Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Noronka gute abagenzi beza?

Noronka gute abagenzi beza?

IKIGABANE CA 8

Noronka gute abagenzi beza?

“Iyo nshavuye, ndakenera uwo noyagira ukuntu merewe. Iyo mbabaye, ndashaka uwombwira ko bizogenda neza. Iyo nezerewe, ndashaka uwo dusangira uwo munezero. Jewe mbona ko abagenzi bakenewe.”—Brittany.

BIVUGWA yuko abana batoyi bakenera abo bakinana, imiyabaga na yo igakenera abagenzi. None itandukaniro riri hehe?

Umuntu mukinana ni uwo mumarana umwanya gusa.

Umugenzi ni umuntu mubona ibintu kumwe.

Vyongeye, Bibiliya ivuga yuko “umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi [ko ari] uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.” (Imigani 17:17) Nta gukeka ko ayo majambo adondora ubugenzi bukomeye kuruta ubwo wagiranye n’abana mwakinana ukiri muto!

Ikintu c’ukuri: Uko ugenda urakura uja mu bigero, ni ko ukenera abagenzi . . .

1. bafise kamere nziza

2. bisunga ingingo ngenderwako zishimwa

3. bakuremesha gukora ivyiza

Ikibazo: Woronka gute abagenzi bameze gutyo? Reka dusuzume kimwekimwe muri ivyo bintu.

Ikintu ca 1​—Kamere nziza

Ico ukwiye kumenya. Si umuntu wese avuga ko ari umugenzi aba ari umugenzi nyawe. Bibiliya mbere ivuga yuko “hari abagenzi baguma barondera kumenagurana.” (Imigani 18:24) Womengo ukwo ni ugukavya. Mugabo zirikana kuri ibi: Woba uragira uwitwa ngo ni umugenzi ariko akaba yironderera gusa kukwungukirako? Canke woba uragira uwitwa ngo ni umugenzi ariko akagenda arakumenera ibanga canke akagenda arakuvugako ibinyoma? Ibintu nk’ivyo birashobora gutuma utaba ukimwizigira. * Urama wibuka ko abagenzi benshi babi barutwa na bake beza!

Ico wokora. Igihe uhitamwo abagenzi, nuhitemwo barya bafise kamere zibereye kwiganwa.

“Abantu bose barashima cane umugenzi wanje Fiona. Na jewe nshaka kuvugwa neza. Nshaka kugira izina ryiza nka we. Mbona ko ivyo ari vyiza cane.”—Yvette, imyaka 17.

Gerageza uwu mwimenyerezo.

1. Soma Abagalatiya 5:22, 23.

2. Niwibaze uti: ‘Abagenzi banje boba berekana za kamere zigize “icamwa c’impwemu”?’

3. Andika aha hepfo amazina y’abagenzi bawe somambike. Imbere y’izina rimwerimwe ryose, niwandike kamere idondora neza uwo muntu.

Izina

․․․․․

Kamere

․․․․․

Impanuro: Nimba kamere mbi ari zo zonyene zica ziza mu bwenge, hari aho hoba hageze ko urondera abagenzi beza kuruta!

Ikintu ca 2​—Ingingo ngenderwako zishimwa

Ico ukwiye kumenya. Uko urondera abagenzi hasi hejuru ni ko bishoboka rwose ko uhitamwo abatari beza. Bibiliya ivuga iti: “Uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako.” (Imigani 13:20) Ijambo “ibijuju” ntiryerekeza ku bantu baronka amanota mabi kw’ishure canke batagira ubwenge. Ahubwo ryerekeza ku batera ibitugu ivyiyumviro vyiza, bagahitamwo kubaho ata co bibanga. Abo ni bo bagenzi utoshima kugira!

Ico wokora. Aho gupfa uwo ugize umugenzi, nurobanure. (Zaburi 26:4) Ivyo ntibisobanura yuko ukwiye guhora abantu umwikeko. Ahubwo riho bisobanura ko urikanura ‘ukabona ubudasa buri hagati y’umugororotsi n’umubisha, hagati y’uwukorera Imana n’uwutayikorera.’—Malaki 3:18.

“Ndashima kubona abavyeyi banje baramfashije kuronka abagenzi bo mu runganwe rwanje bakunda Imana.”—Christophe, imyaka 13.

Niwishure ibibazo bikurikira:

Iyo ndi kumwe n’abagenzi banje, noba ntinya ko bohava bandemera ngo nkore ikintu nzi ko ari kibi?

□ Ego

□ Oya

Noba ngonanwa kwereka abavyeyi banje abagenzi banje, ntinya ko abavyeyi banje batohava babashima?

□ Ego

□ Oya

Impanuro: Nimba wishuye ngo “ego” kuri ivyo bibazo, nurondere abagenzi bisunga ingingo ngenderwako ziri hejuru, ni ukuvuga abatanga akarorero keza mu kubaho rukirisu.

