Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Mugumize imizirikanyi yanyu ku bintu vyo hejuru”

“Mugumize imizirikanyi yanyu ku bintu vyo hejuru”

“Mugumize imizirikanyi yanyu ku bintu vyo hejuru, atari ku bintu vyo kw’isi.”KOL. 3:2.

1, 2. (a) Ni kubera iki ishengero ry’i Kolosayi ryo mu kinjana ca mbere ryari rigeramiwe? (b) Ni impanuro iyihe abavukanyi b’i Kolosayi bahawe kugira bagume bashikamye?

MU KINJANA ca mbere, ishengero rya gikirisu ry’i Kolosayi ryari rigeramiwe! Bamwebamwe muri iryo shengero bariko baricamwo imice mu kwumira kuri rya Tegeko rya Musa. Abandi na bo bariko barashigikira inyigisho za gipagani ziremesha ubuzima bwo kwibabaza cane. Kugira Paulo arwanye izo nyigisho z’ikinyoma, yaranditse ikete riremesha ryo kugabisha Abakolosayi, ati: “Mwiyubare: hari aho hogira uwubigarurira nk’isahu ryiwe biciye kuri filozofiya no ku ruhendo rugaragara bishingiye ku migenzo y’abantu, bishingiye ku bintu vy’intango vyo mw’isi, bidashingiye kuri Kristu.”Kol. 2:8.

2 Iyo abo bakirisu barobanuwe bashira imizirikanyi yabo ku “bintu vy’intango vyo mw’isi,” bari kuba bateye umugongo intunganyo Yehova yashizeho yo kuronka ubukiriro. (Kol. 2:20-23) Kugira Paulo abafashe kuzigama ubucuti bw’agaciro bari bafitaniye n’Imana, yabahanuye ati: “Mugumize imizirikanyi yanyu ku bintu vyo hejuru, atari ku bintu vyo kw’isi.” (Kol. 3:2) Mu vy’ukuri, abo benewabo na Kristu bategerezwa kugumiza ku muzirikanyi icizigiro cabo co kuronka intoranwa  itabora bari “[ba]bikiwe mw’ijuru.”Kol. 1:4, 5.

3. (a) Ni icizigiro ikihe abakirisu barobanuwe bagumiza ku muzirikanyi? (b) Ni ibibazo ibihe turimbura muri iki kiganiro?

3 Muri iki gihe, abakirisu barobanuwe na bo nyene bagumiza imizirikanyi yabo ku Bwami bwo mw’ijuru no ku cizigiro bafise co kuba “abaraganwa na Kristu.” (Rom. 8:14-17) Tuvuge iki none ku bafise icizigiro co kuba kw’isi? Ivyo Paulo yavuze biberekeye gute? Abo mu “zindi ntama” bashobora gute kugumiza imizirikanyi “ku bintu vyo hejuru”? (Yoh. 10:16) Vyongeye, twese dushobora gute kwungukira ku kurimbura uburorero bw’abagabo ba kera b’abizigirwa nka Aburahamu na Musa, abagumije imizirikanyi yabo ku bintu vyo hejuru naho bari bafise ingorane?

ICO BISOBANURA KUGUMIZA IMIZIRIKANYI YACU KU BINTU VYO HEJURU

4. Abo mu zindi ntama bashobora gute kugumiza imizirikanyi yabo ku bintu vyo hejuru?

4 Naho abo mu zindi ntama badafise icizigiro co kuba mw’ijuru, na bo nyene barashobora kugumiza imizirikanyi yabo ku bintu vyo hejuru. Uti gute? Babigira mu gushira Yehova Imana be n’ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwabo. (Luka 10:25-27) Kugira tubishikeko, duhanga amaso Kristu we karorero kacu. (1 Pet. 2:21) Cokimwe n’abavukanyi bacu bo mu kinjana ca mbere, muri iyi si ya Shetani dukikujwe n’ivyiyumviro bitari vyo, amafilozofiya yo mw’isi be n’agatima ko guhahamira amaronko. (Soma 2 Abakorinto 10:5.) Kubera ko twigana Yezu, turakwiye kuba maso kuri ivyo bintu bigeramira kamere yacu y’ivy’impwemu.

