Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
Bakozi bo mu nzu bagenzi bacu bakundwa,
Ese ukuntu duhimbawe no kubandikira mu ntango z’uyu mwaka udasanzwe w’umurimo! Nko mu mpera z’umwaka wa 2014, hazoba haheze ikinjana cuzuye Umwami wacu Yezu Kristu twikundira atanguye kuganza hagati y’abansi biwe.
Mu ntango z’uyu mwaka w’umurimo, kw’ikoraniro ry’ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania rigirwa buri mwaka, Komite ijejwe guhindura Bibiliya y’isi nshasha yarasohoye impinduro iheruka gusubirwamwo y’icongereza ya ya Bibiliya nziza kuruta izindi mpinduro abantu boshobora kuronka. Yehova yarakoresheje abana biwe bavyawe n’impwemu kugira ngo haboneke Bibiliya y’isi nshasha ya mbere na mbere. (Rom. 8:15, 16) Ico kintu conyene nta nkeka ko gituma iyo mpinduro ya Bibiliya iba iyidasanzwe, siko none?
Mu myaka n’iyindi iheze, Komite nshingwayandika y’Inama Nyobozi
Turababara igihe twumvise ibigeragezo biba biriko birashikira abavukanyi na bashiki bacu twikundira. Birumvikana ko rimwe na rimwe bibagora kunezeranwa n’abavukanyi babo. Nk’akarorero, hari umuryango umwe wo muri Aziya uheruka gushikirwa n’ikintu catumye ubuzima bw’abawugize buhinduka rwose igihe inabibondo bukwi na bukwi yaba paralize umubiri wose. Abaganga bakanongoreye ntibatahuye igituma kandi vyarabananiye kumuvura. Mbega ukuntu bibabaje! Ubu umunega wiwe abwirizwa kumwitwararika amasaha 24 kuri 24. Umuhungu wabo be n’abakobwa babo babiri baratanga akarorero keza bwa bakirisu mu gushigikira abavyeyi babo babigiranye urukundo. Uwo muryango mwiza, eka na mwebwe mwese mwashoboye kwihanganira ibigeragezo bitandukanye, murashobora kwumva akanyamuneza kava ku kwihanganira ibigerageza ukwizera kwanyu. (Yak. 1:2-4) Yehova arakura amazinda abarobanuwe biwe be n’abo mu zindi ntama yuko tuzohimbarwa nitwaguma twihanganira ibigeragezo, kubera tuzohezagirwa mu kuronka ingabirano y’ubuzima budahera!
Mu mwaka uheze, Icibutso citabwe n’abantu 19.241.252. Ese ukuntu biremesha kubona abantu benshi gutyo batera iteka Yehova na Yezu Kristu mu kwitaba ikoraniro rihambaye ku basavyi b’Imana kuruta ayandi yose agirwa mu mwaka! Mu kiringo c’Icibutso, akaruru gakomeye k’amashemezo
Ese ukuntu bikomeza kumenya ko mu mwaka w’umurimo uheze abantu 277.344 bagaragaje ko biyeguriye Imana mu kubatizwa mu mazi kandi ubu bakaba bari muri ya nzira ijana mu buzima bari kumwe n’abavukanyi babo bo kw’isi yose! (Mat. 7:13, 14) Abo bashasha barakeneye ko tubafasha kuba abantu “[ba]tanyiganyiga mu kwizera.” (Kol. 2:7) Umwe wese nabandanye kuremesha mugenziwe kwihangana gushika kw’iherezo. (Mat. 24:13) “Muyagishe abadendebukiwe n’ijwi ryirura, mufate mu mugongo abagoyagoya, mwiyumanganye kuri bose.” (1 Tes. 5:14) Mu gusozera, ese umwe wese muri twebwe ‘yosenga ubudahengeshanya,’ avuga ati: “Ubwami bwawe nibuze.”
Nimuhimbarwe n’iki Gitabu c’umwaka, kandi mumenye ko tubakunda mwebwe mwese mukunda Yehova!
Abavukanyi banyu,
Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova