira uruhara mu bikorwa vya gikirisu. Muri ico gihe none umukurambere yitwararikana ntiyokora ivyo ashoboye vyose kugira ngo arondere intama yose yatakaye maze ayihimirize kugaruka mu ruhongore, ari ryo shengero? Birumvikana ko yobigira! Yezu yasiguye ati: “Dawe ari mw’ijuru ntibimuhimbara ko hagira n’umwe muri abo batoyi apfa.”—Mat. 18:12-14.

DUKWIYE KUBONA GUTE AMAKOSA Y’ABUNGERE BATOBATO?

11. Ni kubera iki bamwebamwe vyoshobora kutaborohera kuyobokera abakurambere?

11 Yehova na Yezu ni abungere batagira agasembwa. Abungere batobato, abo Yehova na Yezu bajeje ibanga ryo kwitwararika amashengero, bobo ni abanyagasembwa. Ivyo vyoshobora gutuma bamwebamwe bitaborohera kuyobokera abakurambere. Abo bantu boshobora kwiyumvira bati: ‘Ni abanyagasembwa nkatwe. Kubera iki twokwumviriza impanuro baduha?’ Ego ni ko, abakurambere ni abanyagasembwa. Ariko rero, turakeneye kubona mu buryo bubereye utunenge n’ubugoyagoye vyabo.

12, 13. (a) Vuga ukuntu abantu bamwebamwe Yehova yajeje amabanga kera bagaragaje ubugoyagoye. (b) Ni kubera iki amakosa y’abantu bari bafise amabanga yanditswe muri Bibiliya?

12 Ivyanditswe biravuga bidaca ku ruhande ubugoyagoye bw’abo Yehova yakoresheje mu kuyobora abasavyi biwe ba kera. Nk’akarorero, Dawidi yararobanuwe aba umwami n’indongozi ya Isirayeli. Yamara, yaratwawe n’inyosha mbi maze ararenga ibigo yongera arica. (2 Sam. 12:7-9) Rimbura kandi ivyerekeye intumwa Petero. Naho yari yarajejwe ibanga rihambaye mw’ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere, yarakoze amakosa akomeye. (Mat. 16:18, 19; Yoh. 13:38; 18:27; Gal. 2:11-14) Nta muntu n’umwe kuva kuri Adamu na Eva yigeze aba uwutagira agasembwa kiretse Yezu.

13 Kubera iki Yehova yatumye abanditsi ba Bibiliya bandika inkuru zivuga ibijanye n’amakosa y’abantu yari yarashinze ibikorwa? Imwe mu mvo yabitumye, yashaka kwerekana yuko ashobora gukoresha abantu b’abanyagasembwa mu kuyobora abasavyi biwe. Nkako, yamye abigenza gutyo. Ku bw’ivyo, ntidukwiye gufatira ku dusembwa tw’abatuja imbere muri iki gihe ngo bitume tubidogera canke dukengera ubukuru bwabo. Yehova yiteze ko twubaha abo bavukanyi tukongera tukabagamburukira.—Soma Kuvayo 16:2, 8.

14, 15. Twokwigira iki ku kuntu Yehova yashikiriza ubuyobozi abasavyi biwe muri kahise?

14 Birahambaye cane ko tugamburukira abatuja imbere muri iki gihe. Zirikana ku kuntu kera Yehova yashikiriza ubuyobozi abasavyi biwe mu bihe bigoye. Igihe Abisirayeli bava mu Misiri ha kera, Imana yabahaye amategeko ibicishije kuri Musa na Aroni. Kugira ngo Abisirayeli barokoke ca cago kigira cumi, babwirizwa kugamburuka ubuyobozi bwabasaba gutegura ibifungurwa bidasanzwe no gufata makeyi ku maraso y’intama bakereye bakayamija ku bishimaryango vy’inzu zabo no ku bice vyo hejuru vy’imiryango yazo. Ubwo buyobozi ntibaburonse biciye kw’ijwi riturutse mw’ijuru. Babwirizwa kwumviriza abagabo b’inararibonye ba Isirayeli, ababa bahawe ubuyobozi butomoye na Musa. (Kuv. 12:1-7, 21-23, 29) Muri ivyo bihe, Musa n’abagabo b’inararibonye ni bo bashikiriza abantu ubuyobozi buvuye kuri Yehova. Abakurambere bakirisu bararangura igikorwa gihambaye nk’ico muri iki gihe.

