Wari ubizi?
Yezu yoba yarihenze mu kuvuga ko umunyu ushobora gutakaza uburyohe?
Muri ya Nsiguro yo ku Musozi Yezu yashikiriza, yabwiye abayoboke biwe ati: “Muri umunyu w’isi; mugabo hamwe umunyu wotakaza ubukomezi bwawo, uburyohe bwawo buzogarukanwa gute? Ntuba ugikoreshwa ikintu na kimwe atari ugutabwa hanze ngo abantu bawuhonyange.” (Matayo 5:13) Umunyu urazigama ibintu. Yezu ashobora rero kuba yashaka kuvuga ko abigishwa biwe bari bafise ibanga ryo gukingira abandi ivyokwonona ubucuti bafitaniye n’Imana be n’inyifato runtu yabo, kandi ko bari bashoboye kubigira.
Ariko ku bijanye n’ivyo Yezu yavuze yuko umunyu wotakaza uburyohe, igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The International Standard Bible Encyclopedia) kivuga giti: “Umunyu wo ku Kiyaga c’Umunyu muri rusangi wasanga uvanganye n’ibindi bintu; umunyu warashobora rero kuyonga ugatandukana n’ivyo bindi, hagasigara ibintu bitagira akanovera.” Ni co gituma rero Yezu yavuze ko ivyo bintu vyaba bisigaye “[bita]koreshwa ikintu na kimwe atari ugutabwa hanze.” Ico gitabu congerako giti: “Naho ivyo bicafu vy’umunyu wo ku Kiyaga c’Umunyu vyatuma utaryoha nk’umunyu wo mu bindi biyaga vyinshi, wari woroshe kuronka (kuko umuntu yashobora gusa kuja ku nkengera y’ikiyaga akawutora), akaba ari co gituma wakoreshwa cane muri Palestina.”
Ugutakaza igiceri c’idarakima kuvugwa mu mugani wa Yezu, kwasobanura iki ku bantu bo mu gihe ciwe?
Yezu yaravuze umugani w’umugore yatakaje kimwe mu biceri cumi yari afise vy’idarakima, aca aradomeka itara hanyuma arakubura inzu yiwe yitonze gushika agitoye. (Luka 15:8-10) Mu gihe ca Yezu, idarakima yangana hafi n’umushahara w’umusi umwe; utakaje rero ico giceri, waba uhomvye amahera atari make. Ariko hariho n’izindi mvo zerekana ko uwo mugani wavuga ibintu vyaba koko mu buzima bw’ico gihe.
Ibitabu bimwebimwe vyerekana ko abagore b’ico gihe bakunda gukoresha ibiceri nk’udusharizo. Ico giceri Yezu yavuze gishobora rero kuba cari kimwe mu bigize igisharizo c’agaciro abo mu muryango bamye bahererekana, canke kikaba cari kimwe mu bigize inkwano uwo mugore yari yaratangiwe. Uko biri kwose, uwo mugore aramutse atakaje kimwe mu biceri vyiwe cumi, birumvikana ko yabura amahoro rwose gushika agitoye.
Vyongeye, inzu z’abantu nciyaho bo mu gihe ca Yezu zubakwa ku buryo zinjiramwo umuco muke n’ubushuhe buke. Izitwa ko zari zifise amadirisha, wasanga zifise make. Akenshi hasi haba hashashe ivyatsi canke uduti twumye tw’ibiterwa bitandukanye. Igiceri kiramutse gikorotse, kugitora vyaba urugamba. Umusobanuzi umwe w’ivya Bibiliya avuga ati: “Ku bw’ivyo, bishitse akantu gatoyi kagakorokera hasi ahantu nk’aho, nk’akarorero igiceri, uburyo bubangutse umuntu yaca akoresha kugira agitore kwaba ugucana itara no gukubura inzu.”