Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 13

Abamamaji b’Ubwami bitura amasentare

Abamamaji b’Ubwami bitura amasentare

IVYO IKI KIGABANE CIBANDAKO

Nk’uko Yezu yari yarabivuze, hari abikika inyuma y’amategeko mu kurwanya igikorwa co kwamamaza kirangurwa n’abayoboke biwe

1, 2. (a) Ni igiki indongozi z’idini zashoboye gukora ku bijanye n’igikorwa co kwamamaza, mugabo intumwa zavyifashemwo gute? (b) Kubera iki intumwa zanse kugamburuka itegeko ryazibuza kwamamaza?

 NI INYUMA gatoyi ya Pentekoti yo mu 33. Ishengero rya gikirisu ry’i Yeruzalemu rimaze amayinga makeyi gusa rishinzwe. Bigaragara ko Shetani abona ko ari co gihe co kurihagurukira. Ashaka kurizimanganya ritarakomera. Aca akora ku buryo atuma indongozi z’idini zibuza igikorwa co kwamamaza Ubwami. Ariko intumwa zirabandanya kwamamaza n’umutima rugabo, bigatuma abagabo n’abagore benshi bacika “abemera Umukama.”​—Ivyak. 4:18, 33; 5:14.

Intumwa zaranezerewe ‘kubera ko zari zabonywe ko zibereye guteterezwa ku bw’izina ryiwe’

2 Ababarwanya barongera kugaba igitero barakaye, ubu ho bagaca bata mw’ibohero intumwa zose. Ariko mw’ijoro umumarayika wa Yehova arugurura imiryango y’iryo bohero, maze mu mutwenzi izo ntumwa zigasubira kwamamaza! Zirongera gufatwa zikajanwa imbere y’abategetsi, bano bakazagiriza ko zarenze itegeko rizibuza kwamamaza. Intumwa zica zivugana ubutinyutsi ziti: “Dutegerezwa kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.” Nya bategetsi barashangashirwa cane ku buryo baca bashaka ‘kuzica.’ Mugabo muri ico gihe kitoroshe, umwigisha w’Itegeko w’umwubahwa yitwa Gamaliyeli arafata ijambo akagabisha abo bategetsi ati: “Mwiyubare . . . Ntimwisuke mu vy’aba bantu, ahubwo nimubareke.” Igitangaje, abo bategetsi baremera iyo mpanuro abahaye bakarekura intumwa. None abo bagabo b’abizigirwa baca bakora iki? Barabandanya ata bwoba “kwigisha no kumenyesha inkuru nziza yerekeye Kristu ari we Yezu, badatezura.”​—Ivyak. 5:17-21, 27-42; Imig. 21:1, 30.

3, 4. (a) Ni uburyo ubuhe Shetani amaze igihe kirekire akoresha kugira atere abasavyi b’Imana? (b) Ni ibiki twihweza muri iki kigabane no mu bigabane bibiri bikurikira?

3 Urwo rubanza rwo muri sentare rwo mu 33 bwari bwo bwa mbere abategetsi barwanya ishengero rya gikirisu, ariko ntibwari ubwa nyuma. (Ivyak. 4:5-8; 16:20; 17:6, 7) No muri iki gihe Shetani aracosha abarwanya ugusenga kw’ukuri ngo batume abategetsi babuza igikorwa cacu co kwamamaza. Abaturwanya baratwagirije ibintu bitandukanye. Hamwe ngo turahungabanya umutekano w’abanyagihugu mu gutera umudugararo. Ahandi ngo turi abagumutsi. Ahandi na ho ngo turi abantu bagenda baracuruza. Mu bihe bibereye, abavukanyi bacu barituye amasentare kugira berekane ko ivyo bintu twagirizwa atari vyo. None havuyemwo iki? Ingingo zafashwe n’amasentare mu myaka mirongo iheze zigira ico zikoze gute kuri wewe muri iki gihe? Reka twihweze imanza nkeyi twaburanye mu masentare kugira turabe uburyo butandukanye zafashije “kuburanira inkuru nziza no gutuma yemerwa n’amategeko.”​—Flp. 1:7.

4 Muri iki kigabane, turaraba canecane ukuntu twaburaniye uburenganzira dufise bwo kugira umwidegemvyo wo kwamamaza. Ibigabane bibiri bikurikira biraca irya n’ino zimwe mu ntambara twarwanye mu vy’amategeko turondera kuguma tutari ab’isi no kubaho twisunga ingingo ngenderwako z’Ubwami.

Turi abatera umudugararo, canke tuburanira Ubwami bw’Imana tudahemuka?

5. Mu mpera z’imyaka ya 1930, kubera iki abamamaji b’Ubwami bafashwe, kandi abari bahagarikiye igikorwa baciye biyumvira gukora iki?

