Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wonyinyana gute n’ukwumva uvunitse umutima?

Wonyinyana gute n’ukwumva uvunitse umutima?

Wonyinyana gute n’ukwumva uvunitse umutima?

VYOBA bishika ukumva uvunitse umutima? Tuvugishije ukuri, ni nde yovuga ko bitamushikira? Ibihe tubayemwo usanga birangwa n’ingorane z’ivy’ubutunzi, ubukazi bukwiragiye hose be n’ukurenganya abandi ata kagongwe. Ntibitangaje rero kubona abantu batagira uko bangana bishika bakarengerwa n’umubabaro, bakiyagiriza birenze urugero canke bakumva umengo nta co bamaze.

Kwiyumva gutyo birashobora kutugirira nabi. Birashobora gutuma dukekeranya ku bitwerekeye, bigatuma tudakoresha neza ubwenge bwacu, bikanatunyaga umunezero. Bibiliya ivuga iti: “Woba wacitse intege ku musi w’amarushwa? Inkomezi zawe zizoba nke.” (Imigani 24:10) Turakeneye inkomezi kugira ngo tubandanye kubaho muri ino si idurumbanye. Ku bw’ivyo rero, birahambaye cane ko turwana urugamba kugira ngo ntiturengerwe n’ukwumva tuvunitse umutima. *

Hari ibintu bikomeye Bibiliya ituronsa bituma tutarengerwa n’ukuvunika umutima. Yehova Imana, we Muremyi w’ibifise ubuzima vyose akaba na we abibungabunga, ntiyipfuza ko wicwa n’umwiheburo. (Zaburi 36:9) Reka rero twihweze uburyo butatu Ijambo ryiwe rishobora kudufasha kunyinyana n’ukwumva tuvunitse umutima.

Numenye ko Imana ikwitwararika

Abantu bamwebamwe biyumvira yuko Imana yifitiye ibindi vyinshi biyiraje ishinga ku buryo itokwitaho ukuntu biyumva mu mutima. Kwoba ari ko nawe wiyumvira? Mu vy’ukuri, Bibiliya iraduhumuriza mu kutwereka yuko Umuremyi wacu yitaho ukuntu twiyumva mu mutima. Umwanditsi w’amazaburi yavuze ati: “Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse; kandi abajanjaguritse mu mutima arabakiza.” (Zaburi 34:18) Ese ukuntu bihumuriza kumenya ko Segaba Mushoboravyose aba ari hafi yacu igihe tuba dutuntuye!

Imana yacu si Imana itagira igishika canke itēgereka. Bibiliya ivuga yuko “Imana ari urukundo.” (1 Yohani 4:8) Irakunda abantu kandi iragirira impuhwe abari mu mubabaro. Nk’akarorero, igihe Abisirayeli bari mu buja mu Misiri, ubu hakaba haciye imyaka 3.500, Imana yavuze iti: “Nabonye koko amarushwa abantu banje barimwo mu Misiri, kandi numvise amaborogo yabo kubera ababahindagiza ku bikorwa; kuko nzi neza imibabaro barimwo. Ndamanutse rero kubarokora.”​—Kuvayo 3:7, 8.

Yehova Imana arazi neza ukuntu twiyumva mu mutima. Nakare “ni we yaduhinguye, si twebwe ubwacu.” (Zaburi 100:3) Ku bw’ivyo rero, n’igihe twumva umengo abandi ntibadutahura, turashobora guhera amazinda yuko Imana yoyo idutahura. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Imana [nti]bona nk’uko umuntu abona, kubera ko umuntu buntu abona ibiboneka ku maso, mugabo Yehova we, abona ico umutima uri.” (1 Samweli 16:7) Imana irabona n’ukuntu twiyumva i bwina muri twebwe.

