Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Sentare y’Abanyaburaya ishigikira uburenganzira bwo kwisunga ijwi ryo mu mutima

Sentare y’Abanyaburaya ishigikira uburenganzira bwo kwisunga ijwi ryo mu mutima

HIRYA no hino kw’isi, birazwi neza ko Ivyabona vya Yehova mu gihugu ico ari co cose batagira aho bahengamiye mu vya politike no mu ntambara. Baremera bashimitse yuko “inkota zabo” babwirizwa “kuzicuramwo ibirimisho” kandi ‘ntibongere kwiga kurwana.’ (Yesaya 2:4) Abandi bantu bahitamwo kuja mu gisirikare ntibababuza. Tuvuge iki none mu gihe Icabona ca Yehova atemerewe n’ijwi ryiwe ryo mu mutima gukora ibikorwa vya gisirikare, ariko igihugu abamwo kikaba cabigize itegeko? Ivyo ni vyo vyashikiye umusore umwe yitwa Vahan Bayatyan.

Ivyatumye urubanza rushika muri Sentare y’Abanyaburaya

Vahan yavukiye muri Armeniya muri Ndamukiza 1983. Mu 1996, we hamwe n’abandi bo mu muryango iwabo baratanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, mu nyuma arabatizwa igihe yari afise imyaka 16. Ivyo Vahan yize muri Bibiliya vyatumye aha agaciro cane inyigisho za Yezu Kristu, ushizemwo itegeko Yezu yahaye abayoboke biwe ry’uko badakwiye gufata ibirwanisho. (Matayo 26:52) Ku bw’ivyo, haciye igihe gitoyi Vahan abatijwe, vyarabaye ngombwa ko afata ingingo ikomeye mu buzima bwiwe.

Amategeko yo muri Armeniya avuga ko umusore wese akwije imyaka 18 ategerezwa gukora ibikorwa vya gisirikare. Aramutse avyanse, ahanishwa umunyororo w’imyaka ishika kuri itatu. Vahan yaripfuza kugira ivyo akoreye abenegihugu bagenziwe. Ariko ntiyipfuza gukora ibiteye kubiri n’ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya. None yabigenjeje gute?

Mu 2001, Vahan akimara gukwiza imyaka yo gukora ibikorwa vya gisirikare yaciye atangura kwandikira amakete abategetsi bo muri Armeniya abasigurira yuko ivyo bikorwa vyari biteye kubiri n’ivyo yemera mu vy’idini be n’ijwi ryiwe ryo mu mutima. Mugabo yaravuze yuko yiteguriye gukora ikindi gikorwa yohabwa kitari ica gisirikare.

Haraciye umwaka urenga Vahan aguma yitura abategetsi ngo bahebe bamwemerere kudakora ibikorwa vya gisirikare kubera ijwi ryiwe ryo mu mutima. Naho ari ukwo, muri Nyakanga 2002 Vahan yarafashwe, mu nyuma yagirizwa yuko yagararije itegeko ryo gukora ibikorwa vya gisirikare. Yaciye acirwa umunyororo w’amezi 18. Ariko rero umushikirizamanza wa Leta ntiyanyuzwe n’ico gihano. Haciye ukwezi urwo rubanza ruciwe, uwo mushikirizamanza yaciye yitura sentare y’iyungururizo asaba ko Vahan yohabwa igihano ruhasha. Yavuze yuko kuba Vahan yanse gukora ibikorwa vya gisirikare ngo yisunze ivyo yemera mu vy’idini be n’ijwi ryiwe ryo mu mutima “bitagira ishingiro kandi ko vyari biteye akaga.” Iyo sentare yaremeye ivyo uwo mushikirizamanza yasavye, ica icira Vahan gupfungwa amezi 30.

Vahan yaciye yungururiza muri sentare nkuru y’ico gihugu ca Armeniya. Muri Nzero 2003, Sentare Gasamburamanza yarashigikiye ingingo yafashwe na sentare y’iyungururizo. Vahan yaciye arungikwa mw’ibohero kugira ngo atangure gupfunganwa n’abicanyi, abadandaza ibiyayuramutwe be n’abasambanya abandi ku nguvu.

Uko vyagenze muri Sentare y’Abanyaburaya

Mu 2001, Armeniya yaremerewe kuja mu bihugu bigize Inama mpanuzwajambo y’Abanyaburaya. Ni co gituma abenegihugu bo muri Armeniya bafise uburenganzira bwo kwungururiza imanza muri Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu, mu gihe baba bamaze kwitura sentare zose zo mu gihugu cabo. Ivyo nyene ni vyo Vahan yaciye ahitamwo gukora. Mu birego yashikirije, yaravuze yuko urubanza yaciriwe kubera yanse gukora ibikorwa vya gisirikare rwarenze ku ngingo ya 9 y’Amasezerano y’Abanyaburaya ajanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu. Yaciye asaba ko uburenganzira bwiwe bwo kwanka kuja mu gisoda yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima bwubahirizwa hakurikijwe iyo ngingo ya 9, ico kikaba ari ikintu kitari bwigere gisabwa ngo cemerwe.

Ku wa 27 Gitugutu 2009, iyo Sentare y’Abanyaburaya yarasohoye ingingo yafashe. Iyo sentare yabonye ko uburenganzira bw’uko umuntu afata ingingo yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima nk’uko buvugwa mu ngingo ya 9 y’ayo Masezerano y’Abanyaburaya budakora igihe uwo muntu yanse gukora ibikorwa vya gisirikare yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima, ivyo ikaba yabivuze ifatiye ku manza mwene izo zagiye ziracibwa.

Ico gihe, Vahan yari amaze igihe kitari gito yararekuwe, yarubatse urwiwe kandi akaba yari afise agahungu kakiri gatoyi. Iyo ngingo yafashwe yaramuciye inkokora. Yari asigaranye rero ihitamwo rimwe: kwemera urwo yaciriwe canke kwitura Inama Nkuru y’iyo Sentare y’Abanyaburaya. Yahisemwo kwunguruza. Kubera ko iyo Nama Nkuru isanzwe yakira gusa imanza zidasanzwe, Vahan yarahimbawe no kubona yemera kwihweza urwo rubanza rwiwe.

Amaherezo, ku wa 7 Mukakaro 2011, iyo Nama Nkuru yarashashe i Strasbourg mu Bufaransa irasoma ingingo yafashe. Mu bacamanza 17 b’iyo Nama Nkuru, 16 baremeje ko Armeniya yahonyanze uburenganzira Vahan Bayatyan yari afise bwo gufata ingingo yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima mu kumukubita intahe mu gahanga igaca imuta mw’ibohero ngo kubera ko yanse gukora ibikorwa vya gisirikare yisunze ijwi ryo mu mutima. Uwo mucamanza umwe yarwanije iyo ngingo yava muri Armeniya.

Kubera iki iyo ngingo ihambaye? Kubera yuko bwari bwo bwa mbere muri kahise k’iyo Sentare y’Abanyaburaya hemezwa ko ingingo ya 9 y’Amasezerano y’Abanyaburaya iha umuntu uburenganzira bwuzuye bwo kwanka gukora igikorwa ca gisirikare yishimikije ijwi ryiwe ryo mu mutima. Ivyo vyatumye iyo sentare ibona ko gupfunga umuntu mu gihugu kirimwo demokarasi ahorwa ko yanse gukora ikintu kubera ijwi ryiwe ryo mu mutima ari uguhonyanga uburenganzira bwiwe.

Ku bijanye n’ingene Ivyabona vya Yehova badakora ibintu kanaka bisunze ijwi ryabo ryo mu mutima, iyo sentare yavuze iti: “Ku bw’ivyo rero, Sentare nta mvo n’imwe ifise yo gukekeranya yuko uwo muntu yanse gukora ibikorwa vya gisirikare kubera ivyo yemera mu vy’idini abikuye ku mutima, na vyo bikaba vyari biteye kubiri rwose n’ibikorwa vya gisirikare yasabwe gukora.”

Ingene iyo ngingo yakiriwe

Mu myaka irenga mirongo ibiri iheze, Ivyabona vya Yehova barenga 450 baraciriwe urubanza muri Armeniya bahorwa ko hari ivyo banse gukora bisunze ijwi ryabo ryo mu mutima. Igihe iki kiganiro cariko kirategurwa, abasore 58 ni bo bari bapfunzwe muri ico gihugu bahorwa ko banse gukora ibikorwa vya gisirikare bisunze ivyo bemera mu vy’idini be n’ijwi ryabo ryo mu mutima. Batanu muri bo bapfunzwe inyuma y’aho urwo rubanza rukomeye rwahuza Bayatyan na Leta ya Armeniya ruciriwe. * Igihe umwe muri abo yasaba yuko umushikirizamanza wa Leta yomukurako icaha yagirizwa c’uko yanse gukora ibikorwa vya gisirikare yisunze ijwi ryo mu mutima, uwo mushikirizamanza yaravyanse. Mu nyishu uwo mushikirizamanza yanditse, yagize ati: “Ingingo yo ku wa 7 Mukakaro 2011 yafashwe na Sentare y’Abanyaburaya mu rubanza rwahuza Bayatyan na Leta ya Armeniya ntiyerekeye runo rubanza, kuko biboneka neza ko izo manza zibiri ata co zihuriyeko.”

Kubera iki uwo mushikirizamanza yavuze gutyo? Igihe Vahan Bayatyan yagirizwa, nta bindi bikorwa bitari ivya gisirikare vyari vyarategekanijwe. Leta ya Armeniya iremeza yuko kuva ico gihe hashinzwe itegeko rishiraho ibikorwa bitari ivya gisirikare, ku buryo rero abadashaka gukora ibikorwa vya gisirikare ubu bashobora gukora ibindi bikorwa bitari ivya gisirikare. Ariko rero, iryo tegeko ryerekeye ivyo bikorwa rikurikiranwa n’igisirikare, rikaba rero riterekeye benshi mu bantu bariko baratumwako gukora ibikorwa vya gisirikare naho ijwi ryabo ryo mu mutima ritabibakundira.

Vahan Bayatyan arashima cane iyo ngingo ikomeye yamusubije agateka. Hisunzwe iyo ngingo yafashwe, Leta ya Armeniya ikwiye guhagarika gukurikirana no gupfunga abantu bataja mu bikorwa vya gisirikare kubera ivyo bemera mu vy’idini baherejeko.

Ivyabona vya Yehova ntibafise intumbero yo gutuma haba amahinduka mu mategeko y’igihugu na kimwe. Ariko rero, nk’uko umusore Vahan Bayatyan yabigize, barondera yuko uburenganzira bahabwa n’amategeko asanzwe agenga ibihugu babamwo bwubahirizwa. Kubera iki? Kugira ngo babandanye kubaho batekanye kandi bagamburukira amabwirizwa y’Indongozi yabo Yezu Kristu ata kibaburabuza.

^ ing. 17 Babiri muri bo baciriwe urubanza ku wa 7 Mukakaro 2011, ku musi nyene ya Sentare y’Abanyaburaya yasoma ingingo yafashe.