5 Mu mpera z’imyaka ya 1930, ibisagara n’amaleta vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika vyararondeye guhata Ivyabona vya Yehova ngo barondere uruhusha rwemewe n’amategeko rwo kwamamaza. Mugabo abavukanyi bacu ntibarondeye impusha. Uruhusha rurashobora gufutwa, kandi babona ko ata ntwaro n’imwe ifise uburenganzira bwo kubuza abakirisu gushitsa itegeko Yezu yabahaye ryo kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami. (Mrk. 13:10) Ivyo vyatumye abamamaji b’Ubwami amajana bafatwa. Abari bahagarikiye ishirahamwe baciye biyumvira kwitura sentare. Bari bizigiye kwerekana ko Leta yari yahonyanze amategeko mu kwaka Ivyabona uburenganzira bafise bwo gukora mu mwidegemvyo ibikorwa bijanye n’idini ryabo. Mu 1938, hari ikintu cabaye gituma haba urubanza rw’intibagirwa rwogiye rurisungwa. Cari igiki?

6, 7. Ni ibiki vyashikiye umuryango wa Cantwell?

6 Ku wa kabiri mu gitondo, igenekerezo rya 26 Ndamukiza 1938, Newton Cantwell, uwari afise imyaka 60, n’umugore wiwe Esther be n’abahungu babo Henry, Russell na Jesse, bose uko ari batanu bakaba bari abatsimvyi badasanzwe, baragiye kumara umusi bamamaza mu gisagara ca New Haven c’i Connecticut. Mu vy’ukuri, bari biteguriye kumara umusi urenga umwe batari i muhira. Kubera iki? Bari bamaze gufatwa incuro nka zingahe, bakaba rero babona ko bosubiye gufatwa. Ariko ivyo ntivyagabanije icipfuzo bari bafise co kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami. Bashitse i New Haven bari mu miduga ibiri. Newton yari atwaye umuduga w’umuryango urimwo ibitabu bishingiye kuri Bibiliya n’amafono ngendanwa, Henry w’imyaka 22 na we akaba yari atwaye umuduga usamiriza amajwi. Nk’uko nyene bari bavyiteze, mu masaha nk’angahe barafashwe n’abapolisi.

7 Russell w’imyaka 18 ni we yatanguye gufatwa, hakurikira abavyeyi biwe Newton na Esther. Jesse, ico gihe akaba yari afise imyaka 16, yaritegereje ari nka hariya ingene abavyeyi biwe na mwene wabo batwarwa n’abapolisi. Henry yariko yamamaza mu kindi gice c’igisagara, rero Jesse uwari akiri muto yasigaye ari wenyene. Ariko nticabujije ko atora ifono yiwe akabandanya kwamamaza. Abagabo babiri b’abagatolika baramuretse aravuza insiguro ya Rutherford yavuga ngo “Abansi.” Mugabo uko bayumviriza ni ko ishavu ryatera riduga gushika n’aho bashaka kumukubita. Jesse yaciye yigira atekanye, ariko haciye akanya gatoyi umupolisi yaramuhagaritse. Jesse na we nyene rero yaruhukiye mu gasho. Abapolisi ntibagirije mushiki wacu Esther, mugabo bagirije umugabo wiwe Cantwell n’abahungu babo. Ariko uwo musi nyene bararekuwe barinze gutanga ingwati.

8. Kubera iki sentare yavuze ko Jesse Cantwell yagirwa n’icaha co gutera umudugararo?

8 Haciye amezi makeyi, muri Nyakanga 1938, umuryango wa Cantwell wararengutse muri sentare y’i New Haven. Newton, Russell, na Jesse baragiriwe n’icaha co kwaka intererano ata ruhusha babifitiye. Urubanza rwarungururijwe muri Sentare ntahinyuzwa y’i Connecticut, Jesse yagirwa n’icaha c’uko ngo yahungabanije umutekano mu gutera umudugararo. Kubera iki? Kubera ko ba bagabo babiri b’abagatolika bumviriza ya nsiguro basuye muri sentare bavuga ko iyo nsiguro yatuka idini ryabo ikongera ikabasomborotsa. Abavukanyi bari bajejwe amabanga mw’ishirahamwe ryacu ntibashimye iyo ngingo, baca bungururiza muri Sentare ntahinyuzwa ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ari yo sentare iri hejuru y’izindi zose muri ico gihugu.

9, 10. (a) Sentare ntahinyuzwa ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika yafashe ingingo iyihe mu rubanza rw’umuryango wa Cantwell? (b) Ni gute tucungukira kuri iyo ngingo?