Ni ivy’ukuri ko Yehova azi n’amakosa yacu be n’utunenge twacu. Ariko turashobora gukenguruka kubona Umuremyi wacu yuzuye urukundo atubabarira. Umwanditsi wa Bibiliya Dawidi yanditse ahumekewe ati: “Nk’uko se w’abana agirira imbabazi abana biwe, ni ko Yehova yagiriye imbabazi abamutinya. Kuko ubwiwe azi neza ingene tubumbwe, akibuka ko turi umukungugu.” (Zaburi 103:13, 14) Imana itubona uko twebwe ubwacu dushobora kuba tutibona. Ituronderamwo iciza ikihoza ibibi, dukire gusa kuba twigaya ibicumuro vyacu.​—Zaburi 139:1-3, 23, 24.

Igihe rero twumva umengo nta co tumaze, turakwiye kwiyemeza kurwana urugamba kugira ngo tuvyikuremwo. Dukwiye kwibuka ukuntu Imana itubona!​—1 Yohani 3:20.

Niwunge ubucuti somambike n’Imana

Igihe twibona nk’uko Imana itubona, bidufasha gute? Bica birushiriza kutworohera gutera intambwe ikurikira ikenewe kugira ngo turengere ukuvunika umutima, iyo na yo ikaba ari ukugiranira ubucuti somambike n’Imana. Ivyo vyoba vy’ukuri bishoboka?

Yehova Imana, bwa Muvyeyi yuzuye urukundo, arashashaye kudufasha kwunga ubucuti somambike na we. Bibiliya iduhimiriza iti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.” (Yakobo 4:8) Ibaze na we: Naho turi abantu bagoyagoya kandi b’abanyabicumuro, birashoboka ko tugiranira na Segaba w’ibiriho vyose ubucuti bwuzuye igishika.

Imana yarihishuye muri Bibiliya kugira ngo dushobore kuyimenya, tubone ko atari umugani. Dusomye Bibiliya tudahorereza, turashobora kumenya kamere z’Imana z’igikundiro. * Uko tuzirikana kuri ivyo bintu tugenda turamenya, tuzokwumva turushirije cane kwiyegereza Yehova. Tuzorushiriza kubona neza ico ari koko, tubone ko ari Umuvyeyi yuzuye urukundo n’impuhwe.

Kuzirikana cane ku vyo dusoma muri Bibiliya, hari n’ikindi bitumarira. Biratuma turushiriza kwiyegereza Data wa twese wo mw’ijuru mu kwinjiza mu muzirikanyi wacu no mu mutima wacu ivyiyumviro vyiwe, tukabireka bikadukosora, bikaduhoza bikongera bikatuyobora. Ivyo turakenera canecane kubigira igihe twumva duhungabanye canke tubuze amahoro kubera ivyiyumviro canke kubera uburyo twiyumva mu mutima. Umwanditsi w’amazaburi yabivuze muri aya majambo agira ati: “Iyo ivyiyumviro vyinshi binyuzuye inda, urampoza, umutima wanje ugahimbarwa.” (Zaburi 94:19, Bibliya Nyeranda) Ijambo ry’Imana rirashobora kutubera uruhoza rukomeye. Twicishije bugufi tukemera ubutumwa bwayo bw’ukuri, ukwumva tuvunitse umutima turashobora gusanga kugiye buhorobuhoro kurasubirirwa n’uruhoza be n’amahoro bitangwa n’Imana yonyene. Gutyo rero, Yehova araduhoza nka kurya umuvyeyi yuzuye urukundo ashobora guhendahenda umwana yababaye canke yashavuye.

Ikindi kintu kidufasha gucudika n’Imana ni ukwama twayiyagiye. Bibiliya idukura amazinda yuko “ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, itwumva.” (1 Yohani 5:14) Naho twoba dufise ubwoba bumeze gute canke amaganya ameze gute, turashobora gusenga Imana tukayisaba imfashanyo. Twituye Imana tukayibwira akari ku mutima, turaheza tukaronka amahoro yo mu mutima. Intumwa Paulo yanditse ati: “Muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.”​—Abafilipi 4:6, 7.

