Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO | NUKORE IVYOTUMA WONGEREZA UMUNEZERO MU BUSUKU

Nusenge Yehova umusabe agufashe

Nusenge Yehova umusabe agufashe

Yehova ni we atuma imbuto z’ukuri zishinga imizi mu mutima w’umuntu kandi zigakura. (1Kr 3:6-9) Kugira rero turoranirwe mu busuku, tubwirizwa kwiheka kuri Yehova kugira adufashe, afashe n’inyigisho zacu za Bibiliya.

Nusabe Yehova afashe inyigisho zawe kwihanganira ingorane no gutsinda intambamyi. (Fp 1:9, 10) Nudomeko. Nusenge usaba impwemu nyeranda kugira iyobore ivyo wiyumvira n’ivyo ukora. (Lk 11:13) Niwigishe inyigisho za Bibiliya ukuntu zosenga wongere ubahimirize kubikora. Nusengere abo wigisha wongere usenge muri kumwe kandi uvuge amazina yabo.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NIWIRONKERE UMUNEZERO WO GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA: NIWEMERE YEHOVA AGUFASHE​—ISENGESHO, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ni ingorane iyihe Neeta yagize igihe yariko arigisha Jade?

  • Ibivugwa mu 1 Abakorinto 3:6 vyafashije gute Neeta?

  • Ingorane Neeta yagize yatorewe umuti gute?