NUGUME URI MASO!
Ubugarariji buguma bwongerekana kw’isi yose: Bibiliya ibivugako iki?
Utugwi tw’inkorabara turabangamiye Haiti. Muri Afrika y’Epfo, Megizike no mu bihugu vyo muri Amerika y’Epfo hariraye ubukozi bw’ikibi. Mbere n’ahantu usanga ubukozi bw’ikibi buriko buragabanuka, abantu baguma bumva ko badatekanye kandi bakagira amaganya kubera baguma bumva amakuru y’ubugizi bwa nabi, ubusuma, kwonona ibintu no kubiturira.
None Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ubugarariji bwibonekeza kw’isi yose?
Ni ibiki Bibiliya yari yaravuze ku bijanye n’ubugarariji?
Bibiliya yari yaravuze ko ubugarariji bwobaye kimwe mu bimenyetso vyoranze «iherezo ry’ivy’iyi si.» (Matayo 24:3) Igihe Yezu Kristu yavuga ivyerekeye ico kimenyetso, yagize ati:
«Kubera ko ubugarariji buzoba bwongerekanye, urukundo rw’abantu benshi ruzotimba.»—Matayo 24:12.
Bibiliya kandi yari yaravuze ko «mu misi ya nyuma» abantu bazoba «batigumya, ari inkazi, badakunda iciza.» (2 Timoteyo 3:1-5) Izo nyifato z’ubwikunzi ziri mu bituma haba ubugarariji tubona muri iki gihe.
Ariko hari imvo zotuma tugira icizigiro. Bibiliya idusezeranira ko vuba ubugarariji buzokurwaho.
«Hasigaye akanya gato ababisha ntibabe bakiriho. Uzoraba aho bahora bari ubabure aho wababonye. Ariko abitonda bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.»—Zaburi 37:10, 11.
Nurondere kumenya vyinshi ku vyerekeye ubutumwa butanga icizigiro dusanga muri Bibiliya n’igituma wokwemera udakeka ko ibintu tubona muri iki gihe biriko birashitsa ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Nurabe ibi biganiro bikurikira.
«Niwizigire ko kazoza ari keza (mu gifaransa)»
«Ni ikimenyetso ikihe c’“imisi ya nyuma” canke “imisi y’iherezo”?»