9 Kuva ku wa 29 Ntwarante 1940, Charles E. Hughes Umukuru wa Sentare be n’abacamanza bagenziwe umunani, barumvirije ivyireguro vyashikirijwe n’umuvukanyi Hayden Covington, umushingwamanza w’Ivyabona vya Yehova. a Igihe umushingwamanza wa Leta ya Connecticut yashikiriza ibirego vyiwe yerekana ko Ivyabona batera umudugararo, umucamanza umwe yamubajije ati: “Si ivy’ukuri none ko ubutumwa Kristu Yezu yamamaza butakundwa n’abantu benshi mu gihe ciwe?” Nya mushingwamanza na we ati: “Ego, kandi nimba nibuka neza ibiri muri Bibiliya yanje, iravuga kandi ivyashikiye Yezu kubera yamamaje ubwo butumwa.” Emwe, ayo majambo yarahishura ikintu! Yari yerekanye atabizi ko Ivyabona vya Yehova bari mu mugwi umwe na Yezu, Leta na yo mu mugwi umwe n’abaciriye urubanza Yezu. Ku wa 20 Rusama 1940, iyo Sentare yarahurije hamwe ifata ingingo ishigikira Ivyabona.

Hayden Covington (imbere, hagati), Glen How (ibubamfu), be n’abandi, bakaba bari bavuye muri sentare bahejeje gutahukana intsinzi mu vy’amategeko

10 Iyo ngingo ya Sentare yari ifise akamaro akahe? Yarakingira mu buryo bwagutse uburenganzira umuntu afise bwo kuja mw’idini ashatse ku buryo ata maleta yunze ubumwe, Leta imwe ukwayo, canke ubutegetsi bwo mu karere kanaka vyari birekuriwe n’amategeko kugabanya umwidegemvyo wo gusenga. N’ikindi kandi, iyo Sentare yasanze inyifato ya Jesse “itabangamiye amahoro n’urutonde vy’abanyagihugu.” Ku bw’ivyo, iyo ngingo yarerekanye neza ko Ivyabona vya Yehova badahungabanya umutekano w’abanyagihugu. Vy’ukuri, iyo yari intsinzi ikomeye abasavyi b’Imana batahukanye mu vy’amategeko! Ni gute tucungukira kuri iyo ngingo? Icabona ca Yehova w’umushingwamanza avuga ati: “Kuba dufise uburenganzira bwo gukora ibikorwa bijanye n’idini ryacu mu mwidegemvyo tudatinya ko hoshingwa amategeko y’akarenganyo yo kutuburabuza, bituma muri iki gihe twebwe Ivyabona tubwira abandi bantu bo mu turere tubamwo ubutumwa butanga icizigiro.”

Turi abagumutsi, canke twamamaza ukuri?

Urwanko rukaze Kebeke yanka Imana na Kristu be n’umwidegemvyo, ni ikintu giteza isoni Kanada yose

11. Ni isekeza irihe abavukanyi bacu bo muri Kanada bagize, kandi kubera iki?

11 Mu myaka ya 1940, Ivyabona vya Yehova bo muri Kanada bararwanijwe bimwe bikaze. Ku bw’ivyo, mu 1946, abavukanyi baragize isekeza ry’imisi 16 ryo gushikiriza agapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Urwanko rukaze Kebeke yanka Imana na Kristu be n’umwidegemvyo, ni ikintu giteza isoni Kanada yose, kugira batangaze ukuntu Leta yahonyanga uburenganzira bujanye n’umwidegemvyo wo gusenga. Ako gapapuro k’inkuru nziza k’impapuro zine karashize ahabona imigumuko yatewe n’abakuru b’amadini, ubunyamaswa bwakozwe n’igipolisi, be n’amabi utugwi tw’abagumutsi twakoreye abavukanyi bacu bo mu ntara ya Kebeke. Kavuze gati: “Ivyabona vya Yehova barabandanya gufatwa hatisunzwe amategeko. Ubu hari imanza 800 Ivyabona vya Yehova bo mu Ntara ya Montréal bakurikiranwako.”

12. (a) Abaturwanya bakiriye gute iryo sekeza ryo gutanga ako gapapuro k’inkuru nziza? (b) Abavukanyi bacu bagirijwe icaha ikihe? (Raba kandi akajambo k’epfo.)

12 Aho Umushikiranganji wa mbere Maurice Duplessis wa Kebeke yari acuditse cane n’umukaridinali w’umugatolika Villeneuve aboneye ako gapapuro, yaciye atangaza ko atanguje “intambara ata kagongwe” yo kurwanya Ivyabona. Bidatevye igitigiri c’imanza carigwije na kabiri, kiva ku 800 gishika ku 1.600. Mushiki wacu umwe w’umutsimvyi yavuze ati: “Igipolisi caradufashe incuro nyinshi ku buryo tutashoboye no kuziharura. Ivyabona bafatwa bariko baratanga ako gapapuro, bagirizwa icaha co gukwiragiza “ikintu gitera umugumuko.” b

