Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kwamamaza ku gituro c’utumodoka twenena ku ntsinga i Khulo

JEWOROJIYA

“Iyo ni yo ntoranwa y’abasavyi ba Yehova.”​—Yes. 54:17.

“Iyo ni yo ntoranwa y’abasavyi ba Yehova.”​—Yes. 54:17.

ABASAVYI ba Yehova bo muri Jeworojiya bamye bamamaza n’umwete mwinshi, kandi Yehova yarabahezagiye. Ivyo vyatumye inkuru nziza ishika mu turere twose tw’ico gihugu.

Hejuru: Bagiye kwamamaza mu karere ka Ushguli ko mu misozi

Mu myaka iheze, abamamaji b’abanyamwete hamwe n’abatsimvyi baritayeho cane abantu bo mu turere twamamazwamwo gake. Mu misozi, hariho uturere turi ahantu kugira ushikeyo bisaba ko ugenda n’imodoka y’insimbabisaka canke mwene twa tumodoka twenena ku ntsinga.

Bariko baramamaza i Svaneti

Kuva mu 2009, buri mwaka ishami ryo muri Jeworojiya riramenyesha amashengero yose ivyibare bitagira ababikoreramwo, bigahimiriza abavukanyi kuja kwamamazayo. Benshi bisaba ko bitanga cane kugira baje kwamamaza muri ivyo vyibare.

Ana na Temuri Bliadze

Temuri Bliadze na Ana bari bakiri abageni igihe bamenya ko mu karere k’imisozi kitwa Ajaria hakenewe cane abamamaji. Bagomba kwubaka mw’iparasera bari baherutse kugura, ariko baca baronka akaryo ko kwagura umurimo.

Babanje kumara indwi i Ajaria. Temuri aratubwira ingene basanze ibintu vyifashe, ati: “Abamamaji baho wasanga bagira ingendo ndende kugira bashike mu tugwati dutoduto. Twari dufise umuduga w’insimbabisaka, kandi naciye mbona ko uzodufasha cane.”

Ana yongerako ati: “Kwimuka ntivyari vyoroshe kuko twumva umenga ntitwovirira ishengero ryacu n’umuryango wacu. Ariko Yehova yaraduhezagiye.” Temuri na Ana bamaze imyaka irenga itatu mu mugwi w’i Keda, mu karere ka Ajaria.

Abatsimvyi bazi guteka umutwe

Abatsimvyi badasanzwe b’igihe gito barafashije cane kwamamaza mu turere twa kure. Ikiringo bahawe giheze, benshi bahisemwo kwigumira mu turere bari barungitswemwo kugira bitwararike abo bigisha Bibiliya.

Bashiki bacu babiri b’abatsimvyi, bose bakaba bitwa Khatuna, barungitswe mu gisagara ciza ca Manglisi. Naho ata Cabona n’umwe yahaba, abo batsimvyi bararoraniwe. Ukwezi kwa mbere bayoboye inyigisho 9, ugukurikira 12, ugukurikira 15, hanyuma 18! Bahisemwo kugumayo kugira babandanye gufasha abo bantu.

Kugira abo batsimvyi baronke ikibabeshaho, vyasavye ko bateka umutwe cane. Ingenzi nyinshi ziza i Manglisi zirakunda ibifungurwa vyaho bihinguwe mu vyamwa vy’igiti c’ipinusi, bizwi ko ari ngirakamaro ku magara. Mu ntango, abo batsimvyi bararondera mwene ivyo vyamwa kugira bategure ivyo bifungurwa, bagaca babigurisha mw’isoko. Ariko bahavuye baronka ikindi kintu bikorako, batari banavyiteze.

Umusi umwe, hari umuntu bigisha Bibiliya yabazaniye imiswi y’inkoko. Yababwiye ko imwe mu nkoko ziwe yari yataye amagi mu gahinga, aza abona izanye uduswi. Uwo mugore yashaka kugabira iyo miswi abo bantu bamwigisha Bibiliya. Umwe muri abo batsimvyi yari amenyereye kworora inkoko. Baciye rero bahitamwo kworora inkoko kugira baronke ikibatunga.

Umwe muri abo batsimvyi avuga ati: “Yehova, abavukanyi hamwe n’abo twigisha Bibiliya baradufashije ku buryo twashoboye kumara imyaka itanu i Manglisi.” Ubu muri ako karere hari umugwi uteye imbere.

Khatuna Kharebashvili na Khatuna Tsulaia i Manglisi

Kwamamaza mu zindi ndimi

Mu myaka iheze, abanyamahanga benshi barimukiye muri Jeworojiya. Abatsimvyi benshi barabonye ko baronse akaryo ko kwagura umurimo. Baciye batangura kwiga izindi ndimi nk’icarabu, icongereza, igiperesi, igishinwa, igitirkiya n’ikinyazerbayijani.

Abatsimvyi benshi barimukiye mu migwi n’amashengero bikoresha izindi ndimi, abandi na bo bimukira mu bihugu bikeneye cane abamamaji. Giorgi na Gela bari bakiri bato igihe bimukira mu gihugu kibanyi. Giorgi avuga ati: “Twashaka gukorera Yehova uko dushoboye kwose, kandi kwimukirayo vyaraturonkeje akaryo ko kubigira.”

Gela yibutse igihe yamazeyo, avuga ati: “Kuba umukurambere mu karere nk’ako vyaranyigishije vyinshi. Biraryoshe cane kubona Yehova ariko aragukoresha mu gufasha ‘intama ziwe ntonto.’”​—Yoh. 21:17.

Giorgi yongerako ati: “Ingorane ntizari zibuze, ariko twashira umutima ku murimo wacu kandi ntitwigeze twicuza. Twabona ko turiko turakora ico twabwirizwa.”

Uwundi muvukanyi na we nyene yitwa Gela, yaramaze imyaka mikeyi akorera muri Tirkiya. Avuga ati: “Mu ntango ntivyanyoroheye kugumana umunezero kubera nari nciga ururimi rwaho. Ariko maze kurumenya ku buryo nshobora kuvugana n’abavukanyi hamwe n’abantu bo mu cibare, naragize umunezero utovugwa.”

Nino aramaze imyaka irenga cumi akorera ubutsimvyi i Istanbul muri Tirkiya. Avuga ati: “Nariboneye ukuboko kwa Yehova kuva nshika ng’aha. Gukorera ubutsimvyi mu mahanga biratuma buri musi wibonera ibintu nka birya dusoma mu Gitabu c’umwaka.”