5. Dushobora gute gusuzuma ukuntu tubona ivyo kwiruka inyuma y’amaronko?

5 Twoba tumaze gutangura kubona ivyo kwiruka inyuma y’amaronko nk’uko isi ibibona? Akenshi ivyo dukunda bibonekera mu vyo twiyumvira no mu vyo dukora. Yezu yavuze ati: “Aho itunga ryawe riri, ni ho n’umutima wawe uzoba.” (Mat. 6:21) Kugira tumenye aho umutima wacu uriko uratujana, ni vyiza ko tuza turisuzuma. Niwibaze uti: ‘Mara umwanya ungana gute niyumvira ivy’amahera? Umwanya munini noba ndawumara nitwararika ivy’urudandaza, ivyo gushinga imitahe canke gushikira ubuzima bwiza kuruta? Noba nihatira kugumiza ijisho ku bintu vy’impwemu?’ (Mat. 6:22) Yezu yarerekanye yuko abitwararika cane ivyo “kwirundaniriza amatunga kw’isi,” baba bariko barishira mu kaga gakomeye mu vy’impwemu.Mat. 6:19, 20, 24.

6. Dushobora gute gutsinda impengamiro z’umubiri?

6 Umubiri wacu munyagasembwa ushaka ko twisuka mu bintu biwunezereza. (Soma Abaroma 7:21-25.) Impwemu nyeranda itabidufashijemwo, twosanga twatwawe n’“ibikorwa vy’umwiza,” nko ‘kwidagadura no kunywera akaborerwe, guhuza ibitsina kutemewe be n’ubushirasoni.’ (Rom. 13:12, 13) Kugira dutsinde “ibintu vyo kw’isi,” ni ukuvuga ibintu bikwegakwega umubiri, dutegerezwa kugumiza imizirikanyi yacu ku bintu vyo hejuru. Ivyo bisaba kugira akigoro. Ni co gituma intumwa Paulo yavuze ati: “Umubiri wanje ndawukubitagura ibipfunsi nkawujana nk’umuja.” (1 Kor. 9:27) Emwe, ntidukwiye kwiyorohereza nimba dushaka kubandanya gusiganirwa ubuzima! Nimuze turimbure ivyo abagabo babiri b’abizigirwa bakoze kugira ‘bahimbare Imana rwose.’Heb. 11:6.

ABURAHAMU “YIZEYE YEHOVA”

7, 8. (a) Ni ingorane izihe zashikiye Aburahamu na Sara? (b) Ni ibiki Aburahamu yagumijeko umuzirikanyi?

7 Igihe Yehova yategeka Aburahamu kwimuka n’urugo rwiwe akaja mu gihugu  ca Kanani, yaragamburutse abikunze. Kubera ukwizera kwa Aburahamu be n’ukugamburuka kwiwe, Yehova yaragiraniye na we isezerano, amubwira ati: “Nzogukuramwo ihanga rikomeye, kandi nzoguhezagira.” (Ita. 12:2) Ariko rero, haraciye imyaka n’iyindi Aburahamu n’umugore wiwe Sara batararonka akana. Aburahamu ashobora kuba yaribajije nimba Yehova yari yibagiye umuhango yamuhaye. N’ikindi kandi, ubuzima bw’i Kanani ntibwari bworoshe. Aburahamu n’abo mu urugo rwiwe bari barasize inzu yabo n’incuti zabo i Uri, kino kikaba cari igisagara gitunze c’i Mezopotamiya. Baragize urugendo rw’ibilometero birenga 1.600 kugira bashike i Kanani, aho babaye mu mahema, baraterwa n’ikigoyi be n’abambuzi. (Ita. 12:5, 10; 13:18; 14:10-16) Yamara, ntibigeze bipfuza gusubira mu buzima bwo kwidibamira i Uri.Soma Abaheburayo 11:8-12, 15.

8 Aho gushira umutima ku “bintu vyo kw’isi,” Aburahamu ‘yizeye Yehova.’ (Ita. 15:6) Yaragumije umuzirikanyi wiwe ku bintu vyo hejuru mu buryo bw’uko yagumye yitwararika imihango Imana yari yaratanze. Ivyo vyatumye Aburahamu ahezagirwa kubera ukwizera kwiwe igihe Imana Musumbavyose Yehova yamubonekera akamubwira ati: “ ‘Ndakwinginze urangamize mu kirere uharure inyenyeri, nimba kumbure ushoboye kuziharura.’ Hanyuma amubwira ati: ‘Ukwo ni ko uruvyaro rwawe ruzongana.’” (Ita. 15:5) Ese ukuntu ivyo bitegerezwa kuba vyarahumurije Aburahamu! Igihe cose yaraba ijuru ryuzuye inyeri, yaca yibuka umuhango Yehova yamuhaye w’uko azogwiza uruvyaro rwiwe. Igihe Imana yashinze kigeze, Aburahamu yaravyaye samuragwa nk’uko yari yarabisezeraniwe.Ita. 21:1, 2.