13. Ni bande babaye aba mbere mu kuburanywa bagirizwa gutera umugumuko, kandi sentare yafashe ingingo iyihe?

13 Mu 1947, umuvukanyi Aimé Boucher n’abakobwa biwe Gisèle w’imyaka 18 na Lucille w’imyaka 11, babaye aba mbere mu kuburanywa muri sentare bagirizwa gutera umugumuko. Bari baratanze twa dupapuro Urwanko rukaze rwa Kebeke hafi y’irimiro ryabo ryari mu mirambi yo mu bumanuko bw’igisagara ca Kebeke, ariko vyari bigoye kwiyumvira ko ari abagarariji batera umudugararo. Umuvukanyi Boucher yari umuntu yicisha bugufi kandi yitonda yitwararika neza irimiro ryiwe ritoyi, akaba rimwe na rimwe yaraja mu gisagara ari mu mukogote ukwegwa n’ifarasi. Ariko umuryango wiwe wari warakorewe amwe mu mabi yavugwa muri ako gapapuro. Umucamanza wa sentare, uno akaba yaranka Ivyabona, yaranse kwemera ibimenyamenya vyerekana ko Boucher n’abakobwa biwe ata caha cabagira. Ahubwo yemeye ivyo umushikirizamanza yavuze yuko ngo nya gapapuro kavyuye urwanko, ko rero bari bakwiye kwagirwa n’icaha. Ni nk’aho rero uwo mucamanza yabona ibintu muri ubu buryo: Kuvuga ukuri ni icaha! Aimé na Gisèle bagiwe n’icaha c’uko ngo bakwiragije ikintu gitera umugumuko, mbere n’umwana Lucille yamaze imisi ibiri mw’ibohero. Abavukanyi baciye bungururiza urubanza muri Sentare ntahinyuzwa ya Kanada, ari yo sentare iri hejuru y’izindi zose muri ico gihugu, ino ikaba yaremeye kwumviriza urwo rubanza.

14. Abavukanyi bacu b’i Kebeke bavyifashemwo gute mu myaka y’uruhamo?

14 Muri ico gihe nyene, abavukanyi na bashiki bacu b’umutima rugabo b’i Kebeke barabandanije kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami naho baguma bagabwako ibitero bikaze vy’urutavanako, akenshi ico gikorwa cabo kikaba caravamwo ivyiza bidasanzwe. Mu myaka ine yakurikiye rya sekeza rya ka gapapuro ryo mu 1946, igitigiri c’Ivyabona muri Kebeke caraduze kiva ku 300 gishika ku 1.000! c

15, 16. (a) Sentare ntahinyuzwa ya Kanada yafashe ingingo iyihe mu rubanza rw’umuryango wa Boucher? (b) Iyo ntsinzi yagiriye akamaro akahe abavukanyi bacu be n’abandi bantu?

15 Muri Ruheshi 1950, Sentare ntahinyuzwa yose ya Kanada, iyari igizwe n’abacamanza icenda, yarumvirije urubanza rwa Aimé Boucher. Haciye amezi atandatu, ku wa 18 Kigarama 1950, iyo Sentare yaraduciriye rwiza. Kubera iki? Umuvukanyi Glen How, akaba yari umushingwamanza w’Ivyabona vya Yehova, yasiguye ko iyo Sentare yemeye ivyiyumviro vyashikirijwe n’uruhande rw’ababuranywa yuko “kugumura abantu” ari ugutuma bakora ibintu vy’ububisha canke bakarwanya Leta. Ariko muri nya gapapuro k’inkuru nziza “nta kintu na kimwe carimwo catuma abantu bakora ibintu nk’ivyo, bukaba rero bwari uburyo bwemewe n’amategeko bwo gushikiriza ivyiyumviro.” Umuvukanyi How yongeyeko ati: “Nariboneye ukuntu Yehova yatanze intsinzi.” d

16 Vy’ukuri, iyo ngingo ya Sentare ntahinyuzwa yari intsinzi ikomeye Ubwami bw’Imana butahukanye. Yaciye ifuta izindi manza zose 122 zari mu masentare aho Ivyabona bo muri Kebeke bari baragirijwe ko bakwiragije ikintu gitera umugumuko. Vyongeye, iyo ngingo yasobanura ko “abenegihugu ba Kanada n’abo mu bihugu bikoresha icongereza bari baronse umwidegemvyo wo gushikiriza amakenga yabo ku bijanye n’ivyo Leta igira. N’ikindi kandi, iyo ntsinzi yari irangije igitero Leta ya Kebeke na Ekleziya bari baragavye ku burenganzira bw’Ivyabona vya Yehova. e

Turi abagenda bacuruza, canke turi abatangaza n’umwete Ubwami bw’Imana?

