Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umwaka mushasha wo muri Aziya—Abakirisu boba bakwiye kuwuhimbaza?

Umwaka mushasha wo muri Aziya—Abakirisu boba bakwiye kuwuhimbaza?

Umwaka mushasha wo muri Aziya​—Abakirisu boba bakwiye kuwuhimbaza?

BURI mwaka, muri Nzero canke muri Ruhuhuma, Aziya ni yo yakira abantu benshi cane mw’isi yose. Abanyaziya amamiliyoni amajana n’amajana barasubira mu miryango yabo kugira ngo bahimbaze uwo Mwaka mushasha. a

Umusi mukuru w’Umwaka mushasha uhimbazwa muri Aziya, ni wo musi mukuru uhambaye kuruta iyindi yose ku kirangamisi caho. Umwanditsi umwe w’Umunyamerika avuga ati: “[Ni] nk’umusi mukuru w’Umwaka mushasha, umusi mukuru wo ku wa kane Mukakaro, umusi mukuru wo Gukenguruka be n’uwa Noweli, ifatiwe hamwe yose.” Uwo musi mukuru utangurana n’imboneko y’ukwezi kwa mbere kw’ikirangamisi c’umwaka c’Abashinwa, ni ukuvuga hagati yo ku wa 21 Nzero no ku wa 20 Ruhuhuma, hisunzwe ibirangamisi vy’Abanyaburaya. Ugirwa mu kiringo kiva ku misi nk’ingahe gushika ku ndwi zibiri.

Ikintu nyamukuru uwo musi mukuru ushingiyeko ni ibijanye no kunagura, ni ukuvuga ugusezera umwaka uba urangiye be n’uguha ikaze umwaka mushasha. Mu kwitegurira uwo musi mukuru, abantu barasukura amazu yabo bakongera bakayashariza, bakagura impuzu nshasha, bagategura ibifungurwa bifise amazina afitaniye isano n’ivy’“umugisha” canke “ugutunganirwa,” bakongera bakariha amadeni kandi bagatunganya ivyo badahurizako. Ku musi utangura umwaka, boshobora guhanahana ingabirano be no kwipfurizanya ivyiza, akenshi bakaba bipfurizanya amagara meza no gusagamba, bagahanahana udusaho dutukura tw’ivyo bita ngo ni amahera y’umugisha, bagafungura ibifungurwa bidasanzwe, bakadomeka ibimuri biza biraturagurika, bakarorera intambo z’igishushanyo c’igisato canke c’intambwe gifise amabara menshi, canke bakanezererwa gusa uwo musi mukuru bari kumwe n’umuryango hamwe n’abagenzi.

Iyo migenzo itekeye insobanuro nyinshi. Igitabu kimwe kivuga ivyerekeye imisi mikuru igirwa mu Bushinwa (Mooncakes and Hungry Ghosts: Festivals of China), gisigura giti: “Ibintu nyamukuru biba biraje ishinga umuryango, incuti n’abagenzi ni ukwipfurizanya imigisha, guha icubahiro ibimana be n’imizimu, hamwe n’ukwipfurizanya imigisha ku bw’umwaka mushasha.” None ko haba harimwo ibintu vyinshi cane vy’imigenzo be n’ibindi bintu vyo mu madini, abakirisu bakwiye kubona gute iryo himbazwa? Boba bakwiye gupfa gukurikiza iyo migenzo? None abakirisu boba bakwiye kuwuhimbaza?

“Niwibuke isôko”

Hari umugani umwe w’igishinwa uzwi cane ugira uti: “Igihe unyoye amazi, niwibuke isôko ryayo.” Ivyo birerekana icubahiro kigera kure abantu bo muri Aziya bamye bagirira abavyeyi babo be na ba sekuruza babo kuva kera. Kubera ko abana bakesha ubuzima abavyeyi babo, ni ibisanzwe ko bagaragariza abavyeyi icubahiro nk’ico, na co kikaba ari ikintu gifise uruhara ruhambaye mu bijanye no guhimbaza uwo mwaka mushasha.

Ata gukeka, umusi usozera umwaka imiryango myinshi y’Abanyaziya ni wo iha agaciro cane. Muri iryo joro imiryango nka yose irahurira hamwe kugira ngo isangire inzimano idasanzwe. Ako usanga ari akaryo gatuma abagize imiryango basubira guhurira hamwe, abantu bo muri ako gace k’isi bakaba bakora ibishoboka vyose kugira ngo ntibahare. Ku meza y’inzimano, usanga hadategurwa gusa ibibanza vy’abagize umuryango baba bahari, ariko kandi harategurwa n’ivy’ababa barapfuye, abo bemera ko baba bahari mu mpwemu. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi kivuga yuko mu gihe c’izo mfungurwa “haba vy’ukuri uguhanahana amakuru hagati y’aba kera be n’abagize imiryango.” Ikindi gitabu kivuga giti: “Kubera yuko ubucuti buri hagati y’abapfuye be n’abakiriho buba busubiye kunagurwa, abo ba kera baraheza bagakingira uwo muryango muri uwo mwaka wose.” None abakirisu bakwiye kubona gute uwo mugenzo?