Ikintu ca 3​—Abakuremesha gukora ivyiza

Ico ukwiye kumenya. Bibiliya ivuga iti: “Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.” (1 Abakorinto 15:33) Uwukiri muto umwe yitwa Lauren avuga ati: “Abo twigana běmera ko ndabajamwo igihe gusa nemeye gukora ivyo bambwiye. Nari gati kirebanga, naciye rero mpitamwo gukora nka bo kugira gusa banyemere.” Lauren yabonye yuko igihe umuntu agendera ku vyiyumviro vy’abandi, aba abaye nka kamwe muri twa tuntu bakinisha urukino rumeze nka dame (jeu d’échecs), utwo baza barunguruza uko bigombeye. Nawe nu urarengeye ako kantu!

Ico wokora. Nuvavanure n’abantu bakugobera ngo uhinduke ubeho nk’uko babayeho. Uteye iyo ntambwe, abagenzi bawe boshobora kugabanuka; mugabo uzokwumva umerewe neza, kandi bizotuma uronka abagenzi beza kuruta, abagenzi bazokuremesha gukora ivyiza.—Abaroma 12:2.

“Umugenzi wanje somambike Clint abona ibintu mu buryo bwiza kandi aratahura abandi. Arandemesha cane.”—Jason, imyaka 21.

Niwibaze ibibazo bikurikira:

Noba mpindura ukuntu nambara, ukuntu mvuga, canke ngakora ibintu bitabereye ndondera gusa kunezereza abagenzi banje?

□ Ego

□ Oya

Noba nja mu bibanza biteye amakenga ntojamwo ntari kumwe n’abagenzi banje?

□ Ego

□ Oya

Impanuro: Nimba wishuye ngo “ego” kuri ivyo bibazo, nushikire abavyeyi bawe canke uwundi muntu akuze ahumuye umusabe impanuro. Nimba uri Icabona ca Yehova, woshobora kandi kwitura umukurambere mukirisu ukamumenyesha ko wipfuza ko agufasha mu bijanye no guhitamwo abagenzi bazokuremesha gukora ivyiza.

RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 2, IKIGABANE CA 9

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Uwitwa ngo ni umugenzi wawe, canke kumbure umutima wawe, yoba ariko arakwosha gukora ibintu bibi? Raba ukuntu ushobora kunana!

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 14 Ariko ntiwumve, nta wudakora amakosa. (Abaroma 3:23) Rero, igihe umugenzi akubabaje mugabo mu nyuma akicuza vy’ukuri, uribuka ko “urukundo rupfuka ibicumuro indiri.”—1 Petero 4:8.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Hari umugenzi amata ku muntu kuruta uwo bavukana.”—Imigani 18:24.

IMPANURO

Nubeho wisunga ingingo ngenderwako zigororotse, maze abandi bagerageza kubaho nk’ukwo kwawe bazokwiyegereza. Bazokubera abagenzi beza kuruta abandi bose woronka!

WARI UBIZI . . . ?

Imana ntigira nkuzi, ariko ntipfa kwemerera uwo ari we wese ngo abe ‘umushitsi mw’ihema ryayo.’—Zaburi 15:1-5.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Kugira ndonke abagenzi beza, nzokora ibi: ․․․․․

Abantu bankurira noshima kugira abagenzi ni ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Ni kamere izihe woshima cane ko umugenzi wawe yoba afise? Kubera iki?

● Ni kamere izihe ukeneye gutsimbataza kugira ube umugenzi mwiza?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 60]

Igihe abavyeyi banje bansaba guca kure abagenzi bamwebamwe, nibwira ko ata bandi bagenzi nipfuza kwifatanya na bo atari abo. Ariko rero impanuro y’abavyeyi banje yari nziza, kandi aho mariye kwikuramwo ico ciyumviro campuma amaso, naratahuye ko abagenzi beza bari buzuye.’’—Cole

[Uruzitiro ku rup. 61]

Gerageza ibi vyiyumviro

Nuganire n’abavyeyi bawe ibijanye n’abagenzi. Bari bafise abagenzi bameze gute bakingana nawe? Boba bicuza ku bijanye n’abagenzi bahisemwo? Nimba bicuza, kubera iki? Babaze ukuntu wokwirinda ingorane zimwezimwe zabashikiye.

Niwereke abagenzi bawe abavyeyi bawe. Nimba utinya kubigira, niwibaze uti: ‘Biva ku ki?’ Hoba hari ikintu uzi ko abavyeyi bawe batoshima kuri bo? Nimba kiriho, hari aho woba ukeneye kurushiriza guhitamwo neza abagenzi bawe.

Nube umuntu azi kwumviriza. Niwiteho ineza y’abagenzi bawe n’ibibaraje ishinga.—Abafilipi 2:4.

Nuharire abandi. Ntiwitege ko abandi baba aberanda. “Twese dutsitara kenshi.”—Yakobo 3:2.

Reka umugenzi wawe aheme. Ntube ikimata. Umugenzi nyakuri azohaseruka igihe umukeneye.—Umusiguzi 4:9, 10.

[Ifoto ku rup. 63]

Igihe ugendera ku vyiyumviro vy’abandi kugira gusa bakwemere, uba ubaye nka kamwe muri utu dukinisho baza barunguruza uko bigombeye