Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Isi itarangwamwo ubukene yoba izobaho?

Imana izokora iki ngo kw’isi ntihabe hakirangwa ubukene?Matayo 6:9, 10.

Buri mwaka, ubukene butagira izina burahitana abantu amamiliyoni bivuye ku gufungura nabi be n’indwara. Naho kw’isi hari ibihugu bitunze, abantu batari bake baba mu bukene butagira izina. Bibiliya yerekana ko ubukene ari ingorane yamyeho.Soma Yohani 12:8.

Vyosaba ko haboneka intwaro iganza isi yose kugira ngo ubukene buhere. Iyo ntwaro yotegerezwa kuba ifise ububasha bwo kugabura neza umwimbu isi itanga no gukuraho intambara, zino zikaba ari co kintu nyamukuru gitera ubukene. Imana yarasezeranye kuzana intwaro nk’iyo iganza isi yose.Soma Daniyeli 2:44.

Ni nde ashobora gukuraho ubukene?

Imana yaragenye Umwana wayo ari we Yezu kugira azoganze abantu bose. (Zaburi 2:4-8) Yezu azokiza umukene yongere akureho agahahazo n’ububisha.Soma Zaburi 72:8, 12-14.

Yezu, we “Muganwa w’amahoro,” azozana amahoro n’umutekano kw’isi yose. Gutyo ababa kw’isi bose bazokwibera mu mazu yabo bwite, bakore igikorwa kibaryohera kandi baronke umukimba w’ibifungurwa.Soma Yesaya 9:6, 7; 65:21-23.