Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Wari ubizi?

“Intebe y’imanza” intumwa Paulo yajanywe imbere yari nyabaki?

Inkuru yo mu Vyakozwe 18:12, 13 ivuga ko Abayuda b’i Korinto bagirije Paulo yuko yigisha mu buryo butemewe n’amategeko maze bamujana imbere y’“intebe y’imanza,” ari yo beʹma (ijambo ry’ikigiriki risobanura “intambuko”). I Korinto ha kera hari hafise ikibanza gikirurutse co hanze amaja hagati na hagati y’akaguriro gashobora kuba kari ku ntambuko nkeyi uvuye kw’isinagogi. Uravye aho ico kibanza gikirurutse cari giherereye, vyari vyoroshe ko gikoreshwa mu gushikiriza ijambo abantu. Ico kibanza uwuvuga ijambo yahagararako cari gikozwe mu mabuye yitwa marimari y’ubururu n’ayera kandi cari gisharijwe cane n’amashusho aharangatuwe mu buryo buryoheye ijisho. Cari gifise ibibanza bibiri vyo kurindiriramwo birimwo intebe zo mu mabuye ya marimari, hasi hakaba hari isaso riryoheye ijisho.

Ico kibanza biboneka ko ari co ntebe y’imanza intumwa Paulo yahagaze imbere, ari imbere ya Galiyo buramatari w’Umuroma yatwara intara ya Akaya. Abategetsi baricara aho hantu bakumviriza imanza bagaca bamenyesha isinzi rihakoraniye ingingo bafashe.

Mu bisagara vyo mu Bugiriki, vyari bimenyerewe ko isinzi rikoranira imbere ya mwene iyo beʹma, aho ibibazo bijanye n’igisagara vyose vyatunganirizwa. Inkuru z’isambishwa rya Yezu ziri mu bisomwa vy’ikigiriki vyo muri Matayo 27:19 na Yohani 19:13 zivuga ko Ponsiyo Pilato yashikirije ijambo isinzi ari kuri beʹma yiwe.​—Ivyakozwe 12:21.

Kubera iki Abayuda bamwebamwe batsitazwa n’uburyo Yezu yapfuye?

Ku bijanye n’abakirisu bo mu ntango, intumwa Paulo yavuze ati: “Twamamaza Kristu yamanitswe, ku Bayuda akaba igitsitaza mugabo ku mahanga akaba ubupfu.” (1 Abakorinto 1:23) Kubera iki uburyo Yezu yapfuye bwatsitaza abantu bamwebamwe?

Ku vyerekeye ukuntu Yezu yapfuye be n’imico kama y’abo mu Karere k’ibihugu vy’Abarabu mu kinjana ca mbere, umusobanuzi w’ivya Bibiliya Ben Witherington wa gatatu avuga ko bwari “bwo buryo bwo gupfa buteye isoni kuruta ubundi bwose muri ako karere. Ntibwabonwa ko ari uburyo buteye iteka bwo gupfa rumaratiri.” Witherington yongerako ati: “Abantu bo muri ako karere wasanga babona ko uburyo upfa buhishura rwose kamere yawe. Ku bw’ivyo, Yezu yabonetse nk’umuhimbiri, umuntu yari yarahemukiye igihugu, umuntu yari akwiriye igihano cahabwa abashumba baba bagumutse.” Uravye imico kama y’ico gihe, nta mvo yumvikana yotuma umuntu avuga ko abakirisu bo mu ntango bifondafondeye inkuru zivuga ivy’urupfu rwa Yezu n’izuka ryiwe.