9. Twokwigana gute Aburahamu?

9 Cokimwe na Aburahamu, na twebwe turarindiriye ko ivyo Imana yasezeranye biranguka. (2 Pet. 3:13) Tutagumije imizirikanyi yacu ku bintu vyo hejuru, twoshobora kubona umengo iyo mihango iratevye kuranguka, maze umwete twahora dufitiye ibikorwa vy’impwemu ugatangura kugabanuka. Nk’akarorero, woba waragize ivyo uhevye muri kahise kugira ukore ubutsimvyi canke ugire uruhara mu wundi muce w’umurimo udasanzwe? Nimba warabigize, urakwiye gukezwa. Ubu ho bite? Niwibuke yuko Aburahamu yagumije umuzirikanyi kuri “ca gisagara gifise imishinge nyayo.” (Heb. 11:10) “Yizeye Yehova, abiharurwako nk’ubugororotsi.”Rom. 4:3.

MUSA YARABONA “UMWE ATABONEKA”

10. Musa yari afise ubuzima bumeze gute akiri muto?

10 Uwundi muntu yagumije umuzirikanyi wiwe ku bintu vyo hejuru ni Musa. Akiri muto, “yigishijwe mu bukerebutsi bwose bw’Abanyamisiri.” Iyo ntiyari inyigisho isanzwe. Uretse ko Misiri yari inganji ikomeye ico gihe, Musa yaba ku kirimba kwa Farawo. Ntibitangaje kubona inyigisho ihanitse Musa yaronse yatumye aba “umunyabubasha mu majambo yiwe no mu bikorwa vyiwe.” (Ivyak. 7:22) Ibaze nawe uturyo yari afise two kuba umuntu ahambaye! Yamara, Musa yashize umuzirikanyi wiwe ku bintu bihambaye kuruta, ni ukuvuga ugukora ivyo Imana igomba.

11, 12. Ni inyigisho iyihe Musa yabonye ko ihambaye kuruta izindi, kandi ivyo tubizi gute?

11 Igihe Musa yari akiri muto, nta gukeka ko nyina wiwe Yokebedi yamwigishije ivyerekeye Imana y’Abaheburayo. Musa yaraha agaciro cane ubumenyi bwerekeye Yehova, kandi yabona ko buhambaye kuruta ubundi butunzi ubwo ari bwo bwose. Yaciye rero aheba uturyo yari gushobora kuronka two kuba umuntu ahambaye narirya yaba ku kirimba kwa Farawo. (Soma  Abaheburayo 11:24-27.) Mu vy’ukuri, ibintu yari yarigishijwe vyerekeye Imana be n’ukuba yarizera Yehova vyaratumye agumiza umuzirikanyi wiwe ku bintu vyo hejuru.

12 Musa yari yararonse inyigisho ikomeye yo mw’isi kuruta izindi zose zariho ico gihe. Ariko none, yoba yarayikoresheje kugira yiteze imbere mu Misiri, yibere rurangiranwa canke yironkere amatunga? Ashwi da! Iyo abigenza gutyo, ntaba “yaranse kwitwa umuhungu w’umukobwa wa Farawo, a[ga]hitamwo gufatanwa nabi n’abantu b’Imana aho kunezererwa igicumuro akanya gato.” Biragaragara ko Musa yakoresheje ibintu yari yarigishijwe vyerekeye Imana kugira ateze imbere umugambi wa Yehova.

13, 14. (a) Ni igiki cafashije Musa gukwiza ibisabwa kugira Yehova amushinge igikorwa? (b) Cokimwe na Musa, ni igiki dukeneye gukora?

13 Musa yarakunda cane Yehova n’abasavyi biwe. Igihe Musa yari afise imyaka 40, yariyumviriye yuko hari hageze ko akura abasavyi b’Imana mu bushumba bwo mu Misiri. (Ivyak. 7:23-25) Ariko rero imbere y’uko Yehova amushinga ico gikorwa, hari ikindi kintu Musa yari akeneye. Yari akeneye gutsimbataza kamere nk’ukwicisha bugufi, ukwihangana, ukwitonda n’ukwigumya. (Imig. 15:33) Musa yari akeneye kumenyerezwa kugira yitegurire ibigeragezo be n’ingorane vyari kumushikira. Imyaka nka mirongo yamaze ari umwungere yaramufashije kuronka ico kintu yari akeneye kugira atsimbataze izo kamere zishimwa n’Imana.

