Isubiramwo ry’igice ca 3
Nuganire ibibazo bikurikira n’uwukwigisha:
Soma Imigani 27:11.
Kubera iki wipfuza kuba intahemuka kuri Yehova?
(Raba Icigwa ca 34.)
Ni gute wofata ingingo nziza igihe ata tegeko ryo muri Bibiliya ridomako rihari?
(Raba Icigwa ca 35.)
Ni gute woba imvugakuri muri vyose?
(Raba Icigwa ca 36.)
Soma Matayo 6:33.
Mu bijanye n’akazi be n’amahera, ni gute ‘wobanza kurondera ubwami’?
(Raba Icigwa ca 37.)
Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe wokwerekana ko uha agaciro ubuzima nk’uko Yehova abigira?
(Raba Icigwa ca 38.)
Soma Ivyakozwe 15:29.
Wogamburuka gute itegeko rya Yehova ryerekeye amaraso?
Ubona ivyo adusaba vyumvikana?
(Raba Icigwa ca 39.)
Soma 2 Abakorinto 7:1.
Bisobanura iki kuba uwudahumanye ku mubiri, mu nyifato yacu no mu vyiyumviro vyacu?
(Raba Icigwa ca 40.)
Soma 1 Abakorinto 6:9, 10.
Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’igitsina? Ivyo ivuga woba uvyemera?
Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kunywa inzoga?
(Raba Icigwa ca 41 n’ica 43.)
Soma Matayo 19:4-6, 9.
Yehova abona gute umubano?
Kubera iki kwaba ukwubaka canke ukwahukana bikwiye kugirirwa imbere y’amategeko?
(Raba Icigwa ca 42.)
Ni imisi mikuru iyihe idahimbara Yehova kandi kubera iki?
(Raba Icigwa ca 44.)
Soma Yohani 17:16 n’Ivyakozwe 5:29.
Ni gute woguma ata ho uhengamiye?
Wokora iki nka hamwe abantu bogutegeka gukora ibintu bitandukanye n’ivyo Imana igusaba?
(Raba Icigwa ca 45.)
Soma Mariko 12:30.
Wokwerekana gute ko ukunda Yehova?
(Raba Icigwa ca 46 n’ica 47.)