Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 15

Kuvugana ubujijutsi

Kuvugana ubujijutsi

1 Abatesalonika 1:5

INCAMAKE: Niwerekane ko wajijutse yuko ivyo uriko uravuga ari ukuri be n’uko bihambaye.

UKO WOBIGIRA:

  • Niwitegure neza. Nusubiremwo ikiganiro cawe gushika utahuye ivyiyumviro nyamukuru n’ukuntu Bibiliya ibishigikira. Nugerageze kubishikiriza mu majambo make kandi yoroshe. Niwibande ku kuntu bizofasha abakwumviriza. Nusenge usaba impwemu nyeranda.

  • Nukoreshe amajambo aserura ukujijuka. Nukoreshe amajambo yawe, aho gusubiramwo ivyanditse ku rupapuro. Nukoreshe imvugo yerekana ko udakekeranya ku vyo uriko uravuga.

  • Niwerekane ko wajijutse. Nukoreshe ijwi rikwiye. Nuze uraraba abakwumviriza nimba ata co bitwaye aho iwanyu.