Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubuhanuzi bwa 6. Kwamamaza kw’isi yose

Ubuhanuzi bwa 6. Kwamamaza kw’isi yose

Ubuhanuzi bwa 6. Kwamamaza kw’isi yose

“Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose.”​—MATAYO 24:14.

● Vaiatea aba mw’izinga rya kure ryo mw’ibahari Pasifike riri mu mugwi w’utuzinga dutoduto twitwa Tuamotu. Naho i Tuamotu hari utuzinga hafi 80 dukwiragiye mu karere kangana n’ibilometero kwadarato birenga 802.900, haba abantu nka 16.000 gusa. Ariko rero, Vaiatea n’ababanyi biwe baramaze kugenderwa n’Ivyabona vya Yehova. Kubera iki babagendeye? Kubera ko Ivyabona vya Yehova bipfuza kubwira abantu bose inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, naho boba baba hehe.

IBIMENYAMENYA VYEREKANA IKI? Ubutumwa bw’Ubwami buriko burashika mu turere twose tw’isi. Mu mwaka wa 2010 honyene, Ivyabona vya Yehova bamaze amasaha arenga 1.600.000 batangaza iyo nkuru nziza mu bihugu 236. Tugize incahagati, ivyo bisobanura ko Icabona ca Yehova umwumwe wese yamaze iminuta 30 buri musi mu gikorwa co kwamamaza. Mu myaka mirongo iheze, barahinguye bongera baratanga ibitabu birenga imiliyaridi 20 birimwo inyigisho zishingiye kuri Bibiliya.

ICIYUMVIRO ABABIHAKANA BAKUNZE GUTANGA: Ubutumwa bwo muri Bibiliya bumaze imyaka ibihumbi bwamamazwa.

ICO CIYUMVIRO COBA ARI CO? Ego ni ko abantu batari bake baragize ico bamamaje ku vyerekeye ubutumwa bwo muri Bibiliya. Mugabo rero, abenshi babikoze igihe gito gusa no mu karere gatoyi gusa. Ivyabona vya Yehova bobo bariko baragira isekeza ryo kwamamaza ritunganijwe neza kandi ribera kw’isi yose, rishikira abantu amamiliyoni amajana n’amajana. Ivyabona vya Yehova barumiyeko mu gikorwa cabo co kwamamaza naho muri kahise bagiye bararwanywa bimwe bikomeye n’imigwi imwimwe y’abantu ikomeye kandi itagira akagongwe kuruta iyindi yose. * (Mariko 13:13) Vyongeye, Ivyabona vya Yehova ntibahemberwa ico gikorwa cabo co kwamamaza. Ahubwo riho, baratanga babikunze umwanya wabo bakongera bagatanga ibitabu vyabo ata co barihishije. Igikorwa cabo uko cakabaye gishigikirwa n’intererano zitangwa n’abavyishakiye.

UVYIYUMVIRAKO IKI? “Inkuru nziza y’ubwami” yoba iriko iramamazwa hirya no hino kw’isi? Iranguka ry’ubwo buhanuzi ryoba risobanura ko hariho ibintu vyiza cane vyimirije?

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 6 Ushaka kumenya vyinshi, raba ibiganiro bitatu vyo muri videwo bivuga ngo “ Fidèles dans les épreuves ” (Intahemuka mu bigeragezo), “ Les triangles violets ” (Inyabutatu zisa n’umutugutu), “ La fermeté des Témoins de Jéhovah face à la persécution nazie ” (Ugushikama kw’Ivyabona vya Yehova mu ruhamo rw’Abanazi), izo videwo zikaba zitangwa n’Ivyabona vya Yehova.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 9]

“Magingo Yehova akibitwemereye, tuzobandanya kwamamaza n’umwete inkuru nziza y’Ubwami, dukoresheje uburyo bwose bushoboka bwo gushikira abantu.”​—IGITABU C’UMWAKA (ANNUAIRE) C’IVYABONA VYA YEHOVA CO MU 2010.