Igihimba ca 5
Ico Womenya ku Vyerekeye Amageza, Uburozi n’Ubupfumu
1. Ukwemera ivy’amageza, uburozi be n’ubupfumu bikwiragiye ku rugero rungana iki?
“MURI Afirika, nta co vyoba bimaze gutangura kubaza ko abapfumu babaho canke batabaho.” Ivyo bivugwa n’igitabu kimwe (African Traditional Religion). Congerako yuko “ku Banyafirika abo ari bo bose ubupfumu ari ikintu gihambaye cane.” Mu bemera ivy’amageza, uburozi be n’ubupfumu, harimwo abatize hamwe n’abize cane. Indongozi z’amadini y’Abisilamu hamwe n’Abiyita Abakirisu na bo nyene baremera ivy’amageza.
2. Turavye ibikunda kwemerwa, ububasha bw’amageza buva hehe?
2 Turavye ivyo bakunda kwemera muri Afirika, hariho ububasha nsigabwenge, ububasha bw’ibintu bitaboneka. Imana ngo ni yo ibwifitiye mu ntoke. Imizimu be na basokuruza ngo barashobora kubukoresha. Kandi abantu bamwebamwe na bo nyene barazi ukuntu babukwega n’ukuntu babukoresha, haba ku neza (ivy’ukwikingira) canke ku nabi (ivy’uburozi).
3. Uburozi ni iki, kandi abantu bemera yuko bushobora gukora iki?
3 Uburozi bukoreshwa ku bansi. Abantu babukoresha babonwa yuko bafise ububasha bwo gutuma ibihungarema, inkuba, inzoka n’ibindi bikoko kugira ngo bitere abantu. Uburozi buremerwa henshi ko ari bwo butuma haba intambara, bugatuma umuntu aba ingumba, bugatera indwara, eka mbere n’urupfu.
4. Ni ibiki abantu benshi bemera ku vyerekeye abakonikoni, kandi ni amajambo ayahe yavuzwe n’abantu bamwebamwe bahoze bamogoreye ubupfumu?
4 Burafitaniye isano cane n’ubupfumu. Abantu bavuga yuko abapfumu b’abakonikoni biyambura imibiri yabo mw’ijoro hanyuma bakaguruka, kwaba ari ukuja guhura n’abandi bapfumu canke kunigura abo baba batubiranye. Kubera yuko ngo imibiri y’abo bakonikoni iguma isinziriye mu buriri bwabo, amakuru ashigikira ivyo bintu ahanini ava mu bivugwa n’abantu bahevye ubwo bupfumu. Nk’akarorero, ikinyamakuru kimwe co muri Afirika kirasubiramwo ivyavuzwe n’abahoze ari abapfumu (ahanini bakaba bari abakobwa b’imiyabaga), ngo bavuze bati: “Nishe abantu 150 mu kubateza amasanganya y’imiduga.” “Nishe abana batanu mu kubanunuza amaraso yose.” “Nishe abahungu batatu twakundana kubera banyanse.”
5. Ivy’ukwikingira bivugwa ko ari iki, kandi bigirwa gute?
5 Ivy’ukwikingira bibonwa yuko bikingira
umuntu kugirirwa nabi. Abakoresha ubwo buryo bw’ukwikingira barambara imiringa canke ubukomo bizigira ko birimwo ububasha bwo kubakingira. Baranywa imiti yo kwikingira canke bakayisiga ku mibiri yabo. Mu mazu yabo canke ku mbuga, barahazika ibintu bemera ko bifise ububasha bwo kubakingira. Barizigira ibiheko birimwo amajambo yakuwe muri Korowani canke muri Bibiliya.Ibinyoma be n’Urwenge
6. Ni ibiki Shetani n’amadayimoni yiwe bakoze muri kahise, kandi dukwiye kubona gute ububasha bwabo?
6 Ni ivy’ukuri yuko Shetani n’amadayimoni yiwe ari abansi bageramiye abantu. Barafise ububasha bwo kwosha imizirikanyi n’ubuzima bw’abantu, kandi muri kahise baraninjira mu bikoko no mu bantu, bakanavyizizira. (Matayo 12:43-45) Naho tudakwiye gufatira mu rwara ububasha bwabo, ntidukwiye no guha agaciro karenze urugero ubwo bubasha.