Abakirisu na bo nyene babona ko bihambaye yuko bakunda abavyeyi babo kandi bakabubaha. Barumvira ubuyobozi Imana itanga bugira buti: “Wumvire so yakuvyaye, kandi ntugakēngēre nyoko ashitse mu butāmakazi.” (Imigani 23:22) Baragamburuka kandi itegeko Bibiliya itanga rigira riti: “‘Tera iteka so na nyoko’; ni ryo tegeko rya mbere riri kumwe n’umuhango: ‘Kugira ngo bikugendere neza, ubone kurambira kw’isi.’” (Abanyefeso 6:2, 3) Egome, abakirisu b’ukuri baripfuza gukunda no gutera iteka abavyeyi babo!

Bibiliya kandi iravuga neza ibijanye n’uguhurira hamwe kw’abagize imiryango gutuma baremeshwa. (Yobu 1:4; Luka 15:22-24) Yamara rero, Yehova ategeka ati: “Muri mwebge ntihaze haboneke . . . ūja guhamagara imizimu, cank’umumenyi, cank’ūraguza imizimu.” (Gusubira mu vyagezwe 18:10, 11) Ni kubera iki none hatanzwe iryo tegeko? Ni uko Bibiliya yerekana neza uko abapfuye bamerewe. Ivuga iti: “Abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi.” Kubera yuko abapfuye ata co baba bazi, ntibashobora kugira uruhara mu bikorwa vy’abariho; eka mbere ntibashobora kugira ico badufashije canke ngo batugirire nabi. (Umusiguzi 9:5, 6, 10) Umwana w’Imana, Yezu Kristu, urupfu yarugereranije n’itiro rinini, kandi abapfuye bazokwikangura bave muri iryo tiro mu gihe gusa c’izuka ryimirije.​—Yohani 5:28, 29; 11:11, 14.

Vyongeye, Bibiliya irerekana yuko mu vy’ukuri “imizimu” ari ibiremwa vy’impwemu bibi vyigira ngo ni abantu bapfuye. Biba bishaka gushika ku ki? Biba bishaka kuzimiza abantu maze bibigarurire. (2 Abanyatesalonika 2:9, 10) Amabwirizwa y’Imana aradukingira koko gushikirwa n’ibintu bibabaza rwose. Ku bw’ivyo, abakirisu babitumwe n’urukundo bakunda Yehova be n’icipfuzo co kuguma badora, baririnda babigiranye ubukerebutsi imigenzo iyo ari yo yose irimwo ivy’ugusenga ivyo bita ngo ni imizimu y’abo mu miryango yabo bapfuye canke ijanye no kurondera gukingirwa na yo.​—Yesaya 8:19, 20; 1 Abakorinto 10:20-22.

Ku rundi ruhande, abakirisu baripfuza kandi gutera iteka “Data, ari we umuryango uwo ari wo wose mw’ijuru no kw’isi ukesha izina ryawo.” (Abanyefeso 3:14, 15) None uwo Data ni nde? Ni Umuremyi wacu akaba n’Umutanzi w’ubuzima, Yehova Imana. (Ibikorwa 17:26) Ku bw’ivyo, igihe turimbura ibijanye n’imigenzo igirwa kuri uwo musi mukuru w’Umwaka mushasha, vyoba vyiza twibajije duti: Mbega Yehova abona gute iyo migenzo? Yoba ayemera?​—1 Yohani 5:3.

Gutera iteka imana zo mu rugo

Ihimbazwa ry’umusi mukuru w’Umwaka mushasha wo muri Aziya, ririmwo imigenzo itari mike ikundwa na benshi usanga iha icubahiro canke itera iteka imana be n’imanakazi zo mu ngo, nk’imana y’urugi, imana y’ubutaka canke impwemu ikingira, imana y’itunga canke imigisha, be n’imana y’igikoni canke y’amashiga. Rimbura ibijanye n’umugenzo ukundwa na benshi wo gutera iteka imana y’igikoni. b Abantu bemera yuko ngo hagisigaye imisi mikeyi ngo umwaka mushasha utangure, iyo mana ifata urugendo rwo kuja mw’ijuru kugira ngo ishire amakuru yerekeye uwo muryango umwami w’abami Yade, iyo ikaba ari imana nkuru y’izindi mana zose z’Abashinwa. Kubera yuko abagize umuryango baba bizigiye ko iyo mana izobavuga neza, barayirungikana imfungurwa zidasanzwe, hamwe n’amashikanwa y’ibintu bisosa be n’amagato yoroshe. Kugira ngo bayipfurize kunyaruka muri urwo rugendo, abagize umuryango baramanura ishusho yayo, rimwe na rimwe bagafata ibintu bisosa bakabisiga ku minwa yayo, hanyuma bakayituririra hanze. Ku musi usozera umwaka, baramanika hejuru y’amashiga ishusho nshasha y’iyo mana, gutyo bakaba bayihaye ikaze ngo igaruke mu nzu ku bw’umwaka mushasha.

