Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Sean Gladwell/Moment via Getty Images

NUGUME URI MASO!

Amahera akoreshwa mu gisirikare ararenga imiliyaridi 2.000 z’amadolari: Bibiliya ibivugako iki?

Amahera akoreshwa mu gisirikare ararenga imiliyaridi 2.000 z’amadolari: Bibiliya ibivugako iki?

 Mu 2022, amahera yakoreshejwe mu gisirikare hirya no hino kw’isi yarashitse ku miliyaridi 2.240 z’amadolari. Ni ryo rya mbere igisirikare gikoresheje amahera angana gutyo. Ivyo vyatumwe ahanini no kuba Uburusiya bwarateye Ukraine. Nk’uko vyavuzwe n’ishirahamwe rimwe (Institut international de recherche sur la paix de Stockholm, SIPRI), mu mwaka wa 2022:

  •   Amahera akoreshwa ku mwaka mu gisirikare co mu bihugu vya Buraya “yarongerekanye gushika ku bice 13 kw’ijana. Ni ryo rya mbere hasohotse amahera menshi gutyo kuva aho wa mushamirano w’ibihugu vya rutura urangiriye.”

  •   “Amahera Uburusiya bukoresha mu gisirikare yarongerekanye gushika ku bice 9,2 kw’ijana. Ivyo vyatumye Uburusiya buva mu kibanza ca gatanu buja mu ca gatatu mu bihugu bikoresha amahera menshi mu gisirikare.”

  •   Leta Zunze Ubumwe za Amerika ni yo yari ikiri iya mbere mu bihugu bikoresha amahera menshi mu gisirikare, “kubera ko amahera bakoresheje angana n’ibice 39 kw’ijana vy’amahera yakoreshejwe mu gisirikare kw’isi yose.”

 Umuhinga Nan Tian, akaba yagize uruhara mu kwandika raporo y’ishirahamwe SIPRI, avuga ati: “Kuba amahera akoreshwa mu gisirikare kw’isi yose aguma yongerekana muri iyi myaka iheze, ni ikimenyetso c’uko umutekano urushiriza guhungabana muri iyi si.”

 Bibiliya yari yaravuze ko hazokwongerekana intambara hagati y’ibihugu vya rutura muri iki gihe. Ariko kandi iratubwira ikintu kimwe rudende kizotuma amahoro asubira kuboneka.

Vyari vyaravuzwe ko imishamirano mu vya gisirikare izokwongerekana

  •   Bibiliya ivuga ko igihe tubayemwo ari “igihe c’iherezo.”​—Daniyeli 8:19.

  •   Igitabu ca Daniyeli cari caravuze ko muri ico gihe, hobaye ukudahuza hagati y’intwaro nganzasi. Izo ntwaro nganzasi zogiye mu vyo “gusunikana”, ni ukuvuga ko zorwaniye intwaro. Iyo ntambara yotumye basohora “amatunga” menshi cane canke amahera menshi.​—Daniyeli 11:40, 42, 43.

 Kugira umenye vyinshi ku bijanye n’ubwo buhanuzi bwo muri Bibiliya, nurabe ividewo ivuga ngo Ubuhanuzi bwarangutse: Daniyeli ikigabane ca 11.

Ingene amahoro nyakuri azoboneka

  •   Bibiliya ivuga ko Imana izosubiriza intwaro z’abantu. Imana “izoshinga ubwami butazokwigera busenyurwa. Kandi ubwo bwami ntibuzohabwa ikindi gisata c’abantu. Buzojanjagura ubwo bwami bwose bubuherengeteze, yamara bwobwo buzohangama gushika ibihe bitagira urugero.”​—Daniyeli 2:44.

  •   Yehova a Imana agiye gukora ikintu cananiye abantu na co akaba ari kuzana amahoro nyakuri kandi yamaho. None azobigenza gute? Intwaro yiwe yo mw’ijuru izokuraho ibirwanisho vyose yongere ikureho ubukozi bw’ikibi bw’ubwoko bwose.​—Zaburi 46:8, 9.

 Kugira umenye vyinshi ku bijanye n’ivyo Ubwami bw’Imana buzokora, nusome ikiganiro kivuga ngo “Ku ngoma y’Ubwami bw’Imana “hazobaho amahoro menshi.”

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.​—Zaburi 83:18.