17. Amaleta amwamwe agerageza gute gucungera ibikorwa vyo kwamamaza turangura?

17 Nka kumwe kw’abakirisu bo mu ntango, muri iki gihe abasavyi ba Yehova si “abagenda bacuruza ijambo ry’Imana.” (Soma 2 Abakorinto 2:17.) Ariko ntikibuza ko amaleta amwamwe agerageza gucungera ibikorwa vyacu bijanye no kwamamaza akoresheje amategeko agenga ubudandaji. Reka twihweze imanza zibiri zo mu masentare zerekanye nimba Ivyabona vya Yehova ari abagenda baracuruza canke ari abasuku.

18, 19. Abategetsi bo muri Danemarke bagerageje gute kuburabuza igikorwa co kwamamaza?

18 Danemarke. Ku wa 1 Gitugutu 1932, harashizweho itegeko ryavuga ko kugurisha ibitabu ata ruhusha rwo kudandaza umuntu afise bitemewe n’amategeko. Ariko abavukanyi bacu nta ruhusha basavye. Bukeye, abamamaji batanu baramaze umusi wose bamamaza mu gisagara ca Roskilde kiri ku bilometero birenga 30 mu burengero bw’umurwa mukuru Copenhagen. Uwo musi urangiye, basanze umwe muri bo yitwa August Lehmann abuze. Yari yafashwe ahorwa yuko ngo ariko aragurisha ibintu ata ruhusha.

19 Ku wa 19 Kigarama 1932, August Lehmann yararengutse muri sentare. Yaremeje ko yari yagendeye abantu kugira abahe ibitabu bishingiye kuri Bibiliya, ariko arahakana ko atariko aradandaza. Sentare yaramushigikiye. Yavuze iti: “Uwuburanywa . . . arifise, kandi nta nyungu yahakuye, eka nta n’iyo yarondera, ahubwo ico gikorwa yakoze caramutwaye amahera.” Sentare yarashigikiye Ivyabona vya Yehova, ifata ingingo y’uko igikorwa Lehmann yakoze kitari “ukudandaza.” Ariko abarwanya abasavyi b’Imana bari biyemeje kubuza igikorwa co kwamamaza mu gihugu cose. (Zab. 94:20) Umushikirizamanza wa Leta yaciye yungururiza urubanza muri Sentare ntahinyuzwa y’igihugu. None abavukanyi bacu bavyifashemwo gute?

20. Sentare ntahinyuzwa ya Danemarke yafashe ingingo iyihe, kandi abavukanyi bacu baciye bakora iki?

20 Mu ndwi iyo Sentare ntahinyuzwa yari kwumviriza urwo rubanza, Ivyabona vya Yehova bo muri Danemarke baciye barushiriza kwamamaza. Ku wa kabiri igenekerezo rya 3 Gitugutu 1933, iyo Sentare ntahinyuzwa yaramenyesheje ingingo yari yafashe. Yarashigikiye urubanza rwari rwaciwe na sentare iri munsi yayo rw’uko August Lehmann atari yararenze itegeko. Iyo ngingo yasobanura ko Ivyabona boshoboye kubandanya bamamaza mu mwidegemvyo. Kugira ngo abavukanyi na bashiki bacu bakengurukire Yehova kubona yarabahaye iyo ntsinzi mu vy’amategeko, baciye mbere biva inyuma mu kwamamaza. Kuva iyo Sentare ifashe iyo ngingo, abavukanyi bacu bo muri Danemarke barashoboye kurangura ubusuku bwabo Leta itababurabuje.

Ivyabona b’umutima rugabo bo muri Danemarke mu myaka ya 1930

21, 22. Ni ingingo iyihe Sentare ntahinyuzwa ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika yafashe mu rubanza rw’umuvukanyi Murdock?

21 Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ku w’iyinga igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 1940, umutsimvyi Robert Murdock n’ibindi Vyabona indwi barafashwe bariko baramamaza mu gisagara citwa Jeannette kiri hafi ya Pittsburgh, muri Leta ya Pensilivaniya. Bagiwe n’icaha c’uko ngo batarondeye uruhusha rwo gutanga ibitabu. Urwo rubanza rwarungururijwe muri Sentare ntahinyuzwa ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, iremera kurwumviriza.

22 Ku wa 3 Rusama 1943, iyo Sentare ntahinyuzwa yarashikirije ingingo yari yafashe, ikaba yashigikira Ivyabona. Iyo Sentare yariyamirije ivy’uko hari kubanza kuronderwa uruhusha, kubera ko ukwo kwari ugutoza “ikori ku burenganzira butangwa n’Ibwirizwa nshingiro rya Leta Zunze Ubumwe za Amerika.” Yarerekanye ko nya tegeko igisagara cashinze ritari ribereye kuko “ryagabanya umwidegemvyo wo kumenyesha amakuru be n’ubwigenge umuntu afise bwo kuja mw’idini ashatse.” Igihe Umucamanza William O. Douglas yariko ashikiriza iciyumviro benshi mu bari bagize iyo Sentare bahurijeko, yavuze ko igikorwa c’Ivyabona vya Yehova “atari ukwamamaza gusa; atari ugutanga ibitabu bijanye n’ivy’Imana gusa. Kigizwe n’ivyo bintu uko ari bibiri.” Yongeyeko ati: “Ico gikorwa c’ivy’Imana gihabwa uburenganzira bungana . . . n’ubwo gusengera mu masengero be n’ukwigishiriza imbere y’abantu mu rusengero.”

