Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Comstock Images/Stockbyte via Getty Images

ISEKEZA RIDASANZWE

Ubwami bw’Imana buzokora iki ku bijanye n’abanyapolitike bononekaye?

Ubwami bw’Imana buzokora iki ku bijanye n’abanyapolitike bononekaye?

 Abantu bipfuza abatware bashobora kwizigira. Baramaze kurambirwa n’ibinyoma vy’abanyapolitike bononekaye. Amatohoza yagizwe hirya no hino kw’isi yasohowe mu 2023, yerekanye ko abantu benshi bavuze ko batizigira abanyapolitike. a

 Bibiliya iratubwira intwaro ifise Umutware w’umwizigirwa, w’imvugakuri kandi azira igiturire. Iyo ntwaro ni Ubwami bw’Imana, Umutware wayo akaba ari Yezu Kristu.​—Yesaya 9:7.

 Yezu yarerekanye ko yitwararika abantu vy’ukuri. (Matayo 9:35, 36) Kubera ko ari Umwami w’Ubwami bw’Imana, azokuraho akarenganyo yongere atume abo bose bemera intwaro yiwe biberaho mu mahoro.​—Zaburi 72:12-14.

a Vyavuzwe muri raporo yo 2023 ya Edelman Trust Barometer.