Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubu ndazi Imana nsenga

Ubu ndazi Imana nsenga

Hari umuvugabutumwa wo mw’idini rya pentekoti vyavugwa ko afise ububasha bwo gukiza abantu ku gitangaro yari yaje kutugendera. Igihe yankorako, naciye ngwa hasi nataye ubwenge, “mpfira muri mpwemu” nk’uko bakunda kubivuga. Maze gutora akenge, vyasa n’uko naronse ico nipfuza, ni ukuvuga ububasha bwo gukiza abantu ku gitangaro. Ni igiki none catumye nshikirwa n’ivyo bintu, kandi ni igiki vyahinduye mu buzima bwanje? Imbere y’uko ndabibayagira, reka mbanze ndababwire ibijanye na kahise kanje.

NAVUTSE ku wa 10 Kigarama 1968, mvukira i Ilocos Norte muri Filipine, nkaba nari umwana agira indwi mu bana cumi twavukana. Nk’uko vyari bimeze ku Banyafilipine benshi, twakuze turi abagatolika. Naronse urupapuro rw’umutsindo rw’amashure yisumbuye mu 1986, nkaba nari mfise icipfuzo co kuba umuforomakazi. Ariko rero, ico cipfuzo canje nticarangutse kubera naciye mfatwa n’indwara ikomeye. Mvugishije ukuri, nari nzi ko ntari kuhakura agatwe. N’umwiheburo mwinshi, naringinze Imana ngo imfashe, ndayibwira yuko hamwe nokira nociye ndayikorera ubuzima bwanje bwose.

Maze igihe kitari gito ndwaye nahavuye nkira, hanyuma ndibuka ico nari narasezeraniye Imana. Muri Ruheshi 1991, naciye niyandikisha mw’ishure rya pentekoti ryigisha ivya Bibiliya. Vyavugwa ko mu vyigwa vyo kuri iryo shure harimwo n’ukuronka “ingabire ya mpwemu yera.” Naripfuza kuronka ububasha bwo gukiza abantu ku gitangaro. Kuri iryo shure batwigisha yuko ubwo bubasha umuntu aburonka biciye ku kwisonzesha no ku masengesho. Igihe kimwe, kugira ngo nanje nerekane ko nari naronse “ingabire,” narombotse mu gihe c’amasengesho maze ndumviriza isengesho umwe mu bo twigana yariko aratura Imana n’ijwi ryumvikana ari ahantu mu mfuruka. Agira arangize iryo sengesho, naciye nyaragasa nsubira aho nari namye mpfukamye. Mu nyuma, naramubariye ivyo yari yabwiye Imana mw’isengesho vyose, na we aca aremera yuko nari nsigaye mfise ya “ngabire”!

Mu kiringo cose namaze kuri iryo shure, nagumana ibibazo vyinshi. Nk’akarorero, muri Matayo 6:9 haravuga ivyerekeye “Data” hamwe n’“izina” ryiwe. Naribaza ibibazo nk’ibi: “Uwo Data yavuzwe na Yezu ni nde?”, “iryo zina rikwiye kwezwa ni irya nde?” Inyishu nahabwa n’abatwigisha wasanga akenshi zitumvikana kandi ntizanshika ku nyota. Barigisha ivyerekeye Ubutatu hanyuma bagaca bavuga ngo ni amayobera. Nabona ko iyo nyigisho ivuruga umutwe. Naho ari ukwo, narabandanije ivyo vyigwa vyantegura kuzoba pasitori.

Mpura n’Ivyabona vya Yehova

Mw’ishure nigamwo ry’ivya Bibiliya, twari twigishijwe yuko Ivyabona vya Yehova ari ryo dini ry’ikinyoma ribi kuruta ayandi yose. Vyavugwa kandi ko Ivyabona vya Yehova ari ba antikristu. Naciye ntangura kwumva nzinutswe iryo dini.

