Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

2 Tworitura nde?

2 Tworitura nde?

MBEGA amasengesho yose aturwa yoba aja ku Mana imwe, naho yoba ariko aturwa nde? Mw’isi ya kino gihe, abantu benshi bakunze kwibwira ko ari ukwo bimeze. Ico ni iciyumviro kiryohera abantu benshi bashigikira ivyo kuja hamwe kw’amadini kandi bakipfuza ko amadini yose yobonwa neza naho hoba hari ibiyatandukanya. Ariko none, vyoba bishoboka ko ico ciyumviro wosanga atari ic’ukuri?

Bibiliya yigisha ko mu bisanzwe amasengesho menshi cane aturwa uwutari we. Igihe Bibiliya yandikwa, wasanga abantu bakunda gutura amasengesho yabo ibishusho vy’ibibazano. Ariko rero, Imana yarabagabishije akatari gake ku bijanye n’ico kintu. Nk’akarorero, muri Zaburi 115:4-6 haravuga ibijanye n’ibigirwamana hati: “Amatwi birafise, mugabo ntibishobora kwumva.” Biratomoye. None umuntu yosengera iki imana itazokwigera imwumva?

Hariho inkuru ikabura yo muri Bibiliya ivuga vyinshi kuri ico kintu. Umuhanuzi w’ukuri Eliya yarahigishije abahanuzi ba Bayali ngo basenge imana yabo, na we asenge iyiwe mu nyuma. Eliya yavuze yuko Imana y’ukuri yokwishuye ariko iy’ikinyoma ntiyishure. Abahanuzi ba Bayali baremeye, baramara umwanya muremure basenga bivuye inyuma, bashizeko n’ijwi ryabo ryose, ariko nta cavuyemwo! Iyo nkuru igira iti: “Ntihagira uwishura, kandi ntihaboneka ukwitabwaho na kumwe.” (1 Abami 18:29) Mbega Eliya we vyamugendeye gute?

Eliya amaze gusenga, Imana yiwe yaciye yishura ubwo nyene, irungika umuriro uvuye mw’ijuru kugira ngo urigate ikimazi Eliya yari yateguye. None ubudasa bwabaye ubuhe? Hari ikintu gihambaye cane kidufasha kubona ubwo budasa kiri mw’isengesho Eliya yatuye ubwaryo, tukaba turisanga mu 1 Abami 18:36, 37. Ni isengesho rigufi cane, rikaba rigizwe n’amajambo 30 gusa mu gisomwa c’igiheburayo Bibiliya yanditswemwo mu ntango. Ariko rero, muri ayo majambo makeyi, Eliya yaravuze Imana mw’izina ryayo ry’uruharo ari ryo Yehova incuro zitatu.

Bayali, izina risobanura ngo “nyene ikintu” canke “databuja,” yari imana y’Abanyakanani, kandi mu turere twinshi wasanga bafise Bayali bisangije. Yehova ryo ni izina ridasanzwe rikora ku Mana imwe rudende kw’isi no mw’ijuru. Iyo Mana yabwiye abantu bayo iti: “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje; kandi nta wundi n’umwe nzoha ubuninahazwa bwanje.”​—Yesaya 42:8.

Isengesho rya Eliya be n’amasengesho y’abo bahanuzi ba Bayali yoba yagiye ku Mana imwe? Insengo ya Bayali yaratesha iteka abantu biciye ku bumaraya bwayikorerwamwo nk’umuhamuro be no ku mugenzo wo gutanga abantu nk’ibimazi. Insengo ya Yehova yo yaratera iteka abantu biwe, ari bo Bisirayeli, mu kubakingira mwene iyo migenzo itesha iteka. Zirikana rero kuri iki kintu: Nka hamwe woba wipfuza kwandikira ikete umugenzi yubahwa cane, woba worirungikira umuntu afise izina ritandukanye n’iry’uwo mugenzi wawe, uwo muntu bakaba bamuziko ibihushanye n’ivyo uwo mugenzi wawe yemera kandi akunda vyose? Oya nawe nu!

Iyo usenze Yehova uba uriko urasenga Umuremyi, ari we Muvyeyi w’abantu bose. * Umuhanuzi Yesaya yaravuze mw’isengesho ati: “Ewe Yehova, uri Data.” (Yesaya 63:16) Iyo rero ni ya Mana nyene Yezu Kristu yavuze igihe yabwira abayoboke biwe ati: “Ngira nduge kwa Dawe ari we So, ku Mana yanje ari yo Mana yanyu.” (Yohani 20:17) Yehova ni Se wa Yezu. Ni yo Mana Yezu yasenga kandi ni yo Yezu yigishije abayoboke biwe ko bosenga.​—Matayo 6:9.

Bibiliya yoba itubwira ko twotura amasengesho Yezu, Mariya, aberanda canke abamarayika? Oya, itubwira ko twoyatura Yehova wenyene. Rimbura imvo zibiri zibituma. Ubwa mbere, gutura isengesho ni uburyo bwo gutanga icubahiro kidasanzwe, Bibiliya na yo ikaba ivuga ko icubahiro mwene ico gikwiye guhabwa Yehova wenyene. (Kuvayo 20:5) Ubwa kabiri, Bibiliya irerekana ko Yehova yitwa “Uwumva amasengesho.” (Zaburi 65:2) Naho Yehova azeza abandi amabanga atitangiriye itama, iryo ni ibanga atigeze azeza umuntu n’umwe. Ni ya Mana isezerana kwumva amasengesho yacu ata wundi ibicishijeko.

Ku bw’ivyo rero, nimba ushaka ko amasengesho yawe Imana iyumva, niwibuke ukuntu Ivyanditswe bituremesha biti: “Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa.” (Ivyakozwe 2:21) Ariko none Yehova yoba yumva amasengesho yose ata co arinze gusaba? Canke hoba hari ikindi kintu dukeneye kumenya nimba dushaka ko Yehova yumva amasengesho tumutura?

^ ing. 9 Hari inyigisho zimwezimwe zo mu madini zivuga yuko ari bibi gucisha mu kanwa izina ry’uruharo ry’Imana, naho hoba ari mw’isengesho. Yamara rero, iryo zina riraboneka incuro nka 7.000 mu gisomwa ca Bibiliya co mu ndimi yanditswemwo mu ntango, kenshi rikaboneka mu masengesho abasavyi ba Yehova b’abizigirwa batuye no mu mazaburi banditse.