Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Kubera iki twosenga?

Yehova Imana ashaka ko tutitinya kwama tumubwira ingorane zacu. (Luka 18:1-7) Aradutega yompi kubera ko atwitwararika. None ko Data wa twese wo mw’ijuru adutera akamo n’umutima mwiza ngo tumusenge, hari imvo yotuma tutamusenga?—Soma Abafilipi 4:6.

Isengesho si uburyo gusa bwo gusaba imfashanyo. Ahubwo riho, isengesho riradufasha kwiyegereza Imana. (Zaburi 8:3, 4) Igihe twama tubwira Imana akari ku mutima, bituma tugiranira na yo ubugenzi somambike.Soma Yakobo 4:8.

Twosenga gute?

Igihe dusenga, Imana ntishaka ko dukoresha amajambo yo kwiyerekana canke ngo dusubiremwo ibisabisho twafashe ku mutwe. Eka kandi, si ngombwa ngo twifate mu buryo budasanzwe. Yehova adusaba kumubwira ibivuye ku mutima. (Matayo 6:7) Nk’akarorero muri Isirayeli ya kera, uwitwa Hana yarasenze Imana ayibwira ingorane yamutuntuza yari afise mu muryango. Mu nyuma, intuntu yari afise imaze guhinduka umunezero, yarakengurukiye Imana mw’isengesho rivuye ku mutima.Soma 1 Samweli 1:10, 12, 13, 26, 27; 2:1.

Mbega agateka kadasanzwe twatewe! Turashobora kubwira Umuremyi ingorane zacu. Turashobora kandi kumushemeza no kumushimira ku vyo adukorera. Emwe, ntidukwiye gufatira mu rwara ako gateka gahambaye ko gusenga.Soma Zaburi 145:14-16.