Niwaguma ukurikiza urutonde rw’ugusoma Bibiliya, ukazirikana ukongera ugasenga uri wenyene, emwe, uzosanga uriko urakomeza ubucuti somambike ufitaniye na So wawe wo mw’ijuru. Ubwo bucuti ni ikirwanisho gikomeye cane gifasha umuntu kurwanya ukuvunika umutima. Ni igiki kandi codufasha?

Nugumize amaso ku cizigiro kitarimwo amakenga kijanye na kazoza

N’igihe twoba turi mu bihe bigoye cane, turashobora kuguma twiyumvira ibintu vyiza. Uti gute? Imana iraduha icizigiro kitarimwo amakenga kijanye na kazoza. Ico cizigiro ciza igitangaza, intumwa Petero yarakivuze muri make ati: “Nk’uko [Imana] yabisezeranye, turorereye amajuru mashasha n’isi nshasha, kandi aho ni ho ubugororotsi buzoba.” (2 Petero 3:13) Ivyo bisobanura iki?

Ayo “majuru mashasha” mu vy’ukuri ni intwaro, ni ukuvuga Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru burongowe na Yezu Kristu. “Isi nshasha” na yo ni ikibano gishasha co ng’aha kw’isi kizoba kigizwe n’abantu bashimwa n’Imana. Igihe “amajuru mashasha” azoba ari yo ategeka, ibintu vyose bituma umuntu yumva avunitse umutima bizoba ari umugani muri ico kibano gishasha co kw’isi. Ku vyerekeye abantu b’abizigirwa bazoba bariho ico gihe, Bibiliya idusubiriza umutima mu nda iti: “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”​—Ivyahishuwe 21:4.

Mu vy’ukuri, ivyo bintu birahimbaye kandi biraremesha. Ni co gituma Bibiliya ivuga yuko kazoza Imana yateguriye abakirisu b’ukuri ari “icizigiro c’ubuhirwe.” (Tito 2:13) Iyo tugumije amaso ku mihango Imana itanga ijanye na kazoza k’abantu no ku mvo zituma dushobora kwizigira iyo mihango, biratuma twikuramwo ivyiyumviro bitaremesha.​—Abafilipi 4:8.

Icizigiro c’ubukiriro Bibiliya ikigereranya n’inkofero. (1 Abatesalonika 5:8) Mu bihe vya kera, umusoda ntiyashobora kuja mu rugamba atambaye inkofero. Yari azi ko iyo nkofero yotumye ibimukubise ku mutwe bitamubabaza cane ikongera igatuma imyampi imukubise ku mutwe itamugirira nabi. Nk’uko inkofero ikingira umutwe, ni ko n’icizigiro gikingira umuzirikanyi. Kugumiza ubwenge ku bintu bituma tugira icizigiro birashobora kuturinda ivyiyumviro bitaremesha, birimwo ubwoba canke bihebuza.

Birashoboka rero ko umuntu anyinyana n’ukwumva avunitse umutima kandi agatsinda. Na wewe wobishobora! Nuzirikane ku kuntu Imana ikubona, urushirize kuyiyegereza wongere ugumize amaso ku cizigiro ufise ku bijanye na kazoza. Ubigenjeje gutyo, urashobora guhera amazinda yuko uzoba ari ho uri igihe ivy’ukwumva uvunitse umutima bizoba vyaravuyeho ubutakigaruka!​—Zaburi 37:29.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 3 Abafise intuntu imaze igihe kirekire canke ikomeye, hari aho bokenera kuja kubonana n’umuganga yabinonosoye.​—Matayo 9:12.

^ ing. 14 Mu Munara w’Inderetsi wo ku 1 Myandagaro 2009, harimwo urutonde rumeze neza kandi rw’ingirakamaro rufasha umuntu gusoma Bibiliya.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 19]

‘Ndazi neza imibabaro barimwo.’​—KUVAYO 3:7, 8

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 20]

“Iyo ivyiyumviro vyinshi binyuzuye inda, urampoza, umutima wanje ugahimbarwa.”​—ZABURI 94:19, BIBLIYA NYERANDA

[Iciyumviro nyamukuruku rup. 21]

“Amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira.”​—ABAFILIPI 4:7

[Uruzitiro/I ifoto ku rup. 20, 21]

Ivyanditswe bihumuriza bivuga ivyerekeye Yehova Imana

“Yehova, Yehova, Imana y’inyembabazi n’inyempuhwe, iteba gushavura kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri.”​—KUVAYO 34:6.

