Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

NUGUME URI MASO!

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ubwicanyi bubera kw’ishure?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ubwicanyi bubera kw’ishure?

 Ku wa 24 Rusama 2022, hari ikintu giteye agahinda cabaye mu gasagara gato k’i Uvalde, Texas muri Amerika. Ikinyamakuru The New York Times, cavuze ko “umugabo yitwaje ibigwanisho yishe abana 19 n’abigisha babiri . . . kw’ishure ryitwa Robb Elementary School.”

 Ikibabaje ni uko ibintu nk’ivyo biteye ubwoba vyama biba. Ikinyamakuru USA Today cavuze ko muri Amerika honyene, “mu mwaka uheze habaye ubwicanyi incuro 249 ku mashure, ivyo bikaba bitari bwabe kuva mu 1970.”

 None ni kubera iki hari mwene ayo mabi y’agahomerabunwa? Twokwihanganira gute ayo mabi? Hoba hari icizigiro c’uko ububisha buzohera? Bibiliya iratanga inyishu.

Kubera iki ububisha buguma bwongerekana mw’isi?

 Abantu benshi baribaza bati: ‘Kubera iki Imana ireka ubukozi bw’ikibi nk’ubwicanyi ku mashure bugashika?’ Kugira urabe inyishu Bibiliya itanga, nusome ikiganiro kivuga ngo “Kubera iki ibintu bibi bishikira abantu beza?

Twokwihanganira gute ayo mabi?

  •    “Ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira bitwigishe, kugira ngo biciye. . . ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro.”​—Abaroma 15:4.

 Impanuro zo muri Bibiliya zirashobora kugufasha kwihanganira ububisha ubona muri iyi si. Kugira umenye vyinshi, nusome ikinyamakuru Be maso! kivuga ngo “Ubukozi bw’ikibi bwoba buzoteba bugahera?

 Kugira ubone ivyiyumviro vy’ingene abavyeyi bofasha abana babo kubona ukuntu bovyifatamwo igihe hari amakuru ateye ubwoba, nusome ikiganiro kivuga ngo “Ingaruka amakuru ateye ubwoba agira ku bana.”

Ubukozi bw’ikibi bwoba buzoteba bugahera?

  •    “Ubuzima bwabo azobucungura abukize agahahazo n’ubukazi.”​—Zaburi 72:14.

  •    “Inkota zabo bazobwirizwa kuzicuramwo ibirimisho, n’amacumu yabo bayacuremwo imihoro yo gututūra. Ntibazobangura inkota, ihanga ngo riyibangurire irindi hanga, eka ntibazokwongera kwiga kurwana.”​—Mika 4:3.

 Imana izokora ibintu abantu batoshobora gukora. Intwaro yayo yo mw’ijuru izokuraho ibirwanisho vyose yongere ikureho ubukozi bw’ikibi bw’ubwoko bwose. Kugira umenye vyinshi ku bijanye n’ivyo Ubwami bw’Imana buzokora, nusome ikiganiro kivuga ngo “Ku ngoma y’Ubwami bw’Imana ‘hazobaho amahoro menshi.’”