Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

AMAKURU Y’INYONGERA

Uduhimba dutoduto tw’amaraso n’ubuhinga bukoreshwa mu kubaga

Uduhimba dutoduto tw’amaraso n’ubuhinga bukoreshwa mu kubaga

Uduhimba dutoduto tw’amaraso. Utwo duhimba tuva muri vya bihimba nyamukuru bine bigize amaraso, ari vyo utugingo ngengabuzima dutukura (globules rouges), utugingo ngengabuzima twera (globules blancs), utugingo bita plaquettes be n’ivyitwa plasma. Nk’akarorero, utugingo ngengabuzima dutukura turimwo indemamubiri bita hémoglobine. Imiti ihingurwa muri iyo ndemamubiri ivuye mu bantu canke mu bikoko irakoreshwa mu kuvura abarwaye bakenye amaraso canke batakaje amaraso menshi cane.

Igihimba bita plasma kigizwe n’ibice 90 kw’ijana vy’amazi. Kirimwo ubwoko bwinshi bw’inkabuzo (hormones), ivyunyunyu, ubwoko bw’indemamubiri bwitwa enzymes n’ingaburo z’ivyunyunyu canke z’isukari. Ico gihimba kirimwo kandi ibintu bituma amaraso avura, abasoda b’umubiri be n’indemamubiri nk’iyo bita albumine. Igihe bibonetse ko umuntu arwaye indwara yinaka canke ahakwa kuyirwara, abaganga boshobora kumwandikira yuko aterwa indemamubiri zitwa gammaglobulines zakuwe muri plasma y’abantu bamaze gukingirwa iyo ndwara. Utugingo ngengabuzima twera twoshobora kuvamwo indemamubiri zitwa interférons be n’izitwa interleukines zikoreshwa mu kuvura indwara zimwezimwe ziterwa n’imigera canke ubwoko bumwebumwe bwa kanseri.

Abakirisu boba bakwiye kwemera kuvurwa hakoreshejwe uduhimba dutoduto tw’amaraso? Bibiliya ntitanga inyishu idomako, ari co gituma umwe wese ategerezwa kwifatira ingingo yabanje kuzirikanako yitonze imbere y’Imana. Hari abokwanka utwo duhimba dutoduto twose, bakavuga yuko amategeko Imana yahaye Abisirayeli yasaba ko amaraso yakuwe mu kinyabuzima ‘aseswa hasi.’ (Gusubira mu vyagezwe 12:22-24) Abandi na bo, naho banka guterwa amaraso yose uko yakabaye canke ibihimba nyamukuru vyayo, boshobora kwemera kuvurwa hakoreshejwe agahimba kakuwe muri ivyo bihimba. Boshobora kuba babona ko uduhimba dutoduto tw’amaraso tuba tutakirimwo ubuzima bw’ikinyabuzima ayo maraso yakuwemwo.

Igihe ufata ingingo ijanye no gukoresha uduhimba dutoduto tw’amaraso, nuzirikane ku bibazo bikurikira: Noba ntahura ko kwanka utwo duhimba twose bisobanura ko ntakwiye kwemera imiti imwimwe ifasha kurwanya indwara zinaka canke yoshobora gufasha amaraso kuvura? Noba noshobora gusigurira umuganga igituma ntemera kuvurwa hakoreshejwe agahimba kamwe canke twinshi?

Ubuhinga bukoreshwa mu kubaga. Hariho ubwitwa hémodilution, na bwo bukaba bukoreshwa mu gukebereza ahandi amaraso bakuye mu murwayi, maze bakaba barayasubiriza ibindi bintu vy’amazimazi, bagaheza bakayamusubizamwo. Hariho n’ubwitwa récupération du sang épanché, buno bukaba bukoreshwa mu kwakira amaraso aseseka mu gihe c’ukubaga umurwayi, hanyuma bakayamusubizamwo. Amaraso aseseka avuye mu gikomere canke imbere mu murwayi mu gihe c’ukubagwa arasukurwa, bagaca bayamusubizamwo. Kubera ko ubwo buhinga bushobora gukoreshwa mu buryo butandukanye bivanye n’umuganga, umukirisu arakwiye kumenya neza ico umuganga wiwe ategekanya gukora.

Igihe ufata ingingo ku bijanye n’ubwo buhinga, urakwiye kwibaza uti: ‘Niba bankuyemwo amaraso bakayakebereza ahandi atari mu mubiri wanje kandi akaba ashobora kumara igihe atariko aratembera, ijwi ryo mu mutima ryoba rizonyemerera kubona ko ayo maraso akiri mu bigize ubuzima bwanje, gutyo bikaba bidasaba ko ‘aseswa hasi’? (Gusubira mu vyagezwe 12:23, 24) Ijwi ryanje ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya ryoba rizombuza amahoro niba mu gihe c’ukubagwa bazonkuramwo amaraso, bakayahingura bushasha, maze bakayansubinzamwo? Noba ntahura yuko mu gihe nanse ubuhinga bwose bwo kuvura hakoreshejwe amaraso yanje bisobanura yuko ntakwiye kwemera kwipimisha amaraso, gukoresha imashini isubirira amafyigo canke iyisubirira umutima n’amahaha?’

Umukirisu ategerezwa kwifatira ingingo ku bijanye n’ingene amaraso yiwe azokoreshwa mu gihe c’ukubagwa. Ni ko nyene bimeze ku bijanye n’uburyo bwo kwipimisha n’ubuhinga bwo kuvura busaba ko umuntu bamufata amaraso makeyi, kumbure bakayahingura, maze bagasubira kuyamutera.