“Amaso yiwe anyuragira mw’isi yose kugira ngo yerekane inkomezi ziwe ku bw’abafise umutima ukwiye kuri we.”​—2 NGOMA 16:9.

“Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse; kandi abajanjaguritse mu mutima arabakiza.”​—ZABURI 34:18.

“Wewe, ewe Yehova, uri mwiza kandi witeguriye kubabarira!”​—ZABURI 86:5.

“Yehova ni mwiza kuri bose, kandi imbabazi ziwe ziri ku bikorwa vyiwe vyose.”​—ZABURI 145:9.

“Jewe, Yehova Imana yawe, ngufata ukuboko kw’ukuryo, nkakubwira nti: ‘Ntutinye. Jewe nzogufasha.’”​—YESAYA 41:13.

“Hahezagirwe . . . Se w’imbabazi zuzuye ikibabarwe ikaba n’Imana y’uruhoza rwose.”​—2 ABAKORINTO 1:3.

“Tuzokura amazinda imitima yacu imbere yayo ku kintu cose imitima yacu yodutsindishamwo, kuko Imana iruta imitima yacu ikaba kandi izi ibintu vyose.”​—1 YOHANI 3:19, 20.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 22]

Bariko bavyifatamwo neza naho bumva bavunitse umutima

“Dawe ni umuntu yiziziwe n’inzoga, kandi yatumye ngira umubabaro mwinshi. Ndibuka ko kuva kera namye numva umengo nta co maze. Ariko igihe nemera kwigana Bibiliya n’Icabona ca Yehova, naramenye ivyerekeye umuhango wo kubaho ibihe bidahera kw’isi. Ico cizigiro catumye umutima wanje wuzura umunezero. Ugusoma Bibiliya kwahavuye kuba ikintu nama nkora mu buzima bwanje. Bibiliya iguma hafi yanje. Igihe numvise ndengewe n’ukuvunika umutima, nca ndayitora maze ngasoma ivyanditswe bihumuriza. Gusoma ivyerekeye kamere z’igikundiro z’Imana biransubiriza umutima mu nda bikanyereka ko ndi n’agaciro kanini mu nyonga z’Imana.”​—Kátia, umugore w’imyaka 33. *

“Nari nariziziwe n’inzoga, urumogi rwitwa marijuwana n’ibiyayuramutwe vyitwa kokayine, kandi naramotēra uburembo bw’ikizungu. Ivyo nari ntunze vyose bimaze kumperako, nacitse umusezi. Mugabo maze kwemera kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, narahinduye rwose ubuzima bwanje. Naramenye Imana, ndacudika na yo. Naho nkibwirizwa kunyinyana n’ukwiyagiriza be n’ukwumva umengo nta co maze, narize kwishimikiza ikigongwe c’Imana n’ubuntu bwuzuye urukundo bwayo. Ndazi neza ko Imana izobandanya kumpa inkomezi zo kurengera ukwo kuvunika umutima. Kumenya ukuri kwa Bibiliya ni co kintu ciza kuruta ibindi vyose bimaze kunshikira.”​—Renato, umugabo w’imyaka 37.

“Kuva nkiri muto, namye nigereranya na musazanje mukuru, nkabona umengo nta co mvuze kuri we. Ndacumva ko ntatekanye mu mutima, nkabona umengo nta co nshoboye. Ariko niyemeje gutsinda urwo rugamba. Narasenze Yehova ntahengeshanya, kandi yaramfashije kurengera ukwo kwumva umengo nta vyanje. Biranyeza umutima kumenya ko Imana inkunda kandi inyitwararika vy’ukuri!”​—Roberta, umugore w’imyaka 45.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 45 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.