23. Kubera iki intsinzi twatahukanye muri sentare mu 1943 zihambaye kuri twebwe muri iki gihe?

23 Iyo ngingo ya Sentare ntahinyuzwa yari intsinzi ikomeye abasavyi b’Imana batahukanye mu vy’amategeko. Yaremeje ko tutari abadandaza, ahubwo ko turi abasuku bakirisu. Kuri uwo munsi w’intibagirwa wo mu 1943, Ivyabona vya Yehova baratsinze muri Sentare ntahinyuzwa 12 mu manza zabo 13, harimwo n’urwa Murdock. Izo ngingo za sentare zarisunzwe cane mu manza za vuba twaburanye muri sentare, aho abaturwanya bongeye kwerekana ko tudafise uburenganzira bwo kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami ku mugaragaro be n’inzu ku nzu.

“Dutegerezwa kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu”

24. Igihe hari intwaro ibujije igikorwa cacu co kwamamaza tuvyifatamwo gute?

24 Twebwe abasavyi ba Yehova turakenguruka cane igihe intwaro ziduhaye uburenganzira bwemewe n’amategeko bwo kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami mu mwidegemvyo. Ariko igihe hari intwaro ibujije igikorwa cacu co kwamamaza, duca gusa duhindura uburyo bwo gukora, tukakibandanya mu buryo ubwo ari bwo bwose bushoboka. Nka kumwe kw’intumwa, “dutegerezwa kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.” (Ivyak. 5:29; Mat. 28:19, 20) Muri ico gihe nyene, turitura amasentare kugira afute amategeko abuza igikorwa cacu. Ehe uburorero bubiri.

25, 26. Ni ibiki vyabaye muri Nikaragwa vyatumye abavukanyi bitura Sentare ntahinyuzwa, kandi havuyemwo iki?

25 Nikaragwa. Ku wa 19 Munyonyo 1952, umumisiyonari akaba n’umusuku w’ishami Donovan Munsterman yaragiye mu Biro biraba abinjira mu gihugu vy’i Managwa, umurwa mukuru wa Nikaragwa. Yari yategetswe kurenguka imbere y’intwazangabo Arnoldo García yari arongoye ivyo biro. Iyo ntwazangabo yabwiye Donovan ko Ivyabona vya Yehova bose bo muri Nikaragwa bari “babujijwe kubandanya kwamamaza inyigisho zabo no gukwiragiza ibikorwa vyabo bijanye n’idini.” Igihe iyo ntwazangabo García yabazwa igituma, yasiguye ko umushikiranganji wa Leta atari yarahaye Ivyabona uruhusha rwo kurangura igikorwa cabo be n’uko bagirizwa ko ari abakomunisita. None ni bande batwagiriza? Abakuru ba Ekleziya Gatolika.

Abavukanyi bo muri Nikaragwa igihe igikorwa cabo cari kibujijwe

26 Umuvukanyi Munsterman yaciye yitura Ubushikiranganji bwa Leta n’Amadini be n’umukuru w’igihugu Anastasio Somoza García, ariko nta cavuyemwo. Abavukanyi bacu baciye bahindura uburyo bwo gukora. Barugaye Ingoro y’Ubwami bikoranya mu migwi mitomito kandi barareka kwamamaza mu mabarabara, mugabo ntibahagaritse kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami. Muri ico gihe nyene bararungikiye Sentare ntahinyuzwa ya Nikaragwa urwandiko rwo kuyisaba ngo ikureho nya tegeko ryo kutubuza. Ibinyamakuru vyaramenyesheje cane ivy’ukwo kubuzwa be n’ivyari muri urwo rwandiko, kandi Sentare ntahinyuzwa yaremeye kwumviriza urwo rubanza. None havuyemwo iki? Ku wa 19 Ruheshi 1953, Sentare ntahinyuzwa yarasohoye ingingo abayigize bose bahurijeko ishigikira Ivyabona. Iyo Sentare yasanze ukwo kubuzwa guhonyanga umwidegemvyo ibwirizwa nshingiro ritanga wo guserura ivyiyumviro, gukora uko umutima ukubwiye, no kwerekana ivyo wemera. Yategetse kandi ko imigenderanire hagati ya Leta ya Nikaragwa n’Ivyabona vya Yehova isubira uko yahora.

27. Kubera iki Abanyanikaragwa batangajwe n’ingingo Sentare yafashe, kandi abavukanyi bacu babona ko baronse iyo ntsinzi kubera iki?

27 Abanyanikaragwa baratangajwe n’uko Sentare ntahinyuzwa yari yashigikiye Ivyabona. Gushika ico gihe, abakuru b’amadini bari baragize akosho gakomeye ku buryo iyo Sentare yirinda kubavuguruza. N’ikindi kandi, abategetsi bo muri Leta bari bafise ububasha bukomeye ku buryo bitakunda gushika ko iyo Sentare ifata ingingo zibavuguruza. Abavukanyi bacu babona ko baronse iyo ntsinzi kubera bari bakingiwe n’Umwami wabo no kubera ko babandanije kwamamaza.​—Ivyak. 1:8.

28, 29. Nko mu 1985, ni ihinduka irihe ryabaye muri Zayire?

28 Zayire. Nko mu 1985, muri Zayire (ahitwa ubu Republika iharanira demokarasi ya Kongo) hari nk’Ivyabona 35.000. Kubera ko ibikorwa vy’Ubwami vyaguma vyongerekana, ishami ryariko rirubaka izindi nyubakwa. Muri Kigarama 1985, ku mugwa mukuru Kinshasa harabereye ihwaniro mpuzamakungu, mu kibuga c’inkino co muri ico gisagara hakaba hari abavukanyi na bashiki bacu 32.000 bari baje bava mu mihingo myinshi yo kw’isi. Ariko mu nyuma ivy’abasavyi ba Yehova vyaratanguye guhinduka. Habaye iki?

29 Ico gihe, umuvukanyi Marcel Filteau yakorera muri Zayire, akaba yari umumisiyonari yava i Kebeke muri Kanada yari yarahamwe n’intwaro ya Duplessis. Yariganye ivyabaye ati: “Ku wa 12 Ntwarante 1986, abavukanyi bajejwe amabanga barahawe ikete rivuga ko ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova bo muri Zayire ritacemewe n’amategeko.” Iryo kete ryari ryateweko umukono n’umukuru w’igihugu Mobutu Sese Seko.

30. Ni ingingo ikomeye iyihe Komite y’ishami yabwirizwa gufata, kandi yahisemwo gukora iki?

30 Bukeye, iradiyo y’igihugu yatangaje iti: “Ntituzosubira kwumva Ivyabona vya Yehova muri [Zayire].” Haciye hakurikira uruhamo. Ingoro z’Ubwami zarasambuwe, abavukanyi bacu baramburwa utwabo, baratabwa muri yompi, barapfungwa, bongera barakubitwa. N’Ivyabona b’abana barapfunzwe. Ku wa 12 Gitugutu 1988, Leta yarafashe amatungo y’ishirahamwe ryacu, itongo ry’ishami n’amazu yari muri ryo bica vyigarurirwa n’abasoda. Abavukanyi bajejwe amabanga barituye umukuru w’igihugu Mobutu ariko ntibaronka inyishu. Komite y’ishami yabwirizwa rero gufata iyi ngingo itoroshe: “Twiture Sentare ntahinyuzwa, canke turindire?” Timothy Holmes, ico gihe akaba yari umumisiyonari n’umuhuzabikorwa wa komite y’ishami y’ico gihugu, avuga ati: “Twarasavye Yehova ubukerebutsi n’ubuyobozi.” Komite y’ishami imaze gutura isengesho, yarabonye ko kitari igihe kibereye co kwitura sentare. Ahubwo yaciye yitunira ku kwitwararika abavukanyi no kurondera uburyo butandukanye bwo kubandanya igikorwa co kwamamaza.

“Mu gihe c’urwo rubanza, twarabonye ukuntu Yehova ashobora guhindura ibintu”

31, 32. Ni ingingo ihambaye iyihe Sentare ntahinyuzwa ya Zayire yafashe, kandi iyo ngingo yafashije gute abavukanyi bacu?

31 Haciye imyaka, umukazo washirwa ku Vyabona waragabanutse, n’agateka ka zina muntu kararushiriza kwubahirizwa mu gihugu. Komite y’ishami yaciye ibona ko ari co gihe co kwitura Sentare ntahinyuzwa y’ubutungane bwa Zayire kugira twerekane ko itegeko ryo kutubuza ryari iry’akarenganyo. Igitangaje, iyo Sentare ntahinyuzwa yaremeye kwumviriza urwo rubanza. Maze ku wa 8 Nzero 1993, haciye nk’imyaka indwi umukuru w’igihugu atanze itegeko ryo kutubuza, iyo Sentare yafashe ingingo y’uko ivyo Leta yakoreye Ivyabona vya Yehova bitari bihuje n’amategeko, maze nya tegeko rica rirafutwa. Zirikana gatoyi ico ivyo vyasobanura! Abacamanza barashize ubuzima bwabo mu kaga baravuguruza ingingo yari yarafashwe n’umukuru w’igihugu! Umuvukanyi Holmes avuga ati: “Mu gihe c’urwo rubanza, twarabonye ukuntu Yehova ashobora guhindura ibintu.” (Dan. 2:21) Iyo ntsinzi yarakomeje ukwizera kw’abavukanyi bacu. Babonye ko Umwami Yezu yari yarayoboye abayoboke biwe baramenya igihe co kugira ico bakoze n’ukuntu bogikora.