15 Ushobora rwose kuba wibuka mu nkuru za Bibiliya ibindi bihe bitari bike aho Yehova yatanze ubuyobozi burokora ubuzima abicishije ku bantu canke ku bamarayika bamuserukira. Muri ivyo bihe vyose, Imana  yarabonye ko bibereye yuko iha abandi ububasha. Izo ntumwa zaravuga mw’izina ryayo, zikabwira abasavyi bayo ico baba bakeneye gukora kugira ngo barokoke icago kinaka. Ntitwokwiyumvira none ko Yehova yoshobora kuzokora ikintu nk’ico kuri Harumagedoni? Mu bisanzwe, abakurambere bashingwa ibanga ryo guserukira Yehova canke ishirahamwe ryiwe muri iki gihe, bategerezwa kwiyubara bimwe bidasanzwe kugira ngo ntibigere bakoresha nabi ubukuru bahabwa.

‘UBUSHO BUMWE, UMWUNGERE UMWE’

16. Ni “ijambo” irihe dukeneye kwumviriza?

16 Abasavyi ba Yehova bagize “ubusho bumwe” buyobowe n’ “umwungere umwe” ari we Yezu Kristu. (Yoh. 10:16) Yezu yavuze ko yobaye ari kumwe n’abigishwa biwe “imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.” (Mat. 28:20) Kubera ko ari Umwami mw’ijuru, arayobora neza ibintu vyose bizoshika imbere y’uko aza gutikiza isi ya Shetani. Kugira ngo tugume twunze ubumwe kandi dutekaniwe muri ubwo busho bw’Imana, turakeneye kwumviriza ‘ijambo rivugira inyuma yacu,’ ritubwira inzira twojana. Muri iryo “jambo” harimwo ivyo impwemu y’Imana ivuga nk’uko biboneka muri Bibiliya be n’ivyo Yehova na Yezu bavuga biciye ku bo bagenye ngo babe abungere batobato.—Soma Yesaya 30:21; Ivyahishuwe 3:22.

Abakurambere bararondera gukingira imiryango igizwe n’umuvyeyi umwe abagenzi babi (Raba ingingo ya 17, 18)

17, 18. (a) Ni akaga akahe kageramiye ubusho, mugabo ni igiki twokwizigira? (b) Ni igiki kizorimburwa mu kiganiro gikurikira?

17 Shetani avugwa ko agendagenda “nk’intambwe iroha, arondera uwo arotsa.” (1 Pet. 5:8) Cokimwe n’igikoko c’ikiryanyi c’amarara, agenda yomboka inyuma y’ubusho, arindiriye ko aronka akaryo ko gucakira abantu batiyubara canke abazimira. Iyo ni yo mvo ihambaye kuruta izindi yotuma tuguma hafi cane y’abandi bo mu busho no hafi ya “wa mwungere akaba n’umucungezi w’ubuzima bwa[c]u.” (1 Pet. 2:25) Ku bijanye n’abazorokoka ya makuba akomeye, mu Vyahishuwe 7:17 hagira hati: “Wa Mwagazi w’intama [Yezu] . . . azobaragira, kandi azobarongora ku masôko y’amazi y’ubuzima. Kandi Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.” Hoba hari uwundi muhango woza uruta uwo?

18 Ko tumaze kwihweza uruhara ruhambaye cane abakurambere bakirisu barangura ari abungere batobato bo mu buryo bw’impwemu, vyoba vyiza twibajije duti: Abo bagabo bagenywe bokwiyemeza neza gute ko bafata intama za Yezu mu buryo bubereye? Inyishu y’ico kibazo izorimburwa mu kiganiro gikurikira.