Mu mwaka ugira kabiri ndi kuri iryo shure, naratashe i muhira kuramutsa abavyeyi mu karuhuko twari twahawe kw’ishure. Mukurwanje umwe yitwa Carmen yarumvise ko nari i muhira maze na we aca araza kuturamutsa. Yari amaze kubatizwa mu Vyabona vya Yehova, kandi yari umwamamaji amara umwanya munini abwira abandi inkuru nziza. Igihe yatangura kunyigisha ivyerekeye Imana, namwishuye naratse nti: “Jewe ndamaze kumenya Imana nkorera!” Maze kumutuka n’ijwi ryumvikana, naciye ndamusunurira hirya kandi sinongeye kumuha akaryo ko kumvugisha.

Igihe nasubira kuri rya shure ry’ivya Bibiliya, Carmen yarandungikiye agatabu Doit-on croire à la Trinité? * Naciye ndakazingazinga ndagata mu muriro. Nari nkimushavuriye.

Ntera imbere nkaba pasitori

Igihe naronka urupapuro rw’umutsindo nkaba pasitori

Nkibandanya kwiga kuri iryo shure, hari abantu nashoboye guhindura baza mw’idini iwacu. Narahimbawe bimwe bidasanzwe igihe mawe na musazanje binjira mw’idini nari ndimwo rya pentekoti.

Muri Ntwarante 1994, nararonse urupapuro rw’umutsindo muri iryo shure rya pentekoti ryigisha ivya Bibiliya. Nk’uko nabivuze mu ntango, hari umuvugabutumwa yari yatugendeye ico gihe. Abanyeshure bose bari baronse impapuro z’umutsindo baripfuza kugumana na we kubera ko bemera yuko yari afise ingabire yo gukiza abantu ku gitangaro. Twaciye tumusanga aho yari ari ku mukiruruko, dusimbasimba, tumufasha gukoma amashi tujanisha n’umudiho. Ico gihe, uwo yakorako wese yaca agwa hasi, “agapfira muri mpwemu.” * Igihe yankorako, na jewe naciye ngwa hasi ndata ubwenge. Maze gutora akenge, naragize ubwoba, mugabo muri jewe nkumva ko nari naronse ububasha bwo gukiza abantu ku gitangaro, ivyo bikaba vyatumye nezerwa.

Gatoyi inyuma y’aho, narakoresheje ubwo bubasha ndakiza ku gitangaro umwana umwe yari arembejwe n’ubushuhe bwinshi. Igihe namusengera, yaciye atangura kubira intuguta maze bwa bushuhe nta wamenye n’iyo buciye. Ico gihe rero naciye mbona ko nashobora gushitsa ico nari narasezeraniye Imana. Ariko igitangaje, numva umengo ndagaragara. Mu mutima wanje, naremera ko hari Imana imwe gusa, ariko vy’ukuri sinari ndayizi. Kandi nari ngifise amakenga ku nyigisho nyinshi zigishwa mw’idini iwacu.

Ivyatumye mpindura ivyiyumviro

Inyuma y’ivyo, urwanko nari mfitiye Ivyabona vya Yehova rwarongerekanye. Ahantu hose nasanga ibitabu vyabo, naca ndabiha umuriro. Ariko rero, harabaye ikintu ntari niteze. Igihe namenya ko mawe atari acerekwa idini narimwo, vyarambabaje cane. Carmen yari amaze gutangura kumwigisha Bibiliya! Ntiworaba ingene nashavuriye uwo mukurwanje.

Nahavuye nsanga ikinyamakuru Be maso! mu nzu kwa mawe. Mu bisanzwe nari guca ndagiha umuriro. Mugabo kubera nipfuza kumenya ivyo yariko arasoma, naciye ndakizingurura ndagicishamwo amaso. Naciye mbona ikiganiro cavuga ivyerekeye umuntu yari yaranyuzwe n’inyigisho z’idini ryacu. Ariko rero, igihe yatangura gusoma ibitabu vy’Ivyabona vya Yehova akabisuzuma akoresheje Bibiliya, yahavuye ajijuka yuko ya nyigisho y’Ubutatu, iy’umuriro udahera be n’imwe ivuga ko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa zitari zishingiye kuri Bibiliya. Ivyo bintu vyarankoze ku mutima. Ivyo nyene ni vyo nari nkeneye gutahura. Kuva ico gihe, naguma nipfuza yuko umusi uri izina notahura ukuri kwo muri Bibiliya.

