Vatikano iriko irondera gutuma izina ry’Imana rireka gukoreshwa
Vatikano iriko irondera gutuma izina ry’Imana rireka gukoreshwa
ABAKURU ba Ekeleziya gatolika bariko barondera gutuma izina ry’Imana ridakoreshwa mu mirimo bakora ijanye n’ivy’Imana. Mu mwaka uheze, urwego rwa Ekeleziya rw’i Vatikano (Congrégation pour le culte divin et la discipline des sacrements) rwararungikiye amanama y’abasenyeri ba Ekeleziya gatolika abera hirya no hino kw’isi ubuyobozi bujanye n’ico kintu. Iyo ngingo yafashwe “bisabwe” na papa.
Ico cete, icanditswe ku wa 29 Ruheshi 2008, kiriyamiriza ivy’uko naho hatanzwe ubuyobozi bwo kudakoresha izina ry’Imana, “mu myaka ya vuba umugenzo wo kuvuga izina ry’uruharo ry’Imana ya Isirayeli wagiye uratsimbatara atawubiciye n’ikanda, iryo zina rikaba rikunze kwitwa tetaragarama nyeranda, iryandikwa hakoreshejwe indome zine z’indadi zo mu rutonde rw’indome z’igiheburayo mu mero ya יהוה, ni ukuvuga YHWH.” Ico cete kiravuga ko izina ry’Imana ryagiye rirahindurwa mu buryo butandukanye nka “Yahweh,” “Yahwè,” “Jahweh,” “Jahwè,” “Jave,” “Yehovah,” be no mu bundi. a Ariko rero, ubwo buyobozi Vatikano yatanze burondera gusubizaho impagararo Ekeleziya gatolika yari isanzwe ifise, iyo na yo ikaba ari iy’uko izo ndome zine zikwiye gusubirizwa n’ijambo “Umukama.” N’ikindi kandi, mu mirimo ya Ekeleziya ijanye n’ivy’Imana, mu ndirimbo zabo be no mu bisabisho, ngo izina ry’Imana “YHWH ntirikwiye gukoreshwa canke kuvugwa.”
Mu gushigikira iyo mpagararo, ca cete Vatikano yasohora cisunga “umugenzo wa kera cane” wa Ekeleziya gatolika. Ubwo buyobozi bwemeza yuko ngo no mu mpinduro y’Ivyanditswe vy’igiheburayo yitwa Septante yo mu gihe c’imbere y’ubukirisu, izina ry’Imana ryagiye rirahindurwa ngo Kyʹri·os, iryo rikaba ari ijambo ry’ikigiriki risigura ngo “Umukama.” Ku bw’ivyo, ubwo buyobozi buvuga bushimitse yuko ngo “n’abakirisu kuva mu ntango batigeze bavuga za ndome zine zerekeza kw’izina ry’Imana.” Ariko rero, ayo majambo ariyobagiza ibimenyamenya bitomoye vyerekana ko atari ukwo vyari bimeze. Amakopi yo mu ntango y’impinduro Septante ntiyarimwo Kyʹri·os, ahubwo yarimwo izina ry’Imana riri mu mero y’igiheburayo ari yo יהוה. Abayoboke ba Kristu bo mu kinjana ca mbere bari bazi izina ry’Imana kandi bararivuga. Yezu ubwiwe yavuze mw’isengesho yatuye Se ati: “[Naramenyekanishije] izina ryawe.” (Yohani 17:26) Vyongeye, muri rya sengesho ry’akarorero rya Yezu rizwi cane, yatwigishije gusenga duti: “Data wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe.”—Matayo 6:9.
Abakirisu bose bakwiye kugira icipfuzo co kubona izina ry’Imana ryezwa. Utwigoro Vatikano iriko iragira two gutuma izina ry’Imana rireka gukoreshwa turatukisha Yehova, uwavuze ati: “Iryo ni ryo zina ryanje ibihe vyose; amayaruka yose azoza azonyambaza muri iryo zina.”—Kuvayo 3:15, Bible de Jérusalem.
[Akajambo k’epfo]
a Mu kirundi, izina “Yehova” riramaze igihe rizwi ahatari hake kandi rirakoreshwa mu mpinduro zitari nke za Bibiliya.
[Iciyumviro ku rup. 30]
“Iryo ni ryo zina ryanje ibihe vyose.”—Kuvayo 3:15, JB
[Ifoto ku rup. 30]
Igihimba c’impinduro yitwa “Septante” yo kuva mu kinjana ca mbere G.C. Izina ry’Imana, iryanditswe muri za ndome zine zo mu giheburayo zikunze guhindurwa ngo YHWH, riri mu muzingi
[Abo dukesha ifoto]
Tugikesha Egypt Exploration Society