Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kwongera kuvuka—Yoba ari yo nzira ishikana ku bukiriro?

Kwongera kuvuka—Yoba ari yo nzira ishikana ku bukiriro?

Kwongera kuvuka​—Yoba ari yo nzira ishikana ku bukiriro?

NKA hamwe bokubaza ngo “Woba umaze kwongera kuvuka,” wokwishura gute? Abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi bavuga ko ari abakirisu boshobora guca bishura bati: “Cane nyene!” Bemera yuko kwongera kuvuka ari ikintu kiranga abakirisu b’ukuri bose be n’uko ari yo nzira yonyene ishikana ku bukiriro. Baremera ivyo abakuru b’amadini bavuga, nk’ibi vyavuzwe n’umunyatewolojiya yitwa Robert C. Sproul, uwanditse ati: “Umuntu atongeye kuvuka, . . . ntaba ari umukirisu.”

Woba uri mu bemera yuko kwongera kuvuka bituma uja mu nzira ishikana ku bukiriro? Nimba ari vyo wemera, nta gukeka ko wipfuza gufasha incuti zawe n’abagenzi bawe kugira ngo batore iyo nzira kandi batangure kuyigenderamwo. Ariko rero kugira ngo bashobore kubishikako, barakeneye gutahura itandukaniro riri hagati y’umuntu amaze kwongera kuvuka be n’uwutarongera kuvuka. Wobasigurira gute ico bisobanura kwongera kuvuka?

Abantu benshi bemera yuko iyo mvugo ngo “kwongera kuvuka” yerekeza ku muntu asezerana ku mugaragaro ko azokorera Imana na Kristu, maze bigatuma ahinduka akava mu rupfu akaja mu buzima ku bijanye n’ubucuti afitaniye n’Imana. Nkako, inyizamvugo imwe ya vuba isigura ko umuntu yongeye kuvuka ari “umuntu aba yari asanzwe ari umukirisu, yasubiye kugira isezerano rijanye n’ukwizera canke yaryemeje, ivyo akabigira na canecane ahejeje gushikirwa n’ikintu camukoze ku mutima cane mu vy’ugusenga.”​—Merriam-Webster’s Collegiate Dictionary​—Eleventh Edition.

Woba wotangara hamwe wosanga Bibiliya idashigikira iyo nsobanuro? Woba woshima kumenya ico mu vy’ukuri Ijambo ry’Imana ryigisha ku bijanye n’ukwongera kuvuka? Ata gukeka, uraza kwungukira ku gusuzuma witonze ibijanye n’ico kibazo. Uti kubera iki? Kubera yuko niwatahura mu buryo butagira amakosa ico bisobanura kwongera kuvuka, bizogira ico bikoze ku buzima bwawe no ku vyo witeze muri kazoza.

Bibiliya yigisha iki?

Ahantu hamwe gusa muri Bibiliya yose dusanga iyo mvugo ngo “kwongera kuvuka” ni muri Yohani 3:1-12, hano hakaba havuga ibijanye n’ikiyago gishimishije cabereye i Yeruzalemu hagati ya Yezu n’umukuru umwe w’idini. Mu ruzitiro ruri kumwe n’iki kiganiro, uraza kuhasanga iyo nkuru yo muri Bibiliya yasubiwemwo yose. Turagusavye uyisome witonze.

Muri iyo nkuru, Yezu arashimika ku mice itandukanye y’“ivuka rishasha.” a Nkako, ico kiganiro ca Yezu kiradufasha kwishura ibi bibazo bitanu bihambaye:

Ivuka rishasha rihambaye ku rugero rungana iki?

Twoba ari twebwe twihitiramwo ivyo kwongera kuvuka?

◼ Ivuka rishasha rifise intumbero iyihe?

Bigenda gute ngo umuntu yongere kuvuka?

◼ Ni ihinduka irihe rica riba ku bijanye n’ubucuti umuntu afitaniye n’Imana?

Nimuze turimbure ivyo bibazo kimwekimwe ukwaco.

[Akajambo k’epfo]

a Imvugo ngo “ivuka rishasha” tuyisanga muri 1 Petero 1:3, 23. Ni iyindi mvugo yo muri Bibiliya idondora ibijanye no “kwongera kuvuka.” Izo mvugo zompi zikomoka mu rivuga ry’ikigiriki ari ryo gen·naʹo.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 4]

“Mutegerezwa kwongera kuvuka”

“Buno hari umuntu wo mu Bafarizayo, yitwa Nikodemu, akaba yari umutware w’Abayuda. Uwo yaje kuri we mw’ijoro hanyuma amubwira ati: ‘Rabi, turazi yuko uri umwigisha yavuye ku Mana; kuko ata muntu ashobora gukora ivyo bimenyetso ukora Imana itari kumwe na we.’ Mu kwishura, Yezu amubwira ati: ‘Ego ni ukuri ndabikubwiye: Umuntu atongeye kuvuka, ntashobora kubona ubwami bw’Imana.’ Nikodemu amubwira ati: ‘Umuntu ashobora gute kuvuka kandi ashaje? None arashobora kwinjira mu nda ya nyina ubugira kabiri hanyuma akavuka?’ Yezu yishura ati: ‘Ego ni ukuri ndabikubwiye: Umuntu atavyawe n’amazi be n’impwemu, ntashobora kwinjira mu bwami bw’Imana. Ikivyawe n’umubiri ni umubiri, ikivyawe n’impwemu na co ni impwemu. Ntutangazwe n’uko nkubwiye nti: Mutegerezwa kwongera kuvuka. Umuyaga uhuhutira iyo ushaka, kandi wewe urumva ijwi ryawo mugabo ntumenya iyo uva n’iyo uriko uraja. Ukwo ni ko umuntu wese avyawe n’impwemu amera.’ Mu kwishura, Nikodemu amubwira ati: ‘Ivyo bintu bishoboka gute?’ Yezu na we amwishura ati: ‘Wewe uri umwigisha wa Isirayeli ukaba utazi ivyo bintu? Ego ni ukuri ndabikubwiye: Ico tuzi turakivuga kandi ico twabonye turagishingira intahe, mugabo mwebwe ntimwakira intahe dushinga. Nimba ndababwiye ivyo kw’isi ntimwemere, muzokwemera gute ninababwira ivyo mw’ijuru?’”​—Yohani 3:1-12.