Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya ivuga iki ku kibazo c’ikena ry’amazi kw’isi yose?

Bibiliya ivuga iki ku kibazo c’ikena ry’amazi kw’isi yose?

 Twese turakeneye amazi meza kugira tubeho. Ariko nk’uko bivugwa n’umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres, «turahanganye n’ikibazo gikomeye c’ikena ry’amazi bitumwe n’uko abayakeneye kw’isi yose baguma bongerekana.» Abantu amamiliyaridi kw’isi yose, n’ubu ntibiborohera kuronka amazi meza.

Strdel/AFP via Getty Images

 Twoba tuzokwigera turonka amazi adukwiye twese? Canke tuzoguma duhanganye n’ikibazo c’ikena ry’amazi? Bibiliya ibivugako iki?

Ico Bibiliya isezerana ku bijanye n’ikena ry’amazi

 Bibiliya ivuga ko umusi uri izina amazi atazosubira gukena. Mbere amazi meza azoba ari nywa nawe.

 «Amazi azokwiburuka mu bugaragwa, n’inzuzi zitembe mu kiyaya c’ubugaragwa. Ubutaka bwumishijwe n’ubushuhe buzocika ikidengeri cuzuyeko amarenga, ubutaka bunyotewe bucike amasoko y’amazi.»​—Yesaya 35:6, 7.

 Kubera iki twokwizera uwo muhango Bibiliya itanga? Raba ikintu kimwe Bibiliya ivuga ku bijanye n’ingene isi yacu yaremwe.

Ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’isi be n’inzinguzingu yayo y’amazi

 ‘Imana ntiyaremeye isi ubusa mugabo yayiremye ngo ibeko abantu.’​—Yesaya 45:18.

 Kubera ko Imana yaremye isi kugira ibeko ibinyabuzima, yayiremanye ubushobozi bwo gutanga umusesekara w’amazi meza.

 «[Imana] iduza utumatuma tw’amazi, igipfungu kigafatana kikavamwo imvura. Ibicu biraheza bikayirekura, maze igatonyangira ku bantu.»​—Yobu 36:27, 28.

 Muri make, uwo murongo uradondora ukuntu Imana yatunganije ivy’ingene tuguma turonka amazi ku buryo atigera abura. Amazi aratumuka avuye kw’isi no mu biyaga, agafatana hanyuma akagwa nk’imvura, bigatuma abantu n’ibikoko biguma bironka amazi meza.​—Umusiguzi 1:7; Amosi 5:8.

 «Nzobaha imvura ku gihe cayo. Isi izokwimbuka kandi ibiti vyo mu mirima bizokwama ivyamwa.»​—Abalewi 26:4.

 Imana yasezeraniye Abisirayeli ba kera b’abarimyi ko yobahezagiye mu kwama ibaronsa imvura, bigatuma baronka umwimbu mwinshi. Irazi ko kugira umuntu aronke umwimbu mwinshi bisaba ko aronka imvura ihagije kandi ku gihe kibereye.

 Ivyo Imana yagize muri Israyeli ya kera, vuba igiye kubikora kw’isi yose. (Yesaya 30:23) Mu kurindira, ikena ry’amazi riguma ryongerekana mu duce twinshi two kw’isi, kandi ikena ry’imvura si ryo ryonyene ritera iyo ngorane. Ni ibiki kandi Bibiliya ivuga ku bijanye n’umuti w’ikena ry’amazi rihanze isi muri kino gihe?

Uko ikena ry’amazi rizohera

 Bibiliya ivuga ko Imana izotorera umuti ingorane zihanze isi, ushizemwo n’ubu bukene bw’amazi, ibicishije ku Bwami bwayo. (Matayo 6:9, 10) Ubwami bw’Imana ni intwaro yo mw’ijuru izoganza isi. (Daniyeli 2:44; Ivyahishuwe 11:15) Vyongeye, Ubwami bw’Imana buzokora ivyo intwaro z’abantu zananiwe gukora, ni ukuvuga gukuraho ingorane zituma amazi abura.

 Ingorane: Ihindagurika ry’ibihe rirahungabanya cane inzinguzingu y’amazi. Ivyo bituma haba uruzuba rukaze hamwe n’imyuzurira ikomeye itewe n’imvura nyinshi canke iduga ry’amazi yo mu biyaga.

 Umuti: Ubwami bw’Imana buzotunganya ibintu vyose vyo mu bidukikije vyononekaye ku buryo isi yacu isubira kumera neza. Imana isezerana iti: «Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.» (Ivyahishuwe 21:5) Isi igadutse izoronka amazi menshi, bitume ubuzima bushoboka n’ahantu muri kino gihe ata kintu cahaba. (Yesaya 41:17-20) Ubwami bw’Imana burongowe na Yezu Kristu buzoba kandi bufise ububasha ku nguvu zo mu bidukikije.

 Igihe Yezu yari kw’isi, yaratururuje igihuhusi giteye ubwoba. Aho yari yerekanye agace gatoyi gusa k’ububasha Imana yari yaramuhaye. (Mariko 4:39, 41) Igihe Kristu azoba aganza ari Umwami w’Ubwami bw’Imana, ivyago vy’ivyaduka ntibizosubira kuhaba. Abantu bazokwiberaho mu mahoro n’umutekano nyakuri, badatinya icago na kimwe.

 Ingorane: Abantu bakora ibintu batazirikanye ku ngaruka zavyo be n’amashirahamwe y’umwina aronona inzuzi, ibiyaga n’amazi ari mu kuzimu, bigatuma amazi meza arushiriza kubura.

 Umuti: Imana izotyorora isi, bitume inzuzi, ibiyaga, amabahari n’ubutaka bisubira kumera neza. Isi izohinduka iparadizo. Bibiliya iradondora uko ibintu bizoba vyifashe ikoresheje imvugo iryoheye ugutwi iti: «Ubugaragwa n’igihugu kigadutse bizokwigina, kandi ikiyaya c’ubugaragwa kizonezerwa, gishurike nk’amashurwe yitwa habaseleti.»​—Yesaya 35:1.

 Ni ibiki biraririye gushikira abantu batubahiriza ibidukikije canke abandi bantu? Imana yasezeranye «guhonya abonona isi.»​—Ivyahishuwe 11:18; Imigani 2:21, 22.

 Ingorane: Abantu barakoresha nabi amazi, bigatuma ahera ningoga ayandi ataraboneka.

 Umuti: Ubwami bw’Imana buzotuma ivyo Imana igomba ‘bikorwa kw’isi’, aho gushitsa ivyo abantu b’abikunzi bagomba. (Matayo 6:9, 10) Ubwami bw’Imana buzoronsa abatwarwa babwo inyigisho nziza ishoboka. Muri Yesaya 11:9 a hagira hati: «Vy’ukuri isi izoba yuzuye ubumenyi bwerekeye Yehova.» Kubera yuko abantu bazoba bafise ubwo bumenyi buhanitse kandi bakazoba bakunda Imana cane n’ibintu vyose yaremye, bazobungabunga mu buryo butagira agahaze uyu mubumbe wacu mwiza igitangaza hamwe n’ubutunzi kama wifitiye.

  •    Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’ivyo Ubwami bw’Imana buzokora, raba ikiganiro kivuga ngo «Ubwami bw’Imana buzokora iki?»

  •    Raba muri Bibiliya mu gitabu ca Yesaya ikigabane ca 35, kugira wisomere ingene isi izohinduka iparadizo.

  •    Raba ividewo ivuga ngo Kubera iki Imana yaremye isi? kugira umenye vyinshi ku bijanye n’umugambi Imana ifitiye isi n’abantu.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»