SIERRA LEONE NA GUINÉE
Amashirahamwe akorera mw’ibanga
AMASHIRAHAMWE akorera mw’ibanga arakwiragiye hirya no hino muri Afrika y’uburengero kandi agizwe n’abantu bo mu bwoko butandukanye, imico kama itandukanye be n’indimi zitandukanye. Ayo mashirahamwe aragenzura ivyo abanywanyi bayo bakora mu kibano, mu vy’indero be no mu vya politike. Yamara, igikorwa cayo nyamukuru kijanye n’ivy’idini. Abiri mu mashirahamwe manini akorera mw’ibanga ni iryitwa Poro (ry’abagabo) be n’iryitwa Sande (ry’abagore). * Nk’akarorero, ishirahamwe Poro ryihatira “kugenzura ibiremwa vy’impwemu rikiyemeza ko bifasha abantu mu buryo ngirakamaro.”
Abagabo baba ari ho bacinjira mw’ishirahamwe Poro barigishwa amabanga yerekeye ibiremwa vy’impwemu be n’ububasha bw’ubupfumu, kandi barabarasaga. Abagore baba ari ho bacinjira mw’ishirahamwe Sande na bo nyene bariga imihamuro kandi baragenyerwa, naho uwo mugenzo wahagaritswe mu turere tumwetumwe.
Ayandi mashirahamwe akorera mw’ibanga aracungera ibijanye n’igitsina kandi arakoresha ubupfumu mu kugerageza kuvura abantu barwaye mu mutwe canke izindi ndwara. Mu gihe c’intambara y’abanyagihugu yabaye muri Sierra Leone, hari ishirahamwe rikorera mw’ibanga ryavuga ko abanywanyi baryo badafatwa n’amasoro. Barabesha.
Abanywanyi b’ayo mashirahamwe barabuzwa guhishurira abandi ivyo mu mugwi wabo be n’imigirwa yabo. Umuntu atubahirije amategeko be n’akarangamutima k’ishirahamwe rikorera mw’ibanga arashobora kwicwa.
^ par. 3 Mu turere tumwetumwe, ishirahamwe Sande ryitwa Bondo.