7. Shetani ashaka ko twemera iki, kandi ivyo bitangirwa akarorero gute?
7 Shetani ni we mutware w’uruhendo. Arahenda abantu agatuma biyumvira yuko afise ububasha burengeye ubwo yari kugira. Tubitangire akarorero: mu ntambara iheruka kuba mu gihugu kimwe co muri Afirika, abasoda barakoresha ibikoresho bisohora amajwi kugira ngo batere ubwoba abansi babo. Imbere y’uko batera, abasoda baravuza n’ijwi ryo hejuru amakaseti bafatiyeko amajwi ya vya muzinga be n’ibikoho. Bashaka yuko umwansi wabo yiyumvira ko bari batewe n’ingabo zifise ibirwanisho vyinshi bikomakomeye. Muri ubwo buryo nyene, Shetani ashaka yuko abantu bemera ko ububasha bwiwe butagira aho bugarukira. Intumbero yiwe ni iyo gutera ubwoba abantu kugira ngo bakore ivyo agomba aho gukora ivyo Yehova agomba. Nimuze turimbure ibinyoma bitatu Shetani ashaka yuko abantu bemera.
8. Ni ikinyoma kimwe ikihe Shetani aremesha?
8 Ikinyoma kimwe Shetani aremesha ni iki: Ngo nta kintu na kimwe kigira nabi gipfa kwizana; ikintu cose kibi kidakozwe n’umuntu ubwiwe, kiza biciye ku bubasha nsigabwenge. Nk’akarorero, dufate ko umwana apfuye yishwe na malariya. Nyina wiwe ashobora kuba azi yuko malariya ari indwara iterwa n’imibu. Mugabo ashobora kandi kwemera yuko hari umuntu yakoresheje uburozi mu kurungika umubu kurya umwana wiwe.
9. Bibiliya yerekana gute yuko Shetani adateza ingorane iyo ari yo yose?
9 Naho Shetani afise ububasha bwo guteza ingorane zimwezimwe, si vyiza kwemera yuko afise ububasha bwo guteza ingorane yose. Bibiliya ivuga iti: ‘Mu gusiganwa, impayamaguru si zo zisiga abandi, kandi mu ntambara, abanyenkomezi si bo batsinda, kandi n’abanyabwenge si bo baronka indya, kandi abakerebutse si bo baronka itunga, kandi abahanga si bo batona; ariko ibihe n’ibiza ku muntu bipfa ku bazako bose.’ (Umusiguzi 9:11) Umwirutsi umwe mw’isiganwa ashobora kuba anyaruka kurusha abandi, mugabo birashika ntatsinde. “Ibiza ku muntu” bimwebimwe bishobora gutuma adatsinda. Kumbure yajugumiye hanyuma aratemba canke aragwara, cabure arakashuka. Ivyo bintu birashobora gushikira umuntu uwo ari we wese. Si ngombwa ngo bibe bitewe na Shetani canke bivuye ku burozi; bipfa gushika gusa.
10. Ni ibiki bivugwa ku vyerekeye abapfumu, kandi tuzi gute yuko ico ari ikinyoma?
10 Ikinyoma kigira kabiri Shetani aremesha
ni iki: Abapfumu b’abakonikoni bariyambura imibiri yabo hanyuma bakagenda mw’ijoro kugira ngo baje guhura n’abandi bapfumu canke banunuze canke barotse ubuzima bw’abo baba batubiranye. Ubu rero niwibaze uti: ‘Nimba abapfumu bashobora gukora ivyo bintu, ni igiki vy’ukuri kiva mu mubiri ngo kigende?’ Nk’uko twabibonye, ubugingo ni bwo muntu, si ikintu gishobora kuva mu muntu. Vyongeye, impwemu ni inguvu y’ubuzima ituma umubiri ugira inkomezi mugabo ntishobora gukora ikintu na kimwe itari kumwe n’umubiri.11. Ni kuki tuzi yuko abapfumu badashobora kwiyambura imibiri yabo, kandi ivyo woba uvyemera?
11 Bwaba ubugingo canke impwemu nta na kimwe gishobora kuva mu mubiri ngo gikore ikintu na kimwe, caba ari ciza canke ari kibi. Gutyo, abapfumu ntibashobora kwiyambura imibiri yabo. Mu vy’ukuri ntibaba bakoze ibintu bivugisha yuko bakora canke biyumvira yuko bakoze.
12. Shetani abigenza gute ngo abantu bemere yuko bakoze ibintu kandi ata vyo bakoze?
12 Dushobora gusigura gute amajambo avugwa n’abahoze bamogoreye ivy’ubupfumu? Shetani arashobora gutuma abantu bemera yuko babonye ibintu kandi ata vyo babonye. Biciye ku kwerekwa nko mu ndoto, Shetani arashobora gutuma abantu biyumvira yuko babonye, bumvise be n’uko bakoze ibintu kandi ata vyo bakoze. Muri ubwo buryo, Shetani aba yizigiye kwonkora abantu kuri Yehova no gutuma biyumvira yuko Bibiliya atari iy’ukuri.
13. (a) Ibintu vyo kwikingira akabi vyoba ari vyiza? (b) Ivyanditswe bivuga iki ku bivyerekeye?
13 Ikinyoma kigira gatatu ni iki: Ngo ivy’ukwikingira akabi, ni ukuvuga ibintu bifatwa ko birwanya uburozi, bibonwa ko ari vyiza. Bibiliya ntishiraho itandukaniro hagati y’ibintu vyo kwikingira be n’ibirozi. Ivyiyamiriza vyose. Rimbura amategeko Yehova yahaye ihanga rya Isirayeli ku vyerekeye ubupfumu be n’ababumogoreye:
-
“Ntimuze . . . mupfumuze.”—Abalewi 19:26.
-
“Umugabo cank’umugore bahamagara imizimu, canke bakaba abamenyi, ntibaze babure kwicwa.”—Abalewi 20:27.
- “Muri mwebge ntihaze haboneke . . . ūtera amabara, cank’umupfumu, cank’umurozi, cank’umwābūzi, cank’ūja guhamagara imizimu.”—
14. Ni kuki Yehova yashizeho amategeko yiyamiriza ivy’ubupfumu?
14 Ayo mategeko yaratomoye yuko Imana idashaka ko abasavyi bayo bakoresha ivy’ubupfumu. Yehova yahaye ayo mategeko abasavyi biwe kubera yabakunda kandi akaba atashaka ko bacika abaja b’ubwoba n’ibintazi. Ntiyashaka ko bahahazwa n’amadayimoni.
15. Bibiliya yerekana gute yuko Yehova afise ububasha burengeye rwose ubwa Shetani?
15 Naho Bibiliya itavuga ido n’ido ry’ivyo amadayimoni ashobora gukora n’ivyo adashobora gukora, irerekana yuko Yehova Imana afise ububasha burengeye kure n’iyo ubwa Shetani n’amadayimoni yiwe. Yehova yatumye Shetani yirukanwa mw’ijuru. (Ivyahishuriwe 12:9) Urabona kandi yuko Shetani yasavye uruhusha rwo kugerageza Yobu kandi akagamburuka imburizi y’Imana yo kutica Yobu.—Yobu 2:4-6.
16. Ni nde dukwiye guhanga amaso kugira ngo adukingire?
16 Imigani 18:10 havuga hati: “Izina [“rya Yehova,” NW] n’umunara ukomeye: umugororotsi awirukiramwo, akaba amahoro.” Dukwiye rero guhanga amaso Yehova kugira ngo abe ari we adukingira. Abasavyi b’Imana ntibahanga amaso ibiheko canke imiti kugira ngo bibakingire ibikorwa bibi vya Shetani be n’amadayimoni, eka kandi ntibatinya imitongero y’abarozi. Abasavyi b’Imana baremera ivyo Bibiliya ivuga iti: “Inyonga z’Uhoraho zinyuranganya mw isi yose hirya no hino, kugira ngo yerekane ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye.”—2 Ngoma 16:9.
17. Muri Yakobo 4:7 hadukura amazinda gute, mugabo dutegerezwa gukora iki?
17 Na wewe urashobora kugira ico cizigiro nimba ukorera Yehova. Yakobo 4:7 havuga hati: “Mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga.” Nimba ukorera Imana y’ukuri, ukayigamburukira, urashobora kwizigira udakeka yuko Yehova azogukingira.