SIERRA LEONE NA GUINÉE
Ibintu nyamukuru biranga Sierra Leone na Guinée
Igihugu Ivyo bihugu vyompi birafise inkengera zo kw’ibahari zijaga, ibiyaya vyuzuyemwo ivyatsi, amataba barimamwo be n’imisozi miremire iri hagati mu gihugu. Muri Guinée ni ho hari amasôko y’inzuzi nyamukuru ziri muri Afrika y’uburengero, ari zo Gambiya, Niger na Senegale.
Abanyagihugu Ubwoko bw’aba Mende n’aba Temne ni bwo bwoko bugizwe n’abantu benshi kuruta ubundi mu bwoko 18 bw’imvukira za Sierra Leone. Abitwa Krio, bano bakaba bakomoka ku Banyafrika bari bagizwe abashumba, baba canecane mu micungararo ya Freetown. Muri Guinée hari amoko arenga 30, ayagizwe n’abantu benshi kuruta ayandi akaba ari ayitwa Fulani, Mandingo be na Susu. *
Idini Nk’ibice 60 kw’ijana vy’abantu bo muri Sierra Leone ni abisilamu; abasigaye nka bose ni abavuga ko ari abakirisu. Muri Guinée hafi
ibice 90 kw’ijana ni abisilamu. Abantu nka bose bo muri ivyo bihugu baraja mu migenzo ijanye n’amadini ya kera yo muri Afrika.Ururimi Buri bwoko bufise ururimi rwabwo. Ururimi nyamukuru ruvugwa muri Sierra Leone ni urwitwa krio, runo rukaba ari uruvange rw’icongereza, indimi z’Abanyaburaya be n’indimi zo muri Afrika. Ururimi rukoreshwa mu nzego za Leta muri Guinée ni igifaransa. Nk’ibice 60 kw’ijana vy’abantu bo muri kimwekimwe muri ivyo bihugu ntibazi gusoma no kwandika.
Ibibatunze Abantu nka bose ni abarimyi, ariko barima ibibatunga gusa. Diyama iri ahantu hahoze haca inzuzi ni yo yinjiza hafi ica kabiri c’amahera Sierra Leone ironka mu gushora ibintu hanze. Guinée ni kimwe mu bihugu vyo kw’isi birimwo ubutare bwinshi cane bwitwa bauxite buvamwo aluminium.
Ibifungurwa Imvugo ikunze gukoreshwa ni “Ntariye umuceri si mba ndiye!” Icitwa fufu, kino kikaba ari imyumbati batogotesha maze bakayihondahondera mu gicumbe, akenshi gikozwa inyama, ivyitwa okra be n’isosi ikarishe.
Ikirere Ku nkengera haba hashushe kandi hakanye. Mu misozi harakanye. Mu ci, umuyaga ushushe uva mu bugaragwa bwa Sahara witwa harmattan uramara imisi uriko urahuhuta, ivyo bigatuma ubushuhe bugabanuka kandi ako karere kakuzura ivumbi.
^ par. 4 Amoko amwamwe afise amazina menshi.
|
SIERRA LEONE |
GUINÉE |
---|---|---|
IGIHUGU (Ibilometero kwadarato) |
27.699 |
94.926 |
ABANYAGIHUGU |
6.092.000 |
11.745.000 |
ABAMAMAJI MU 2013 |
2.039 |
748 |
HARI UMWAMAMAJI 1 KU BANTU |
2.988 |
15.702 |
ABITAVYEICIBUTSO MU 2013 |
8.297 |
3.609 |