Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Surasak Suwanmake/Moment via Getty Images

NUGUME URI MASO!

Bibiliya ivuga iki ku bushuhe bukaze bwo mu ci ryo mu 2023

Bibiliya ivuga iki ku bushuhe bukaze bwo mu ci ryo mu 2023

 Kw’isi yose hariko haraba ubushuhe bw’akataraboneka n’ivyago biterwa n’ubwo bushuhe bukaze. Ehe nk’aya makuru:

  •   «Mu myaka 174 iheze kuva abantu batanguye gukurikirana ivy’ubushuhe kw’isi, nta kwezi kwa Ruheshi kwari bwashuhe nk’uku.»​—Vyavuzwe n’Urwego rw’igihugu rukurikirana ivy’amabahari n’ikirere, rwegukira Igisata co muri Amerika kijejwe ivy’ubudandaji, ku wa 13 Mukakaro 2023.

  •   «Ubutaliyano, Espanye, Ubufaransa, Ubudagi na Polonye birahanzwe n’ubushuhe bukaze. Vyitezwe ko ubwo bushuhe buzoshika kuri dogere 48 kw’izinga rya Sisile n’irya Sardaigne. Bushobora kuzoba ubwa mbere i Buraya kuva isi yakaremwa.»​—Vyashikirijwe n’Urwego rw’Abanyaburaya ruraba ivyo mu kirere, ku wa 13 Mukakaro 2023.

  •   «Uko umubumbe wacu ushuha, ni ko turushiriza kwitega ko imvura igwa ari isegenya kandi kenshi, igateza imyuzurire ikaze gusumba.»​—Uwabivuze ni Stefan Uhlenbrook, umuyobozi w’ivy’amazi n’ikirere mw’Ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’ikirere, ku wa 17 Mukakaro 2023.

 Iyongerekana ry’amakuru yerekeye mwene ayo mahinduka akomeye y’ikirere, ryoba riguhagarika umutima? Raba ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ico kibazo c’inkoramutima.

Hoba hari ico Bibiliya yari yarabivuzeko?

 Egome. Iyongerekana ry’ubushuhe kw’isi n’ayandi mahinduka akomeye y’ikirere birahuye n’ivyo Bibiliya yari yaravuze ko vyobaye mu gihe cacu. Nk’akarorero, Yezu yavuze ko twobonye «ibintu biteye ubwoba.» (Luka 21:11) Iyongerekana ry’ubushuhe kw’isi ryatumye benshi batinya ko abantu bazohava bahonya isi.

Isi yoba izosigara ari akaheze?

 Oya. Imana yaremye isi ngo tuyibeko ibihe vyose. Ntizokwemera ko abantu bayihonya. (Zaburi 115:16; Umusiguzi 1:4) Mbere yasezeranye ko “izohonya abonona isi.”​—Ivyahishuwe 11:18.

 Bibiliya irerekana ko Imana ishoboye gukingira isi ivyago biturutse ku bidukikije kandi ko izobikora.

  •   «[Imana] iratururuza igihuhusi maze ibisebuzi vy’ikiyaga bigatekana.» (Zaburi 107:29) Imana irafise ubushobozi bwo kubuza ibidukikije kugira ico vyononye. Irashoboye gutunganya ingorane zijanye n’ibidukikije zituma abantu bamererwa nabi kubera amahinduka akomeye y’ikirere.

  •   «Witwararika isi, ugatuma imera cane, ikimbuka rwose.» (Zaburi 65:9) Imana izotuma isi iba iparadizo.

 Kugira umenye n’ibindi ku bijanye n’uko isi n’ibidukikije bizosubira kumera neza nk’uko Bibiliya ibisezerana, raba ikiganiro kivuga ngo «Ni nde azotuma isi isubira kumera neza?»