Naho myinshi muri iyo migenzo isa naho ata co itwaye, abakirisu baripfuza gukurikiza ubuyobozi butangwa n’Ijambo ry’Imana mu bijanye no gusenga. Mu bijanye n’ivyo, Yezu Kristu yavuze ati: “Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.” (Matayo 4:10) Biratomoye ko Imana ishaka ko tuyisenga yonyene gusa. Uti kubera iki? Rimbura iki kintu: Yehova ni we Data wa twese wo mw’ijuru. None umuvyeyi yokwumva amerewe gute hamwe abana biwe bomutera akagere maze bakigira ku wundi muvyeyi? None ntiyokwumva ababaye cane?

Yezu yaremera icese ko Se wiwe wo mw’ijuru ari we “Mana yonyene y’ukuri,” kandi Yehova ubwiwe yarabwiye mu buryo butomoye abamusenga ko badakwiye “[kugira] izindi mana” uretse we. (Yohani 17:3; Kuvayo 20:3) Ku bw’ivyo, abakirisu b’ukuri baripfuza guhimbara Yehova aho kumuhemukira canke kumubabaza mu gukorera izindi mana.​—1 Abakorinto 8:4-6.

Ukwemera ibintazi be n’ubupfumu

Umusi mukuru w’Umwaka mushasha uhimbazwa muri Aziya, urafitaniye kandi isano rya hafi n’ibijanye n’ukuragurira ku nyenyeri. Ku kirangamisi, buri mwaka usanga witirirwa kimwe mu bikoko 12 vyo ku gicapo c’Abashinwa cisungwa n’abaragurira ku nyenyeri, ivyo bikoko bikaba ari isato, ingwe, inkende, urukwavu, n’ibindi n’ibindi. Bivugwa ko ico gikoko cerekana imbere y’igihe kamere be n’inyifato abavuka muri uwo mwaka bazogira, canke ko ibikorwa kanaka bikorwa muri uwo mwaka bizogenda neza. Iyindi migenzo myinshi yerekeye uwo Mwaka mushasha, ushizemwo ibijanye n’ugutera iteka imana y’ubutunzi canke imigisha, ahanini usanga igenewe ivyo gutuma umuntu aronka imigisha. None abakirisu bakwiye kubona gute iyo migenzo?

Mw’Ijambo ryiwe Bibiliya, Yehova yarakariye cane abantu baja kwitura ‘abasenga amajuru, abitegereza inyenyeri, abatanga ubumenyi igihe c’imboneko z’ukwezi ku vyerekeye ibizobazako.’ Yariyamirije kandi ibijanye n’ugusenga “imana y’Ibahati” be n’“imana Rugenibishika.” (Yesaya 47:13; 65:11, 12, NW) Aho kwizigira ibintu vy’amayobera canke bitaboneka bifatwa ko bifitaniye isano n’ivyo mu karere k’impwemu canke n’inyenyeri, abasenga Imana b’ukuri babwirwa bati: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.” (Imigani 3:5, 6) Vyemere, ukwemera ibintazi kuraboha abantu, ariko ukuri kwo muri Bibiliya kwokwo kubagira abidegemvya.​—Yohani 8:32.

Niwerekane urwo ukunda Imana

Kumenya inkomoko y’imigenzo igirwa mu guhimbaza umusi mukuru w’umwaka mushasha ugirwa muri Aziya be n’ivyo abantu bemera ku bijanye na wo ni kimwe; gufata ingingo yo kutawujamwo na vyo ni ikindi. Nimba uba mu kibano usanga abakigize bafise umugenzo wo guhimbaza uwo musi mukuru, canke nimba umuryango wawe ubona ko kugira uruhara mu migenzo ijanye no guhimbaza umwaka mushasha ari ikintu kijanye no kwubahiriza imigenzo, urahanganye no gufata ingingo iremeye.

Mu vy’ukuri, kugira ngo umuntu agume ashikamye mu gihe c’umukazo, bisaba umutima rugabo be no kugira umwiyemezo. Umukenyezi mukirisu umwe aba muri Aziya, avuga ati: “Naragira ubwoba bwinshi cane kubera yuko abari bankikuje bose bagira uruhara mw’ihimbazwa ry’umusi mukuru w’umwaka mushasha, nanje nkaba ntabigiramwo uruhara.” None ni igiki camufashije? Avuga ati: “Gutsimbataza ugukunda Imana bimwe bikomeye ni vyo vyatumye nguma nshikamye.”​—Matayo 10:32-38.

