UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Yehova yakoresheje ubukerebutsi mu kugabura amatongo
Yehova yakoresha ubupfindo mu gutanga ubuyobozi, kumbure mu kwerekana ahoherereye itongo buri muryango watorana (Yos 18:10; it-1 933 ing. 5)
Yehova yaritwararitse yuko ubuhanuzi Yakobo yavuze ari ku mpfiro buranguka (Yos 19:1; it-1 1107 ing. 6)
Yehova yaremera ko abantu bashinga ubunini bw’itongo buri muryango watorana (Yos 19:9; it-1 933 ing. 6)
Ayo matongo yagabuwe mu buryo butuma hataba ishari canke imitongano mu miryango. Kubera iki none ivyo bituma wizigira ukuntu Yehova azoyobora ibintu mw’isi nshasha?