Niwiyegereze Imana
“Hari ikindi Yehova Imana yawe agusaba?”
YEHOVA yiteze iki ku bipfuza kumusenga mu buryo yemera? Yoba yiteze ko baba abatagira akanenge, ivyo bigatuma tudashobora kumuhimbara narirya turi abantu bafise akanenge? Canke yoba atwitezeko ivyo dushoboye? Birahambaye kumenya inyishu z’ivyo bibazo nimba twipfuza gukorera Imana duhimbawe. Nimuze turabe ukuntu umuhanuzi Mika yavuze mu ncamake ivyo Imana idusaba.—Soma Mika 6:8.
“Yaraguhishuriye iciza ico ari co.” Nta wokwirirwa ararondera gutomboza ivyo Imana itwitezeko. Muri Bibiliya, yaratubwiye idacisha ku ruhande ivyo idusaba. Ivyo Imana idusaba bitubera ‘vyiza,’ kandi ivyo ntibitangaje. Kubera ko “Imana ari urukundo,” itwipfuriza ineza gusa. (1 Yohani 4:8; 5:3) Gukora ivyo idusaba ntibiyihimbara gusa, ariko na twebwe biratugirira akamaro.—Gusubira mu vyagezwe 10:12, 13.
“Hari ikindi Yehova Imana yawe agusaba?” Imana yoba ifise uburenganzira bwo kugira ico idusaba? Cane nyene! Tubwirizwa kuyigamburukira kubera ko ari yo Sôko ry’ubuzima ikaba ari na yo ibubungabunga. (Zaburi 36:9) None idusaba iki? Mika arerekana muri make ivyo Imana idusaba mu kuvuga ibintu bitatu. Bibiri muri ivyo ahanini vyerekeye ingene dufata abandi, ikigira gatatu kikaba cerekeye ubucuti tugiranira n’Imana.
“Ugukurikiza ubutungane.” Nk’uko igitabu kimwe kibivuga, ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “ubutungane,” “ririmwo iciyumviro co gukorera abandi ibigororotse no kutabarenganya.” Imana idusaba ko dukorera abandi ibigororotse kandi ntitubarenganye, twisunze ingingo ngenderwako zayo. Dukurikiza ubutungane mu vyo dukorera abandi, mu kutagira nkunzi, mu gukora ibigororotse no mu kuba inzirabugunge. (Abalewi 19:15; Yesaya 1:17; Abaheburayo 13:18) Igihe dukoreye abandi ibiranga ubutungane, birashobora gutuma na bo nyene badukorera ibiranga ubutungane.—Matayo 7:12.
“Gukunda ubuntu.” Imana ntidusaba gusa kugaragaza ubuntu, ahubwo idusaba no kubukunda. Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “ubuntu” (cheʹsedh) rirashobora kandi guhindurwa ngo “ubuntu bwuzuye urukundo” canke “urukundo rudahemuka.” Incabwenge imwe mu vya Bibiliya ivuga iti: “Rwaba urukundo, imbabazi canke ubuntu, nta na kimwe muri ivyo gisobanura neza ijambo [cheʹsedh]; si imwe gusa muri izo kamere isobanura iryo jambo, ahubwo ni zose uzifatiye hamwe.” Igihe dukunda ubuntu, turabugaragaza n’umutima ukunze, tugahimbarwa no gufasha abari mu nkenero. Ivyo biraheza bigatuma twironkera agahimbare kava ku gutanga.—Ivyakozwe 20:35.
“Kugendana n’Imana yawe wifashe ruto.” Muri Bibiliya, ijambo “kugenda” risobanura “gukurikirana ingendo yinaka.” Tugendana n’Imana mu gukurikirana ingendo y’ubuzima yatweretse muri Bibiliya. Mu gukurikirana iyo ngendo, turakeneye ‘kwifata ruto.’ Uti gute? Igihe twifata ruto imbere y’Imana, turasuzuma ata kwibesha ico turi imbere yayo maze tukemera ko hari ivyo tudashoboye. ‘Kugendana na yo twifashe ruto’ bisobanura rero kubona mu buryo butarimwo ukwibesha ivyo idusaba be n’ivyo dushoboye.
Birashimishije kubona Yehova atigera adusaba ivyo tudashoboye. Arashima ukuntu twihatira kumukorera tutiziganya. (Abakolosayi 3:23) Aratahura ko hari ivyo tudashoboye. (Zaburi 103:14) Mu gihe natwe twifashe ruto tukemera ko hari ivyo tudashoboye, turashobora guhimbarwa no kugendana na we. Ubona gute none urondeye kumenya ukuntu wotangura kugendana n’Imana? Ivyo vyotuma iguhunda imihezagiro.—Imigani 10:22.
Aho turemeshejwe gusoma muri Munyonyo: