Ni ibiki abana bakwiye kwiga?
Ni ibiki abana bakwiye kwiga?
“Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangīra, ku kugorora ibintu, ku gutoza indero mu bugororotsi.”—2 TIMOTEYO 3:16.
ABANA barakeneye kwigishwa ukuri kwerekeye Imana. None ukwo kuri bokwiga bagukuye hehe? Mu gitabu c’ivy’Imana cubahwa n’abantu benshi cane kuruta ibindi vyose ari co Bibiliya.
Bibiliya ni nk’ikete ryavuye ku Mana. Muri iryo kete, Imana irahishura ukuntu imeze ikongera igaha abana bayo bose, abato n’abakuze, ubuyobozi bwerekana ikibereye n’ikitabereye. Raba bikeyi gusa mu vyo Bibiliya yigisha be n’ivyigwa n’abana bashobora kubikuramwo.
Ni ibiki Imana ishaka ko tumenya ku biyerekeye?
◼ Ivyo Bibiliya yigisha: “Wewe, uwitwa Yehova, [ni] wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.”—Zaburi 83:18.
Icigwa: Imana si umugani. Irabaho koko, kandi irafise izina yisangije.
◼ Ivyo Bibiliya yigisha: “Yehova asesa imitima yose kandi akamenya impengamiro yose y’ivyiyumviro. Niwamurondera, azoreka umuronke.”—1 Ngoma 28:9.
Icigwa: Yehova Imana aratubabaye twese, ushizemwo n’abana batoyi. (Zaburi 10:14; 146:9) Ashaka ko tumenya ibimwerekeye.
◼ Ivyo Bibiliya yigisha: “Ntimuze mucumukuze . . . impfuvyi. Niwamucumukuza mu buryo ubwo ari bwo bwose, maze akandirira, sinzobura kwumva amaborogo yiwe.”—Kuvayo 22:22-24.
Icigwa: Yehova arumviriza n’amasengesho y’abana batoyi. Turashobora kwama tuganira n’Imana tukayibwira akari ku mutima be n’ukuntu twiyumva.
◼ Ivyo Bibiliya yigisha: “Incuro n’izindi barageza Imana, bagatuntuza Umweranda wa Isirayeli.”—Zaburi 78:41.
Icigwa: Ivyo tuvuga n’ivyo dukora biranezereza canke bikababaza Yehova. Dukwiye rero kubanza kwiyumvira imbere yo kugira ico tuvuze canke ico dukoze.
Dukwiye gufata gute abatameze nkatwe?
◼ Ivyo Bibiliya yigisha: “Imana [nti]gira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.”—Ivyakozwe 10:34, 35.
Icigwa: Ko Imana yemera abantu bo mu mice yose y’ubuzima, ntidukwiye kwinuba abandi ngo ni uko tudasangiye ibara ry’urukoba canke ngo ni uko mu maso habo hadasa n’ahacu.
◼ Ivyo Bibiliya yigisha: “Mwame mwiteguriye kwiburanira imbere y’umuntu wese abasavye impamvu y’icizigiro kiri muri mwebwe, mugabo mubigirana ubwitonzi n’icubahiro kigera kure.”—1 Petero 3:15.
Icigwa: Igihe tuganira n’abandi ibijanye n’idini, dukwiye gushikiriza ivyiyumviro vyacu tujijutse, ariko tubigiranye ubwitonzi. Dukwiye kandi kwubaha abo tutemera bimwe mu vy’idini.
Dukwiye gufata gute abo mu muryango wacu?
◼ Ivyo Bibiliya yigisha: “Bana, mugamburukire abavyeyi banyu muri vyose, kuko ivyo bihimbaye rwose mu Mukama.”—Abakolosayi 3:20.
Icigwa: Abana bagamburuka ntiberekana gusa ko bakunda abavyeyi babo, ariko kandi barerekana ko bipfuza guhimbara Imana.
◼ Ivyo Bibiliya yigisha: “Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi. Nk’uko Yehova yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mugenze mutyo.”—Abakolosayi 3:13.
Icigwa: Abandi bantu, ushizemwo n’abo mu muryango wacu, bizoshika batubabaze. Mugabo nimba twipfuza ko Imana itubabarira, dukwiye kwiga kubabarira abandi.—Matayo 6:14, 15.
Kubera iki twoba abantu b’imvugakuri kandi b’umutima mwiza?
◼ Ivyo Bibiliya yigisha: ‘Mwiyambure ibinyoma, umwe wese muri mwebwe avugane ukuri na mugenziwe.’—Abanyefeso 4:25.
Icigwa: Igihe tuvuga ukuri, tuba turiko turigana Imana kandi birayihimbara. Tugize akamenyero ko kuvuga ibinyoma, duca tumera nka Shetani wa mwansi w’Imana, umwe “se w’ikinyoma.”—Yohani 8:44; Tito 1:2.
◼ Ivyo Bibiliya yigisha: “Mufate abandi nk’uko mushaka ko babafata.”—Matayo 7:12, “Contemporary English Version.”
Icigwa: Dukwiye kwitwararika ukuntu abo mu muryango wacu be n’abandi bo mu kibano biyumva, ivyo biyumvira be n’ivyo bakeneye. Igihe twerekanye “impuhwe,” biroroha ko abandi badufatana umutima mwiza.—1 Petero 3:8; Luka 6:38.
Nk’uko ubwo burorero buvyerekana, ivyigwa dusanga muri Bibiliya birashobora gufasha abana kuzoba abantu bakuze bashima, bubaha kandi b’abanyempuhwe. Mugabo none, ni nde akwiye kubigisha ivyo vyigwa?