14 Musa yoba yarungukiye ku kumenyerezwa ngirakamaro yaronse ari umwungere? Cane nyene! Ijambo ry’Imana rivuga yuko Musa yacitse “uwutekereza kuruta kure n’iyo abantu bose bari ku buringanire bw’ubutaka.” (Guh. 12:3) Yari yaratsimbataje ukwicisha bugufi kwamufashije kwihanganira abantu batandukanye be n’ingorane zabo zikomeye. (Kuv. 18:26) Hari aho na twebwe nyene twokenera gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana zizodufasha kurengana “ya makuba akomeye” tukinjira mw’isi nshasha igororotse y’Imana. (Ivyah. 7:14) Twoba dushobora kwumvikana n’abantu, harimwo n’abo tubona ko ari inkomwahato? Vyoba vyiza dukurikije amajambo y’intumwa Petero, uwahimirije abo basangiye ukwemera ati: “Mutere iteka abantu b’uburyo bwose, mukunde umuryango wose w’abavukanyi.”1 Pet. 2:17.

TUGUMIZE IMIZIRIKANYI YACU KU BINTU VYO HEJURU

15, 16. (a) Ni kubera iki bihambaye cane ko tugumiza imizirikanyi yacu ku bintu vyiza? (b) Kubera iki bihambaye ko abakirisu bagumana ingeso nziza?

15 Tubayeho mu “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” (2 Tim. 3:1) Kugira rero tugume turi maso mu vy’impwemu, dutegerezwa kugumiza imizirikanyi yacu ku bintu vyo hejuru. (1 Tes. 5:6-9) Raba ukuntu twobigira mu mice itatu y’ubuzima bwacu.

16 Ingeso zacu: Petero yaratahura ko kugira ingeso nziza bihambaye. Yavuze ati: “Mugumane ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo. . . bivuye ku bikorwa vyanyu vyiza bibonera, baninahaze Imana.” (1 Pet. 2:12) Twaba turi i muriha, ku kazi, kw’ishure, turiko turisamaza canke turi mu busuku, turihatira kuninahaza Yehova biciye ku ngeso zacu nziza. Ego ni ko, twese turakora amakosa kubera turi abanyagasembwa. (Rom. 3:23) Mugabo tubandanije “[ku]rwana indwano nziza y’ukwizera,” turashobora gutsinda umubiri wacu munyagasembwa.1 Tim. 6:12.

17. Twokwigana gute umutima Kristu Yezu yari afise? (Raba ishusho itangura.)

17 Agatima tugaragaza: Kugira agatima kabereye birafitaniye isano cane no kugumana ingeso nziza. Intumwa Paulo yavuze ati: “Mugumane uyu mutima  muri mwebwe ari na wo wari muri Kristu Yezu.” (Flp. 2:5) None Yezu yari afise umutima umeze gute? Yaricisha bugufi, ivyo bikaba vyaratuma yitanga cane mu busuku yarangura. Kubwira abandi inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ni vyo yagumizako umuzirikanyi. (Mrk. 1:38; 13:10) Yezu yabona ko Ijambo ry’Imana ari ryo rihambaye kuruta ibindi vyose. (Yoh. 7:16; 8:28) Yariga Ivyanditswe vyeranda n’umwete ku buryo yashobora kubisubiramwo, kubiburanira no kubisigura. Nitwicisha bugufi kandi tukagira umwete mu busuku no mu kwiyigisha Bibiliya, bizotuma turushiriza kubona ibintu nk’uko Kristu yabibona.

Kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ni vyo Yezu yagumizako umuzirikanyi (Raba ingingo ya 17)

18. Ni utwigoro utuhe twogira mu gushigikira igikorwa ca Yehova?

18 Utwigoro tugira: Yehova afise umugambi w’uko “mw’izina rya Yezu ivi ryose ripfunyw[a], ry’abari mw’ijuru n’abari kw’isi.” (Flp. 2:9-11) Naho Yezu yashizwe mu kibanza kiri hejuru, azoyobokera Se yicishije bugufi, kandi natwe turakwiye kubigira. (1 Kor. 15:28) Uti gute? Mu kurangura n’umutima wacu wose igikorwa twashinzwe co “[guhindura] abantu bo mu mahanga yose abigishwa.” (Mat. 28:19) Vyongeye, twipfuza ‘gukorera iciza bose,’ baba abandi bantu canke abo dusangiye ukwemera.Gal. 6:10.

19. Dukwiye kwiyemeza iki?

19 Turakenguruka cane kuba Yehova atwibutsa kugumiza imizirikanyi yacu ku bintu vyo hejuru. Ku bw’ivyo, turakeneye “[kwiruka] twihanganye muri rya siganwa twashirwa imbere.” (Heb. 12:1) Nimuze twese dukore “ata kwiziganya, nk’abakorera Yehova,” twizigiye ko uwo Dawe wa twese wo mw’ijuru azohezagira utwigoro dukomeye tugira.Kol. 3:23, 24.