JEWOROJIYA | 1991-1997
“Imana yaguma ikuza.”—1 Kor. 3:6.
JEWOROJIYA yikukiye mu 1991, ari na wo mwaka rya shirahamwe ry’ibihugu vyari bigize Uburusiya ryasambuka. Ariko amahinduka yabaye mu vya politike n’imigumuko y’abanyagihugu, vyatumye ubuzima butoroha. Genadi Gudadze, muri iyo myaka akaba yari umucungezi w’umuzunguruko, avuga ko abantu bashobora kwirirwa batondeye imikate.
Muri ivyo bihe, Ivyabona barakunda kubwira ubutumwa abantu baba batondeye imikate. Genadi avuga ati: “Muri ivyo bihe bigoye, abantu nka bose barakira neza ukuri twabashikiriza. Twararonse aderese nyinshi z’abipfuza kwiga Bibiliya.”
Amakoraniro aheze, abavukanyi baca basoma urutonde rw’amazina na aderese z’abasavye ko twobagendera. Abamamaji baca bitanga bakabagendera.
Levani Sabashvili, akaba yari umukurambere i Tbilisi, aribuka umugabo n’umugore bari banyotewe ukuri banditse basaba ko abamamaji babagendera. Avuga ati: “Abamamaji baranditse izindi aderese zose, ariko nta n’umwe yemeye kuja kuraba uwo mugabo n’umugore. Baba kure cane, kandi benshi muri twebwe bari bafise inyigisho zitari nke.”
Inyuma y’amezi makeyi, wa mugabo n’umugore barasubiye kwandika. Baranditse n’irigira gatatu; ico gihe hoho barahevye barongerako n’akajambo kibutsa abavukanyi ko batabagendeye bazokwagirwa n’amaraso yabo. (Ivyak. 20:26, 27) Levani yigana ati: “Hari mu misi mikuru irangiza umwaka, kandi akenshi twaririnda kugendera abantu muri ico kiringo. Mugabo twarabona ko tutosubira kubarindiriza.”
Uwo mugabo n’umugore bari Roini na Nana Grigalashvili. Erega umusi umwe mu gitondo, baratangaye babonye Levani n’uwundi muvukanyi baje kubaraba, naho hari igikonyozi. Baciye ubwo nyene batangura kwiga Bibiliya. Bo hamwe n’abana babo, ubu ni abatsimvyi basanzwe.
Nta ko batagize ngo barondere abashimishijwe
Abemera ukuri barerekana ko bakenguruka mu gutanga umwanya wabo, inguvu zabo n’ivyo batunze kugira babwire abandi inkuru nziza. Naho Badri na Marina Kopaliani bari bafise umuryango, bo hamwe n’abandi
bamamaji bama baja mu bigwati vya kure kubwira inkuru nziza abantu b’imitima nziraburyarya.Ku mpera y’indwi, Badri na Marina n’abahungu babo b’imiyabaga Gocha na Levani, baraja kwamamaza ahitwa Dusheti, mu misozi myiza cane yo mu buraruko bwa Tbilisi. Vyarashika bakagenda nk’ibilometero 150 mu mabarabara arimwo amakorosi menshi, bagiye mu bigwati vya kure.
Umusi umwe, hari umugore yatumiye Badri n’umukenyezi wiwe ngo bazoze aho akorera. Badri yigana ati: “Twahasanze abantu bashika 50 baturindiriye! Nkibabona narakangutse, mugabo maze gusenga naciye ntangura kubabwira ibivugwa muri Matayo ikigabane ca 24 bijanye n’imisi y’iherezo. Umuntu umwe yaratangaye, aca atubaza ati: ‘Ko abapatiri bacu batari bwatubwire ivyo bintu?’”
Icibutso caratumye benshi bumva ukuri
Icibutso carahaye Abanyajeworojiya benshi b’umutima nziraburyarya akandi karyo ko kwumva ukuri. Nk’akarorero, Icibutso cabereye kwa mushiki wacu Ia Badridze i Tbilisi mu 1990 caratumye abantu benshi bo mu kibano bashaka kumenya ivyariko biraba.
Badridze yaremeye ko Icibutso kibera mu nzu yiwe. We hamwe n’abana biwe barasohoye ibintu vyose vyari muri salo kugira haboneke ikibanza kinini. None yari gukura hehe intebe zari gukwira abari kuza bose? Muri Jeworojiya, imiryango ifise imanza yarakunda gukota imeza n’intebe. Kubera ko Badridze yakose intebe gusa, benezo baguma bamubaza bati: “Nta meza utwara? None muza kurira ku ki?”