Maze gusoma iyindi nkuru yari muri ico kinyamakuru Be maso! yavuga ivyerekeye umuntu yahoze yiziziwe n’inzoga be n’ibiyayuramutwe mugabo yagize amahinduka agasigara ameze neza kubera kwiga Bibiliya, naciye ntangura gusoma cane ibitabu vy’Ivyabona vya Yehova. Nahavuye ndonka agatabu Le nom divin qui demeure à jamais. * Ndagasomye naciye menya ko Imana yitwa Yehova. Nararyohewe cane no kumenya ukuri ku bijanye n’Imana imwe y’ukuri!​—Gusubira mu vyagezwe 4:39; Yeremiya 10:10.

Nagumye nsoma ivyo bitabu ninyegeje, ndamenya vyinshi ku bijanye n’ukuri kwo muri Bibiliya. Nk’akarorero, muri rya shure ryo muri pentekoti ryigisha ivya Bibiliya nari narigishijwe yuko Yezu ari Imana, mugabo biciye kuri Bibiliya nahavuye menya yuko ari “Umwana w’Imana nzima.”​—Matayo 16:15, 16.

Ingene umutima wanje wahindutse

Igihe nasubira kubonana na Carmen, yaratangaye abonye ndamusavye agatabu Le nom divin qui demeure à jamais hamwe n’ibindi bitabu. Naho nari naramaze imyaka itari mike muri rya shure ryigisha ivya Bibiliya, nta kuri nahigiye; ahubwo nahabereye impumyi. Ntiworaba ukuntu umutima wanje wari usigaye wuzuye umunezero kubera ukuri nariko ndiga muri Bibiliya. Nariboneye koko ububasha bw’aya majambo ya Yezu agira ati: “Muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.” (Yohani 8:32) Ukwo kuri kwari gutanguye guhindura ubuzima bwanje.

Naramaze igihe niyumvira ko nari gushobora gusenga Yehova Imana ata n’umwe abizi mugabo nkaguma ndi pasitori. Ariko sinatevye kubona ko hari inyigisho nyinshi zo mw’idini ryacu bitari bigishoboka ko nokwigisha. Naho ari ukwo, naguma mfise ubwoba. Naribaza nti: ‘None hamwe noheba kuba pasitori, noca mbaho gute? Emwe, abo dusangiye idini borya ivyatsi bumvise ko hari pasitori wabo yabaye Icabona ca Yehova!’ Naciye rero mbandanya kuba pasitori mugabo nkaza ndirinda inyigisho z’ikinyoma zo mw’idini ryacu.

Precious yaranyigishije Bibiliya

Igihe nasubira kubonana na mwene wacu Carmen, yaransavye ko nokwitaba ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova. Kubera ko vyama bishika nkaja kw’ishengero rikuru ryari mu gisagara ca Laoag, naciye ndonderayo mw’ibanga ntangere ikibanza Ivyabona vya Yehova bakoraniramwo, ico bita Ingoro y’Ubwami. Ndahageze, hari uwanyeretse uwitwa Alma Preciosa Villarin, uwo batazira “Precious” (bisobanura ngo Mukundwa), akaba yari umwamamaji wo muri iryo shengero yamara umwanya munini abwira abandi inkuru nziza. Naho nari nkibona nabi Ivyabona vya Yehova, uwo mukenyezi yaransavye ko twokwiga Bibiliya nanje ndavyemera.

Uwo mwene wacu Carmen yari yarihanganye cane igihe yaza arambwira ukuri kwo muri Bibiliya. Ukwo kwihangana nahavuye ndagusanga no muri Precious. Yaramfashije cane kugira ngo ntahure Bibiliya, naho kacamwo ngashavura, nkamuhaririza, kandi rimwe na rimwe nkaza ndashira ijwi hejuru, nshimika ku vyo nari narigishijwe mw’idini iwacu. Narakozwe ku mutima n’ukuntu Precious hamwe n’ibindi Vyabona vya Yehova bari abantu bitwararika abandi, bicisha bugufi kandi bitonda. Ivyo vyatumye nipfuza gusenga Yehova.

Muri Mukakaro 1995, nahavuye mbona ko ata kundi nari kugira uretse guheba ico giti c’ubupasitori. Uti kuki? Mu Vyahishuwe 18:4 haravuga mu mvugo ngereranyo ivyerekeye idini ry’ikinyoma hati: “Nimuve iwe, bantu banje, nimba mudashaka gusangira na we ibicumuro vyiwe, nimba kandi mudashaka kuronka ku vyago vyiwe.” None ga yemwe ndabihevye, nokuye hehe ikintunga? Mu Baheburayo 13:5 haranyigishije yuko Imana isezeranira abakora ivyo igomba iti: “Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.”

Igihe twe na mawe twabatizwa

Naho ico gihe dawe na musazanje bandwanya bivuye inyuma, hasigaye indwi zibiri ngo mbatizwe mbe Icabona ca Yehova, narariye umutima amenyo nja i muhira guturira ibintu vyose nahora nkoresha nkiri pasitori. Inyuma y’aho nkoreye ivyo, naciye numva ntagifise ububasha budasanzwe bwose nari narahawe. Imbere y’aho, igihe naba ndyamye, numva umengo hari ikintu caguma kintsindagirira hasi. N’ivyo nyene sinamenye iyo vyaciye. Ibitutu nahora mbona kw’idirisha ry’icumba canje ntivyasubiye kuhaboneka. Kwiga Bibiliya vyari vyaramfashije kubona yuko ikintu cose citwa ngo ni ingabire itangwa n’Imana muri kino gihe, nk’ingabire yo gukiza abantu ku gitangaro, kitava ku Mana ahubwo ko kiva ku mpwemu mbi. Ntiworaba ukuntu mpimbawe kubona nariganzuye akosho k’izo mpwemu mbi, nka kumwe kwa wa musukukazi Paulo yakuramwo “idayimoni y’ukuragura” ntibe ikimuganza.​—Ivyakozwe 16:16-18.

Aha nari Icabona ca Yehova amara umwanya munini abwira abantu inkuru nziza

Ese ukuntu vyari biteye umunezero kuba ndi iruhande ya mawe igihe twempi twagira tubatizwe ngo tube Ivyabona vya Yehova muri Nyakanga 1996! Maze kubatizwa, naciye mba Icabona ca Yehova amara umwanya munini abwira abandi inkuru nziza, kandi narahimbawe no kumara imyaka myinshi nkora ico gikorwa.

Ubu ndubatse, umunega wanje akaba yitwa Silver. Uko turi babiri, turihatira kwigisha umukobwa wacu kugendera mu nzira y’ukuri kwo muri Bibiliya. Hariho n’abandi tuvukana bamaze kutwiyungako mu gukorera Yehova. Naho nicuza kubona naramaze imyaka myinshi ntaramenya Imana vy’ukuri, ndahimbawe cane no kubona ubu nzi Imana nsenga.

Aha ndi kumwe n’umunega wanje, umukobwa wacu, n’izindi ncuti zatwiyunzeko mu gusenga kw’ukuri

^ ing. 10 Kasohowe n’Ivyabona vya Yehova mugabo ntikagicapurwa.

^ ing. 13 Imvugo ngo “gupfira muri mpwemu” yerekeza ku bintu biba mu madini amwamwe, aho bavuga ko ico bita mpwemu kiza ku bizera gifise ubushobozi bwinshi ku buryo nya bantu baca bagwa hasi.

^ ing. 18 Kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Narakoresheje ubwo bubasha ndakiza ku gitangaro umwana umwe yari arembejwe n’ubushuhe bwinshi

Ukwo kuri kwari gutanguye guhindura ubuzima bwanje

Nararyohewe cane no kumenya ukuri ku bijanye n’Imana imwe y’ukuri!