Ivyabona bo muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo banezerejwe no kuba bafise umwidegemvyo wo gusenga Yehova

32 Iryo tegeko rimaze gukurwaho, ibiro vy’ishami vyarahawe uburenganzira bwo kuzana abamisiyonari, kwubaka izindi nyubakwa z’ishami, no kwinjiza mu gihugu ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. f Ese ukuntu ari umunezero ku basavyi b’Imana bo kw’isi yose kwibonera ukuntu Yehova akingira ineza yo mu vy’impwemu y’abasavyi biwe!—Yes. 52:10.

“Yehova ni umutabazi wanje”

33. Izi manza nkeyi twihweje twaburanye mu masentare zitwigishije iki?

33 Izo ntambara duhejeje kubona twarwanye mu vy’amategeko zirerekana ko Yezu yashikije uwu muhango yatanze ati: “Nzobaha akanwa n’ubukerebutsi ababarwanya bose hamwe batazoshobora kurwanya canke guhaririza.” (Soma Luka 21:12-15.) Vyaribonekeje ko rimwe na rimwe Yehova yahagurukije ba Gamaliyeli bo mu gihe ca none kugira akingire abasavyi biwe, canke na ho yaratumye abacamanza n’abashingwamanza b’umutima rugabo bahagararira ubutungane. Yehova yaramaze amakari ibirwanisho vy’abaturwanya. (Soma Yesaya 54:17.) Ukurwanywa ntigushobora guhagarika igikorwa c’Imana.

34. Kubera iki intsinzi twatahukanye mu vy’amategeko zidasanzwe, kandi zerekana iki? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Intsinzi zikomakomeye zo muri Sentare nkuru zateje imbere ukwamamaza Ubwami.”)

34 Kubera iki intsinzi twatahukanye mu vy’amategeko zidasanzwe? Zirikana iki kintu: Ivyabona vya Yehova si abantu bahambaye. Ntituja mu matora, ntidushigikira imyiyamamazo y’ivya politike, canke ngo tuje mu matwi abanyapolitike. Vyongeye, abo muri twebwe binjizwa mu manza zo muri sentare nkuru babonwa ko ari “abantu batize kandi basanzwe.” (Ivyak. 4:13) Rero, dufatiye ku kuntu abantu babona ibintu, amasentare ntiyiteguriye cane kudufasha no gufata ingingo zivuguruza abanyamadini n’abanyapolitike bakomakomeye baturwanya. Ariko nticabujije ko agenda arafata ingingo zidushigikira! Intsinzi twatahukanye mu vy’amategeko zerekana ko tugendera “imbere y’Imana, twifatanije na Kristu.” (2 Kor. 2:17) Ku bw’ivyo, turavuga nka kumwe kw’intumwa Paulo duti: “Yehova ni umutabazi wanje; sinzotinya.”​—Heb. 13:6.

a Urwo rubanza, aho Cantwell yaburana na Leta ya Connecticut, rwari rwo rwa mbere mu manza 43 zajanywe muri Sentare ntahinyuzwa ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, umuvukanyi Hayden Covington akaba ari we yaburanira abavukanyi. Yapfuye mu 1978. Umugore wiwe Dorothy yarasukuye adahemuka gushika apfuye mu 2015 afise imyaka 92.

b Ico kirego cari gishingiye kw’itegeko ryasohowe mu 1606. Iryo tegeko ryaraha uburenganzira umugwi ujejwe kwihweza icaha cakozwe bwo kuvuga ko umuntu yagirwa n’icaha mu gihe waba ubona ko ivyo yavuze biremesha urwanko, naho ivyo yaba yavuze kwaba ari ukuri.

c Mu 1950, abasuku b’igihe cose bashika 164 bakorera muri Kebeke, harimwo abasohotse Ishure rya Gileyadi 63, bari baremeye babikunze kuja gukorera ng’aho naho bari biteze gushikirwa n’uruhamo rukaze.

d Umuvukanyi W. Glen How yari umushingwamanza w’umutima rugabo. Kuva mu 1943 gushika mu 2003, yaraburanye abigiranye ubuhanga imanza amajana z’Ivyabona vya Yehova bo muri Kanada no mu bindi bihugu.

f Abo basoda bahavuye bava muri iryo tongo ry’ishami; ariko inyubakwa nshasha z’ishami zubatswe ahandi hantu.