Badridze yararonkeye ikibanza abantu bose bari baje ku Cibutso. Ndagufinze bari bangahe? Bari 200! Ntibitangaje kubona ababanyi benshi baguma babaza ibijanye n’Ivyabona vya Yehova.
Icibutso c’intibagirwa
Mu 1992, henshi mu gihugu abavukanyi barakose ibibanza bininibinini bagiriramwo Icibutso. Davit
Samkharadze, akaba yaba i Gori, aribuka ko umucungezi yababajije ingene bariko baritegurira Icibutso.Uwo mucungezi amenye ko bariko biyumvira kugirira Icibutso mu nzu y’umuvukanyi, yaciye ababaza ati: “Nta kibanza cagutse kiri aha mu gisagara? Mubona gute mugikose?” Kubera ko ico kibanza cajamwo abantu barenga 1.000, abamamaji bo ng’aho na bo bakaba barenga gatoyi 100, ntibabona ko bikenewe gukota ikibanza kinini gutyo.
Uwo mucungezi yaciye ababwira ati: “Hamwe umwamamaji wese yozana abantu cumi, ico kibanza coca cuzura.” Naho wamenga ico ciyumviro ntigishoboka, abamamaji barigoye baragikorerako. Barumiwe babonye abantu 1.036 ari bo bitavye Icibutso! *
Abatsimvyi barungikwa mu tundi turere
Mu 1992, muri Jeworojiya hari hakiriho uturere Ivyabona batari bwamamazemwo. None bari kwamamaza gute muri utwo turere kandi igihugu cari cugarijwe n’ubukene?
Tamazi Biblaia, akaba yaba mu burengero bwa Jeworojiya, agira ati: “Twarabonanye n’umucungezi turi abavukanyi nka bangahe kugira turabire hamwe icokorwa. Nta vyinshi twari tuzi ku kuntu igikorwa c’abatsimvyi badasanzwe gitunganijwe. Ariko twari tuzi ko vyihutirwa ko inkuru nziza yamamazwa.” (2 Tim. 4:2) Abavukanyi baciye batora abatsimvyi 16, babarungika mu turere dutandukanye tw’igihugu.—Raba ikarata.
Muri Rusama 1992, hari inama y’amasaha atatu yabereye
i Tbilisi yari igenewe kuremesha abatsimvyi bari barungitswe kumara amezi atanu bakorera muri utwo turere. Buri kwezi, abakurambere barabagendera kugira babaremeshe bongere babaronse utuntu bakeneye.Bashiki bacu babiri b’abatsimvyi, Manea Aduashvili na Nazy Zhvania, barungitswe mu gisagara ca Ozurgeti. Manea, uwari afise imyaka 60, yigana ati: “Twari tuzi umuntu yashimishijwe yaba hafi y’i Ozurgeti. Rero, tugishikayo twaciye tumubaza ingene twobonana. Dushitse iwiwe, twasanze aturindiriye ari kumwe n’abantu nka 30 yari yatumiye. Uwo musi twaratanguje inyigisho za Bibiliya zitari nke.”
Ibintu vyagumye bigenda neza no mu mezi yakurikiye. Inyuma y’amezi atanu gusa, abantu 12 bari bageze kubatizwa!
Ntibaruhiye ubusa
Abavukanyi babiri b’abatsimvyi, Pavle Abdushelishvili na Paata Morbedadze, barungitswe mu gisagara
ca Tsageri. Ico gisagara kiri mu karere kiganziwe n’abantu bumira ku migenzo ya kera ivanze n’inyigisho z’abiyita abakirisu.Hari hegereje urushana rukaze kandi amezi atanu abo batsimvyi bari bahawe yari mu kurangira. Paata yari yatumiwe gufasha mu gikorwa c’ubuhinduzi mu kandi karere. Pavle rero yabwirizwa gufata ingingo. Yigana ati: “Nari nzi ko bitari kunyorohera kumara urushana i Tsageri. Ariko inyigisho zacu zari zigikeneye gufashwa. Naciye rero mfata ingingo yo kugumayo.”
Pavle abandanya ati: “Nabana n’umuryango umwe. Nirirwa mu ndimiro. Ku mugoroba naca manuka guteramira hamwe n’uwo muryango muri salo, tukaba turota. Hageze kuryama naca nduga mu cumba, nkambara inkofero isusurutsa nkaca nipfuka uburengeti.”
Igihe abakurambere baja kugendera Pavle mu gatasi, abantu 11 ni bo bari bageze kuba abamamaji. Haciye igihe gito, bose barabatijwe.
^ ing. 20 Mu 1992, muri Jeworojiya hari abamamaji b’abanyamwete 1.869, abitavye Icibutso na bo bari 10.332.