Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Bavukanyi dukunda,

Mu kinjana c’indwi imbere ya Kristu, umuhanuzi Ezekiyeli yareretswe ibintu bitangaje. Yabonye umukogote munini wo mw’ijuru uriko uyoborwa na Segaba w’ibiriho vyose. Ikintu cari gitangaje cane ni ukuntu uwo mukogote wagenda. Wanyaruka buravyo. N’igihe waba ugomba guhindura inzira, ntiwabanza kugabanya umuvuduko canke gukata!​—Ezk. 1:4, 9, 12, 14, 16-27.

Ivyo bintu yeretswe biratwibutsa ko igice co mw’ijuru c’ishirahamwe rya Yehova kiguma kigenda. Bite ho ku gice co kw’isi? Ivyabaye mu mwaka w’umurimo uheze birerekana neza ko na co nyene kiriko kiragendera ku muvuduko udasanzwe!

Igice co mw’ijuru c’ishirahamwe rya Yehova kiguma kigenda

Ng’aha muri Amerika, abagize umuryango wa Beteli bariko barimuka bava i Brooklyn. Bamwe bariko bimukira ku cicaro gikuru gishasha i Warwick muri New York, abandi mu zindi nyubakwa za Beteli, abandi na bo mu ndimiro. Abanyabeteli bo ku yandi mashami amwamwe hirya no hino kw’isi na bo nyene bari mu kazi kenshi ko kwubaka, gusanura, gufatana n’ayandi mashami no kwimuka. Weho bite? Naho utoba uriko urimuka, hariho ibindi bintu uriko urakora.

Inama Nyobozi irakorwa ku mutima n’ukuntu abasavyi b’Imana bo kw’isi yose bariko barakora cane kandi bakaguma bajana n’ishirahamwe rya Yehova. Benshi baragiye gukorera ahakenewe abamamaji. Abandi baragize uruhara mu yindi mice y’umurimo, nko kwamamaza mu zindi ndimi. Abandi benshi baragerageje uburyo bwo kwamamaza batari bamenyereye. Hari n’abandi benshi baguye umurimo mu bundi buryo. Abakirisu bose b’abizigirwa, tutibagiye abashaje n’abafise amagara make, bariko barasiganirwa ubuzima badahemuka mu gukorera Yehova bivuye inyuma no mu kwerekana ko Shetani ari umubeshi!​​—1 Kor. 9:24.

Nimumenye neza yuko Yehova abona agatima mugaragaza. (Heb. 6:10) Ukwitanga kwanyu kuratwibutsa Aburahamu na Sara. Aburahamu ageze mu myaka 70, yarimutse n’umuryango wiwe ava mu gisagara c’Abakaludaya ca Uri, aja kure cane i Kanani. Imyaka ijana yari asigaje kubaho yayimaze aba mu mahema aho i Kanani. Emwe, Aburahamu na Sara baritanze cane!​—Ita. 11:31; Ivyak. 7:2, 3.

Nawe woba uriko uritanga? Mwese abariko barihangana muri ibi bihe bigoye, muriko murakora ivyo Yezu yadusavye gukora. Yavuze ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda.”​—Mat. 28:19.

Iyo mvugo Yezu yakoresheje ngo “nimugende” na yo nyene irerekana ko dukwiye kuguma dukora. Biraremesha cane kubona ibintu vyinshi abigishwa ba Kristu b’abanyamwete baranguye mu mwaka uheze! Biragaragara ko Yehova yahezagiye cane igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami mu mahanga yose.​—Mrk. 13:10.

Abantu benshi bariko barakira iyo nkuru nziza. Muri uyu mwaka uheze, twashitse ku bamamaji 8.340.847, buri kwezi tukaba twayoboye inyigisho 10.115.264. Si agaseseshwarumuri, umukogote wo mw’ijuru uguma ugenda, kandi na mwebwe ni ukwo! Nimubandanye ico gikorwa ciza muri iki gihe Yehova agihaye abantu akaryo ko kurokoka.

Birabereye kubona icanditswe c’umwaka wa 2017 kivuga giti: “Niwizigire Yehova, ukore iciza.” (Zab. 37:3) Iyo tugamburutse ayo majambo, tugakora iciza mu kurangurira Yehova umurimo mweranda, tuba twerekanye ko tumwizigira. Urama wibuka ko udatamba wirorera. Muri Matayo 28:20, Yezu yavuze ati: “Ehe ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.” Yezu yama ari kumwe natwe nk’uko yabisezeranye.

ICANDITSWE C’UMWAKA WA 2017:

“Niwizigire Yehova, ukore iciza”

Numenye neza ko Yehova azobandanya guhezagira igikorwa umurangurira udahemuka. Waba ukora vyinshi canke bike, igihambaye kuri we ni uko ukora ivyo ushoboye vyose kandi ukabikora ubitumwe n’imvo nziza. Ivyo tumukorera vyose biramuhimbara kandi arabishima. (2 Kor. 9:6, 7) Nubandanye rero kwiyegereza uwo Muvyeyi wawe agukunda mu kwama umusenga, mu kwiyigisha Ijambo ryiwe, mu kwitaba amakoraniro no mu kugira umwete mu ndimiro.

Muri iki “gihe gito” Shetani asigaranye, uwo mubisha ariteguriye gukoresha uburyo bwose afise kugira atume duhemukira Yehova. (Ivyah. 12:12) Niwaguma wiyegereje Yehova, Shetani ntazoronka aho aguca. (Zab. 16:8) Nimumenye ko tubakunda cane be n’uko dushima ukuntu mudufasha guteza imbere ivyungura Ubwami muri iyi misi ya nyuma.

Abavukanyi banyu,

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova