Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 105

Icigwa kijanye n’ukwizera

Icigwa kijanye n’ukwizera

MATAYO 21:19-27 MARIKO 11:19-33 LUKA 20:1-8

  • IGITI C’UMUSUKONI CUMYE: ICIGWA KIJANYE N’UKWIZERA

  • UBUBASHA YEZU AKORESHA BUVA HE?

Yezu ava i Yeruzalemu ku wa mbere ku mugoroba, agasubira i Betaniya ku ruhande rwo mu buseruko bw’Umusozi w’imyelayo. Birashoboka ko arara ku bagenzi biwe ari bo Lazaro, Mariya na Marita.

Ubu ni ku wa 11 Nisani mu gitondo. Yezu n’abigishwa biwe barasubiye gufata inzira baja i Yeruzalemu, akaba ari bwo bwa nyuma agiye ku rusengero. Ni umusi wa nyuma w’igikorwa ciwe co kwigisha imbere y’uko ahimbaza Pasika, agatanguza Icibutso c’urupfu rwiwe, hama agacirwa urubanza maze akicwa.

Bari mu nzira iva i Betaniya ikaja i Yeruzalemu uciye ku Musozi w’imyelayo, Petero arabona ca giti Yezu yari yaraye avumye. Aratangara ati: “Rabi, raba! Ca giti c’umusukoni wavuma cumye.”​—Mariko 11:21.

Ariko none, ni kubera iki Yezu yatumye ico giti cuma? Asigura ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Mufise ukwizera gusa kandi ntimukekeranye, ntimuzokora ivyo nakoze kuri ico giti c’umusukoni vyonyene, mugabo kandi mubwiye uyu musozi muti: ‘Shinguka ujugunywe mu kiyaga,’ bizoba. Kandi ibintu vyose muzosaba mu gusenga, mufise ukwizera, muzobironka.” (Matayo 21:21, 22) Asubiyemwo iciyumviro yari yaravuze c’uko ukwizera gushobora kwimura umusozi.​—Matayo 17:20.

Mu gutuma ico giti cuma, Yezu yari atanze icigwa kiboneka cerekana ko dukeneye kwizera Imana. Avuga ati: “Ibintu vyose musaba mu gusenga, mwizere ko ari nk’aho mumaze kubihabwa, kandi muzobironka.” (Mariko 11:24) Ese ingene ico ari icigwa gihambaye ku bayoboke ba Yezu bose! Ni icigwa ciza canecane ku ntumwa ziwe, narirya bimirije guhangana n’ibigeragezo bitoroshe. Ariko rero, hariho irindi sano riri hagati y’ukwuma kw’ico giti hamwe n’ukwizera.

Cokimwe n’ico giti c’umusukoni, ihanga rya Isirayeli riboneka uko ritari. Abagize iryo hanga baragiraniye n’Imana isezerano rishingiye ku vyagezwe, kandi womengo barubahiriza ivyo vyagezwe. Ariko rero, iryo hanga muri rusangi vyaragaragaye ko ritagira ukwizera be n’uko ritama ivyamwa vyiza. Mbere ririyamiriza Umwana w’Imana! Mu gutuma ico giti cuma rero, Yezu ariko arerekana ibizoshikira iryo hanga ritama ivyamwa kandi ritagira ukwizera.

Bidatevye, Yezu n’abigishwa biwe barinjira i Yeruzalemu. Nk’uko asanzwe abigira, araja ku rusengero agatangura kwigisha. Abakuru b’abaherezi n’abagabo b’inararibonye, kumbure bibutse ivyo Yezu yaraye agiriye bamwe bavunja amahera, bamubaza bati: “Ni ububasha ki butuma ukora ivyo bintu? canke ni nde yaguhaye ubwo bubasha bwo kubikora?”​—Mariko 11:28.

Yezu abishura ati: “Ndababaza ikibazo kimwe. Munyishure, nanje ndaheza ndababwire ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo. Ibatisimu ya Yohani yava mw’ijuru canke ku bantu? Nimunyishure.” Abariko baramurwanya birabagora kuronka inyishu. Abaherezi n’abagabo b’inararibonye batangura kubazanya ico bokwishura, bati: “Nitwavuga ngo ‘Mw’ijuru,’ aca avuga ati: ‘Kubera iki none mutamwemeye?’ Mugabo none, duhirahire tuvuge ngo ‘Ku bantu’?” Biyumvira gutyo kubera batinya isinzi, “kuko abo bose bemera yuko Yohani yari umuhanuzi vy’ukuri.”​—Mariko 11:29-32.

Abarwanya Yezu nta nyishu baronka. Baca bavuga bati: “Nta vyo tuzi.” Yezu na we ababwira ati: “Nanje sindababwira ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo.”​—Mariko 11:33.