Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 9

Nimusenge Yehova uko mugize umuryango

Nimusenge Yehova uko mugize umuryango

“Nimusenge uwaremye ijuru n’isi.”Ivyahishuwe 14:7

Nk’uko wabibonye muri aka gatabu, Bibiliya irimwo ingingo ngenderwako nyinshi zizofasha urugo rwanyu. Yehova yipfuza ko uhimbarwa. Asezerana yuko mushize imbere ibijanye no kumusenga, “ibindi vyose na vyo muzovyongerwa.” (Matayo 6:33) Yipfuza vy’ukuri ko uba umugenzi wiwe. Nukoreshe akaryo kose uronse kugira ukomeze ubucuti ufitaniye n’Imana. Nta gateka umuntu yoterwa koza karuta ako.Matayo 22:37, 38.

1 NUKOMEZE UBUCUTI UFITANIYE NA YEHOVA

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “‘Nzobabera so, namwe muzombera abahungu n’abakobwa,’ ni ko Yehova . . . avuga.” (2 Abakorinto 6:18) Imana yipfuza ko uba umugenzi somambike wayo. Isengesho ni kimwe mu bintu vyogufasha kubishikako. Yehova akuremesha ngo “[u]senge ubudahengeshanya.” (1 Abatesalonika 5:17) Arashashaye kwumva ivyiyumviro vyo mu mutima wawe n’ibikuraje ishinga. (Abafilipi 4:6) Niwasenga uri kumwe n’abo mu rugo rwanyu, bazobona ko Imana atari umugani kuri wewe.

Turetse ukuyagira Imana, urakeneye kandi kuyitega ugutwi. Ivyo urashobora kubigira mu kwiga Ijambo ryayo n’ibitabu bishingiye kuri ryo. (Zaburi 1:1, 2) Nuzirikane ku vyo wiga. (Zaburi 77:11, 12) Gutega ugutwi Imana bisaba kandi ko witaba amakoraniro ya gikirisu udahorereza.Zaburi 122:1-4.

Kuyagira abandi ivyerekeye Yehova ni ikindi kintu gihambaye cogufasha gukomeza ubucuti ufitaniye na we. Uko urushiriza kubigira, ni ko uzorushiriza kwumva ko umwiyegereje.Matayo 28:19, 20.

ICO MWOKORA:

  • Nutegekanye buri musi umwanya wo gusoma Bibiliya no gusenga

  • Uko mugize urugo, nimushire imbere ivy’Imana aho gushira imbere ukwinezereza n’ukwisamaza

2 NIMUGIRE UGUSENGA KWO MU MURYANGO

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.” (Yakobo 4:8) Murakeneye gushiraho urutonde rudahindagurika rw’ugusenga kwo mu muryango kandi mukarwubahiriza. (Itanguriro 18:19) Ariko si ivyo gusa. Mutegerezwa guha Imana ikibanza mu buzima bwanyu bwa misi yose. Nukomeze ubucuti abo mu rugo rwawe bafitaniye n’Imana mu kubayagira ivyayo “igihe wicaye mu nzu yawe, n’igihe ugenda ku nzira, n’igihe uryamye, n’igihe uvyutse.” (Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7) Niwihatire kumera nka Yosuwa, uwavuze ati: “Ariko jewe n’urugo rwanje tuzokorera Yehova.”Yosuwa 24:15.

ICO MWOKORA:

  • Nimugire urutonde rutunganijwe neza kandi rudahindagurika rwo kwigisha abagize urugo rwanyu ruhuje n’ivyo umwe wese muri bo akeneye