None woba ukunda Yehova bimwe bikomeye gutyo? Urafise imvo nyinshi zotuma umukunda. Ubuzima bwawe ntubukesha imana y’amayobera, ahubwo ubukesha Yehova Imana, uwo Bibiliya ivuga ku bimwerekeye iti: “Ah’uri [ni] ho har’isōko y’ubugingo: mu muco wawe ni ho tuzobonera umuco.” (Zaburi 36:9) Ivyo ukeneye be n’agahimbare mu buzima ubikesha Yehova, ntubikesha imana y’umugisha canke imana y’igikoni. (Ibikorwa 14:17; 17:28) Woba nawe uzomukunda? Numenye udakeka ko niwabigenza gutyo, Yehova azoguhezagira cane.​—Mariko 10:29, 30.

[Utujambo tw’epfo]

a Witwa kandi umwaka mushasha w’Abashinwa, umusi mukuru w’impeshi, Chun Jie (mu Bushinwa), Tet (muri Viyetinamu), Solnal (muri Koreya), canke Losar (i Tibeti).

b Imigenzo ivugwa muri iki kiganiro usanga itandukanye mu turere two muri Aziya, ariko ishingiye ku vyiyumviro ahanini bimeze kumwe. Nimba ushaka kumenya vyinshi kuri ivyo, raba Réveillez-vous! yo ku wa 22 Kigarama 1986, urupapuro rwa 20-21 be na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Rusama 1970, urupapuro rwa 9-11.

[Uruzitiro ku rup. 23]

Ugukura amazinda incuti n’abagenzi

Birumvikana yuko igihe umwe mu bagize umuryango ahagaritse kugira uruhara mu birori vyerekeye umwaka mushasha uhimbazwa muri Aziya, bishobora kubabaza incuti ziwe n’abagenzi biwe. Boshobora kwumva bataye umutwe, bakababara, canke mbere bakumva ko bahemukiwe. Ariko rero, hariho ibintu bitari bike umuntu yokora kugira ngo agume afitaniye ubucuti bwiza n’umuryango. Rimbura aya majambo yavuzwe n’abakirisu baba mu turere dutandukanye two muri Aziya:

Jiang: “Imbere y’uko Umwaka mushasha ushika, naragendeye incuti zanje maze ndazisigurira nkoresheje ubugenge igituma ntokwigeze nsubira kugira uruhara mu migenzo imwimwe ikundwa na benshi. Naririnze cane gusuzugura ivyo bemera, kandi ndabigiranye icubahiro narishuye ibibazo bambajije nkoresheje Bibiliya. Ivyo vyatumye tugirana ibiyago vyiza bishingiye ku bintu vy’Imana.”

Li: “Imbere y’uko Umwaka mushasha utangura, narabwiye umunega wanje ndabigiranye ubugenge n’icubahiro yuko ntegerezwa kugamburukira ijwi ryanje ryo mu mutima kugira ngo numve ko mpimbawe vy’ukuri. Naramusezeraniye kandi yuko ntotumye yumva ubuyega igihe twogendeye abo mu muryango wiwe mu kiringo c’uwo musi mukuru. Icantangaje ni uko ku musi abagize umuryango wiwe basengerako ba sekuruza babo, yaciye antwara mu kandi karere kugira ngo nitabe amakoraniro ya gikirisu.”

Xie: “Narakuye amazinda abagize umuryango wanje ko ndabakunda nongera ndababwira yuko ivyo nizera vyotumye ndushiriza kuba umuntu ameze neza. Naciye ngira akigoro gakomeye kugira ngo ngaragaze kamere za gikirisu nk’ubwitonzi, ubugenge be n’urukundo. Buhorobuhoro, bahavuye bubaha idini ryanje. Mu nyuma, umunega wanje yarize Bibiliya yongera aracika umukirisu w’ukuri.”

Min: “Naraganiriye n’abavyeyi banje ndabigiranye ubwitonzi n’icubahiro. Aho kubipfuriza imigisha, narababwiye ko nama nsenga Yehova Umuremyi wacu ku bw’ineza yabo, ndamusaba ko yobahezagira akabaha amahoro n’uguhimbarwa.”

Fuong: “Narabwiye abavyeyi banje ko bitari bikenewe yuko ndindira Umwaka mushasha kugira ngo nje kuramutsa abo mu muryango wanje. Nama nabagendeye kenshi. Ivyo vyaranezereje cane abavyeyi banje, kandi bahavuye bareka kuntyoza. Murumunanje na we nyene yahavuye ashimishwa no kwiga ukuri kwo muri Bibiliya.”

[Abo dukesha ifoto ku rup. 21]

Panorama Stock/age Fotostock